Yesaya
60 «Haguruka wa mugore+ we, rasa umuco, kuko umuco wawe ushitse.
Ubuninahazwa bwa Yehova bugukayanganiyeko+.
2 Raba, umwiza uzopfuka isi,
umwiza w’umuzitanya upfuke amahanga.
Mugabo wewe, Yehova azokurasirako umuco
kandi ubuninahazwa bwiwe buzokubonekako.
4 Raramura amaso, urabe irya n’ino yawe.
Bose bakoranirijwe hamwe. Baje bakugana.
5 Ico gihe uzobibona ukayangane mu maso+,
kandi umutima wawe uzotera cane, urengerwe n’umunezero.
Kuko ubutunzi bw’ikiyaga buzoza bukugana,
amatunga y’amahanga aze iwawe+.
Ab’i Sheba bose bazoza,
baze bazanye inzahabu n’imibavu*.
Bazotangaza amashemezo ya Yehova+.
7 Amasho yose y’i Kedari+ azokoranirizwa iwawe.
Impfizi z’intama z’i Nebayoti+ zizozanwa iwawe*.
9 Kuko amazinga azonyizigira+.
Amato* y’i Tarushishi ni yo ari imbere*,
kugira ngo azane abana bawe abakuye kure+.
Baje bazanye ifeza zabo n’inzahabu zabo
ku bw’izina rya Yehova Imana yawe no ku bw’Umweranda wa Isirayeli,
11 Amarembo yawe azoguma yuguruye umwanya wose+.
Ntazokwugarwa haba ku murango canke mw’ijoro,
kugira ngo uzanirwe amatunga y’amahanga,
kandi abami bayo ni bo bazofata iya mbere+.
13 Ubwiza bw’i Libani buzokuzako+,
ibiti vy’imiberoshi, ibiti vy’imitidari n’utujwari vyose hamwe+,
kugira ngo aho ikibanza canje ceranda kiri hasharizwe.
Nzoninahaza ikibanza c’ibirenge vyanje+.
14 Abana b’abahora bagucinyiza bazoza iwawe bakwunamire.
Abakugaya bose bazokwunama imbere y’ibirenge vyawe,
bakwite igisagara ca Yehova,
Siyoni y’Umweranda wa Isirayeli+.
15 Naho wahebwe ukankwa, ku buryo ata n’umwe aca iwawe+,
nzotuma uba ikintu co kwishimira ibihe bidahera,
16 Uzokwonka vy’ukuri amaberebere y’amahanga+,
wonke ibere ry’abami+.
Ntuzobura kumenya yuko jewe Yehova ndi Umukiza wawe,
kandi ko Umunyabubasha wa Yakobo ari we Mucunguzi wawe+.
17 Mu kibanza c’umujumpu nzozana inzahabu,
mu kibanza c’icuma nzane ifeza,
mu kibanza c’igiti nzane umujumpu,
mu kibanza c’amabuye na ho nzane icuma.
Kandi nzogena amahoro ngo akubere umuhagarikizi*,
n’ubugororotsi ngo bukubere uwutanga ibikorwa+.
18 Nta bukozi bw’ikibi buzosubira kwumvikana mu gihugu cawe,
canke ngo humvikane uguhonya n’ugutikiza hagati y’imbibe zawe+.
Inzitiro zawe uzozita Bukiriro+, amarembo yawe uyite Shemezo.
19 Izuba ntirizoba rikikumurikira ku murango
canke ngo umuco w’ukwezi ukuboneshereze,
kuko Yehova azokubera umuco wamaho+,
Imana yawe ibe ubwiza bwawe+.
20 Izuba ryawe ntirizosubira kurenga,
n’ukwezi kwawe ntikuzogenda kurazima,
kuko Yehova azokubera umuco+ wamaho,
kandi imisi y’ikigandaro cawe izoba yarangiye+.
21 Abantu bawe bose bazoba abagororotsi.
Bazokwigarurira igihugu ibihe vyose.
22 Umuntu mutoyi azocika igihumbi,
uwo hasi acike ihanga rikomeye.
Jewe Yehova nzovyihutisha mu gihe cavyo.»