ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 46
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yeremiya: ibirimwo

      • Ubuhanuzi bujanye na Misiri (1-26)

        • Misiri izoneshwa na Nebukadinezari (13, 26)

      • Ivyo Imana yasezeraniye Isirayeli (27, 28)

Yeremiya 46:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 1:10

Yeremiya 46:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 25:15, 19; Ezk 29:2; 32:2
  • +2Ng 35:20
  • +2Bm 23:36; Yr 25:1; 36:1

Yeremiya 46:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Abarasisha umuheto ni bo bakunda gukoresha mwene izo nkinzo.

Yeremiya 46:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 24:7

Yeremiya 46:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 29:3; 32:2

Yeremiya 46:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «kuwugonda.» Mu giheburayo havuga ngo «kuwuhonyora (igihe bawambika uruvuto).»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 27:2, 10
  • +It 10:6, 13; Ezk 30:4, 5
  • +Yes 66:19

Yeremiya 46:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ibitungwa vyo gukerera.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 24:7

Yeremiya 46:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 37:25; Yr 8:22
  • +Ezk 30:21

Yeremiya 46:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 32:9

Yeremiya 46:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 43:10; Ezk 29:19; 30:10

Yeremiya 46:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «Memfisi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 44:1; Ezk 29:10; 30:6
  • +Yr 43:4, 7; Ezk 30:18

Yeremiya 46:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «igihe cashinzwe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 29:3

Yeremiya 46:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ukuvuga uwuzoza gutera Misiri.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 19:17, 22; Abc 4:6; Zb 89:12
  • +1Bm 18:42

Yeremiya 46:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «Memfisi.»

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «hazoba agahinga.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 32:15

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2003, rup. 32

Yeremiya 46:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 46:5, 15

Yeremiya 46:22

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «nk’abasenya inkwi.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/3/2007, rup. 11

Yeremiya 46:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 30:10

Yeremiya 46:25

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ukuvuga Tebe (Thèbes).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Nah 3:8
  • +Ezk 30:14
  • +Kv 12:12; Yes 19:1; Yr 43:12, 13
  • +Yr 17:5; 42:14

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2003, rup. 32

Yeremiya 46:26

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 43:10, 11; Ezk 32:11
  • +Ezk 29:13, 14

Yeremiya 46:27

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 41:13; 43:1, 2; 44:2
  • +Yes 11:11; Yr 50:19; Ezk 39:27; Am 9:14; Zf 3:20
  • +Yr 23:3, 6; 30:10, 11

Yeremiya 46:28

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «nzogukosora.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 25:9
  • +Yr 5:10; Am 9:8
  • +Yr 10:24

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Ubumenyi, rup. 148

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yer. 46:1Yr 1:10
Yer. 46:2Yr 25:15, 19; Ezk 29:2; 32:2
Yer. 46:22Ng 35:20
Yer. 46:22Bm 23:36; Yr 25:1; 36:1
Yer. 46:62Bm 24:7
Yer. 46:8Ezk 29:3; 32:2
Yer. 46:9Ezk 27:2, 10
Yer. 46:9It 10:6, 13; Ezk 30:4, 5
Yer. 46:9Yes 66:19
Yer. 46:102Bm 24:7
Yer. 46:11It 37:25; Yr 8:22
Yer. 46:11Ezk 30:21
Yer. 46:12Ezk 32:9
Yer. 46:13Yr 43:10; Ezk 29:19; 30:10
Yer. 46:14Yr 44:1; Ezk 29:10; 30:6
Yer. 46:14Yr 43:4, 7; Ezk 30:18
Yer. 46:17Ezk 29:3
Yer. 46:18Yos 19:17, 22; Abc 4:6; Zb 89:12
Yer. 46:181Bm 18:42
Yer. 46:19Ezk 32:15
Yer. 46:21Yr 46:5, 15
Yer. 46:24Ezk 30:10
Yer. 46:25Nah 3:8
Yer. 46:25Ezk 30:14
Yer. 46:25Kv 12:12; Yes 19:1; Yr 43:12, 13
Yer. 46:25Yr 17:5; 42:14
Yer. 46:26Yr 43:10, 11; Ezk 32:11
Yer. 46:26Ezk 29:13, 14
Yer. 46:27Yes 41:13; 43:1, 2; 44:2
Yer. 46:27Yes 11:11; Yr 50:19; Ezk 39:27; Am 9:14; Zf 3:20
Yer. 46:27Yr 23:3, 6; 30:10, 11
Yer. 46:28Yr 25:9
Yer. 46:28Yr 5:10; Am 9:8
Yer. 46:28Yr 10:24
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yeremiya 46:1-28

Yeremiya

46 Ibi ni vyo Yehova yabwiye umuhanuzi Yeremiya ku bijanye n’amahanga+. 2 Ng’ibi ivyo yavuze kuri Misiri+, ku bijanye n’ingabo za Farawo Neko+ umwami wa Misiri, yari iruhande y’uruzi Efurate agatsindirwa i Karikemishi na Nebukadinezari* umwami wa Babiloni. Hari mu mwaka ugira kane w’intwaro ya Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda. Yavuze ati:

 3 «Nimutegure inkinzo ntonto* n’inkinzo zagutse,

muje ku rugamba.

 4 Yemwe abagendera ku mafarasi, nimuyambike imigozi maze muyurire.

Nimuhagarare mu bibanza vyanyu, mwambare n’inkofero.

Nimusene amacumu, mwambare n’amakoti y’ivyuma.

 5 “Ko mbona barandutse umutima?

Bariko basubira inyuma, abarwanyi babo babatsinze barabatsindagira.

