MALAKI
1 Ibi ni vyo Imana imenyesheje:
Ubu ni ubutumwa Yehova yashikirije Abisirayeli biciye kuri Malaki*:
2 «Naraberetse ko ndabakunda+», ni ko Yehova avuze.
Mugabo muvuga muti: «Watweretse gute ko udukunda?»
«Mbega Esawu ntiyari mwenewabo na Yakobo+?», ni ko Yehova avuze. «Ariko nakunze Yakobo, 3 Esawu ndamwanka+. Imisozi yiwe nayigize umusaka+, intoranwa yiwe ndayiha imbwebwe zo mu gahinga+.»
4 «Naho Edomu avuga ngo: “Twarajanjaguwe, ariko tuzogaruka dusanure ivyatikijwe”, Yehova Nyeningabo avuze ati: “Bazokwubaka, nanje nsambure. Bazokwitwa ‘akarere k’ububisha’, bitwe kandi ‘abantu Yehova yaciriye urubanza rw’ibihe bidahera+.’ 5 Amaso yanyu azovyibonera muvuge muti: ‘Yehova ashimagizwe mu karere ka Isirayeli.’”»
6 «“Umwana aratera iteka se+, n’umusuku agatera iteka shebuja. None nimba ndi so+, ko mutantera iteka nkwiriye+? Kandi nimba ndi shobuja*, ko mutantinya* nk’uko ndabikwiriye?” ni ko Yehova Nyeningabo ababajije, yemwe baherezi musuzugura izina ryanje+.
“Ariko muvuga muti: ‘Izina ryawe twarisuzuguye gute?’”
7 “Mu gushikiriza ibifungurwa* vyanduye ku gicaniro canje.”
“Namwe muti: ‘Twakwanduje gute?’”
“Mu kuvuga ngo: ‘Imeza ya Yehova+ ni ikintu co gusuzugurwa.’ 8 Igihe mushikiriza ikimazi c’igitungwa gihumye, muvuga ngo: ‘Nta kibi kirimwo.’ N’iyo mushikirije igitungwa gicumbagira canke kirwaye, muvuga ngo: ‘Nta kibi kirimwo+.’”»
«Enda nubishikirize buramatari urabe. Ugira ngo yogushima canke akakwakira neza?», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
9 «Enda rero nimutakambire Imana, kugira itugirire ubuntu. Mbega muyihaye amashikanwa nk’ayo, hari n’umwe muri mwebwe yokwakira neza?», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
10 «Mbega hari n’umwe muri mwebwe yemera kwugara imiryango*+ canke ngo anemere gucana umuriro ku gicaniro canje ata co asavye+? Ntimumpimbara na gatoyi», ni ko Yehova Nyeningabo avuze, «kandi nta shikanwa na rimwe mumpa rinezera+.»
11 «Kuko kuva iyo izuba rirasira gushika iyo rirengera*, izina ryanje rizoba irihambaye mu mahanga+. Ahantu hose, bazotanga ibimazi bifumbe umwotsi, batange n’amashikanwa yo gutera iteka izina ryanje, bibe ingabire idahumanye, kuko izina ryanje rizoba irihambaye mu mahanga+», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
12 «Ariko murarihumanya*+ mu kuvuga ngo: “Imeza ya Yehova iranduye, kandi amashikanwa* bayishirako, ari vyo bifungurwa bayiterekako, aragayitse+.” 13 Muvuga kandi muti: “Ewe muruho uraho!”, mukabiraba nk’akanuka», ni ko Yehova Nyeningabo avuze. «Muzana ibitungwa vy’ivyibano, ibicumbagira n’ibirwaye. Iyo ni yo ngabire mwubahuka kunzanira. Hanyuma ngo ndayibakirire+?», ni ko Yehova avuze.
