Yeremiya
18 Yehova yabwiye Yeremiya ati: 2 «Haguruka umanuke ku nzu y’umubumvyi+. Aho ni ho ndakubwirira amajambo yanje.»
3 Nuko manuka ku nzu y’umubumvyi, nsanga ariko arabumba*. 4 Mugabo ico yariko arabumba cononekarira mu maboko yiwe. Nuko uwo mubumvyi aca agikoramwo ikindi nk’uko agomba*.
5 Yehova yongera kumbwira ati: 6 «Jewe Yehova mvuze nti: “Mbega sinshoboye kubagirira nk’uwu mubumvyi, ga yemwe Bisirayeli? Nka kurya kw’ibumba mu maboko y’umubumvyi, ni ko namwe mumeze mu maboko yanje, yemwe Bisirayeli+! 7 Iyo mvuze ko nzorandura ihanga canke ubwami, nkarisitura nkarihonya+, 8 maze iryo hanga rigaheba ububisha bwaryo niyamirije, nanje nzoca mpindura umugambi* nari mfise wo kuriteza ivyago+. 9 Mugabo iyo mvuze ko nzokwubaka ihanga canke ubwami, nkaritera rigashinga imizi, 10 maze rigakora ivyo mbona ko ari bibi ntirigamburuke ivyo mvuga, nanje nzoca mpindura umugambi* nari mfise wo kurikorera ivyiza.”
11 Ndagusavye rero ubwire abagabo bo mu Buyuda n’ababa i Yeruzalemu uti: “Yehova avuze ati: ‘Ndiko ndabategurira* ivyago, niyumvira n’umugambi wo kubagirira nabi. Ndabasavye muhindukire muhebe ingendo yanyu mbi, muhindure ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu+.’”»
12 Mugabo bavuze bati: «Yaco wiruhishiriza ubusa+! Kuko tuzokwisunga ivyiyumviro vyacu bwite, kandi umwe wese muri twebwe azokurikira akagagazo k’umutima wiwe mubi+.»
13 Yehova rero avuze ati:
«Ndabasavye mubaze mu mahanga.
Hari ikintu nk’ico mwari bwumve?
Umwigeme w’isugi wa Isirayeli yarakoze ikintu giteye ikinya bimwe bidasanzwe+.
14 Mbega shelegi* yo ku misozi y’i Libani, yoba ikamangana ikava ku bitandara vyaho?
Canke amazi apfutse atemba ava kure, yoba yokama?
15 Ariko abantu banje baranyibagiye+
kuko bashikanira ibimazi* ikintu ata co kimaze+,
bagatsitaza abantu mu nzira bacamwo, mu nzira za kera+,
kugira ngo bagendere mu tuyira turimwo ibinogo, tutaringaniye*.
16 Ivyo babigira kugira ngo igihugu cabo gihinduke akajoreza+,
ikintu co kuvugiriza agahwa ibihe bidahera+.
Uwo wese azoca iruhande yaco, azocitegereza ajorewe, azunze umutwe+.
17 Nzobashwiragiza imbere y’umwansi nka kurya kw’umuyaga wo mu buseruko.
Ku musi w’ivyago vyabo nzobaha umugongo, aho kubaraba*+.»
18 Nuko bavuga bati: «Nimuze twiyumvire ingene twogirira nabi Yeremiya+, kuko abaherezi bacu ari bo bazobandanya kutwigisha amategeko*, inkerebutsi zacu zikabandanya kuduha impanuro, abahanuzi bacu na bo bakabandanya kutubwira ijambo ry’Imana. Nimuze tumuvuge nabi*, n’ivyo avuga ntituvyumvirize.»
19 Ewe Yehova, nunyumvirize,
utege ugutwi ivyo abandwanya bavuga.
20 Mbega ineza yokwishurwa inabi?
Kuko banyimbiye icobo+.
Niwibuke ingene nahagaze imbere yawe kugira ndabavugire
ngo ntubarakire.
Abagore babo nibahekurwe kandi bapfakare+.
Abagabo baho nibicwe n’ikiza cica,
imisore yabo na yo yicwe n’inkota ku rugamba+.
22 Mu mazu yabo nihumvikane akaruru
niwabazanako abambuzi babatera giturumbuka.
Kuko bimvye icobo kugira bamfate,
kandi bateze imitego ibirenge vyanje+.
Ntubabarire ikosa ryabo,
kandi ntuhanagure igicumuro cabo ngo kive imbere yawe.