Yeremiya
49 Ku bijanye n’Abamoni+, Yehova avuze ati:
«Mbega Isirayeli nta bahungu ifise?
Nta samuragwa ifise?
Kubera iki none Malikamu*+ yigaruriye akarere ka Gadi+?
Kubera iki abayisenga baba mu bisagara vya Isirayeli?»
2 «“Ku bw’ivyo, mu misi iri imbere”, ni ko jewe Yehova mvuze,
“nzokwumvikanisha ikimenyetso c’intambara* yo kurwanya igisagara ca Raba+ c’Abamoni+.
Kizosigara ari ikirundo c’ibihomvagurike,
kandi udusagara tucegukira* tuzoturirwa.”
“Isirayeli izokwigarurira abari barayigaruriye+”, ni ko jewe Yehova mvuze.
3 “Boroga Heshiboni we, kuko igisagara ca Ayi gitikijwe!
Nimwihe akaruru, yemwe dusagara twegukira Raba!
Nimwambare amagunira.
Nimuboroge, munyuragire mu mpongore z’amabuye*,
kuko Malikamu izojanwa mu bunyagano,
ijane n’abaherezi bayo n’abatware bayikorera+.
4 Kubera iki wiratira ibiyaya,
ukiratira ikiyaya cawe cimbuka*, ewe mukobwa w’igihemu,
wizigira amatunga yawe,
ukavuga uti: ‘Ni nde azoza kuntera?’”»
5 «Jewe Umukama Segaba Yehova Nyeningabo mvuze nti: “Ngira ndakuzaneko ikintu giteye ubwoba,
kivuye ku bari irya n’ino yawe bose.
Muzoshwiragizwa mu mpande zose,
kandi nta wuzokwegeranya abazoba bariko barahunga.”»
6 «“Mugabo mu nyuma nzokwegeranya Abamoni bagizwe imbohe”, ni ko jewe Yehova mvuze.»
7 Ku bijanye na Edomu, Yehova Nyeningabo avuze ati:
«Mbega i Temani nta bukerebutsi bukiriyo+?
Mbega abafise ugutegera nta mpanuro nziza bagifise batanga?
Mbega ubukerebutsi bwabo bwaraboze?
8 Nimuhunge, musubire inyuma!
Nimuhungire epfo mu myonga, yemwe ababa i Dedani+!
Kuko nzoteza ivyago Esawu
nihagera ko nitaho ivyiwe.
9 Hamwe abasoroma inzabibu boza iwawe,
mbega ntibosigaza inzabibu abandi botoragura?
Ibisuma bije mw’ijoro,
vyosiga vyononye ibintu uko bigomba+.
10 Mugabo nzokwambura Esawu asigare ari amenya.
Nzoshira ahabona ibibanza yinyegezamwo
kugira ntashobore kwinyegeza.
12 Kuko Yehova avuze ati: «Raba! Ko abataciriwe urubanza rwo kunywa ku gikombe bategerezwa kukinywako, wumva weho wogenda udahanywe na gato? Ntuzogenda udahanywe, kuko utegerezwa kukinywako+.»
13 «Kuko nirahiye jewe ubwanje», ni ko jewe Yehova mvuze, «yuko Bozira izocika akajoreza+, icokorwe, itikizwe, icike n’umuvumo. Kandi ibisagara vyaho vyose bizosigara ari ibihomvagurike ibihe vyose+.»
14 Hari inkuru numvise ivuye kuri Yehova.
Hari intumwa yarungitswe mu mahanga kuvuga ngo:
«Nimukoranire hamwe muze kumutera.
Nimwitegurire urugamba+.»
16 Uguhinda agashitsi wahora uteza
n’ubwibone bw’umutima wawe vyaraguhenze
wewe uba mu bwihisho bwo mu rutare,
ukaba ku murambi muremure cane.
Naho wubaka icari cawe hejuru cane nk’inkona, nzokumanurayo»,
ni ko Yehova avuze.
17 «Kandi igihugu ca Edomu kizocika akajoreza koko+. Umuntu wese azoca iruhande yaco azocitegereza ajorewe, avuze agahwa kubera ivyago vyose vyagishikiye. 18 Kurya vyagenze igihe Sodomu na Gomora n’ibisagara bibanyi vyatikizwa+», ni ko Yehova avuze, «nta n’umwe azobayo, kandi nta muntu azokwimukirayo+.
