Zaburi
Ni isengesho rya Dawidi.
2 Nurinde ubuzima bwanje, kuko ndi intahemuka+.
Nukize umusavyi wawe akwizigira,
kuko uri Imana yanje+.
4 Ewe Yehova, nunezereze umusavyi wawe,
kuko ari wewe mpanze amaso.
11 Ewe Yehova, nunyigishe inzira yawe+,
nanje nzogendera mu kuri kwawe+.
Niwegeranye umutima wanje* kugira ntinye izina ryawe+.
12 Ewe Yehova Mana yanje, ndagushemeza n’umutima wanje wose+,
kandi nzoninahaza izina ryawe ibihe vyose,
13 kuko urukundo* unkunda ari rwinshi,
kandi wararokoye ubuzima bwanje ngo ntibuje mu kuzimu+.
14 Ewe Mana, abantu bita imbere bampagurukiye+.
Akagwi k’abantu b’imburakigongwe kariko karondera kunyica,
16 Nuhindukire ungirire ubuntu+.
Nuhe umusavyi wawe inkomezi zawe+,
urokore umwana w’umusukukazi wawe.
17 Nunyereke ikimenyetso c’ukumera neza kwawe,
kugira ngo abanyanka babibone maze bamaramare.
Kuko uri umutabazi wanje ukaba n’umuhoza wanje, ewe Yehova!