Samweli wa kabiri
5 Mu nyuma imiryango yose ya Isirayeli iza i Heburoni+ kwa Dawidi, imubwira iti: «Urazi ko dusangiye amaraso*+. 2 Aho hambere Sawuli akiri umwami wacu, ni wewe wayobora Abisirayeli ku rugamba*+, kandi Yehova yakubwiye ati: “Ni wewe uzoragira abantu banje b’Abisirayeli, ube indongozi ya Isirayeli+.”» 3 Abashingantahe bose bo muri Isirayeli baza rero i Heburoni iyo umwami ari. Maze umwami Dawidi agirana na bo isezerano+ imbere ya Yehova aho i Heburoni. Baca bamurobanuza amavuta*, aba umwami wa Isirayeli+.
4 Dawidi yari afise imyaka 30 igihe yaba umwami. Amara imyaka 40 aganza+. 5 Yamaze imyaka 7 n’amezi 6 aganza umuryango wa Yuda i Heburoni. I Yeruzalemu+ na ho yamaze imyaka 33 aganza umuryango wa Yuda n’iyindi miryango yose ya Isirayeli. 6 Umusi umwe, umwami n’ingabo ziwe baja i Yeruzalemu gutera Abayebusi+ baba mu gihugu. Abo Bayebusi bacokora Dawidi bati: «Ntuzopfa winjiye muri iki gisagara! Impumyi n’abamugaye bonyene bogutuza.» Biyumvira ko Dawidi atazogenda afashe ico gisagara+. 7 Ariko Dawidi afata igisagara ca Siyoni gikingijwe ibihome, ubu kikaba citwa igisagara ca Dawidi+. 8 Kuri uwo musi Dawidi avuga ati: «Abaza gutera Abayebusi baze guca mu mugende w’amazi uca mu kuzimu, maze bice abo bantu “bamugaye n’impumyi” nanka*.» Ni co gituma bivugwa ngo: «Impumyi n’abamugaye ntibazokwigera binjira mu nzu.» 9 Nuko Dawidi aja kuba muri ico gisagara gikingijwe ibihome, kiraheza citwa* igisagara ca Dawidi. Maze Dawidi atangura kwubaka irya n’ino yaco, ahereye ku gasozi Milo*+ aza indani+. 10 Dawidi rero aguma arushiriza gukomera+, kandi Yehova Imana Nyeningabo yari kumwe na we+.
11 Umwami Hiramu+ w’i Tiro arungika intumwa kwa Dawidi, amurungikira n’ibiti vy’amasederi+, ababaza ibiti hamwe n’abubakisha amabuye bo kwubaka impome. Maze batangura kwubakira Dawidi inzu*+. 12 Dawidi amenya rero ko Yehova yakomeje ubutegetsi bwiwe muri Isirayeli+, akamugira umwami akomeye+ ku neza y’abantu biwe b’Abisirayeli+.
13 Dawidi amaze kuva i Heburoni akaza i Yeruzalemu, azana izindi ncoreke+, yabira n’abandi bagore, avyara abandi bahungu n’abakobwa+. 14 Aya ni yo mazina y’abahungu yavyariye i Yeruzalemu: Shamuwa, Shobabu, Natani+, Salomo+, 15 Ibuhari, Elishuwa, Nefegi, Yafiya, 16 Elishama, Eliyada na Elifeleti.
17 Abafilisitiya bumvise yuko Dawidi yarobanujwe amavuta ngo abe umwami wa Isirayeli+, bose baca baza kumuhiga+. Dawidi avyumvise, aca aja ahantu hatagira inkomanzi yahora ahungira+. 18 Abafilisitiya bashitse, baca bakwira ikiyaya ca Refayimu+. 19 Dawidi abaza Yehova+ ati: «Nduge kurwanya Abafilisitiya? Uramfasha kubatsinda?» Yehova amwishura ati: «Duga urwanye Abafilisitiya kuko ntabura kugufasha kubatsinda+.» 20 Nuko Dawidi aja i Bayali-Perasimu, ahatsindira Abafilisitiya. Maze avuga ati: «Yehova yanciriye inzira mu bansi banje+, nka kurya amazi amena agaca inzira.» Ni co gituma aho hantu yahise Bayali-Perasimu*+. 21 Abafilisitiya bata ng’aho ibigirwamana vyabo, maze Dawidi n’abantu biwe barabitwara.
22 Mu nyuma Abafilisitiya bongera kuza, bakwira ikiyaya ca Refayimu+. 23 Dawidi aca ahanuza Yehova, na we amwishura ati: «Ntuzanane imbere yabo. Ahubwo zunguruka uce inyuma yabo, murwanire imbere y’ibisaka* vy’imibaka. 24 Niwumva urwamo nk’urw’abantu bariko baratambuka ruvugira hejuru ya nya bisaka, uraca utera udatebaganye. Yehova azoba yakwitangiye imbere kugira agufashe kwica ingabo z’Abafilisitiya.» 25 Nuko Dawidi agira nk’uko Yehova amutegetse. Yica Abafilisitiya+ kuva i Geba+ gushika i Gezeri+.