ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Imigani 26
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Imigani 26:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 30:21, 22; Ums 10:7

Imigani 26:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «ni ko n’umuvumo utabereye ata co ushikako.»

Imigani 26:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «imijiginya.» Ni imigozi bambika ifarasi kugira bayiyobore. Iyo migozi iba iboheye ku kuma bacisha mu kanwa k’ifarasi.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 32:9
  • +Img 27:22

Imigani 26:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ntuhave uja ku rugero rumwe na co.»

Imigani 26:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ko kiri n’ubukerebutsi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mt 21:23-25

Imigani 26:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «aregarega.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 17:7

Imigani 26:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 19:10; 26:1

Imigani 26:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «igakomeretsa abantu bose.»

Imigani 26:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Pt 2:22

Imigani 26:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «inkerebutsi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 12:15; 1Kr 3:18; 8:2

Imigani 26:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 22:13

Imigani 26:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «kw’isonga.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 6:9; 19:15; 24:33, 34

Imigani 26:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 19:24

Imigani 26:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «akisuka.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ts 4:11; 1Pt 4:15

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umwigisha, rup. 105-106

Imigani 26:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «n’imyampi hamwe n’urupfu.»

Imigani 26:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 15:21

Imigani 26:20

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «uwambika ibara abandi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 22:10; Yak 3:6

Imigani 26:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 3:30; 16:28; 17:14

Imigani 26:22

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «uwambika ibara abandi.»

  • *

    Canke «nk’ibintu vyo kumiragurana umunoho.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 18:8

Imigani 26:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 20:9, 10

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/7/2003, rup. 28

Imigani 26:25

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «kuko ibiri mu mutima wiwe vyose bishisha.»

Imigani 26:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 7:10; Zb 9:15; Img 28:10; Ums 10:8

Imigani 26:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 29:5

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Imig. 26:1Img 30:21, 22; Ums 10:7
Imig. 26:3Zb 32:9
Imig. 26:3Img 27:22
Imig. 26:5Mt 21:23-25
Imig. 26:7Img 17:7
Imig. 26:8Img 19:10; 26:1
Imig. 26:112Pt 2:22
Imig. 26:12Img 12:15; 1Kr 3:18; 8:2
Imig. 26:13Img 22:13
Imig. 26:14Img 6:9; 19:15; 24:33, 34
Imig. 26:15Img 19:24
Imig. 26:171Ts 4:11; 1Pt 4:15
Imig. 26:19Img 15:21
Imig. 26:20Img 22:10; Yak 3:6
Imig. 26:21Img 3:30; 16:28; 17:14
Imig. 26:22Img 18:8
Imig. 26:232Sm 20:9, 10
Imig. 26:27Est 7:10; Zb 9:15; Img 28:10; Ums 10:8
Imig. 26:28Img 29:5
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Imigani 26:1-28

Imigani

26 Kurya bitabereye ko urubura* rugwa mu ci, n’imvura mu gihe c’iyimbura,

ni ko bitabereye ko ikijuju giterwa iteka+.

 2 Kurya nyene inyoni idashobora guhunga ata mvo, n’intamba ngo iguruke ata mvo,

ni ko n’umuvumo udashobora kuza ata mvo y’ukuri ihari*.

 3 Ikimoko kigenewe ifarasi, imigozi* igenewe indogobwa+,

inkoni na yo igenewe umugongo w’ibijuju+.

 4 Ntiwishure ikijuju wisunze ubujuju bwaco,

kugira ntuhave umera nka co*.

 5 Niwishure ikijuju wisunze ubujuju bwaco,

kugira nticiyumvire ko giciye ubwenge*+.

 6 Uwuzeza ibintu vyiwe ikijuju

ameze nk’umuntu yikomeretsa ku maguru ku buryo amugara.

 7 Umugani uvuzwe n’umuntu w’ikijuju+

umeze nk’amaguru anyoganyoga* y’umuntu amugaye.

 8 Guha icubahiro umuntu w’ikijuju+

bimeze nko kubohera ibuye ku mugozi bateresha ibuye.

 9 Umugani uvuzwe n’umuntu w’ikijuju

umeze nk’igiti c’amahwa kiri mu kuboko kw’imborerwa.

10 Uwuha akazi ikijuju canke umuntu wese arengana,

ameze nk’umuntu arasagura imyampi igakomere⁠tsa abo bitubiranye bose*.

11 Ikijuju kiguma gisubiramwo ubupfu bwaco

kimeze nk’imbwa igaruka ikarya ivyo yadashwe+.

12 Woba umaze kubona umuntu yiyumvira ko ari umunyabwenge*+?

Ikijuju kiramurusha kazoza keza.

13 Ikinebwe kivuga ngo: «Hariho intambwe mw’ibarabara,

hariho intambwe mu kibanza rusangi*+!»

14 Umuryango uguma uzungurukira ku mapata* yawo,

ikinebwe na co kikaguma cihindukiza mu gitanda caco+.

15 Ikinebwe gishira ukuboko mw’isahani y’ibifungurwa,

ariko ukamengo carushe ku buryo bikinanira kukugarukana ku munwa+.

16 Ikinebwe cibwira yuko gifise ubwenge

gusumba abantu indwi batanga inyishu zumvikana.

17 Umuntu ariko ararengana agashavuzwa* n’amatati atamwerekeye+

ameze nk’umuntu akwega amatwi y’imbwa.

18 Umusazi arasagura ibirwanisho vyaka umuriro be n’imyampi yica*

19 ameze nk’umuntu ahenda mugenziwe, maze akavuga ngo: «Nariko ndifyinira+.»

20 Ahatagira inkwi umuriro urazima,

kandi ahatagira umubeshi* induru zirahera+.

21 Kurya umuntu yongereza amakara n’inkwi ku muriro,

ni ko n’umunyamahane yongereza akariro mu matati+.

22 Amajambo y’umubeshi* ameze nk’ivyo kurya biryoshe*:

Umuntu arabimira ubwo nyene bigaca bimanuka mu nda+.

23 Amajambo y’urukundo avuye ku mutima mubi+

ameze nk’ifeza isize ku rujo.

24 Uwanka abandi ntabiserura n’akanwa kiwe,

ariko mu mutima wiwe haba huzuyeyo ibinyoma.

25 Naho yovuga amajambo asosa, ntuze umwizigire

kuko mu mutima wiwe hariyo ibintu indwi bishisha*.

26 Naho uburyarya bwopfuka urwanko rwiwe,

ikibi ciwe kizoja ahabona mw’ishengero.

27 Uwimba ikinogo azokigwamwo,

kandi uwutembagaza ibuye rizomugarukako+.

28 Umuntu abesha aranka uwo yababaje,

kandi uwusigana inkore ku maso atuma abandi batemba+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika