Guharura
14 Ishengero ryose rica ritangura kuboroga, abantu bamara iryo joro ryose barira+. 2 Abisirayeli bose batangura kwidogera Musa na Aroni+, ishengero ryose ribabwira riti: «Iyo dupfuma dupfira mu gihugu ca Misiri canke muri ubu bugaragwa! 3 Kubera iki Yehova atujanye muri ico gihugu kugira twicwe n’inkota+? Abagore bacu n’abana bacu bazogirwa imbohe+. None ntitwopfuma twisubirira mu Misiri+?» 4 Mbere baranabwiranye bati: «Twitorere umukuru maze twisubirire mu Misiri+!»
5 Musa na Aroni baca barunama mu maso habo hashika hasi, imbere y’ishengero ryose ry’Abisirayeli ryari rikoraniye ng’aho. 6 Yosuwa+ mwene Nuni na Kalebu+ mwene Yefune, abari mu bagiye kugenzura ico gihugu, baca batabura impuzu zabo, 7 babwira ishengero ryose ry’Abisirayeli bati: «Igihugu twaciyemwo tukigenzura ni igihugu ciza, emwe ciza cane+! 8 Nitwashimisha Yehova, azotujana koko muri ico gihugu gitemba amata n’ubuki akiduhe+. 9 Ariko ntimugararize Yehova canke ngo mutinye abantu bo muri ico gihugu+ kuko tuzobafyeta*! Ntibagira ikibakingira, ariko Yehova ari kumwe natwe+. Ntimubatinye.»
10 Ishengero ryose rica ritangura kuvuga ngo ribicishe amabuye+. Ubuninahazwa bwa Yehova buca bubonekera Abisirayeli bose hejuru y’ihema ry’ibonaniro+.
11 Maze Yehova abwira Musa ati: «Aba bantu bazonsuzugura gushika ryari+? Bazogeza ryari kutanyizera n’ibitangaro vyose maze gukorera imbere yabo+? 12 Reka ndabateze ikiza ndabahonye, hanyuma ndagukuremwo ihanga rihambaye kandi ribarusha inguvu+.»
13 Mugabo Musa abwira Yehova ati: «Aba bantu wabakuye mu Misiri ukoresheje ububasha bwawe. Niwabahonya, Abanyamisiri bazovyumva+ 14 kandi bazobibwira ababa mu gihugu tugiyemwo. Na bo nyene barumvise ko wewe Yehova uri hagati y’aba bantu+ be n’uko wabiyeretse amaso mu yandi+. Uri Yehova kandi igicu cawe kiguma hejuru yabo. Ku murango ugendera imbere yabo mu nkingi y’igicu, mw’ijoro na ho mu nkingi y’umuriro+. 15 Hamwe wokwicira rimwe aba bantu bose*, amahanga yumvise ingene uri rurangiranwa yohava avuga ngo: 16 “Yehova vyaramunaniye gushikana aba bantu mu gihugu yarahiye ko azobaha, ni co gituma yaciye abicira mu bugaragwa+.” 17 Ndakwinginze rero Yehova, ureke ububasha bwawe bwigaragaze nk’uko wabisezeranye mu kuvuga uti: 18 “Ndi Yehova, Imana iteba gushavura kandi yuzuye urukundo*+. Ndababarira ikosa n’ikigabitanyo mugabo sinigera ndeka guhana uwagirwa n’icaha. Mpana abana kubera ikosa rya ba se, gushika ku runganwe* rugira gatatu no ku rugira kane+.” 19 Ndakwinginze ubabarire aba bantu ikosa ryabo kubera urukundo* rwawe rwinshi, nk’uko nyene wagiye urabaharira kuva mu Misiri gushika n’ubu+.»
