Hoseya
3 Yehova yongera kumbwira ati: «Subira ukunde umugore akundwa n’uwundi mugabo kandi arenga ibigo+, nk’uko nyene Yehova akunda Abisirayeli+ naho bakurikira izindi mana+ kandi bagakunda udukate tw’inzabibu zumye*.»
2 Ndaheza ndamugura ifeza 15 na homeri* imwe n’igice ya sayiri*. 3 Maze ndamubwira nti: «Uzomara imisi myinshi uri uwanje. Ntuze ukore ubumaraya*, kandi ntuze uryamane n’uwundi mugabo, na jewe sinzoryamana na wewe.»
4 Kuko ihanga rya Isirayeli rizomara igihe kirekire* ritagira umwami+ canke umuganwa, ikimazi canke inkingi nyeranda, efodi+ canke ibigirwamana*+. 5 Mu nyuma Abisirayeli bazogaruka barondere Yehova Imana yabo+ na Dawidi umwami wabo+, kandi mu misi y’iherezo bazoza kuri Yehova bajugumira kugira abahe umuhezagiro wiwe+.