ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 14
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yesaya: ibirimwo

      • Abisirayeli bazoba mu gihugu cabo (1, 2)

      • Umwami wa Babiloni acokorwa (3-23)

        • Inyenyeri ikayangana itibuka ivuye mw’ijuru (12)

      • Ukuboko kwa Yehova kuzojanjagura Umwashuri (24-27)

      • Ubutumwa bw’urubanza rwaciriwe Abafilisitiya (28-32)

Yesaya 14:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «azobaha akaruhuko.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 26:42
  • +Zk 1:17
  • +Gus 30:1-3; Yes 66:20; Yr 24:6; Ezk 36:24
  • +Yes 56:6, 7; 60:3; Zk 8:22, 23

Yesaya 14:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 61:5; Zk 2:8, 9

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/12/2006, rup. 11

Yesaya 14:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezr 3:1; 9:8; Yr 30:10

Yesaya 14:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «uca umugani ku mwami.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 50:23

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/9/2002, rup. 30

Yesaya 14:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 125:3

Yesaya 14:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 36:17; Yr 50:17
  • +Hab 1:6; Zk 1:15

Yesaya 14:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 126:2; Yes 49:13; Yr 51:48; Ivh 18:20

Yesaya 14:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Umuberoshi ni igiti gishaka kumera nk’akajwari. Mu gifaransa bacita genévrier.

Yesaya 14:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «abapfuye, barya ata co bashoboye.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ya masuguru yose y’impene yo kw’isi.»

Yesaya 14:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivh 18:22

Yesaya 14:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 36:17; Yr 51:7; Ezk 29:19; Dn 5:18, 19

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Insozero y’Ivyahishuwe, rup. 136-137

    Umunara w’Inderetsi,

    15/9/2002, rup. 30

Yesaya 14:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 47:7; Dn 4:30
  • +Dn 5:22, 23
  • +Zb 48:1, 2

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2006, rup. 26

    15/9/2002, rup. 30

Yesaya 14:14

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2006, rup. 26

Yesaya 14:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 51:25

Yesaya 14:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 25:21; Yes 64:10
  • +2Bm 24:12, 14; 25:11

Yesaya 14:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu yiwe.»

Yesaya 14:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ishami.»

Yesaya 14:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 43:14; Yr 50:25; 51:56
  • +Yr 51:62

Yesaya 14:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 13:1, 21; Yr 50:35, 39; Ivh 18:2

Yesaya 14:25

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «nzobakurako ingogo yiwe.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 32:21, 22; Yes 30:31; 31:8; 37:36, 37
  • +Yes 10:24

Yesaya 14:26

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «iyo ni yo mpanuro ihanuwe.»

  • *

    Canke «kuramvuriwe.»

Yesaya 14:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 33:11; Img 19:21; 21:30; Yes 46:11
  • +2Ng 20:5, 6; Yes 43:13

Yesaya 14:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 16:20; 2Ng 28:27

Yesaya 14:29

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu muryango.»

  • *

    Canke «inzoka y’ubumara yirasa bwampi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 26:3, 6
  • +2Bm 18:1, 8

Yesaya 14:30

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «abantu bawe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 47:1; Ezk 25:16; Yw 3:4; Am 1:6-8; Zf 2:4; Zk 9:5

Yesaya 14:32

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 48:1-3; 87:1, 2; 132:13, 14

