Yeremiya
19 Yehova yavuze ati: «Ja ku mubumvyi+, ugure agakarabo ko mw’ibumba. Uce utora abashingantahe ukuye mu banyagihugu n’abo ukuye mu baherezi, 2 uheze uje mu mubande wa mwene Hinomu+ ku bwinjiriro bw’irembo ry’umubumvyi. Maze uhatangarize ivyo ndakubwira. 3 Uvuge uti: “Nimwumve ijambo rya Yehova, yemwe bami b’Ubuyuda n’ababa i Yeruzalemu. Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati:
‘Ngira nzane ivyago aha hantu. Uwuzovyumva wese iminzerere izomuvugira mu matwi. 4 Nzobigira kubera bampevye+, bagatuma aha hantu ntaba ngishobora kuhamenya+. Ni ho bashikanira ibimazi izindi mana, imana bo na ba sekuruza babo n’abami b’Ubuyuda batigeze bamenya, kandi bujuje aha hantu amaraso y’abantu b’intungane+. 5 Bubakiye Bayali ibibanza vyo gusengeramwo* kugira bahaturirire abahungu babo, nk’amashikanwa aturirwa uko yakabaye ashikanirwa Bayali+. Ico ni ikintu ntabategetse canke ngo mvuge, kandi kitigeze kinza no mu mutima*+.’”
6 “‘Ku bw’ivyo nimwumve. Mu misi iri imbere’, ni ko Yehova avuze, ‘aha hantu ntihazoba hacitwa Tofeti canke umubande wa mwene Hinomu, ahubwo hazosigara hitwa umubande w’amacuniro+. 7 Imigambi abo mu Buyuda n’ab’i Yeruzalemu bateguye nzoyihindurira ubusa aha hantu, kandi nzotuma bagwishwa n’inkota imbere y’abansi babo bongere bagwe mu maboko y’abarondera kubica. Imivyimba yabo nzoyiha inyoni zo mu kirere n’ibikoko vyo kw’isi, biyirye+. 8 Iki gisagara nzotuma kiba akajoreza n’ikintu co kuvugiriza agahwa. Uwo wese azoca iruhande yaco azocitegereza ajorewe, avuze agahwa kubera ivyago vyose vyahashikiye+. 9 Nzotuma barya abahungu babo n’abakobwa babo, kandi umwe wese azorya mugenziwe kubera ukwugarizwa n’ukwihebura igihe bazoba basugerejwe n’abansi babo be n’abarondera kubica+.’”
10 Uze guca usavya ka gakarabo imbere y’abagabo muzoba mwajanye. 11 Maze ubabwire uti: “Yehova Nyeningabo avuze ati: ‘Uku ni ko nzosavya aba bantu n’iki gisagara, nk’uko umuntu asavya ikibumbano ku buryo kitazokwigera gisanasanwa. Bazohamba abapfuye i Tofeti gushika aho ata kibanza co kubahambamwo gisigara+.’”
12 “Ukwo ni ko nzogirira aha hantu n’abahaba”, ni ko Yehova avuze, “kugira ngo ntume iki gisagara kimera nk’i Tofeti. 13 Kandi amazu y’i Yeruzalemu n’amazu y’abami b’Ubuyuda azohumana nk’aha i Tofeti+, emwe, amazu yose bahora bashikanirako ibimazi ingabo zose zo kw’ijuru+ bari ku gisenge*, bakongera bakahasukira amashikanwa y’ibinyobwa bayaha izindi mana+.”»
14 Yeremiya agarutse avuye i Tofeti aho Yehova yari yamutumye kuvuga ubuhanuzi, ahagarara mu rugo rw’inzu ya Yehova maze abwira abantu bose ati: 15 «Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Ngira nzane kuri iki gisagara no ku bisagara vyose bihakikuje ivyago vyose navuze ko nzohateza, kubera ko babaye intagondwa, banka kugamburuka* ivyo ndababwira+.”»