Yosuwa
18 Maze ishengero ryose ry’Abisirayeli rikoranira i Shilo+, bahashinga ihema ry’ibonaniro+ kuko ari bo bari basigaye baganza ico gihugu+. 2 Mugabo hari hagisigaye imiryango indwi y’Abisirayeli itari bwahabwe intoranwa. 3 Nuko Yosuwa abwira Abisirayeli ati: «Kubera iki muguma muteba kuja kwigarurira igihugu Yehova Imana ya ba sokuruza banyu yabahaye+? 4 Umuryango wose numpe abagabo batatu kugira ndabarungike kugendura ico gihugu. Bazotunganya igicapo caho bisunze intoranwa umuryango wose uzoronka, baheze bagaruke aho ndi. 5 Bazogicamwo imigabane indwi+. Bene Yuda bazoguma mu karere kabo mu bumanuko+, bene Yozefu na bo bagume mu karere kabo mu buraruko+. 6 Muzocape rero ico gihugu mugicemwo imigabane indwi, hanyuma mubinzanire. Nanje nzoheza ndakibagaburire biciye ku bupfindo+, aha nyene imbere ya Yehova Imana yacu. 7 Ariko Abalewi nta mugabane bazoronka muri mwebwe+, kuko igikorwa c’ubuherezi bakorera Yehova ari yo ntoranwa yabo+. Umuryango wa Gadi na wo, uwa Rubeni n’igice c’umuryango wa Manase+ baramaze kuronka intoranwa yabo mu buseruko bwa Yorodani. Musa umusavyi wa Yehova ni we yayibahaye.»
8 Nya bagabo rero bitegurira urugendo, maze Yosuwa ategeka abari bagiye gucapa ico gihugu ati: «Gende mugendure ico gihugu, mugicape muce mugaruka aho ndi. Nanje nzoheza ndakibagaburire biciye ku bupfindo, aha nyene i Shilo imbere ya Yehova+.» 9 Nuko baragenda, banyuragira muri ico gihugu maze bagicapa mu gitabu bakurikije ibisagara biriyo, bakigabura mu migabane indwi. Hanyuma bagaruka aho Yosuwa ari kw’ikambi i Shilo. 10 Yosuwa aca agaburira Abisirayeli igihugu biciye ku bupfindo aho nyene i Shilo imbere ya Yehova+, umuryango wose uronka umugabane wawo+.
11 Ubupfindo bwa mbere bugwa ku muryango wa Benyamini hisunzwe ingo ziwugize, maze baronka akarere kari hagati ya bene Yuda+ na bene Yozefu+. 12 Mu buraruko, urubibe rwabo rwahera kuri Yorodani, rukabandanya ku mumanuko wa Yeriko+ uri mu buraruko, rugaca ruduga mu misozi rwerekeza mu burengero, rukagenda gushika mu bugaragwa bwa Beti-Aveni+. 13 Rwaca ruva aho rukabandanya gushika i Luzi ari ho Beteli+, ku mudugo waho wo mu bumanuko. Rwaramanuka rwerekeza i Ataroti-Adari+ ku musozi uri mu bumanuko bwa Beti-Horoni y’Epfo+. 14 Mu burengero, urwo rubibe rwahera ku musozi uri mu bumanuko bwa Beti-Horoni, rugaca rukebereza mu bumanuko rukagarukira i Kiriyati-Bayali, ni ukuvuga Kiriyati-Yeyarimu+, igisagara ca Yuda. Urwo rwari urubibe rwo mu burengero.
15 Mu bumanuko, urwo rubibe rwahera ku mpera ya Kiriyati-Yeyarimu, rukabandanya mu burengero gushika kw’isoko ry’amazi rya Nefutowa+. 16 Rwaramanuka rwerekeza ku mpera y’umusozi urabana n’umubande wa mwene Hinomu+ uri mu buraruko bw’ikiyaya ca Refayimu+. Rwaca rumanuka mu mubande wa Hinomu, rukagenda rugana umudugo uri mu bumanuko bw’igisagara c’Abayebusi+ gushika i Eni-Rogeli+. 17 Urwo rubibe rwaca rugenda amaja mu buraruko gushika i Eni-Shemeshi, rukabandanya i Geliloti aharabana n’umudugo wa Adumimu+, rukamanuka rugana kw’ibuye+ rya Bohani+ mwene Rubeni. 18 Rwarabandanya ku mumanuko wo mu buraruko urabana n’akarere ka Araba, rugaca rumanuka muri ako karere nyene ka Araba. 19 Nya rubibe rwaca rubandanya ku mumanuko wo mu buraruko wa Beti-Hogula+, rukagarukira ku kigobe co mu buraruko bw’ikiyaga c’Umunyu+ aho Yorodani rwisuka*. Urwo rwari urubibe rwo mu bumanuko. 20 Uruzi Yorodani ni rwo rwari urubibe rwabo mu buseruko. Urwo ni rwo rwari urubibe rw’intoranwa yahawe abakomoka kuri Benyamini hisunzwe ingo zabo, ku mpande zose.
21 Ibi ni vyo bisagara vy’umuryango wa Benyamini hisunzwe ingo ziwugize: Yeriko, Beti-Hogula, Emeki-Kezizi, 22 Beti-Araba+, Zemarayimu, Beteli+, 23 Avimu, Para, Ofura, 24 Kefari-Amoni, Ofuni na Geba+: vyari ibisagara 12 n’ibigwati bihegereye.
25 Bari bafise na Gibeyoni+, Rama, Beroti, 26 Mizipe, Kefira, Moza, 27 Rekemu, Irupeli, Tarala, 28 Zela+, Ha-Elefu, Yebusi ari yo Yeruzalemu+, Gibeya+ na Kiriyati: vyari ibisagara 14 n’ibigwati bihegereye.
Iyo ni yo yabaye intoranwa y’abakomoka kuri Benyamini hisunzwe ingo zabo.