Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira ku mudiho wa Yedutuni*+. Ni zaburi ya Dawidi.
2 Nabaye nk’umuragi, nguma ncereje+.
Mbere n’ivyiza nta co nabivugako,
ariko ububabare bwanje bwari bwinshi*.
3 Umutima wanje wararurumba* muri jewe.
Uko navyiyumvira* ni ko umuriro wabandanya kwaka.
Nahavuye ntangura kuvuga nti:
4 «Ewe Yehova, mfasha menye iherezo ryanje,
hamwe n’igitigiri c’imisi yanje+,
kugira menye ukuntu ubuzima bwanje ari bugufi*.
Emwe, umuntu naho yoba asa n’uwushinze imizi, ni impemu zitumuka gusa+. (Sela*)
6 Ni ukuri, ubuzima bw’umuntu bumeze nk’igitutu.
Yiyahagurira* ubusa gusa.
Yirundaniriza ubutunzi atazi n’uwuzoburya+.
7 None ni igiki nokwitega ga Yehova?
Ni wewe gusa nizigiye.
8 Nunkize ibicumuro vyanje vyose+.
Ntureke ngo imburabwenge zinsuzugure.
10 Nunkureko igihano cawe.
Ndaremvye kuko ukuboko kwawe kuguma kunkubita.
Emwe, umuntu wese ameze nk’impemu zitumuka+. (Sela)
Ntiwirengagize amarira yanje.
13 Nunkureko igitsure cawe, kugira nsubire kunezerwa
imbere y’uko nipfira simbe nkiriho.»