INKURU NZIZA YA LUKA
1 Benshi baragerageje kwegeranya amakuru y’ibintu vyabaye twizigira cane+, 2 nk’uko nyene twayashikirijwe n’abantu bavyiboneye kuva mu ntango+, bakaba n’abatangaza ijambo ry’Imana+. 3 Na jewe rero, kubera yuko natohoje neza ivyabaye vyose kuva mu ntango, nafashe ingingo yo kubikwandikira mu rutonde rwumvikana, nyakwubahwa Tewofile+, 4 kugira umenye neza ko ivyo wigishijwe* ari ukuri+.
5 Mu gihe ca Herodi*+ umwami wa Yudaya, hariho umuherezi yitwa Zakariya wo mu mugwi wa Abiya+. Umugore wiwe yakomoka kuri Aroni*, akaba yitwa Elizabeti. 6 Bose bari abagororotsi imbere y’Imana, kuko bagamburuka amabwirizwa yose n’amategeko yose ya Yehova* badaca ku ruhande. 7 Ariko nta mwana bari bafise, kuko Elizabeti yari ingumba kandi bose bakaba bari bageze mu zabukuru.
8 Igihe rero Zakariya yariko arakora igikorwa c’ubuherezi imbere y’Imana ari kumwe n’umugwi wiwe+, 9 yarashikiriwe kwinjira aheranda ha Yehova* kugira ashikane imibavu+, nk’uko vyari bisanzwe bigenda mw’ibanga ry’ubuherezi+. 10 Ico gihe abantu isinzi bariko basengera hanze mu gihe co gushikana imibavu. 11 Nuko umumarayika wa Yehova* aramubonekera, ahagaze iburyo bw’igicaniro c’imibavu. 12 Zakariya amubonye, aca arahagarika umutima, aratinya cane. 13 Ariko uwo mumarayika amubwira ati: «Ntutinye Zakariya, kuko Imana yumvise ugutakamba kwawe. Umugore wawe Elizabeti azokuvyarira umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yohani+. 14 Uzogira akanyamuneza, emwe umunezero mwinshi, kandi ivuka ryiwe rizohimbara abantu benshi+, 15 kuko azoba umuntu ahambaye imbere ya Yehova*+. Ariko ntaze yigere anywa umuvinyu canke izindi nzoga+. Azokwuzuzwa impwemu nyeranda n’imbere y’uko avuka*+, 16 kandi azogarukana Abisirayeli benshi kuri Yehova* Imana yabo+. 17 Vyongeye, azogendera imbere y’Imana afise impwemu n’ububasha nk’ivya Eliya+, kugira agarukane umutima wa ba sebibondo ku bana+, kugira afashe ibigaba gukorana ubwenge* nk’abagororotsi no kugira ashikirize Yehova* abantu bateguwe neza+.»
18 Zakariya aca abwira uwo mumarayika ati: «Ivyo novyemezwa n’iki, ko nshaje kandi n’umugore wanje akaba ageze mu zabukuru?» 19 Uwo mumarayika amwishura ati: «Ndi Gaburiyeli+, uwuhagarara imbere y’Imana+ hafi yayo, kandi narungitswe kuvugana nawe kugira ndakumenyeshe iyo nkuru nziza. 20 Mugabo kubera yuko utemeye ivyo nakubwiye, na vyo bikaba bizoranguka igihe cavyo kigeze, uzoba umuragi kandi ntuzoshobora kuvuga gushika ivyo bintu birangutse.» 21 Ico gihe cose, abantu bari barindiriye Zakariya, batangajwe n’ukuntu yatevye cane ahantu heranda. 22 Asohotse, ntiyabaye agishobora kubavugisha. Baca batahura ko yabonekewe ari ahantu heranda. Yaguma abereka ibimenyetso, ariko ntiyashobora kuvuga. 23 Imisi y’igikorwa ciwe ceranda* irangiye, aca arataha muhira iwe.
24 Haciye imisi, Elizabeti umugore wiwe aribungenga. Amara amezi atanu yihishije, aguma yibwira ati: 25 «Raba ivyo Yehova* ankoreye muri iyi misi! Yanyibutse, ankurako iceyi nari mfise mu bantu+.»