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yes. 14:1Lw 26:42
Yes. 14:1Zk 1:17
Yes. 14:1Gus 30:1-3; Yes 66:20; Yr 24:6; Ezk 36:24
Yes. 14:1Yes 56:6, 7; 60:3; Zk 8:22, 23
Yes. 14:2Yes 61:5; Zk 2:8, 9
Yes. 14:3Ezr 3:1; 9:8; Yr 30:10
Yes. 14:4Yr 50:23
Yes. 14:5Zb 125:3
Yes. 14:62Ng 36:17; Yr 50:17
Yes. 14:6Hab 1:6; Zk 1:15
Yes. 14:7Zb 126:2; Yes 49:13; Yr 51:48; Ivh 18:20
Yes. 14:11Ivh 18:22
Yes. 14:122Ng 36:17; Yr 51:7; Ezk 29:19; Dn 5:18, 19
Yes. 14:13Yes 47:7; Dn 4:30
Yes. 14:13Dn 5:22, 23
Yes. 14:13Zb 48:1, 2
Yes. 14:16Yr 51:25
Yes. 14:172Bm 25:21; Yes 64:10
Yes. 14:172Bm 24:12, 14; 25:11
Yes. 14:22Yes 43:14; Yr 50:25; 51:56
Yes. 14:22Yr 51:62
Yes. 14:23Yes 13:1, 21; Yr 50:35, 39; Ivh 18:2
Yes. 14:252Ng 32:21, 22; Yes 30:31; 31:8; 37:36, 37
Yes. 14:25Yes 10:24
Yes. 14:27Zb 33:11; Img 19:21; 21:30; Yes 46:11
Yes. 14:272Ng 20:5, 6; Yes 43:13
Yes. 14:282Bm 16:20; 2Ng 28:27
Yes. 14:292Ng 26:3, 6
Yes. 14:292Bm 18:1, 8
Yes. 14:30Yr 47:1; Ezk 25:16; Yw 3:4; Am 1:6-8; Zf 2:4; Zk 9:5
Yes. 14:32Zb 48:1-3; 87:1, 2; 132:13, 14
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yesaya 14:1-32

Yesaya

14 Kuko Yehova azogirira imbabazi Yakobo+, yongere gutora Isirayeli+. Azobashira* mu gihugu cabo+, kandi abanyamahanga bazobiyungako, bifatanye n’abakomoka kuri Yakobo+. 2 Amahanga azobatora abasubize mu gihugu cabo, kandi abo mw’ihanga rya Isirayeli bazokwigarurira abo muri ayo mahanga, babagire abasuku n’abasukukazi+ mu gihugu ca Yehova. Bazogira imbohe abari babagize imbohe, baganze abahora babakoresha ibikorwa vy’agahato.

3 Umusi Yehova azokuruhura imibabaro, uruhagarara n’ibikorwa biruhisha bagukoresha nk’umushumba+, 4 uzovuga aya majambo ucokora umwami* wa Babiloni, uti:

«Mbega ukuntu uwahora akoresha abandi ibikorwa vy’agahato ashitse kw’iherezo ryiwe,

n’agacinyizo kiwe kagahera+!

 5 Yehova avunye inkoni y’ababisha,

ikibando c’abaganza+,

 6 ikibando c’uwahora akubita amahanga inkoni z’urudaca yaratse+,

uwahora aganza amahanga n’ishavu n’akantu, akayamizako uruhamo+.

 7 Isi yose iraruhutse, ikize umudurumbanyo.

Abantu bariko bariha akamo k’umunezero+.

 8 Mbere n’ibiti vy’imiberoshi*

be n’amasederi y’i Libani biranezerewe kubera ivyagushikiye.

Bivuga biti: “Kuva aho ugwiriye,

nta bicira ibiti bakiduga kutubangamira.”

 9 Mbere n’ukuzimu kwatigise

ngo kugusanganire.

Kubera wewe, kwakanguye abapfuye*,

za ndongozi zose zo kw’isi zacinyiza abandi*.

Kwatumye abami bose b’amahanga bava ku ntebe zabo z’ubwami, barahaguruka.

10 Bose barafata ijambo bakakubwira bati:

“Mbega nawe wabaye goyigoyi nkatwe?

Wabaye nkatwe?

11 Ubwishime bwawe bwamanuwe mu kuzimu,

na rwa rwamo rw’ibicurarangisho vyawe vy’imirya+.

Inyo zishashe nk’uburiri munsi yawe,

kandi ni zo wipfuka.”

12 Mbega ukuntu watibutse uvuye mw’ijuru,

ewe nyenyeri ikayangana, mwana w’umutwenzi!

Ewe kuntu wiciwe nk’igiti ukagwa hasi,

wewe wahora unesha amahanga+!

13 Wibwiye mu mutima wawe ngo: “Nzoduga mw’ijuru+.

Nzoshira intebe yanje y’ubwami hejuru y’inyenyeri z’Imana+,

mvyagire ku musozi w’ibonaniro,

mu mihingo ya kure cane yo mu buraruko+.

14 Nzoduga hejuru y’aho ibicu bigarukira,

nigire uwusa na Musumbavyose.”

15 Mugabo uzomanurwa mu kuzimu,

ushike epfo rwose mu cobo.

16 Abakubona bazokwitegereza,

bakwihweze bitonze, bavuge bati:

“Mbega uyu ni wa muntu yanyiganza isi,

akajugumiza ubwami bwinshi+,

17 agatuma isi imera nk’ubugaragwa,

agatembagaza ibisagara vyayo+,

akanka no kurekura imbohe+?”

18 Abandi bami bose b’amahanga,

emwe bose uko bangana, bahambanywe iteka,

umwe wese mu mva yiwe*.

19 Mugabo wewe bagushiburiye aho, bakwima imva

nk’umunago* wanswe urunuka.

Wisakaye ibiziga vy’abasogoswe inkota,

bagatererwa mu cobo kirimwo amabuye.

Wabaye nk’umuvyimba uhonyangirwa hasi.

20 Ntuzohambanwa na bo

kuko watikije igihugu cawe,

ukica abantu bawe.

Uruvyaro rw’inkozi z’ikibi ntiruzokwigera rusubira kuvugwa.

21 Nimutegure ikibanza co gukerereramwo abana biwe

kubera ikosa rya ba sekuruza,

kugira ntibahaguruke ngo bigarurire isi,

baheze bayuzuzeko ibisagara.»

22 «Nzobahagurukira+», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.

«Nzorandura muri Babiloni izina, amasigarira, umuryango n’uruvyaro+», ni ko Yehova avuze.

23 «Nzotuma Babiloni isigara ari icibare c’ibinyogoto n’ahantu hajaga, ndahakubuze umukubuzo w’agatikizo+», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.

24 Yehova Nyeningabo yarahiye ati:

«Bizoba nk’uko navyiyumviriye,

kandi ivyo nashinze ni vyo bizoshika.

25 Nzojanjagura Umwashuri mu gihugu canje,

ndamuhonyangire ku misozi yanje+.

Nzobakurako igiti yabaremetse co kwikoreza imizigo*,

n’umutwaro yabikoreje ndawubakure ku bitugu+.»

26 Iyo ni yo ngingo yafashwe* ku bwo guhasha isi yose,

kandi ukwo ni kwo kuboko kwiteguriye* guhana amahanga yose.

27 Ko Yehova Nyeningabo yafashe ingingo,

ni nde yobihagarika+?

Ko ukuboko kwiwe kuramvuye,

ni nde yogusubiza inyuma+?

28 Mu mwaka umwami Ahazi yapfa+, Imana yarungitse ubu butumwa:

29 «Yemwe Bafilisitiya, ntihagire n’umwe muri mwebwe anezerwa

ngo ni uko ikibando c’uwabakubita cavunitse.

Kuko mu muzi* w’inzoka+ hazovamwo inzoka y’ubumara+,

kandi uruvyaro rwawo ruzoba inzoka y’umuriro iguruka*.

30 Mu gihe imfura z’abantu batobato zizoba ziriko zirarya,

n’aboro biryamiye mu mutekano,

nzokwica umuzi wawe* nkoresheje inzara,

ibisigarira vyawe na vyo vyicwe+.

31 Boroga wa rembo we! Semerera wa gisagara we!

Ewe Bufilisitiya, abawe bose umutima uzobavamwo!

Kuko umwotsi uriko uzanana mu buraruko,

kandi mu ngabo z’umwansi nta n’umwe asigara inyuma.»

32 None bazokwishure iki intumwa z’ihanga?

Yuko Yehova yashinze umushinge wa Siyoni+

be n’uko abantu batobato bo mw’ihanga ryiwe ari ho bazohungira.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika