Ubuhanuzi bwa Hoseya buradufasha kugendana n’Imana
‘Bazogenda bakurikira Uhoraho’.—HOSEYA 11:10.
1. Ni igikino c’ikigereranyo ikihe dusanga mu gitabu ca Hoseya?
WOBA ukunda ibikino bikinwa n’abantu bazi kubiryosha kandi birimwo inkuru zitangaje? Igitabu co muri Bibiliya ca Hoseya kirimwo ivyabaye bimeze nk’igikino c’ikigereranyoa. Ico gikino kidondora ibijanye n’ivyo mu rugo rw’umuhanuzi w’Imana Hoseya, kikaba cerekeza ku mubano w’abubatse wo mu buryo bw’ikigereranyo Yehova yagiranye na Isirayeli ya kera biciye kw’isezerano ry’Ivyagezwe vya Musa.
2. Ni ibiki bizwi ku vyerekeye Hoseya?
2 Amakuru amwamwe yerekeye ico gikino tuyasanga muri Hoseya ikigabane ca 1. Biboneka yuko Hoseya yaba mu karere ka bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi (ubwo bwami bukaba kandi bwitwa Efurayimu bivanye n’uko Efurayimu wari wo muryango ukomeye cane muri bwo). Hoseya yavuze ubuhanuzi mu gihe c’ingoma z’abami indwi ba nyuma ba Isirayeli no mu gihe Ubuyuda bwatwarwa na Uziya, Yotamu, Ahazi na Hezekiya (Hoseya 1:1). Ku bw’ivyo, Hoseya yavuze ubuhanuzi mu kiringo n’imiburiburi c’imyaka 59. Naho ico gitabu citirirwa izina ryiwe cahejeje kwandikwa inyuma gatoyi y’umwaka wa 745 B.G.C., kirahuye n’igihe cacu, aho abantu amamiliyoni bariko bakurikira inzira nk’iyi yabuwe muri aya majambo agira ati: ‘Bazogenda bakurikira Uhoraho’.—Hoseya 11:10.
Ico incamake y’ico gitabu ihishura
3, 4. Sigura muri make ibivugwa muri Hoseya ikigabane ca 1 gushika ku kigabane ca 5.
3 Incamake ngufiya ya Hoseya ikigabane ca 1 gushika ku kigabane ca 5 iraza gukomeza umwiyemezo dufise wo kugendana n’Imana mu kwizera no mu gukurikira inzira ihuye n’ivyo igomba. Naho ababa muri bwa bwami bwa Isirayeli bari basigaye bamogoroye ubusambanyi bwo mu buryo bw’impwemu, Imana yobagiriye ikigongwe baramutse bigaye. Ivyo vyarerekanywe n’ivyo Hoseya yagize ku bijanye n’umugore wiwe Gomeri. Gomeri amaze kuvyarira Hoseya umwana umwe, biboneka ko yavyaye abana babiri mu busambanyi. Yamara, Hoseya yaramucuye, nk’uko nyene Yehova yari yiteguriye kugirira ikigongwe Abisirayeli bigaye.—Hoseya 1:1–3:5.
4 Yehova yari afitaniye imiburano na Isirayeli kubera yuko ata kuri, canke imbabazi, ari bwo buntu-mvarukundo, kibure ukumenya Imana vyari bikirangwa muri ico gihugu. Yohanye Isirayeli yasenga ibigirwamana be n’ubwami bw’Ubuyuda bwigira ibiro biteze. Mugabo, igihe abasavyi ba Yehova baba bari mu “vyago”, baramurondera.—Hoseya 4:1–5:15.
Igikino gitangura guhishurwa
5, 6. (a) Ubusambanyi bwari bwarakwiragiye ku rugero rungana iki muri bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi? (b) Ni kubera iki ingabisho yahawe Isirayeli ya kera iri n’ico ivuze kuri twebwe?
5 Imana yategetse Hoseya iti: “Genda, wābīre umugore maraya afise abana b’abasambanano: kukw iki gihugu cagize ubumaka [canke “ubusambanyi”, NW] bukomeye bgo kureka Uhoraho” (Hoseya 1:2). Ubusambanyi bwari bwarakwiragiye ku rugero rungana iki muri Isirayeli? Ku vyerekeye abo muri bwa bwami bwa Isirayeli bugizwe n’imiryango cumi, tubwirwa duti: “[“Agatima k’ubusambanyi karabazimije, kandi bitewe n’ubusambanyi bata Imana yabo”, NW] . . . abakobga banyu bīgira ba maraya, n’abakazana banyu bagasambana . . . abagabo ubgabo bīhererana n’abasambanyikazi, bagatanga ibimazi bafatanije na ba maraya”.—Hoseya 4:12-14.
6 Ubusambanyi bwo mu buryo bw’impwemu n’ubwo mu buryo bw’umubiri, bwari bwabaye ndanse muri Isirayeli. Ni co gituma ivyo Yehova ‘yobihoye’ Abisirayeli (Hoseya 1:4; 4:9). Iyo ngabisho iri n’ico ivuze kuri twebwe kubera yuko abakora ivy’ubuhumbu be n’abisuka mu vy’ugusenga guhumanye muri iki gihe Yehova azobibahora. Yamara, abagendana n’Imana bo barashitsa ingingo mfatirwako zayo zigenga ugusenga gutyoroye, kandi barazi neza yuko “ata mushakanyi . . . azogira ico aragwa mu bgami bga Kristo n’Imana”.—Abanyefeso 5:5; Yakobo 1:27.
7. Ni igiki cagereranijwe na wa mubano wa Hoseya na Gomeri?
7 Igihe Hoseya yubakana na Gomeri, biboneka ko Gomeri yari isugi, kandi yari umugore w’umwizigirwa igihe ‘yamuvyarira umuhungu’ (Hoseya 1:3). Nk’uko vyerekanwa na ca gikino c’ikigereranyo, inyuma gatoyi y’aho Abisirayeli babohorewe mu buja bwo mu Misiri mu 1513 B.G.C., Imana na yo nyene yaragiranye na Isirayeli isezerano ryari rimeze nka rirya ry’abasezerana kubana mu buryo buteye iteka. Mu kwemera iryo sezerano, Isirayeli yari iraganye yuko itazohemukira ‘umugabo wayo’, ari we Yehova (Yesaya 54:5). Ni vyo, uwo mubano w’ikigereranyo Isirayeli yagiranye n’Imana wagereranijwe na wa mubano uteye iteka wa Hoseya na Gomeri. Mugabo rero, ese ukuntu ibintu vyahindutse!
8. Bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi bwavutse gute, kandi wovuga iki ku vyerekeye uburyo bwaho bw’ugusenga?
8 Umugore wa Hoseya ‘yarongeye gusama inda, avyara umukobwa’. Uwo mukobwa be n’umwana yavutse mu nyuma, Gomeri ashobora kuba yabasamiye mu busambanyi (Hoseya 1:6, 8). Kubera ko Gomeri yagereranya Isirayeli, hari aho wobaza uti: ‘Vyagenze gute ngo Isirayeli yigire umusambanyi?’. Mu 997 B.G.C., cumi muri ya miryango yari igize Isirayeli yariyonkoye ku miryango yo mu Bumanuko, ni ukuvuga umuryango wa Yuda n’umuryango wa Benyamini. Mu Bwami bwa Isirayeli bwo mu Buraruko bwari bugizwe n’imiryango cumi, haratangujwe ivy’ugusenga inyana kugira ngo abantu baho ntibaje i Buyuda gusengera Yehova ku rusengero rwiwe rwari i Yeruzalemu. Ugusenga ya mana y’ikinyoma Bayali kwarangwamwo ubushegabo bw’agahomerabunwa kwarashinze imizi muri Isirayeli.
