Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi.
139 Ewe Yehova, waransuzumye kandi uranzi+.
2 Urabimenya iyo nicaye n’iyo mpagurutse+.
Ivyiyumviro vyanje ubimenya bikiri kure cane+.
5 Urankikuza imbere n’inyuma,
kandi ungumizako ukuboko kwawe.
Burahanitse cane ku buryo ntobushikira*+.
8 Hamwe noduga mw’ijuru, ni yo woba uri!
Hamwe nosasa igitanda canje mu kuzimu, na ho nyene nogusangayo+!
9 Naho noguruka ndi ku mababa y’umutwenzi
nkaja kuba hafi y’ikiyaga kiri kure y’ibindi vyose,
10 na ho nyene ukuboko kwawe kwonyobora,
ukuboko kwawe kw’ukuryo kwongumya+.
11 Hamwe novuga nti: «Umwiza uzompisha»,
ijoro rinkikuje ryoca rihinduka umuco.
12 Mbere n’umwiza w’umuzitanya ntiwokubuza kubona,
ahubwo ijoro ryosigara ribona nko ku murango+.
Umwiza n’umuco vyose ni cokimwe kuri wewe+.
14 Ndagushemeza kuko ndemwe mu buryo butangaje kandi buteye ubwoba+.
Ibikorwa vyawe ni agatangaza+,
kandi ivyo ndabizi neza.
15 Amagufa yanje ntiwayanyegejwe
igihe wambumbira ahantu hihishije,
16 Amaso yawe yarambonye ngisamwa inda.
Ibihimba vyanje vyose vyari vyanditswe mu gitabu cawe,
mbere n’imisi bizobumbirwako
n’imbere y’uko bibaho.
17 Ese ukuntu ivyiyumviro vyawe ari ivy’agaciro kuri jewe+!
Ewe Mana, igitigiri cavyo ni kinini cane+!
18 Hamwe nogerageza kubiharura, biruta udutete tw’umusenyi+.
Naho nokwikangura nobandanya kubiharura*+.
19 Ewe Mana, ndagusavye wice ababisha+
kugira ngo abantu b’inkozi z’ikibi* bamveko,
20 barya bakuvuga nabi n’ibigirankana*.
Ni abansi bawe kuko bafata nabi izina ryawe+.