Bataye umutwe barahunga, abarwanyi babo ntibanahindukiye.

Hose abantu barandutse umutima”, ni ko Yehova avuze.

 6 “Abanyaruka ntibashobora guhunga, n’abarwanyi ntibashobora kuyanyaga.

Mu buraruko, hafi y’inkombe y’uruzi Efurate,

ni ho batsitariye baragwa+.”

 7 Uwu ni nde aduga nk’uruzi Nili,

nk’inzuzi z’amazi asuriranya?

 8 Misiri ni yo iduga nk’uruzi Nili+,

nk’inzuzi z’amazi asuriranya,

ikavuga iti: “Nzoduga mpfuke isi.

Nzotikiza igisagara n’abakibamwo.”

 9 Mwa mafarasi mwe, nimuduge!

Mwa mikogote mwe, nimugende nk’abasazi!

Abarwanyi nibegere,

ab’i Kushi n’i Puti bazi gukoresha inkinzo+,

n’Abaludimu+ bazi gukoresha umuheto no kuwutegura*+.

10 Uwo musi ni umusi w’Umukama Segaba, Yehova Nyeningabo. Ni umusi w’ukwihora, umusi azokwihora abamurwanya. Inkota izorya ihage, inywe amaraso yabo ihimbe, kuko Umukama Segaba, Yehova Nyeningabo, afise ikimazi co gutanga* mu gihugu co mu buraruko hafi y’uruzi Efurate+.

11 Ewe mukobwa w’isugi wa Misiri,

duga i Gileyadi gutora amavuta yo kuvura*+!

Imiti wayigwirije ubusa

kuko udashobora gukira+.

12 Amahanga yumvise agateterwe kawe+,

kandi amaborogo yawe yuzuye igihugu.

Kuko umurwanyi atsitara ku wundi,

bose bakagwa.»

13 Ibi ni vyo Yehova yabwiye umuhanuzi Yeremiya ku bijanye n’ukuza kwa Nebukadinezari* umwami wa Babiloni, aje gutikiza igihugu ca Misiri+:

14 «Nimubimenyeshe mu Misiri, mubitangaze i Migidoli+.

Nimubitangaze i Nofu* n’i Tahapanesi+

muvuge muti: “Nimuhagarare mu bibanza vyanyu mwitegure,

kuko inkota izomara abantu irya n’ino yanyu.

15 Kubera iki abantu bawe b’abanyenkomezi bakukumuwe?

Ntibashoboye kurinda,

kuko Yehova yabasunuriye hasi.

16 Batsitara ari benshi bakagwa.

Babwirana bati:

‘Haguruka dusubire iwacu no mu bacu,

kubera inkota ikaze.’”

17 Batangarijeyo bati:

“Farawo umwami wa Misiri ni urwamo gusa.

Yaretse akaryo* karamujana+.”

18 “Ndirahiye jewe Imana nzima”, ni ko jewe Umwami yitwa Yehova Nyeningabo mvuze:

“Azoza* ameze nka kurya kwa Tabora+ mu misozi,

nka Karumeli+ hafi y’ikiyaga.

19 Ewe mukobwa aba mu Misiri,

tekera umuzigo uzojana mu bunyagano.

Kuko i Nofu* hazocika akajoreza.

Hazoturirwa* hasigare ata wuhaba+.

20 Misiri imeze nk’ishashi y’inka iteye igomwe,

mugabo udukoko tuguruka turyana, tuzoyitera tuvuye mu buraruko.

21 N’abasoda bayo b’abacangero bari muri yo bameze nk’inyana zivyibushe.

Mugabo na bo nyene basubiye inyuma bahungira icarimwe.

Ntibashoboye kurinda+

kuko umusi w’ivyago vyabo washitse,

igihe c’uko bagira ico babazwa.”

22 “Urwamo rwayo rumeze nk’urw’inzoka inyororomba ihunga,

kuko biruka kuri Misiri ari igitero gikomeye bitwaje amashoka,

nk’abicira ibiti*.

23 Bazokwicira ikibira cayo”, ni ko Yehova avuze, “naho wamengo nta wocinjiramwo.

Kuko ari benshi kurusha inzige, bakaba badaharurika.

24 Umukobwa wa Misiri azomaramazwa.

Azotangwa agwe mu maboko y’abantu bo mu buraruko+.”

25 Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Ngira mpagurukire imana Amoni+ y’ahitwa No*+, Farawo, Misiri, imana zaho+ n’abami baho. Egome ngira mpagurukire Farawo n’abamwizigira bose+.”

26 “Nzotuma bagwa mu maboko y’abarondera kubica, mu maboko ya Nebukadinezari* umwami wa Babiloni+ n’abasuku biwe. Ariko mu nyuma, hazosubira kuba abantu nka kera”, ni ko Yehova avuze+.

27 “Nayo wewe musavyi wanje Yakobo, ntutinye,

wewe Isirayeli, nturanduke umutima+.

Kuko nzogukiza ndagukuye kure,

n’uruvyaro* rwawe ndarukize ndarukuye mu gihugu bagizwemwo imbohe+.

Yakobo azogaruka, abeho atekanye ata kimuhungabanya,

ata n’umwe amutera ubwoba+.

28 Rero musavyi wanje Yakobo, ntutinye kuko ndi kumwe nawe”, ni ko Yehova avuze.

“Nzohonya amahanga yose nagushwiragijemwo+,

mugabo wewe sinzoguhonya+.

Nzogutoza indero* ku rugero rubereye+,

mugabo sinzogenda ntaguhanye.”»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika