Yobu
40 Yehova abandanya kwishura Yobu ati:
2 «Mbega umuntu* yohaririza Mushoboravyose+?
Uwushaka gukosora Imana niyishure+.»
3 Yobu aca yishura Yehova ati:
Ubona nokwishura iki?
Nifashe ku munwa+.
5 Navuze rimwe, ariko sinsubira kwishura.
Ahubwo ni kabiri, ariko nta kindi nongerako.»
6 Yehova araheza yishurira Yobu mu gihuhusi c’umuyaga+ ati:
8 Mbega wovuguruza* ingingo nafashe?
Wonkubita intahe mu gahanga kugira uboneke ko uri mu kuri+?
9 Woba ufise ukuboko gukomeye nk’ukw’Imana y’ukuri+?
Canke ijwi ryawe ryoshobora guturagara nk’iryayo+?
10 Ehe niwisharize ubuninahazwa n’ubukuru,
wambare iteka n’ubwiza buhebuje.
11 Nurekure ishavu ryawe ryose,
urabe umuntu wese yishira hejuru maze umushire hasi.
12 Nurabe umuntu wese yishira hejuru umucishe bugufi,
uhonyangire ababisha aho bari.
15 Ehe ng’iyi Behemoti*, iyo naremye nk’uko nawe nakuremye.
Irisha ivyatsi nka kurya kw’impfizi y’inka.
16 Raba inguvu ifise mu kiyunguyungu,
n’ukuntu ifise inda ikomeye!
17 Iradadaza umurizo ukamera nk’igiti c’isederi.
Imitsi yo ku matako yayo irasobekeranye.
18 Amagufa yayo ameze nk’umujumpu.
Amaguru yayo ameze nk’ingegene z’icuma.
20 Ibimera ku misozi ni vyo yirira,
aho ibikoko vyose vyo mw’ishamba bikinira.
21 Yiryamira munsi y’uduti twitwa umukugutu,
mu gitutu c’amarenga y’ahantu hari urushanga.
23 Naho uruzi rwohumagana, yoyo ntigira ubwoba.
Iguma itekanye naho uruzi Yorodani+ rwokwisuka kuri yo.