Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni indirimbo ya Dawidi, igihe Dowegi Umunyedomu yaja kubwira Sawuli ko Dawidi yaje kwa Ahimeleki+.
52 Wa munyenkomezi, kuki wiratira ibikorwa vyawe bibi+?
Urukundo rw’Imana rwamaho ibihe vyose+.
2 Ururimi rwawe rukarishe nk’urwembe+.
Rutegura ibintu bibabaza kandi rukavuga ibinyoma+.
3 Ukunda ikibi kuruta iciza,
ugakunda kubesha kuruta kuvuga ukuri. (Sela)
4 Ewe wa rurimi rubesha,
ukunda amajambo ababaza gusa.
5 Ni co gituma Imana izogusiturira hasi rimwe rizima+.
Izogucakira igushikure mw’ihema ryawe+,
ikurandure mu gihugu c’abazima+. (Sela)
6 Abagororotsi bazobibona batinye cane+,
kandi bazogutwenga+, bavuge bati:
7 «Raba umuntu atagize Imana ubuhungiro bwiwe+,
mugabo akizigira ubutunzi bwiwe bwinshi+,
akishimira imigambi yiwe mibi.»
8 Ariko jewe nzomera nk’igiti c’umwelayo gitotahaye mu nzu y’Imana.
Nzokwizigira urukundo rw’Imana+ gushika ibihe bidahera.
9 Nzogushemeza ibihe vyose kubera wagize ico ukoze+.
Imbere y’intahemuka zawe,
nzokwizigira izina ryawe+ kuko ari vyiza.