Imigani
26 Kurya bitabereye ko urubura* rugwa mu ci, n’imvura mu gihe c’iyimbura,
ni ko bitabereye ko ikijuju giterwa iteka+.
2 Kurya nyene inyoni idashobora guhunga ata mvo, n’intamba ngo iguruke ata mvo,
ni ko n’umuvumo udashobora kuza ata mvo y’ukuri ihari*.
6 Uwuzeza ibintu vyiwe ikijuju
ameze nk’umuntu yikomeretsa ku maguru ku buryo amugara.
9 Umugani uvuzwe n’umuntu w’ikijuju
umeze nk’igiti c’amahwa kiri mu kuboko kw’imborerwa.
10 Uwuha akazi ikijuju canke umuntu wese arengana,
ameze nk’umuntu arasagura imyampi igakomeretsa abo bitubiranye bose*.
12 Woba umaze kubona umuntu yiyumvira ko ari umunyabwenge*+?
Ikijuju kiramurusha kazoza keza.
14 Umuryango uguma uzungurukira ku mapata* yawo,
ikinebwe na co kikaguma cihindukiza mu gitanda caco+.
15 Ikinebwe gishira ukuboko mw’isahani y’ibifungurwa,
ariko ukamengo carushe ku buryo bikinanira kukugarukana ku munwa+.
16 Ikinebwe cibwira yuko gifise ubwenge
gusumba abantu indwi batanga inyishu zumvikana.
17 Umuntu ariko ararengana agashavuzwa* n’amatati atamwerekeye+
ameze nk’umuntu akwega amatwi y’imbwa.
18 Umusazi arasagura ibirwanisho vyaka umuriro be n’imyampi yica*
19 ameze nk’umuntu ahenda mugenziwe, maze akavuga ngo: «Nariko ndifyinira+.»
21 Kurya umuntu yongereza amakara n’inkwi ku muriro,
ni ko n’umunyamahane yongereza akariro mu matati+.
22 Amajambo y’umubeshi* ameze nk’ivyo kurya biryoshe*:
Umuntu arabimira ubwo nyene bigaca bimanuka mu nda+.
24 Uwanka abandi ntabiserura n’akanwa kiwe,
ariko mu mutima wiwe haba huzuyeyo ibinyoma.
26 Naho uburyarya bwopfuka urwanko rwiwe,
ikibi ciwe kizoja ahabona mw’ishengero.