Yeremiya
43 Yeremiya ahejeje kubwira abantu bose ayo majambo yose ya Yehova Imana yabo, akababwira akantu kose Yehova Imana yabo yari yamutumye kubabwira, 2 Azariya mwene Hoshaya, Yohanani+ mwene Kareya n’abagabo bose bita imbere, babwira Yeremiya bati: «Uriko uvuga ibinyoma. Yehova Imana yacu ntiyagutumye kuvuga ngo: “Ntimuje mu Misiri kubayo.” 3 Baruki+ mwene Neriya ni we ariko aratuma utubwira ivyo kugira tugwe mu maboko y’Abakaludaya, ngo batwice canke badutware mu bunyagano i Babiloni+.»
4 Nuko Yohanani mwene Kareya n’abakuru b’ingabo bose n’abantu bose ntibumvira ijwi rya Yehova, ngo bagume mu Buyuda. 5 Ahubwo Yohanani mwene Kareya n’abakuru b’ingabo bose bagenda bajanye n’abantu bo mu Buyuda bari basigaye, bakaba bari bagarutse kuba mu Buyuda bavuye mu mahanga yose bari barashwiragiyemwo+. 6 Batwaye abagabo, abagore, abana, abakobwa b’umwami n’abantu bose Nebuzaradani+ umukuru w’abacungera umwami yari yarasigiye Gedaliya+ mwene Ahikamu+, Ahikamu mwene Shafani+. Batwaye n’umuhanuzi Yeremiya na Baruki mwene Neriya. 7 Maze baja mu gihugu ca Misiri kuko batumviye ijwi rya Yehova. Baragenda bashika i Tahapanesi+.
8 Yehova araheza avugana na Yeremiya i Tahapanesi ati: 9 «Tora amabuye manini uyanyegeze ahantu hataramutse hubakishijwe amatafari, ku bwinjiriro bw’inzu ya Farawo i Tahapanesi, maze uyarenzeko ubudongo*. Ubigire abagabo b’Abayuda barorera. 10 Uheze ubabwire uti: “Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: ‘Ngira ntumeko umusavyi wanje Nebukadinezari* umwami wa Babiloni+. Nzoshira intebe yiwe y’ubwami hejuru y’aya mabuye nanyegeje, kandi azosanza ihema ryiwe ry’ubwami kuri yo+. 11 Azoza asasike igihugu ca Misiri+. Uwugenewe ikiza cica azokwicwa n’ikiza cica, uwugenewe kugirwa imbohe, azogirwa imbohe, uwugenewe inkota na we azokwicwa n’inkota+. 12 Nzoturira amazu* y’imana za Misiri+, kandi Nebukadinezari azoyaturira, izo mana azitware ari imbohe. Azokwizingirako igihugu ca Misiri nk’uko umwungere yizingirako impuzu yiwe, kandi azovayo amahoro*. 13 Azomenagura inkingi* za Beti-Shemeshi* mu gihugu ca Misiri, kandi azoturira amazu* y’imana za Misiri.’”»