26 Inda yiwe imaze amezi atandatu, Imana ica ituma umumarayika Gaburiyeli+ mu gisagara c’i Galilaya citwa Nazareti, 27 ku mwigeme w’isugi+ yitwa Mariya, akaba yari akowe n’umugabo yitwa Yozefu+ wo mu muryango wa Dawidi. 28 Uwo mumarayika yinjiye, aca abwira Mariya ati: «Amahoro, wewe watewe iteka ridasanzwe! Yehova* ari kumwe nawe.» 29 Mugabo ahagarikwa umutima cane n’amajambo y’uwo mumarayika, atangura kwibaza ico iyo ndamutso isobanura. 30 Uwo mumarayika aca amubwira ati: «Ntutinye Mariya, kuko Imana yagushimye. 31 Umve, uzosama inda maze uvyare umuhungu+, kandi uze umwite Yezu+. 32 Azoba uwuhambaye+ kandi azokwitwa Umwana w’Imana Musumbavyose+. Yehova* Imana azomuha intebe y’ubwami ya se wiwe Dawidi+. 33 Azoganza abakomoka kuri Yakobo ibihe vyose, kandi Ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo+.»
34 Ariko Mariya abwira uwo mumarayika ati: «Ivyo bizoshoboka gute, ko ata mugabo mfise+?» 35 Uwo mumarayika amwishura ati: «Impwemu nyeranda izokuzako+, kandi ububasha bw’Imana Musumbavyose buzogutwikira. Ni co gituma umwana azovuka azokwitwa mweranda+, Umwana w’Imana+. 36 Na Elizabeti incuti yawe, umwe bita ingumba, aribungenze inda y’umuhungu mu busaza bwiwe, kandi inda yiwe imaze amezi atandatu, 37 kuko ata kintu* na kimwe kidashoboka ku Mana+.» 38 Mariya aca avuga ati: «Ndi umusukukazi wa Yehova*! Nibimbere nk’uko ubivuze.» Uwo mumarayika aca aragenda.
39 Inyuma y’aho, Mariya aca afata urugendo, agenda arihuta aja mu karere k’imisozi, mu gisagara c’umuryango wa Yuda. 40 Hanyuma yinjira mu nzu kwa Zakariya maze aramutsa Elizabeti. 41 Elizabeti acumva indamutso ya Mariya, umwana ari mu nda yiwe aca arikina. Elizabeti aca yuzura impwemu nyeranda, 42 maze asemerera ati: «Urahezagiwe mu bagore bose, kandi n’umwana wibungenze arahezagiwe! 43 Bigenze gute ngo nterwe iryo teka ryo kugenderwa na nyina w’Umukama wanje? 44 Napfuye kwumva indamutso yawe, umwana ari mu nda yanje aca arikina kubera umunezero. 45 Na wewe kandi urahiriwe, kubera wemeye amajambo wabwiwe avuye kuri Yehova*, kuko yose azoranguka.»
46 Mariya aca avuga ati: «Ndashemeza Yehova*+, 47 kandi umutima wanje ntiworeka kwuzura umunezero kubera Imana Umukiza wanje+, 48 kuko yabonye umusukukazi wayo aciye bugufi+. Guhera ubu, abantu bose bazovuga ko mpiriwe+, 49 kuko Imana y’ububasha inkoreye ibikomeye, kandi izina ryayo ni ryeranda+. 50 Imbabazi zayo ziguma ku bayitinya, uko urunganwe* rugenda rurakurikirana+. 51 Yakoze ibintu bikomeye n’ukuboko kwayo, ishwiragiza abafise ubwibone mu mitima yabo+. 52 Yakuye abahambaye ku ntebe z’icubahiro+, ishira hejuru abantu batobato+. 53 Yahagije ivyiza abashonje+, abatunzi na bo ibarungika iminwe misa. 54 Yaje gutabara Isirayeli umusavyi wayo, kugira yerekane ko yama yibuka isezerano ryayo ryo kugirira imbabazi+ 55 Aburahamu n’uruvyaro* rwiwe, nk’uko yabisezeraniye ba sokuruza bacu+.» 56 Mariya agumana na we nk’amezi atatu, hanyuma asubira iwabo.