9. Nk’uko vyari vyarabuwe muri Hoseya 1:6, ni ibiki vyashikiye Isirayeli?
9 Aho Gomeri avyariye umwana agira kabiri, akaba kumbure yamuvyariye mu busambanyi, Imana yabwiye Hoseya iti: “Izina ryiwe n’umwite Ntambabazi, kuko ntazosubira kugirira imbabazi inzu ya Isirayeli, [“kubera yuko nzobajana kure ata kabuza”, NW]” (Hoseya 1:6). Yehova ‘yajanye kure’ Abisirayeli igihe Abashuri babajana mu bunyagano mu 740 B.G.C. Ariko rero, Imana yaragiriye ikigongwe bwa bwami bw’Ubuyuda bwari bugizwe n’imiryango ibiri, maze irabakiza idakoresheje umuheto, inkota, intambara, amafarasi canke abagendera ku mafarasi (Hoseya 1:7). Mu mwaka wa 732 B.G.C., mw’ijoro rimwe ryonyene, umumarayika umwe gusa yarishe abasoda b’Abashuri 185.000 bari baraririye gutera umurwa mukuru w’Ubuyuda, ari wo Yeruzalemu.—2 Abami 19:35.
Imiburano Yehova yagiranye na Isirayeli
10. Inyifato y’ubusambanyi ya Gomeri yagereranije iki?
10 Gomeri yarataye Hoseya maze ahinduka “umumugore maraya”, abana n’uwundi mugabo mu busambanyi. Ivyo vyagereranije ingene bwa bwami bwa Isirayeli bwagiraniye amasezerano y’ivya politike n’amahanga yasenga ibigirwamana maze ayo mahanga aba ari yo ubwo bwami butangura kwizigira. Isirayeli, aho kubona yuko ugusagamba yari ifise mu vy’umubiri yari yaguhawe na Yehova, yakwitiriye imana za bene ayo mahanga yongera irarenga kw’isezerano ry’umubano w’abubatse yari yaragiranye n’Imana, mu kwisuka mu gusenga kw’ikinyoma. Ntibitangaje rero kubona Yehova yari afitaniye imiburano n’iryo hanga ryari ryarasambanye mu buryo bw’impwemu!—Hoseya 1:2; 2:2, 12, 13.
11. Ni ibiki vyashikiye isezerano ry’Ivyagezwe igihe Yehova yareka ngo Isirayeli n’Ubuyuda bijanwe inyagano?
11 Ni ibiki vyashikiye Isirayeli kubera ko yataye Umugabo wayo? Imana yaratumye ‘ija mu bugaragwa’ bwagereranya Babiloni, ari na yo yigaruriye Ashuri, aho i Ashuri hakaba ari ho Abisirayeli bari barajanywe inyagano mu 740 B.G.C. (Hoseya 2:14). Gutyo igihe Yehova yatuma bwa bwami bwari bugizwe n’imiryango cumi buvaho, ntiyakuyeho isezerano ry’umubano w’abubatse yari yaragiranye n’ihanga rya Isirayeli ryo mu ntango ryari rigizwe n’imiryango 12. Kukaba nkako, igihe Imana yareka Yeruzalemu igasangangurwa n’Abanyababiloni mu 607 B.G.C. ikongera ikareka abantu b’i Buyuda bagatwarwa inyagano, ntiyakuyeho isezerano ry’Ivyagezwe vya Musa, rimwe Isirayeli ikigizwe n’imiryango 12 yagirana na yo maze ikabona kuba umugore wayo w’ikigereranyo. Ubwo bucuti bwarangiye gusa aho indongozi z’Abayuda zitereye akagere Yezu Kirisitu hanyuma zikamwicisha mu 33 G.C.—Ab’i Kolosayi 2:14.
Yehova akebura Isirayeli
12, 13. Ni iciyumviro nyamukuru ikihe kiri muri Hoseya 2:6-8, kandi ayo majambo yarangukiye gute kuri Isirayeli?
