Ezekiyeli
2 Aca ambwira ati: «Mwana w’umuntu*, haguruka kugira ngo ngire ico ndakubwira+.» 2 Akimara kumvugisha, impwemu inzamwo irampagurutsa+ kugira ngo numve uwariko avugana nanje.
3 Hanyuma ambwira ati: «Mwana w’umuntu, ndagutumye ku Bisirayeli+, ku mahanga* y’abagarariji yangararije+. Bo na ba sekuruza babo barancumuyeko gushika n’uyu musi+. 4 Ndagutumye ku bana b’abagarariji* kandi b’umutima ukomantaye+. Uze ubabwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze uku n’uku.” 5 Nayo bobo, bumva canke batumva, nakare ni abagarariji+, ntibazobura kumenya ko higeze umuhanuzi muri bo+.
6 Mugabo wewe ga mwana w’umuntu, ntubatinye+ kandi ntutinye ivyo bavuga naho ukikujwe n’ibihandambwa* n’amahwa*+, kandi ukaba ubana na za sikorupiyo*. Ntutinye ivyo bavuga+ kandi amaso yabo ntakurandure umutima+, kuko ari abagarariji. 7 Uze ubabwire amajambo yanje, bumva canke batumva, nakare ni abagarariji+.
8 Mugabo wewe ga mwana w’umuntu, niwumvirize ivyo ndiko ndakubwira. Ntube umugarariji nk’abo bagarariji. Asama urye ico ngira nguhe+.»
9 Ndavye mbona ukuboko kuramvuye kuza kuri jewe+, mbona gufise umuzingo*+ wanditseko. 10 Yaciye awuzingururira imbere yanje. Wari wanditseko imbere n’inyuma+. Uturirimbo tw’intimba, umubabaro n’amaborogo ni vyo vyari vyanditseko+.