57 Nuko igihe kirashika c’uko Elizabeti yibaruka, araheza avyara umwana w’umuhungu. 58 Ababanyi biwe n’incuti ziwe bumva yuko Yehova* yari yamugiriye imbabazi nyinshi, baca basangira na we umunezero+. 59 Ku musi ugira umunani, baza kugenyera* uwo mwana+, kandi bagira bamwite Zakariya, izina rya se wiwe. 60 Mugabo nyina wiwe aca avuga ati: «Oya! Azokwitwa Yohani.» 61 Baca bamubwira bati: «Nta n’umwe mu ncuti zanyu yitwa iryo zina.» 62 Baraheza babaza se wiwe mu bimenyetso ukuntu ashaka ko yitwa. 63 Na we aca asaba akabaho maze akandikako ati: «Izina ryiwe ni Yohani+.» Bose baca barumirwa. 64 Ubwo nyene akanwa kiwe gaca karuguruka, ururimi rwiwe ruragoboroka, araheza atangura kuvuga+ no kuninahaza Imana. 65 Ababanyi bose baca batekerwa n’ubwoba. Iyo nkuru iraheza ikwiragira mu karere kose k’imisozi k’i Yudaya. 66 Abavyumvise bose barabizirikanako, bakavuga bati: «None uyu mwana azovamwo iki?» Kuko ukuboko kwa Yehova* kwari kumwe na we.
67 Se wiwe Zakariya aca yuzura impwemu nyeranda, atangura kuvuga ubuhanuzi ati: 68 «Hashemezwe Yehova* Imana ya Isirayeli+, kuko yitayeho abantu biwe akabarokora+. 69 Yaturonkeje umukiza ahambaye*+ akomoka mu muryango w’umusavyi wiwe Dawidi+, 70 nk’uko yabivuze biciye ku bahanuzi biwe beranda ba kera+. 71 Uwo mukiza azodukiza abansi bacu n’abatwanka bose+. 72 Imana rero izotugirira imbabazi nk’uko yabisezeraniye ba sokuruza bacu, kandi izokwibuka isezerano ryayo ryeranda+, 73 ya ndahiro yarahira Aburahamu sokuruza wacu+, 74 yuko tumaze kurokorwa mu maboko y’abansi, izodutera iteka ryo kuyikorera igikorwa ceranda ata bwoba, 75 tudahemuka kandi turi abagororotsi imbere yayo, imisi yose y’ubuzima bwacu. 76 Na yo wewe ga mwana, uzokwitwa umuhanuzi w’Imana Musumbavyose, kuko uzogendera imbere ya Yehova* kugira umutegurire inzira+, 77 kugira umenyeshe abantu biwe ko azobakiza mu kubababarira ibicumuro vyabo+, 78 kubera impuhwe z’Imana yacu. Izo mpuhwe zizotugendera zivuye iyo hejuru nka kurya kw’umutwenzi, 79 kugira zimurikire abicaye mu mwiza no mu gitutu c’urupfu+ no kugira ziyobore ibirenge vyacu mu nzira y’amahoro.»
80 Uwo mwana rero arakura, arakomera ku mubiri no mu vy’impwemu. Aguma yibera mu bugaragwa gushika umusi yiyereka Abisirayeli ku mugaragaro.
2 Ico gihe, Sezari Ogusito atanga itegeko ry’uko ababa kw’isi yose biyandikisha. 2 (Iryo yandikwa rya mbere ryabaye igihe Kiriniyo yari buramatari wa Siriya.) 3 Nuko abantu bose baja kwiyandikisha, umwe wese mu gisagara iwabo. 4 Yozefu+ na we nyene araduga, ava i Galilaya mu gisagara c’i Nazareti, aja i Yudaya mu gisagara ca Dawidi citwa Betelehemu+, kuko yari uwo mu nzu ya Dawidi no mu muryango wiwe. 5 Aja kwiyandikisha ari kumwe na Mariya, uwo yari yarahawe ngo abe umugore wiwe nk’uko babisezeranye+, kandi ico gihe yari mu kwibaruka+. 6 Igihe c’uko avyara cageze bari ng’aho. 7 Araheza avyara umwana w’umuhungu, imfura yiwe+. Aca amuzingira mu bitambara hanyuma amuryamika mu bwato bw’ibitungwa+, kuko bari babuze ikibanza aho ingenzi zirara.
