Ni indirimbo. Ni zaburi ya Asafu+.
83 Ewe Mana, ntugume wihoreye+.
Ntugume winumiye canke ngo ubirabishe amaso gusa Mana!
2 Ehe raba abansi bawe bahumaganye+.
Abakwanka ubwishime bwabamaze.
3 Bapanga mu mpisho imigambi yo kugirira nabi abantu bawe,
bakaja inama yo kugirira nabi abo wikundira.
4 Bavuga bati: «Ingo duhonye ihanga ryabo ryose+,
kugira izina rya Isirayeli ntirisubire kwibukwa.»
5 Bapangira hamwe umugambi,
bagapfundika isezerano ryo kukurwanya+.
6 Na bo ni aba: Abanyedomu, Abishimayeli, Abanyamowabu+, Abahaguri+,
7 Abagebali, Abamoni+, Abamaleki,
Abafilisitiya+ hamwe n’ababa i Tiro+.
8 Abashuri+ na bo nyene barabiyunzeko.
Barashigikiye abakomoka kuri Loti+. (Sela)
9 Nubakorere nk’ivyo wakoreye Midiyani+,
nk’ivyo wakoreye Sisera na Yabini ku mugezi wa Kishoni+.
10 Bahoneye i Eni-Dori+,
bacika intabire y’isi.
11 Abanyacubahiro babo nubagire nka Orebu na Zebu+,
abaganwa babo na bo nka Zeba na Zalumuna+,
12 kuko bavuze bati: «Nimuze twigarurire igihugu Imana ibamwo.»
13 Ewe Mana yanje, nubagire nk’ivyatsi vy’ibitovu biguruwe n’umuyaga+,
nk’ibishakara bitwawe n’umuyaga.
14 Nka kurya umuriro uturira ikibira,
nka kurya nyene urubeya rutongora imisozi+,
15 nubakurikirane n’igihuhusi cawe+,
ubatere ubwoba n’umuyaga wawe ukomeye+!
16 Nutume buzura ibimaramare,
kugira barondere izina ryawe, ewe Yehova!
17 Nibamaramare, batekerwe n’ubwoba ibihe vyose.
Ese borya ivyatsi bagahona!
18 Ese abantu bose bomenya ko witwa Yehova+,
be n’uko ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose+!