Samweli wa kabiri
1 Ibi ni vyo vyabaye inyuma y’urupfu rwa Sawuli. Dawidi yari amaze imisi ibiri i Sikulagi+ avuye kurwana n’Abamaleki akabatsinda*. 2 Ku musi ugira gatatu, haza umuntu avuye mw’ikambi y’ingabo za Sawuli. Yari yitaburiyeko impuzu, yisutseko n’ivu ku mutwe*. Ashikiriye Dawidi, aca aramwunamira ashika hasi.
3 Dawidi amubaza ati: «Uvuye hehe?» Amwishura ati: «Mpunze mva aho Abisirayeli bakambitse.» 4 Dawidi yongera kumubaza ati: «Urugamba rwagenze gute? Ndagusavye umbwire.» Na we avuga ati: «Abasoda barahunze urugamba kandi benshi barapfuye. Na Sawuli n’umuhungu wiwe Yonatani barapfuye+.» 5 Dawidi aca abaza uwo musore yari azanye iyo nkuru ati: «Uzi gute yuko Sawuli n’umuhungu wiwe Yonatani bapfuye?» 6 Nya musore amwishura ati: «Nagiye mbona Sawuli ku musozi Gilibowa+ yishimikije icumu ryiwe. Abatwara imikogote n’abagendera ku mafarasi bagira bamushikire+. 7 Ahindukiye akambona, yaciye ampamagara, nca mvuga nti: “Sabwe mwami!” 8 Aca ambaza ati: “Uri nde?” Nanje nti: “Ndi Umumaleki+.” 9 Maze avuga ati: “Ndagusavye uze umpohoshe, kuko merewe nabi cane naho ntaracikana.” 10 Naciye negera rero ndamuhohosha+ kuko nari nzi yuko adashobora kurusimba amaze kurambarara hasi yakomeretse. Nca ntora urugori yari yambaye ku mutwe n’igikomo yari yambaye ku kuboko. Ng’ibi ndabikuzaniye databuja.»
11 Dawidi aca yitaburirako impuzu, n’abagabo bose bari kumwe na we bagira ukwo nyene. 12 Bararira baraboroga, barisonzesha+ gushika ku mugoroba kubera ko Sawuli, umuhungu wiwe Yonatani, abantu ba Yehova, emwe Abisirayeli benshi+, bari bishwe n’inkota.
13 Maze Dawidi abaza nya musore yazanye iyo nkuru ati: «Uri uwa he?» Na we ati: «Dawe ni Umumaleki aba muri Isirayeli ari kavamahanga.» 14 Dawidi amubwira ati: «Wubahutse gute kwica uwo Yehova yarobanuje amavuta*+?» 15 Dawidi aca ahamagara umwe mu bantu biwe amubwira ati: «Ingo umwice.» Nuko aramwica+. 16 Imbere yo kumwica, Dawidi yari yamubwiye ati: «Amaraso yawe ari ku gatwe kawe, kuko ari wewe wivugiye* ko wishe uwo Yehova yarobanuje amavuta+.»
17 Maze Dawidi acurira intimba Sawuli n’umuhungu wiwe Yonatani mu karirimbo+, 18 aca ategeka ko ababa mu Buyuda bakiga. Kari akaririmbo k’intimba kitwa «Umuheto» kakaba kanditswe mu gitabu ca Yashari+. Kagira gati:
19 «Ewe Isirayeli, ubwiza bwawe burambaraye ku misozi+.
Abanyenkomezi baguye ku rugamba!
Ntimubitangaze mu mabarabara y’i Ashikeloni,
kugira ngo abakobwa b’Abafilisitiya ntibanezerwe,
abakobwa bo mu bantu batagenyerewe* ntibavuze impundu.
21 Yemwe misozi y’i Gilibowa+,
ntihakagire urume canke imvura muronka.
Imirima yanyu ntikigere ironka umwimbu wo guha Imana+.
Kuko aho ari ho inkinzo z’abanyenkomezi zahumanirijwe,
inkinzo ya Sawuli ikaba itagisigwa amavuta.
22 Umuheto wa Yonatani+ ntiwataha udasheshe amaraso y’abansi,
udatoboye ibinure vy’abanyenkomezi.
N’inkota ya Sawuli ntiyataha idatsinze+.
24 Yemwe bakobwa bo muri Isirayeli, nimuririre Sawuli,
we yabambika impuzu zitukura* zisharije,
ivyambarwa vyanyu akabishirako udusharizo tw’inzahabu.
25 Ewe kuntu abanyenkomezi baguye ku rugamba!
Yonatani yaguye ku musozi+!
Urukundo wankunda rwandutira urw’abagore+.
27 Yoo, abanyenkomezi baguye,
ibirwanisho vyabo bicika ubusa!»