8 Vyongeye, muri ako karere hariho abungere barara hanze, baraririye ibitungwa vyabo mw’ijoro. 9 Ubwo nyene umumarayika wa Yehova* aca ahagarara imbere yabo, maze ubuninahazwa bwa Yehova* bukayanganira hirya no hino yabo, baca baratinya cane. 10 Ariko nya mumarayika ababwira ati: «Ntimutinye, kuko ngira ndabamenyeshe inkuru nziza izonezereza cane abantu bose. 11 Uyu musi umukiza wanyu yavukiye+ mu gisagara ca Dawidi+, akaba ari Kristu Umukama+. 12 Ng’iki ikimenyetso muza kumumenyerako: muraza kubona uruyoya ruzingiriye mu bitambara, ruryamye mu bwato bw’ibitungwa.» 13 Ubwo nyene haca haboneka ingabo nyinshi zo mw’ijuru+ ziri kumwe n’uwo mumarayika, zitangura gushemeza Imana ziti: 14 «Haninahazwe Imana iyo hejuru mw’ijuru, kw’isi na ho amahoro abe mu bantu ishima.»
15 Abo bamarayika bamaze kuvana na we bagasubira mw’ijuru, ba bungere batangura kubwirana bati: «Ingo tuje i Betelehemu ubu nyene, turabe ivyo bintu vyabaye Yehova* atumenyesheje.» 16 Baca bagenda baranyaruka, maze bahasanga Mariya na Yozefu na rwa ruyoya ruryamye mu bwato bw’ibitungwa. 17 Babibonye, baca biganira abantu ivyo wa mumarayika yari yababwiye kuri uwo mwana. 18 Abumvise ivyo abo bungere bavuze bose baratangara, 19 ariko Mariya we, azigama ayo majambo yose, aguma ayazirikanako mu mutima+. 20 Abo bungere baca basubira inyuma, bagenda baraninahaza Imana bongera bayishemeza kubera ibintu vyose bari bumvise n’ivyo bari babonye, kuko vyari bihuye n’ivyo bari babwiwe.
21 Haheze imisi umunani, igihe c’uko bamugenyera kigeze+, baca bamwita Yezu, rya zina nyene umumarayika yamwita imbere y’uko asamwa inda+.
22 Vyongeye, hageze igihe c’uko bityorora nk’uko amategeko ya Musa abivuga+, baca badugana uwo mwana i Yeruzalemu kugira bamushikirize Yehova*, 23 nk’uko vyanditswe mu mategeko ya Yehova* ngo: «Umuhungu wese w’imfura ategerezwa kwegurirwa* Yehova*+.» 24 Baraheza bashikana ikimazi nk’uko bivugwa mu mategeko ya Yehova* ngo: «Intunguru zibiri canke inuma zibiri zikiri nto+.»
25 I Yeruzalemu hariho umugabo yitwa Simeyoni. Uwo mugabo yari umugororotsi kandi yaratinya Imana. Yari arindiriye igihe c’uko Imana ihoza Abisirayeli+, kandi impwemu nyeranda yari kuri we. 26 Imana kandi yari yaramuhishuriye biciye ku mpwemu nyeranda yuko atopfuye atabonye uwo Yehova* yarobanuye*. 27 Araheza yinjira mu rusengero ayobowe n’impwemu. Igihe rero abavyeyi ba Yezu bari bamuzanye kugira bamugirire nk’uko amategeko abisaba+, 28 aca yakira uwo mwana mu maboko maze ashemeza Imana ati: 29 «Ubu rero Mukama Segaba, uraretse umushumba wawe ngo yigire amahoro+ nk’uko wabivuze, 30 kuko amaso yanje yiboneye uwo uzokoresha mu kuzana ubukiriro+, 31 ubwo wateguye kugira abantu bose babubone+, 32 umuco+ uzokuraho umwiza utwikiriye amahanga+, ukaba n’ubuninahazwa bw’abantu bawe b’Abisirayeli.» 33 Se w’uwo mwana na nyina wiwe babandanya gutangazwa n’ibintu abantu bamuvugako. 34 Vyongeye, Simeyoni arabahezagira, maze abwira Mariya nyina w’uwo mwana ati: «Umve! Uwo mwana agenewe gutuma benshi muri Isirayeli batemba+ canke basubira guhaguruka+, kandi azoba ikimenyetso abantu bavuga nabi*+ 35 (emwe inkota ndende izogusogota mu mutima+), kugira ngo ivyiyumviro biri mu mitima ya benshi bije ahabona.»
