Samweli wa kabiri
23 Ibi ni vyo Dawidi yavuze ubwa nyuma+:
«Ijambo rya Dawidi mwene Yese+,
ijambo ry’uwo Imana yashize hejuru+,
“Igihe uwuganza abantu ari intungane*+,
akaganza atinya Imana+,
4 ubutegetsi bwiwe bumera nk’umuco wo mu gitondo izuba rirashe+,
igitondo kitagira ibicu.
Bumera nk’akazuba kaka imvura ihise,
maze ivyatsi bikamera+.”
5 Ukwo ni ko umuryango wanje umeze imbere y’Imana,
kuko yagiranye nanje isezerano ryamaho+,
isezerano ritunganije neza mu kantu kose kandi ryo kwizigirwa.
Ni ryo nkesha ubukiriro bwanje bwose n’agahimbare kanje kose.
Ni co gituma ituma rirama+.
7 Uwushaka kubikorako ategerezwa kuba afise ibikoresho bikwiye:
igikoresho c’icuma n’uruti rw’icumu.
Kandi akwiye kubituririra aho biri bigatokombera.»
8 Aya ni yo mazina y’abarwanyi batatu b’intwari ba Dawidi+: uwa mbere yari Yoshebu-Bashebeti mwene Hakimoni*. Ni we yari umukuru w’abo batatu+. Igihe kimwe yishe abantu 800 akoresheje icumu ryiwe. 9 Hakurikira Eleyazari+ mwene Dodo+, Dodo mwene Ahohi. Yari mu barwanyi batatu b’intwari bajanye na Dawidi gusomborotsa Abafilisitiya bari bakoranye ngo barwane n’Abisirayeli. Igihe abasoda b’Abisirayeli basubira inyuma, 10 Eleyazari wewe yagumye ahanganye n’Abafilisitiya, aguma abicisha inkota gushika aho ukuboko kwiwe kuruha kukadadarara+. Uwo musi Yehova abaha intsinzi* ikomeye+. Maze abasoda baca baragaruka baramukurikira kugira basahure ibintu vy’abo yishe.
11 Uwa gatatu yari Shama mwene Ageye Umuharari. Umusi umwe Abafilisitiya bakoranira i Lehi. Hari umurima wuzuye inkore. Abasoda b’Abisirayeli baca bahunga Abafilisitiya. 12 Mugabo we ahagarara hagati muri uwo murima arawurwanira, yica Abafilisitiya benshi. Yehova atahukana intsinzi* ikomeye+.
13 Umusi umwe mu kiringo c’iyimbura, abakuru batatu mu bakuru 30 baja iyo Dawidi ari kw’isenga ry’i Adulamu+. Umugwi w’abasoda* b’Abafilisitiya wari ukambitse mu kiyaya ca Refayimu+. 14 Ico gihe Dawidi yari ahantu hatagira inkomanzi+ yakunda guhungira. I Betelehemu na ho hari ikirindiro c’Abafilisitiya. 15 Maze Dawidi avuga ikintu yipfuza cane ati: «Icompa utuzi two mw’itangi riri hafi y’irembo ry’i Betelehemu!» 16 Ba bagabo batatu b’intwari baca binjira ku nguvu mw’ikambi y’Abafilisitiya. Bavoma amazi muri iryo tangi ryari hafi y’irembo ry’i Betelehemu maze bayazanira Dawidi. Mugabo yanka kuyanywa, ayasuka imbere ya Yehova+. 17 Avuga ati: «Yehova, sinokwubahuka kunywa aya mazi! Kwoba ari nko kunywa amaraso+ y’aba bagabo bemeye gushira ubuzima bwabo mu kaga.» Yanka rero kuyanywa. Ivyo ni vyo abo barwanyi batatu b’intwari ba Dawidi bakoze.
18 Abishayi+ yari umukuru w’abandi barwanyi batatu b’intwari. Yavukana na Yowabu mwene Zeruwiya+. Umusi umwe yishe abantu 300 akoresheje icumu ryiwe, kandi yari azwi cane nka ba barwanyi batatu bo mu mugwi wa mbere+. 19 Naho yemerwa cane mu mugwi wa batatu yatwara, ntiyashitse ku rwego rwa bamwe batatu ba mbere.
20 Benaya+ mwene Yehoyada na we nyene yari umugabo w’intwari*. Yarakoze ibikorwa vyinshi vy’ubuhizi i Kabuzeli+. Yishe abahungu babiri ba Ariyeli w’i Mowabu yongera amanuka mu kinogo* ku musi urubura* rwariko ruragwa, yicirayo intambwe+. 21 Yarishe n’umugabo w’Umunyamisiri afise igihagararo c’akataraboneka. Naho nya Munyamisiri yari afise icumu, Benaya yagiye kurwana na we yitwaje inkoni, aca amwaka nya cumu riba ari ryo amwicisha. 22 Ivyo ni vyo Benaya mwene Yehoyada yakoze. Yari azwi cane nka ba barwanyi b’intwari batatu ba Dawidi. 23 Naho yemerwa cane kuruta bamwe mirongo itatu, ntiyashitse ku rwego rw’abo batatu. Mugabo Dawidi yamugize umukuru w’abamucungerera ubuzima.
24 Asaheli+ mwenewabo na Yowabu yari muri bamwe mirongo itatu. Harimwo na Elihanani mwene Dodo w’i Betelehemu+, 25 Shama w’i Harodi, Elika w’i Harodi, 26 Helesi+ w’i Beti-Peleti*, Ira+ mwene Ikeshi w’i Tekowa, 27 Abiyezeri+ w’i Anatoti+, Mebunayi w’i Husha*, 28 Zalumoni mwene Ahohi, Maharayi+ w’i Netofa, 29 Helebu mwene Bayana w’i Netofa, Itayi mwene Ribayi w’i Gibeya mu karere k’Ababenyamini, 30 Benaya+ w’i Piratoni, Hidayi wo mu myonga* y’i Gashi+, 31 Abi-Aluboni w’i Beti-Araba, Azimaveti w’i Bahurimu, 32 Eliyahuba w’i Shalubimu, bene Yasheni, Yonatani, 33 Shama Umuharari, Ahiyamu mwene Sharari Umuharari, 34 Elifeleti mwene Ahasubayi akomoka ku mugabo w’i Mayaka, Eliyamu mwene Ahitofeli+ w’i Gilo, 35 Heziro w’i Karumeli, Parayi w’i Arubi, 36 Igali mwene Natani w’i Zoba, Bani wo mu muryango wa Gadi, 37 Zeleki Umwamoni, Naharayi w’i Beroti yatwaza ibirwanisho Yowabu mwene Zeruwiya, 38 Ira Umwituri, Garebu Umwituri+, 39 na Uriya+ Umuheti. Bose hamwe bari 37.