19 Raba! Hari umuntu azoduga nk’intambwe+ ivuye mu bisaka vy’inzitane vyo ku nkengera ya Yorodani, aje gutera uburagiro butekanye. Mugabo mu kanya gatoyi nzotuma bahunga* igihugu cabo. Uwo natoye ni we nzoshiraho ngo akiganze. Mbega hari uwumeze nkanje? Hari uwompigisha? Hari umwungere yompagarara imbere+? 20 Nimwumve rero yemwe ingingo* Yehova yafatiye Edomu, n’ivyo yiyumviriye gukorera ababa i Temani+:
Ni ukuri, imyagazi yo mu busho izoburutwa.
Azotuma aho yahora iba hacika umusaka kubera bo+.
21 Isi yumvise ijwi ry’ugutemba kwabo ica iratigita.
Hari amaborogo!
Ijwi ryumvikanye gushika ku kiyaga Gitukura+.
Kuri uwo musi umutima w’abarwanyi ba Edomu
uzoba nk’umutima w’umugore ariko aribaruka.»
«Ababa i Hamati+ n’i Arupadi bamaramaye,
kuko bumvise inkuru mbi.
Bashongeshejwe n’ubwoba.
Mu kiyaga hari amaganya adashobora guhwama.
24 Ab’i Damasiko bacitse intege.
Bahindukiye ngo bahunge mugabo biranka kubera bataye umutwe.
Bafashwe n’amaganya n’umubabaro
nk’umugore ariko aribaruka.
25 Vyagenze gute ngo igisagara cahayagizwa,
igisagara c’umwigino ntigihebwe?
26 Kuko abasore baho bazogwa mu bibanza rusangi,
kandi kuri uwo musi abasoda bose bazohona», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
27 «Nzoturira uruzitiro rw’i Damasiko,
kandi umuriro uzoherengeteza iminara ikomeye ya Beni-Hadadi+.»
28 Ku bijanye na Kedari+ n’ubwami bw’i Hazori bwatikijwe na Nebukadinezari* umwami wa Babiloni, Yehova avuze ati:
«Nimuhaguruke muduge i Kedari,
muhonye abo mu Buseruko.
29 Amahema yabo n’amasho yabo bizotwarwa,
hamwe n’ibitambara vy’amahema yabo n’ibintu vyabo vyose.
Ingamiya zabo zizotwarwa.
Abantu bazosemerera bababwira bati: “Hari ubwoba irya n’ino!”»
30 «Nimuhunge, muje kure!
Nimuje kuba epfo mu myonga, yemwe ababa i Hazori», ni ko Yehova avuze.
«Kuko Nebukadinezari* umwami wa Babiloni yateguye umugambi wo kubagirira nabi,
yiyumvira uburyo bwo kubakorera ikibi.»
31 «Nimuhaguruke muje gutera ihanga ryifitiye amahoro,
ryibereye mu mutekano», ni ko Yehova avuze.
«Nta marembo canke ivyugazo rifise. Bibera ukwa bonyene.
32 Ingamiya zabo zizosahurwa,
ibitungwa vyabo vyinshi na vyo binyagwe.
Nzosanzariza mu mpande zose*
bamwe bafise imisaya imoye+.
Nzobateza ivyago biturutse impande zose», ni ko Yehova avuze.
33 «I Hazori hazocika ahantu haba imbwebwe,
hame ari umusaka.
Nta n’umwe azobayo,
kandi nta muntu azokwimukirayo.»
34 Ibi ni vyo Yehova yabwiye umuhanuzi Yeremiya ku bijanye na Elamu+ mu ntango y’intwaro ya Zedekiya+ umwami w’Ubuyuda: 35 «Yehova Nyeningabo avuze ati: “Ehe ngira mvune umuheto wa Elamu+ utuma bagira inkomezi*. 36 Nzozana kuri Elamu ya miyaga ine ivuye ku mpera zine z’ijuru, ndabasanzarize muri iyo miyaga yose*. Abantu b’i Elamu bashwiragijwe nta hanga batazoshikamwo.”»
37 Yehova avuze ati: «Nzomenagurira Abelamu imbere y’abansi babo n’imbere y’abarondera kubica. Kandi nzobazanako ivyago, ndabasukeko ishavu ryanje rirurumba. Nzorungika inkota ibome inyuma gushika baherengeteye.»
38 «Nzoshinga intebe yanje y’ubwami i Elamu+, kandi nzorandurayo umwami n’abatware», ni ko Yehova avuze.
39 «Mugabo mu kiringo ca nyuma*, nzokoranya ab’i Elamu bagizwe imbohe», ni ko Yehova avuze.