ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/13 rup. 1
  • Mufatire akarorero ku bahanuzi—Hoseya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Mufatire akarorero ku bahanuzi—Hoseya
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Ivyo bijanye
  • Ubuhanuzi bwa Hoseya buradufasha kugendana n’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Hoseya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Gendana n’Imana maze wimbure ivyiza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • ‘Inzira za Yehova ziraroranye’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2013
km 11/13 rup. 1

Mufatire akarorero ku bahanuzi—Hoseya

1. Ni ikibazo ikihe ushobora kuba waribajije?

1 ‘Ni ibiki niteguriye guheba ku bwa Yehova?’ Kumbure waribajije ico kibazo igihe wariko urazirikana ku kumera neza kwiwe kwinshi no ku mbabazi ziwe nyinshi. (Zab. 103:2-4; 116:12) Hoseya abigiranye umutima ukunze yarakoze ivyo Yehova yamusavye gukora, naho vyasaba ko agira ivyo ahevye. Twokwigana gute Hoseya?

2. Dushobora gute kwigana akarorero keza ka Hoseya ko kwumira kw’ibanga mu gikorwa co kwamamaza?

2 Niwamamaze mu gihe kigoye: Ubutumwa Hoseya yashikiriza bwari bwerekeye canecane bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi, aho ugusenga kw’ukuri kwari mu kuzimangana. Umwami Yerobowamu wa kabiri yakora ivyari bibi mu maso ya Yehova kandi yaratsimbataje ivyo gusenga inyana vyari vyatangujwe na Yerobowamu wa mbere. (2 Abm. 14:23, 24) Abami bose bakurikiye babandanije gutitura ivy’impwemu muri bwa bwami bwari bugizwe n’imiryango cumi gushika amaherezo busanganguwe mu 740 B.G.C. Yamara, naho ugusenga kw’ikinyoma kwariko kurakwiragira, Hoseya abigiranye ukudahemuka yarasukuye ari umuhanuzi n’imiburiburi imyaka 59. Twoba natwe twiyemeje kwamamaza buri mwaka, naho abo tuyaga boba batabinerwa canke baturwanya?—2 Tim. 4:2.

3. Ni gute ubuzima bwa Hoseya bwagaragaje imbabazi za Yehova?

3 Niwibande ku mbabazi za Yehova: Yehova yabwiye Hoseya kwabira “umugore azokora ubusambanyi.” (Hos. 1:2) Naho umugore wiwe Gomeri yamuvyariye umuhungu, biboneka ko mu nyuma yavyaye abana babiri mu kurenga ibigo. Kuba Hoseya yaragize umutima ukunze wo guharira umugore wiwe vyaragaragaje imbabazi nyinshi Yehova yagiriye Abisirayeli bigira ibiro biteze igihe bigaya. (Hos. 3:1; Rom. 9:22-26) Twoba dufise umutima ukunze wo guheba ivyo twikundira kugira ngo tumenyekanishe imbabazi za Yehova ku bantu b’uburyo bwose?—1 Kor. 9:19-23.

4. Ni ibintu bimwebimwe ibihe twoshobora guheba ku bwa Yehova?

4 Hari abasavyi ba Yehova bahevye ubuzi bwabaha amahera menshi kugira ngo bahebere umwanya mwinshi ubusuku. Abandi bagumye ari abirebange canke batagira abana kugira ngo bakurikirane ivyungura Ubwami. Igihe tuzirikanye ku buzima bwa Hoseya, twoshobora kwiyumvira ngo ‘Sinari kwigera nshobora gukora ivyo yakoze.’ Yamara, uko turushiriza gukenguruka ubuntu ata wari abukwiriye bwa Yehova kandi tukiheka ku mpwemu nyeranda yiwe ngo ituronse inkomezi, twoshobora gukoreshwa na we mu buryo tutari bwigere twiyumvira ko twokoreshejwemwo, nk’uko vyagenze kuri Hoseya.—Mat. 19:26; Flp. 2:13.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika