118 Nimukengurukire Yehova kuko ari mwiza+.
Urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
2 Isirayeli nisubiremwo iti:
«Urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.»
3 Abo mu nzu ya Aroni nibavuge bati:
«Urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.»
4 Abatinya Yehova nibavuge bati:
«Urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.»
5 Natakambiye Yehova ndi mu marushwa.
Yehova yaranyishuye, maze anzana ahantu hatagira inkomanzi+.
6 Yehova ari ku ruhande rwanje, nta co nzotinya+.
Mbega umuntu yongira iki+?
7 Yehova ari ku ruhande rwanje kandi ni umutabazi wanje+.
Nzokwitegereza ugutemba kw’abansi banje+.
8 Ni vyiza guhungira kuri Yehova
kuruta kwizigira abantu+.
9 Ni vyiza guhungira kuri Yehova
kuruta kwizigira abatware+.
10 Amahanga yose yarankikuje,
ariko narayirukanye
mw’izina rya Yehova+.
11 Yarankikuje, emwe yarantonzeko impande zose,
ariko narayirukanye
mw’izina rya Yehova.
12 Yarantonzeko nka kurya kw’inzuki,
ariko yarazimye mu kanya isase nk’umuriro w’amahwa.
Narayirukanye
mw’izina rya Yehova+.
13 Baransunitse cane kugira bantembagaze,
ariko Yehova yarantabaye.
14 Yehova ni ubwugamo bwanje n’inkomezi zanje,
kandi yacitse ubukiriro bwanje+.
15 Ijwi ry’umunezero n’ubukiriro
biri mu mahema y’abagororotsi.
Ukuryo kwa Yehova kurerekana ububasha bwiwe+.
16 Ukuryo kwa Yehova kwashizwe hejuru,
ukuryo kwa Yehova kwerekanye ububasha bwiwe+.
17 Sinzopfa, emwe nzobandanya kubaho,
kugira ntangaze ibikorwa vya Yehova+.
18 Yehova yarampanye bimwe bikomeye+,
ariko ntiyaretse ngo mpfe+.
19 Nimunyugururire amarembo y’ubugororotsi+,
maze ninjire nshemeze Yehova.
20 Ng’iri irembo rya Yehova.
Abagororotsi ni ryo bazokwinjirana+.
21 Nzogushemeza, kuko wanyishuye+
kandi wacitse ubukiriro bwanje.
22 Ibuye abubatsi bataye
ryahavuye riba ibuye nyamukuru rigumya imfuruka+.
23 Ivyo vyavuye kuri Yehova+,
kandi biratangaje mu maso yacu+.
24 Uyu ni umusi Yehova yashizeho.
Tuzonezerwa kandi duhimbarwe kuri uwo musi.
25 Ewe Yehova, turagutakambiye uturokore!
Yehova, turakwinginze uduhe intsinzi!
26 Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova+.
Turabasabira umuhezagiro turi mu nzu ya Yehova.
27 Yehova ni Imana,
kandi ni we aduha umuco+.
Nimutore amashami, mwifatanye n’abari ku rugendo ku musi mukuru+,
mugende gushika ku gicaniro+.
28 Uri Imana yanje, nanje nzogushemeza.
Mana yanje, nzogushira hejuru+.
29 Nimukengurukire Yehova+ kuko ari mwiza.
Urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose+.