12 Imana yarakebuye Isirayeli ngo ‘ikure ubushegabo bwayo’. Yamara, Isirayeli yipfuza gukurikira abuzure bayo, ni ukuvuga abakunzi bayo (Hoseya 2:2, 5). Yehova yavuze ati: “Ni co gituma ngira nsākize amahwa inzira yiwe, ndamuzitirire uruzitiro rwo kumubuza, ngo yoye kubona ah’aca. Azokwirukira abūzure biwe, ariko ntabahamvye, azobarondera, ariko ntababone. Ni ho azovuga, ati Hinge nsubire ku mugabo wanje wa mbere, kuk’ubga mbere nari mmerewe neza kuruta ubu. Erega ntiyamenye kw ari jewe namuha za ngano na vino n’amavuta, nkamusenyurirakw ifeza n’izahabu, ivyo bākoreshereje Bayali [canke, “bakozemwo igishushanyo ca Bayali”, NW, akajambo k’epfo]”.—Hoseya 2:6-8.
13 Naho Isirayeli yarondera gufashwa n’amahanga yahora ari “abūzure” bayo, nta na rimwe muri ayo mahanga ryashobora kuyifasha. Yari imeze nk’iyizitijwe uruzitiro rw’intamenwa ku buryo ayo mahanga atashoboye kuyifasha na gatoyi. Haheze imyaka itatu Ashuri ikikuje umurwa mukuru wa Isirayeli ari wo Samariya, ico gisagara caratemvye mu 740 B.G.C. maze ubwo bwami bwari bugizwe n’imiryango cumi ntibwasubira gushingwa. Abantu bakeyi gusa mu Bisirayeli bari mu bunyagano ni bo bobonye ko ibintu vyari bimeze neza igihe ba sekuruza babo bakorera Yehova. Ayo masigarira yohevye gusenga Bayali maze akarondera gusubira kugiranira na Yehova ubucuti bushingiye kw’isezerano.
Dusubire gukubitiza akajisho kuri ca gikino
14. Vyagenze gute ngo Hoseya asubire kubana na Gomeri?
14 Kugira ngo utegere neza kuruta isano ryari hagati y’ivyo mu rugo rwa Hoseya be n’ubucuti Isirayeli yari ifitaniye na Yehova, rimbura aya majambo agira ati: “Uhoraho arambarira, ati Subira ugende, ukunde wa mugore akundwa n’umwūzure wiwe, kandi w’umusambanyikazi” (Hoseya 3:1). Hoseya yaragamburutse iryo tegeko arasubira gucura Gomeri amukuye ku mugabo bari bamaze igihe babana. Inyuma y’aho, Hoseya yihanije rwose umugore wiwe ati: “Uzomara imisi myinshi undorereye; ntuz’uje mu busambanyi, ntuz’uje ku wundi mugabo wese” (Hoseya 3:2, 3). Gomeri yaremeye gutozwa indero maze Hoseya arasubira kubana na we. None ivyo vyari bijanye gute n’ivyo Imana yagiriye abo muri Isirayeli be n’abo mu Buyuda?
15, 16. (a) Ihanga ry’Imana ryatojwe indero ryogiriwe ikigongwe ari uko rigize iki? (b) Muri Hoseya 2:18 harangutse gute?
15 Igihe abari barajanywe inyagano bakuwe muri Isirayeli no mu Buyuda bari bakiri i Babiloni, Imana yarakoresheje abahanuzi bayo kugira ngo ‘ibwire imitima yabo’ (NW). Imana yogiriye ikigongwe abasavyi bayo ari uko bagaragaje ukwigaya bakongera bakagaruka ku Mugabo wabo, nk’uko Gomeri yari yagarutse ku mugabo wiwe. Iryo hanga rya Yehova ryari ryatojwe indero, iryari nk’umugore wiwe, Yehova yociye arikura mu “bugaragwa” bwagereranya Babiloni, maze akarigarukana mu Buyuda n’i Yeruzalemu (Hoseya 2:14, 15). Uwo muhango yawushikije mu 537 B.G.C.
16 Imana yarashikije n’uwu muhango ugira uti: “Kur’uwo musi nzosezerana isezerano n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ibisīga vyo mu kirēre, n’ivyikwega hasi, kubganyu: kandi nzoca umuheto n’inkota n’intambara bibavire mu gihugu, ntume baryama amahoro” (Hoseya 2:18). Amasigarira y’Abayuda yagarutse mu gihugu cayo c’amavukiro yaribereyeho mu mahoro, adatinya ibikoko. Ubwo buhanuzi bwararangutse kandi mu 1919 G.C., igihe amasigarira ya Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu yabohorwa akava muri ‘Babiloni Hahambaye’, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. Ubu bibereyeho mu mahoro n’umunezero mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu, bari kumwe na bagenzi babo bafise icizigiro co kubaho kw’isi ibihe bidahera. Kamere z’ubunyamaswa ntizirangwa muri abo bakirisu b’ukuri.—Ivyahishuriwe 14:8; Yesaya 11:6-9; Ab’i Galatiya 6:16.
Nufate nka nkama ibi vyigwa
17-19. (a) Ni kamere z’Imana izihe duhimirizwa kwigana? (b) Ikigongwe n’imbabazi vya Yehova bikwiye gutuma dukora iki?
17 Imana ni inyakigongwe n’inyembabazi, kandi ukwo ni ko dukwiye kumera. Ico ni icigwa kimwe twigira ku bigabane vya mbere vya Hoseya (Hoseya 1:6, 7; 2:23). Kuba Imana yari yiteguriye kugirira ikigongwe Abisirayeli bigaye, birahuye n’uyu mugani wahumetswe ugira uti: “Ūpfukapfuka ibigabitanyo vyiwe ntazoronka umugisha, arik’ūvyihana akabireka azogirirwa ikigongwe” (Imigani 28:13). Ikindi kintu gihumuriza abantu bakoze ikibi bakigaya, ni aya majambo y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Ibimazi Imana ishikanirwa [ni] umutima umenetse; umutima umenetse, ujanjaguwe, Mana, ntuzowukēngēra”.—Zaburi 51:17.
18 Ubuhanuzi bwa Hoseya burashira ahabona imbabazi n’ikigongwe vya ya Mana dusenga. Naho bishika hakaba abakevya bagata inzira zayo zigororotse, barashobora kwigaya maze bagahindukira. Iyo babigenjeje gutyo, Yehova arabaha ikaze. Yaragiriye ikigongwe abigaye bo muri rya hanga rya Isirayeli ryari umugore wiwe w’ikigereranyo. Naho bagambarariye Yehova bakongera ‘bakaratsa Iyera y’Abisirayeli, yaragize imbabazi maze aguma yibuka yuko bari abantu buntu’ (Zaburi 78:38-41). Ikigongwe nk’ico gikwiye kutuvyurira umutima wo kugendana na ya Mana yacu y’inyembabazi Yehova.
19 Naho nyene ivyaha nko kwica, kwiba no gusambana vyari vyariraye muri Isirayeli, Yehova ‘yarabwiye umutima’ w’uwo mugore w’ikigereranyo (Hoseya 2:14; 4:2). Iyo tuzirikana ku kigongwe n’imbabazi vya Yehova, natwe bikwiye kutuvyurira umutima wo kugira ico dukoze tukanarushiriza kumwibandako. Ku bw’ivyo, nimuze twibaze duti: ‘Norushiriza gute kwigana ikigongwe n’imbabazi vya Yehova mu migenderanire yanje n’abandi? Hamwe umukirisu mugenzanje yankoreye ikosa yonsaba ikigongwe, noba niteguriye kumuharira nk’uko Imana yiteguriye kuduharira?’.—Zaburi 86:5.
