Ku mukuru w’abaririmvyi: ikwiye guherekezwa n’ibicurarangisho vy’imirya. Ni zaburi ya Dawidi.
61 Ewe Mana, niwumve ugutabaza kwanje.
Nutege ugutwi isengesho ryanje+.
2 Igihe umutima wanje wihebuye+,
ni wewe ndirira ndi ku mpera y’isi.
Nunjane ku gitandara kirekire kunsumba+.
3 Kuko uri ubuhungiro bwanje,
umunara ukomeye unkingira umwansi+.
4 Nzoba umushitsi mw’ihema ryawe ibihe vyose+.
Nzohungira munsi y’amababa yawe+. (Sela)
5 Kuko wumvise indagano zanje, ewe Mana!
Wampaye intoranwa y’abatinya izina ryawe+.
6 Uzokwongera umwami imisi yo kubaho+,
kandi azomara imyaka myinshi.
7 Azokwicara ku ntebe y’ubwami imbere y’Imana ibihe vyose+.
Urukundo rwawe n’ubwizigirwa bwawe nibimuzigame+.
8 Nzoheza ndirimbire amashemezo izina ryawe ibihe vyose+,
nshitse indagano zanje uko bukeye uko bwije+.