Yeremiya
45 Mu mwaka ugira kane w’intwaro ya Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda, ng’ibi ivyo umuhanuzi Yeremiya yabwiye Baruki+ mwene Neriya, igihe yandika mu gitabu ivyo Yeremiya yamubwira+:
2 «Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze ku bikwerekeye Baruki: 3 “Wavuze uti: ‘Ndigorewe, kuko umubabaro wanje Yehova yawongeyeko intuntu! Ndambiwe no kuniha, kandi nta gahengwe ndaronka.’”
4 Umubwire uti: “Yehova avuze ati: ‘Ehe ivyo nubatse ngira ndabisambure kandi ivyo nateye ngira ndabirandure. Nzobikora mu gihugu cose+. 5 Mugabo wewe, uriko wironderera* ibintu bihambaye. Reka kubirondera.’”
“Kuko ngira nzane ivyago ku bantu bose*+”, ni ko Yehova avuze, “kandi aho uzoja hose nzotuma ukiza* ubuzima bwawe+.”»