Ururirimbo 113
Yehova, warakoze kuduha Ijambo ryawe!
Integuro icapuwe
	1. Yehova, dushaka kugushimira
Ku bw’Ijambo ryawe n’ivy’utubwira.
Ni we wahumekeye bene kuryandika.
Riratuyobora, rikamurika.
2. Ibiri muri ryo biratwumvisha
Kw’abahanuzi bawe wavugisha
Bari bameze nkatwe, yuko twobigana.
Riraduhembura ridahemana.
3. Riri n’ububasha kuko ryinjira
Rigatahura ivyo twiyumvira
Be n’imigabo yacu, rikadukosora.
Riraduh’ubwenge butuyobora.
(Raba kandi Zab. 119:16, 162; 2 Tim. 3:16; Yak. 5:17; 2 Pet. 1:21.)