14 «Aravumwe umunyamayeri afise mu busho igitungwa* kitagira akanenge, mugabo akagira indagano hanyuma agashikanira Yehova igifise akanenge. Erega ndi Umwami ahambaye+», ni ko Yehova Nyeningabo avuze, «kandi izina ryanje rizoba iriteye akoba mu mahanga+.»
2 «Ubu rero iri bwirizwa ni mwebwe rihawe, yemwe baherezi+. 2 Nimwanka kwumviriza no gushira ku mutima ivyo kuninahaza izina ryanje», ni ko Yehova Nyeningabo avuze, «nzobavuma+, kandi imihezagiro yanyu nzoyihindura imivumo+. Mbere imihezagiro ndamaze kuyihindura imivumo, kuko mutabishirako umutima.»
3 «Raba! Kubera ivyo mukora nzokwonona* imbuto mwateye+, ndabasanzaze amayezi mu maso, amayezi y’imisi mikuru yanyu. Kandi muzojanwa iyo ari*. 4 Muzoheza rero mumenye yuko nabahaye iri bwirizwa kugira ngo isezerano nagiranye na Lewi ribandanye+», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
5 «Isezerano nagiranye na we ryari isezerano ry’ubuzima n’amahoro. Narabimuhaye ngo antinye*. Yarantinya, emwe yaragirira akoba izina ryanje. 6 Amategeko* y’ukuri yari mu kanwa kiwe+, kandi nta bitagororotse vyumvikana ku minwa yiwe. Yagendanye nanje mu mahoro no mu bugororotsi+, kandi yaragaruye benshi bava mu vyaha. 7 Kuko iminwa y’umuherezi ari yo ikwiye kuzigama ubumenyi, mu kanwa kiwe akaba ari ho abantu baronderera amategeko*+, kubera ari intumwa ya Yehova Nyeningabo.
8 Ariko mwebwe mwarataye inzira. Mwaratsitaje benshi bituma barenga ku mategeko*+. Mwarononye isezerano nagiranye na Lewi+», ni ko Yehova Nyeningabo avuze. 9 «Nanje rero nzotuma musuzugurwa, mube abo hasi imbere y’abantu bose kuko mutakurikije inzira zanje, ahubwo mukagira nkunzi mu kuntu mukurikiza amategeko+.»
10 «Mbega twese ntidufise data umwe+? Mbega Imana yaturemye si imwe? Kubera iki none duhemukiranira+, tugahumanya isezerano rya ba sogokuruza? 11 Abo mu Buyuda barahemutse, kandi muri Isirayeli n’i Yeruzalemu hakozwe ikintu gishisha. Abo mu Buyuda bahumanije ubweranda* bwa Yehova+ kandi abukunda, barongora abakobwa basenga imana z’inyamahanga+. 12 Yehova azohonya mu mahema ya Yakobo uwo wese akora ivyo, naho yoba ari nde*. Ivyo bizoba naho yoshikanira Yehova Nyeningabo ishikanwa+.»
13 «Hari n’ikindi* mukora, kigatuma igicaniro ca Yehova cuzura amosozi, amarira n’iminiho, ku buryo ataba acitaho amashikanwa yanyu canke ngo arabe ryiza ikintu na kimwe mutanga+. 14 Namwe muvuga muti: “Kubera iki?” Ni kubera ko Yehova yabaye icabona hagati yawe n’umugore wo mu buto bwawe, umwe wahemukiye naho ari we mugenzi wawe, akaba n’umugore wawe mwagiranye isezerano*+. 15 Ariko hariho umwe atabikoze, kuko yari afise igice gisigaye c’impwemu y’Imana. None yarondera iki? Uruvyaro* rw’Imana. Mwirinde rero ku bijanye n’agatima mufise, kandi ntimuhemukire umugore wo mu buto bwanyu. 16 Kuko nanka* ukwahukana+», ni ko Yehova ya Mana ya Isirayeli avuze, «nkanka n’inkozi z’ikibi*», ni ko Yehova Nyeningabo avuze. «Mwirinde rero ku bijanye n’agatima mufise, kandi ntimuhemuke+.