20. Tanga akarorero kerekana yuko dukwiye kwizigira tudakeka icizigiro Imana yaduhaye.
20 Imana iratanga icizigiro nyakuri. Nk’akarorero, yasezeranye iti: ‘Nzomukomorera ca kiyaya ca Akori ngo kimubere irembo ry’ivyizigiro’ (Hoseya 2:15). Ishirahamwe rya Yehova rya kera ryari rimeze nk’umugore wiwe ryari ryizigiye ridakeka yuko ryosubijwe mu gihugu caryo c’amavukiro, ari na ho ‘ikiyaya ca Akori’ cari kiri. Iranguka ry’uwo muhango ryabaye mu 537 B.G.C. riraduha imvo yumvikana yo kunezererwa icizigiro ntakekeranywa Yehova yadushize imbere.
21. Ubumenyi budufasha gute mu vy’ukugendana n’Imana?
21 Kugira ngo tubandanye kugendana n’Imana, turakeneye kuguma twironsa ubumenyi buyerekeye no kuguma tubushira mu ngiro mu buzima bwacu. Ukumenya Yehova ntikwari kukirangwa muri Isirayeli (Hoseya 4:1, 6). Yamara, hariho abahaye agaciro kanini inyigisho iva ku Mana, barakora bahuza n’iyo nyigisho, ku bw’ivyo barahezagirwa cane. Hoseya yari umwe muri abo. Harimwo kandi na ba bantu 7.000 bo mu gihe ca Eliya batari barapfukamiye Bayali (1 Abami 19:18; Abaroma 11:1-4). Dukengurutse inyigisho iva ku Mana bizodufasha kuguma tugendana n’Imana.—Zaburi 119:66; Yesaya 30:20, 21.
22. Dukwiye kubona gute ubuhuni?
22 Yehova yiteze yuko abaja imbere abandi mu basavyi biwe bamirira kure ubuhuni. Ariko rero, muri Hoseya 5:1 havuga hati: “Ni mwumve ibi, yemwe baherezi, kandi mwumvirize namwe ab’inzu ya Isirayeli, mutege amatwi yemwe ab’inzu y’umwami, kuk’urubanza ari mwebge rutsinze; kuko mwabereye i Misipa umutego, mukabera i Tabora ururiba rutezwe”. Abantu b’abahuni bari indongozi barabera Abisirayeli umutego n’ururiba rutezwe ari rwo rusenga, bakabakwegera mu vy’ugusenga ibigirwamana. Umusozi Tabora be n’ikibanza citwa Misipa bishobora kuba vyari ibibanza bikomeye vyagirirwamwo mwene ukwo gusenga kw’ikinyoma.
23. Wungukiye gute ku mwihwezo wagizwe wa Hoseya ikigabane ca 1 gushika ku kigabane ca 5?
23 Gushika aha, ubuhanuzi bwa Hoseya bwatweretse yuko Yehova ari Imana y’inyakigongwe iha icizigiro ikongera igahezagira abantu bashira mu ngiro inyigisho zayo kandi bagatera akagere ubuhuni. Nka kumwe kwa ba Bisirayeli ba kera bigaya, nimuze rero turondere Yehova kandi twame twihatira kumuhimbara (Hoseya 5:15). Tubigenjeje gutyo, tuzokwimbura ivyiza twongere twironkere umunezero n’amahoro ntangere abantu bose bagendana n’Imana badahemuka bagira.—Zaburi 100:2; Ab’i Filipi 4:6, 7.
[Akajambo k’epfo]
a Hari igikino c’ikigereranyo dusanga mu B’i Galatiya 4:21-26. Ku bijanye n’ico gikino, raba igitabu Étude perspicace des Écritures, imbumbe ya 2, urupapuro rwa 677-678, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Wokwishura gute?
• Umubano wa Hoseya na Gomeri wagereranya iki?
• Ni kubera iki Yehova yari afitaniye imiburano na Isirayeli?
• Ni icigwa ikihe co muri Hoseya ikigabane ca 1 gushika ku kigabane ca 5 cagushimishije?
[Ifoto ku rup. 18]
Woba uzi uwo umugore wa Hoseya agereranya?
[Ifoto ku rup. 19]
Ababa i Samariya baraneshejwe n’Abashuri mu 740 B.G.C.
[Ifoto ku rup. 20]
Abantu basubiye mu gihugu cabo akamwemwe kabasya