Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi.
2 Yehova azomurinda amuzigamire ubuzima.
4 Navuze nti: «Ewe Yehova, ngirira ubuntu+.
Nkiza+ kuko ari wewe nacumuyeko+.»
5 Ariko abansi banje baguma banyipfuriza ibibi,
bakavuga ngo: «Azopfa ryari ngo izina ryiwe rizimangane?»
6 Hagize uwuza kundaba, avugana uburyarya mu mutima wiwe.
Aguma arondera ibintu bibi aja kuvuga.
Araheza agasohoka, akabikwiragiza hose.
7 Abanyanka bose baguma bavugana ubwongoshwe.
Baguma bapanga imigambi yo kunkorera ikibi, bakavuga ngo:
10 Ariko wewe ga Yehova, nungirire ubuntu umpagurutse,
kugira ndabasubirize mu nkoko.
11 Iki ni co kizonyereka ko unkunda:
Ni uko abansi banje batonyigambako bigina intsinzi+.
Amen kandi Amen.