Yesaya
14 Kuko Yehova azogirira imbabazi Yakobo+, yongere gutora Isirayeli+. Azobashira* mu gihugu cabo+, kandi abanyamahanga bazobiyungako, bifatanye n’abakomoka kuri Yakobo+. 2 Amahanga azobatora abasubize mu gihugu cabo, kandi abo mw’ihanga rya Isirayeli bazokwigarurira abo muri ayo mahanga, babagire abasuku n’abasukukazi+ mu gihugu ca Yehova. Bazogira imbohe abari babagize imbohe, baganze abahora babakoresha ibikorwa vy’agahato.
3 Umusi Yehova azokuruhura imibabaro, uruhagarara n’ibikorwa biruhisha bagukoresha nk’umushumba+, 4 uzovuga aya majambo ucokora umwami* wa Babiloni, uti:
«Mbega ukuntu uwahora akoresha abandi ibikorwa vy’agahato ashitse kw’iherezo ryiwe,
n’agacinyizo kiwe kagahera+!
5 Yehova avunye inkoni y’ababisha,
ikibando c’abaganza+,
6 ikibando c’uwahora akubita amahanga inkoni z’urudaca yaratse+,
uwahora aganza amahanga n’ishavu n’akantu, akayamizako uruhamo+.
7 Isi yose iraruhutse, ikize umudurumbanyo.
Abantu bariko bariha akamo k’umunezero+.
Bivuga biti: “Kuva aho ugwiriye,
nta bicira ibiti bakiduga kutubangamira.”
9 Mbere n’ukuzimu kwatigise
ngo kugusanganire.
Kwatumye abami bose b’amahanga bava ku ntebe zabo z’ubwami, barahaguruka.
10 Bose barafata ijambo bakakubwira bati:
“Mbega nawe wabaye goyigoyi nkatwe?
Wabaye nkatwe?
Inyo zishashe nk’uburiri munsi yawe,
kandi ni zo wipfuka.”
12 Mbega ukuntu watibutse uvuye mw’ijuru,
ewe nyenyeri ikayangana, mwana w’umutwenzi!
Ewe kuntu wiciwe nk’igiti ukagwa hasi,
wewe wahora unesha amahanga+!
13 Wibwiye mu mutima wawe ngo: “Nzoduga mw’ijuru+.
Nzoshira intebe yanje y’ubwami hejuru y’inyenyeri z’Imana+,
mvyagire ku musozi w’ibonaniro,
mu mihingo ya kure cane yo mu buraruko+.
14 Nzoduga hejuru y’aho ibicu bigarukira,
nigire uwusa na Musumbavyose.”
15 Mugabo uzomanurwa mu kuzimu,
ushike epfo rwose mu cobo.
16 Abakubona bazokwitegereza,
bakwihweze bitonze, bavuge bati:
“Mbega uyu ni wa muntu yanyiganza isi,
akajugumiza ubwami bwinshi+,
17 agatuma isi imera nk’ubugaragwa,
agatembagaza ibisagara vyayo+,
akanka no kurekura imbohe+?”
19 Mugabo wewe bagushiburiye aho, bakwima imva
nk’umunago* wanswe urunuka.
Wisakaye ibiziga vy’abasogoswe inkota,
bagatererwa mu cobo kirimwo amabuye.
Wabaye nk’umuvyimba uhonyangirwa hasi.
Uruvyaro rw’inkozi z’ikibi ntiruzokwigera rusubira kuvugwa.
21 Nimutegure ikibanza co gukerereramwo abana biwe
kubera ikosa rya ba sekuruza,
kugira ntibahaguruke ngo bigarurire isi,
baheze bayuzuzeko ibisagara.»
22 «Nzobahagurukira+», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
«Nzorandura muri Babiloni izina, amasigarira, umuryango n’uruvyaro+», ni ko Yehova avuze.
23 «Nzotuma Babiloni isigara ari icibare c’ibinyogoto n’ahantu hajaga, ndahakubuze umukubuzo w’agatikizo+», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
24 Yehova Nyeningabo yarahiye ati:
«Bizoba nk’uko navyiyumviriye,
kandi ivyo nashinze ni vyo bizoshika.
26 Iyo ni yo ngingo yafashwe* ku bwo guhasha isi yose,
kandi ukwo ni kwo kuboko kwiteguriye* guhana amahanga yose.
Ko ukuboko kwiwe kuramvuye,
ni nde yogusubiza inyuma+?
28 Mu mwaka umwami Ahazi yapfa+, Imana yarungitse ubu butumwa:
29 «Yemwe Bafilisitiya, ntihagire n’umwe muri mwebwe anezerwa
ngo ni uko ikibando c’uwabakubita cavunitse.
Kuko mu muzi* w’inzoka+ hazovamwo inzoka y’ubumara+,
kandi uruvyaro rwawo ruzoba inzoka y’umuriro iguruka*.
30 Mu gihe imfura z’abantu batobato zizoba ziriko zirarya,
n’aboro biryamiye mu mutekano,
nzokwica umuzi wawe* nkoresheje inzara,
ibisigarira vyawe na vyo vyicwe+.
31 Boroga wa rembo we! Semerera wa gisagara we!
Ewe Bufilisitiya, abawe bose umutima uzobavamwo!
Kuko umwotsi uriko uzanana mu buraruko,
kandi mu ngabo z’umwansi nta n’umwe asigara inyuma.»
32 None bazokwishure iki intumwa z’ihanga?
Yuko Yehova yashinze umushinge wa Siyoni+
be n’uko abantu batobato bo mw’ihanga ryiwe ari ho bazohungira.