20 Yehova aca avuga ati: «Ndabababariye nk’uko ubivuze+. 21 Ariko rero, ndahiye ukubaho kwanje, isi yose izokwuzura ubuninahazwa bwa Yehova+. 22 Abantu bose babonye ubuninahazwa bwanje n’ibimenyetso+ nakoreye mu Misiri no mu bugaragwa, ariko bakaguma bangerageza+ izi ncuro cumi zose kandi ntibanyumvirize+, 23 ntibazobona igihugu narahiye ba sekuru. Emwe, nta n’umwe muri abo bantu batanyubaha azogenda akibonye+. 24 Mugabo umusavyi wanje Kalebu+, kubera yuko atabaye nka bo* kandi akaguma ankurikira n’umutima wiwe wose, nzomushikana koko mu gihugu yagiyemwo, kandi uruvyaro rwiwe ruzocigarurira+. 25 Ko Abamaleki n’Abanyakanani+ baba mu kiyaya, ejo muzosubire inyuma mwerekeze mu bugaragwa, muciye mu nzira ija ku kiyaga Gitukura+.»
26 Maze Yehova abwira Musa na Aroni ati: 27 «Iri shengero ribi rizonyidogera gushika ryari+? Numvise ivyo Abisirayeli bariko baranyidogera+. 28 Babwire uti: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Ndahiye ukubaho kwanje, ivyo nyene numvise muriko muravuga ni vyo nzobakorera+! 29 Imivyimba yanyu izogwa muri ubu bugaragwa+, emwe abanditswe bose muri mwebwe bafise imyaka 20 kuduga, abo bose banyidogeye+. 30 Nta n’umwe muri mwebwe azokwinjira mu gihugu narahiye* ko nzobaha ngo mukibemwo+, kiretse Kalebu mwene Yefune na Yosuwa mwene Nuni+.
31 Abana banyu mwavuze ngo bazogirwa imbohe+, ni bo nzokwinjiza muri ico gihugu kandi bazobona igihugu mwiyankishije+. 32 Ariko imivyimba yanyu izogwa muri ubu bugaragwa. 33 Abana banyu bazomara imyaka 40 ari abungere mu bugaragwa+, kandi bazokwishura ikosa ryanyu kubera mwampemukiye*, gushika uwa nyuma muri mwebwe apfiriye mu bugaragwa+. 34 Nk’uko nyene mwamaze imisi 40 mugenzura ico gihugu+, muzomara imyaka 40 mwishura amakosa yanyu, umusi umwumwe uhure n’umwaka+. Muzoheza mumenye ico kungarariza* bisobanura.
35 Jewe Yehova navuze. Ibi ni vyo nzokorera iri shengero ribi, abo bose bakoraniye hamwe kundwanya: bazohonera muri ubu bugaragwa kandi ni ho bazopfira+. 36 Abagabo Musa yarungitse gusuma urusaku mu gihugu, hanyuma bagarutse bagatuma ishengero ryose rimwidodombera kubera bavuze nabi ico gihugu+, 37 emwe abo bagabo bavuze nabi ico gihugu bazohanwa bapfire imbere ya Yehova+. 38 Ariko Yosuwa mwene Nuni na Kalebu mwene Yefune bobo bazobandanya kubaho, naho bari mu bagiye kugenzura ico gihugu+.’”»
39 Musa amaze kubwira Abisirayeli ayo majambo, abantu bose baca barababara cane*. 40 Hanyuma bavyuka kare mu gitondo, bagerageza kuduga hejuru mu misozi, bavuga bati: «Twacumuye, ariko tugira tuje mu gihugu Yehova yadusezeraniye+.» 41 Mugabo Musa ababwira ati: «Kubera iki murenga kw’itegeko rya Yehova? Ntibizobagendera neza. 42 Ntimuduge kuko Yehova atari kumwe namwe. Abansi banyu bazobatsinda+. 43 Muzosanga Abamaleki n’Abanyakanani babarindiriye+ kandi bazobamarisha inkota. Ko mwanse gukurikira Yehova, Yehova na we ntazojana namwe+.»
44 Nuko baduga hejuru mu misozi n’akagagazo n’akantu+, ariko isandugu y’isezerano rya Yehova hamwe na Musa ntivyava mw’ikambi+. 45 Abamaleki n’Abanyakanani baba muri iyo misozi baca baramanuka kubarwanya, barabirukana gushika i Horuma+.