Samweli wa kabiri
24 Yehova yongera gushavurira cane Abisirayeli+ igihe Dawidi yoshwa ngo aharure+ abo mu muryango wa Yuda n’abandi Bisirayeli+. 2 Igihe Yowabu+ umukuru w’ingabo yari kumwe n’umwami, umwami amubwira ati: «Ndagusavye uce mu miryango yose ya Isirayeli, kuva i Dani gushika i Beri-Sheba+, muharure abantu* kugira menye igitigiri cabo.» 3 Mugabo Yowabu abwira umwami ati: «Mwami wanje databuja, Yehova Imana yawe nagwize abantu incuro 100 kandi uvyibonere. Kubera iki none ga mwami ushaka gukora ico kintu?»
4 Mugabo umwami yanka kwumviriza Yowabu n’izindi ntwazangabo. Baca bava imbere y’umwami baja guharura abantu bo muri Isirayeli+. 5 Bajabuka Yorodani maze bakambika i Aroweri+ no mu bumanuko* bw’igisagara kiri hagati mu mubande. Baraheza berekeza mu karere k’Abagadi, barabandanya gushika n’i Yazeri+. 6 Mu nyuma baja i Gileyadi+ no mu karere ka Tahatimu-Hodishi, barabandanya bashika i Dani-Yani, hanyuma barazunguruka berekeza i Sidoni+. 7 Maze baca ku gisagara gikingijwe ibihome ca Tiro+, baja no mu bisagara vyose vy’Abahiwi+ n’ivy’Abanyakanani. Amaherezo bashika i Beri-Sheba+, mu karere ka Negebu+ kari mu Buyuda. 8 Nuko igihugu cose baragihetura maze bagaruka i Yeruzalemu inyuma y’amezi icenda n’imisi 20. 9 Yowabu araheza ashikiriza umwami igitigiri c’abo baharuye: mu muryango wa Yuda hari abarwanyi 500.000 barwanisha inkota, mu yindi miryango ya Isirayeli na ho 800.000+.
10 Dawidi amaze guharura abantu, umutima* utangura kumwagiriza+. Aca abwira Yehova ati: «Nakoze igicumuro+ gikomeye. Ndakwinginze rero Yehova umbabarire jewe umusavyi wawe+. Ni ukuri nakoze ivy’ubupfu+.» 11 Dawidi avyutse mu gitondo, Yehova abwira umuhanuzi Gadi+ yamenyesha Dawidi ivyo Imana yamweretse ati: 12 «Genda ubwire Dawidi uti: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Hitamwo kimwe muri ibi bintu bitatu kibe ari co ndaguhanisha+.’”» 13 Nuko Gadi aza kwa Dawidi amubwira ati: «Ushima ko mu gihugu cawe hatera inzara izomara imyaka indwi+? Canke ko umara amezi atatu uhunga abansi bawe bariko baragukurikira+? Canke ko mu gihugu cawe hatera ikiza c’imisi itatu+? Iyumvire neza rero umbwire ico nishura uwantumye.» 14 Dawidi aca yishura Gadi ati: «Numva binteye intuntu nyinshi. Mugabo hako duhanwa n’umuntu+, ndagusavye dupfume duhanwa na Yehova+ kuko afise imbabazi nyinshi+.»
15 Yehova aca ateza ikiza+ muri Isirayeli kuva mu gitondo gushika ya misi cari kumara irangiye. Cahitanye abantu 70.000 kuva i Dani gushika i Beri-Sheba+. 16 Umumarayika yari ajejwe gutikiza abantu, agize ngo araduza ukuboko kugira atikize ab’i Yeruzalemu, Yehova aricuza* kubera ico cago+. Aca abwira uwo mumarayika ati: «Geza aho birakwiye!» Uwo mumarayika wa Yehova yari ageze hafi y’imbuga yo mu murima wa Arawuna+ Umuyebusi+.
17 Dawidi abonye uwo mumarayika yariko aratikiza abantu, abwira Yehova ati: «Ko ari jewe nacumuye ngakora nabi, aba bantu*+ bazira iki? Ndagusavye abe ari jewe uhana twe n’umuryango wa dawe+.»
18 Uwo musi, Gadi aja kwa Dawidi amubwira ati: «Duga uje ku mbuga yo mu murima wa Arawuna Umuyebusi, uhubakire Yehova igicaniro+.» 19 Dawidi aca adugayo nk’uko Yehova yari abimutegetse biciye kuri Gadi. 20 Arawuna aravye epfo akabona umwami n’abasuku biwe bariko baza bamugana, aca aja kumusanganira maze aramwunamira, mu maso hashika hasi. 21 Amubaza ati: «Mwami wanje, ni igiki gitumye uza kundaba jewe umusuku wawe?» Dawidi amwishura ati: «Nje kugura imbuga yo mu murima wawe kugira nubakire Yehova igicaniro, ikiza cateye abantu gihagarare+.» 22 Mugabo Arawuna abwira Dawidi ati: «Mwami wanje hatware ku buntu uhashikanire ico wipfuza*. Nutore izi nka uzitangeko ishikanwa riturirwa, ingogo* yazo na yo be n’ibibaho zikwega mu gutonora* intete bikubere inkwi. 23 Ivyo vyose ndabiguhaye mwami*.» Arawuna yongera kubwira umwami ati: «Yehova Imana yawe aguhezagire.»
24 Ariko umwami abwira Arawuna ati: «Oya, ntegerezwa kuhagura. Sinshobora gushikanira Yehova Imana yanje ibimazi biturirwa vya gusa.» Dawidi rero agura iyo mbuga yo mu murima n’inka, kuri shekeli* 50 z’ifeza+. 25 Araheza ahubakira Yehova igicaniro+, hanyuma ashikana ibimazi biturirwa n’ibimazi vyo gusangira. Maze Yehova yumva ivyo Dawidi yamutakambiye asabira igihugu+, ca kiza cari cateye muri Isirayeli kirahagarara.