17 Mwararuhije Yehova n’amajambo yanyu+. Ariko muvuga ngo: “Twamuruhije gute?” Ni mu kuvuga ngo: “Umuntu wese akora ibibi ni mwiza mu maso ya Yehova, kandi aramushima+”, canke mu kuvuga ngo: “Ya Mana y’ubutungane iri hehe?”»
3 «Ehe ntumye intumwa yanje, na yo izotunganya* inzira imbere yanje+. Kandi bukwi na bukwi wa Mukama w’ukuri murondera, azoza ku rusengero rwiwe+. Na ya ntumwa y’isezerano mushashaye izoza. Emwe azoza vy’ukuri», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
2 «Ariko ni nde azokwihanganira umusi w’ukuza kwiwe? Ni nde azoshobora guhagarara niyaseruka? Kuko azoba ameze nk’umuriro w’umuntu atyorora ubutare be n’isabuni+ y’umumesuzi. 3 Umukama azokwicara nk’uwutyorora be n’uwusukura ifeza+. Azosukura bene Lewi, kandi azobatosora* nk’inzahabu n’ifeza. Kuri Yehova bazoba abantu bashikiriza ishikanwa mu bugororotsi. 4 Kandi ishikanwa ry’abo mu Buyuda n’ab’i Yeruzalemu rizohimbara Yehova vy’ukuri, nko mu misi yo hambere no mu myaka ya kera cane+.
5 Nzoza aho muri kugira ndabacire urubanza kandi nzobanguka kuba icabona cagiriza abapfumu+, abarenga ibigo, abarahira ibinyoma+, abazuruma* umucangero+ n’umupfakazi n’impfuvyi*+ be n’abanka gufasha umunyamahanga*+. Abo ntiberekanye ko bantinya», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
6 «Kuko ndi Yehova, simpinduka*+. Muri bene Yakobo. Ntimurahona. 7 Kuva mu misi ya ba sogokuruza banyu, mwarahevye ingingo nashinze, ntimwazikurikiza+. Nimungarukeko, nanje nzobagarukako+», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
Mugabo muvuga muti: «Twogaruka mu buryo ki?»
8 «Mbega umuntu buntu yokwiba Imana? Ariko mwebwe muranyiba.»
Muvuga muti: «Twakwivye gute?»
«Ni mu bijanye n’ivy’icumi n’intererano. 9 Ni ukuri mwaravumwe* kuko munyiba. Emwe, ihanga ryose riranyiba. 10 Nimuzane ivy’icumi vyose mu kigega+, kugira ngo mu nzu yanje habe ibifungurwa+. Enda nimungeze muri ivyo», ni ko Yehova Nyeningabo avuze, «murabe ko ntazobugururira ingomero zo mw’ijuru+, nkabasukako* umuhezagiro gushika aho ata co mubura+.»
11 «Nzokarira ururyi* ku bwanyu. Ntiruzokwonona ivyimburwa vyo mu gihugu canyu, n’imizabibu yo mu mirima yanyu ntizoreka kwama+», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
12 «Amahanga yose azobita abahirwe+, kuko igihugu canyu kizoba* igihugu gihimbaye», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
13 «Amajambo mumvugako arakaze», ni ko Yehova avuze.
Namwe muvuga muti: «Ni ibiki tukuvugako+?»
14 «Muvuga ngo: “Gukorera Imana nta co bimaze+. Twungutse iki kuba twarubahirije ivyo idusaba, tukereka Yehova Nyeningabo ko tubabajwe n’ibicumuro vyacu? 15 None ubu abita imbere ni bo tubona ko bahiriwe. Vyongeye, abakora ivy’ububisha bararoranirwa+. Barubahuka kugeza Imana, kandi bikijana.”»
16 Ico gihe abatinya Yehova baraganira, umwe wese na mugenziwe, Yehova na we akaguma ateze ugutwi, yumviriza. Nuko igitabu c’icibutso candikirwa imbere yiwe+, kikaba cerekeye abatinya Yehova n’abiyumvira* izina ryiwe+.
17 «Kandi bazoba abanje+ umusi nzobagira ihanga ridasanzwe*+», ni ko Yehova Nyeningabo avuze. «Nzobagirira impuhwe nka kurya umuntu agirira impuhwe umwana wiwe amugamburukira+. 18 Muzokwongera kubona ubudasa buri hagati y’umugororotsi n’umubisha+, hagati y’uwukorera Imana n’uwutayikorera.»
4 «Ehe raba wa musi uraje, uje waka nk’ifuru+. Ico gihe, abita imbere bose n’abakora ivy’ububisha bose bazoba nk’ibishakara. Uwo musi uriko uraza uzobatikiza koko», ni ko Yehova Nyeningabo avuze, «kandi ntuzobasigariza umuzi canke ishami. 2 Ariko mwebwe abubaha* izina ryanje, izuba ry’ubugororotsi rizobarasirako, imishwarara* yaryo ibakize. Muzokwikina amatavu nk’inyana zivyibushe.»
3 «Kandi muzohonyanga ababisha, kuko bazocika nk’umukungugu munsi y’ibirenge vyanyu ku musi nzogira ico nkoze», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
4 «Nimwibuke ya mategeko y’umusavyi wanje Musa, ya mabwirizwa n’ingingo nashinze, bimwe natangiye i Horebu kugira ngo Abisirayeli bose babigamburuke+.
5 Ehe ndabarungikiye umuhanuzi Eliya+ imbere y’uko wa musi uhambaye kandi uteye ubwoba wa Yehova ushika+. 6 Azogarukana umutima wa ba sebibondo ku bana+, n’umutima w’abana kuri ba se, kugira ngo simpave nza gutera isi nkayitikiza.»
(Ivyanditswe vy’igiheburayo n’igiharameya bigarukira aha. Haca hakurikira Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu)
Iryo zina risobanura ngo «intumwa yanje.»
Canke «shobuja ahambaye.»
Canke «mutanyubaha.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
Biboneka ko cari igikorwa bari bajejwe co kwugara imiryango y’urusengero.
Canke «kuva mu buseruko gushika mu burengero.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «murampumanya.»
Mu giheburayo havuga ngo «ivyamwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «igitungwa c’ikigabo.»
Mu giheburayo havuga ngo «nzokarira.»
Ni ukuvuga ahantu bashira amayezi yavuye mu bitungwa batanze nk’ibimazi.
Canke «anyubahe.»
Canke «inyigisho.»
Canke «inyigisho.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «biciye ku nyigisho zanyu.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ahantu heranda.»
Mu giheburayo havuga ngo «uwuri maso be n’uwishura.»
Mu giheburayo havuga ngo «n’ikigira kabiri.»
Canke «umugore wawe yemewe n’amategeko.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Mu giheburayo havuga ngo «yanka.»
Mu giheburayo havuga ngo «n’uwurenza ku mpuzu yiwe ubukozi bw’ikibi.»
Canke «izotegura.»
Canke «azobatyorora.»
Canke «abiba», «abagunga.»
Canke «umwana atagira se.»
Canke «abima umunyamahanga uburenganzira afise.»
Canke «sinahindutse.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ari ukumvuma muramvuma.»
Mu giheburayo havuga ngo «nkabacuranurirako.»
Biboneka ko ari ivyago bitewe n’udukoko.
Mu giheburayo havuga ngo «kuko muzoba.»
Canke «abazirikana.» Hashobora kandi kuvugwa ngo «abaha agaciro.»
Canke «ikintu c’agaciro nigabira.»
Mu giheburayo havuga ngo «abatinya.»
Mu giheburayo havuga ngo «amababa.»