Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 11 Munyonyo
INDWI ITANGURA KU WA 11 MUNYONYO
Ururirimbo rwa 119 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jl icigwa 5-7 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Abaheburayo 1-8 (Imin. 10)
No. 1: Abaheburayo 4:1-16 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Twokwerekana gute ko dufise “ubukerebutsi buva hejuru”?—Yak. 3:17, 18 (Imin. 5)
No. 3: Yehova we musa ni we akwiye gusengwa—td 7C (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Ingene twofasha mu vyo kuronsa abandi ivyo bakeneye. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Munyonyo 2013 urupapuro rwa 8-9.
Imin. 10: Ingene twotsinda uguhagarika umutima igihe twamamaza. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku bibazo bikurikira: (1) Isengesho rishobora gute kudufasha igihe duhagaritse umutima turi ku muhana? (2) Ni kubera iki kwitegura neza bidufasha kudahagarika umutima cane? (3) Ni igiki codufasha kudahagarika umutima cane igihe turiko turakorana n’umucungezi w’umuzunguruko? (4) Ni kubera iki guhagarika umutima bigenda biragabanuka uko turushiriza kugira uruhara mu busuku? (5) Ni igiki cagufashije gutsinda uguhagarika umutima?
Imin. 10: “Mufatire akarorero ku bahanuzi—Hoseya.” Ibibazo n’inyishu.
Ururirimbo rwa 113 n’isengesho