36 Ico gihe hariho kandi umuhanuzikazi yitwa Ana, umukobwa wa Fanuweli, wo mu muryango wa Asheri. Uwo mugore yari ashaje cane. Yamaranye n’umugabo wiwe imyaka indwi kuva bubakanye*, 37 kandi yari umupfakazi w’imyaka 84. Ntiyigera asiba ku rusengero. Yama ahakorera igikorwa ceranda ijoro n’umurango, yisonzesha yongera atakambira Imana. 38 Ico gihe nyene araza, atangura gushimira Imana no kubwira ivyerekeye uwo mwana abantu bose bari barindiriye ukurokorwa kwa Yeruzalemu+.
39 Bamaze gushitsa ibintu vyose amategeko ya Yehova* yasaba+, baca basubira i Galilaya mu gisagara cabo ca Nazareti+. 40 Uwo mwana abandanya gukura no gukomera. Aguma atera imbere mu bukerebutsi kandi abandanya gushimwa n’Imana+.
41 Abavyeyi biwe bari bamenyereye kuja i Yeruzalemu ku mwaka ku mwaka ku musi mukuru wa Pasika+. 42 Ashikanye imyaka 12, baduga i Yeruzalemu nk’uko vyari bisanzwe bigirwa kuri uwo musi mukuru+. 43 Uwo musi mukuru urangiye, baca barasubira inyuma. Ariko Yezu asigara i Yeruzalemu, kandi abavyeyi biwe nta vyo bamenye. 44 Biyumvira yuko ari mu mugwi w’abantu bafatanije urugendo. Bamaze kugira urugendo rw’umusi umwe, baca batangura kumurondera mu ncuti n’abagenzi. 45 Bamubuze, baca basubira i Yeruzalemu, baramurondera hose. 46 Haciye imisi itatu, bamusanga mu rusengero yicaye hagati y’abigisha, ariko arabumviriza yongera ababaza ibibazo. 47 Mugabo abamwumviriza bose barumizwa n’ugutegera kwiwe hamwe n’inyishu atanga+. 48 Abavyeyi biwe bamubonye, baratangara cane, nyina wiwe aca amubwira ati: «Mwananje, ivyo watugize ni ibiki? Twe na so wawe twakurondeye hose twahagaritse umutima.» 49 Abishura ati: «Kubera iki mwiriwe murandondera? Ntimwari muzi ko ntegerezwa kuba ndi mu nzu ya Dawe+?» 50 Ariko ntibatahuye ico ababwiye.
51 Aca ajana na bo asubira i Nazareti, kandi abandanya kubagamburukira*+. Vyongeye, nyina wiwe agumiza ku mutima ayo majambo yose+. 52 Yezu abandanya gukura no gutera imbere mu bukerebutsi, kandi abandanya gushimwa n’Imana n’abantu.
3 Mu mwaka ugira 15 w’ingoma ya Tiberiyo Sezari, igihe Ponsiyo Pilato yari buramatari w’intara ya Yudaya, Herodi*+ akaba yari buramatari w’intara ya Galilaya, Filipo mwenewabo akaba yari buramatari w’intara ya Itureya na Tirakoniti, Lisaniya na we akaba yari buramatari w’intara ya Abilene, 2 igihe Anasi yari umukuru w’abaherezi, Kayifa+ na we ari umuherezi mukuru, Yohani+ mwene Zakariya yararonse ubutumwa buvuye ku Mana ari mu bugaragwa+.
3 Nuko Yohani aja mu karere kose ko mu micungararo ya Yorodani, agenda arigisha abantu ngo babatizwe kugira berekane ko bigaye maze bababarirwe ibicumuro vyabo+, 4 nk’uko vyanditswe mu gitabu c’umuhanuzi Yesaya ngo: «Hari ijwi ry’umuntu mu bugaragwa asemerera ati: “Nimutegure inzira ya Yehova*! Nimugorore ibarabara ryiwe+. 5 Umubande wose utegerezwa kwuzuzwa, umusozi wose n’umurambi wose na vyo biringanizwe. Inzira zigoramye zitegerezwa kugororwa, inzira zuzuyemwo ibidunduri na zo zitegerezwa kuringanizwa, 6 kandi abantu bose* bazobona ingene Imana ikiza*+.”»
7 Atangura kubwira amasinzi y’abantu bariko baraza ngo ababatize ati: «Mwa ruvyaro rw’imamba mwe, ni nde yababuriye ngo muhunge uburake buriko buraza+? 8 Nimwame rero ivyamwa bikwiranye n’ukwigaya. Ntimutangure kwibwira ngo: “Data ni Aburahamu.” Ndababwiye ko Imana ishobora gukura abana ba Aburahamu muri aya mabuye. 9 Nkako, ishoka iramaze gushirwa ku muzi w’ibiti. Igiti cose rero kitama ivyamwa vyiza kizocibwa maze gitererwe mu muriro+.»
10 Amasinzi y’abantu na yo yaramubaza ati: «None dukore iki?» 11 Na we akabishura ati: «Uwufise impuzu zibiri* nahe uwudafise n’imwe, kandi n’uwufise ivyo kurya agire gutyo nyene+.» 12 Mbere n’abatozakori baraza kubatizwa+, bakamubaza bati: «Mwigisha, dukore iki?» 13 Na we akabishura ati: «Ntimusabe* ibirenze kw’ikori ritegekanijwe+.» 14 Abasoda na bo nyene baramubaza bati: «Dukore iki?» Na we akabishura ati: «Ntihagire uwo muhohotera* canke uwo mwagiriza ibinyoma+, ahubwo mubumbwe n’impembo yanyu*.»
15 Abantu rero bari biteze Kristu, kandi bose baguma biyumvira mu mitima yabo ivyerekeye Yohani bati: «Ubwo ntiyoba ari we Kristu+?» 16 Yohani yarabishura, akabwira abantu bose ati: «Jewe ndababatiza mu mazi, mugabo uwukomeye kundusha ariko araza, kandi simbereye no kubohora imigozi y’ibirato* vyiwe+. Azobabatiza mu mpwemu nyeranda no mu muriro+. 17 Afise mu minwe igipawa ciwe co kugosora kugira akubure neza imbuga* yiwe. Azokwegeraniza ingano ziwe mu bigega, ariko umuguruka azowuturirira mu muriro utazima.»
18 Yarahaye abantu n’izindi mpanuro nyinshi, kandi abandanya kubabwira inkuru nziza. 19 Mugabo Herodi buramatari w’intara ya Galilaya, kubera ko Yohani yari yamuhambariye ku bijanye na Herodiya umugore wa mwenewabo no ku bijanye n’ibindi bibi vyose yari yarakoze, 20 yongera ikibi mu kindi mu gupfungira Yohani mw’ibohero+.
21 Abantu bose rero bamaze kubatizwa, Yezu na we nyene arabatizwa+. Ariko arasenga, ijuru riruguruka+ 22 hanyuma impwemu nyeranda imanuka kuri we imeze nk’inuma. Maze ijwi riva mw’ijuru, rivuga riti: «Uri Umwana wanje nkunda cane. Naragushimye+.»
23 Igihe Yezu+ yatangura igikorwa ciwe, yari afise nk’imyaka 30+. Nk’uko abantu bavyiyumvira, yari
mwene Yozefu+,
Yozefu mwene Heli,
24 Heli mwene Matati,
Matati mwene Lewi,
Lewi mwene Meluki,
Meluki mwene Yanayi,
Yanayi mwene Yozefu,
25 Yozefu mwene Matatiya,
Matatiya mwene Amosi,
Amosi mwene Nahumu,
Nahumu mwene Esili,
Esili mwene Nagayi,
26 Nagayi mwene Mati,
Mati mwene Matatiya,
Matatiya mwene Semeyini,
Semeyini mwene Yoseki,
Yoseki mwene Yoda,
27 Yoda mwene Yohanani,
Yohanani mwene Resa,
Resa mwene Zerubabeli+,
Zerubabeli mwene Shalutiyeli+,
Shalutiyeli mwene Neri,
28 Neri mwene Meluki,
Meluki mwene Adi,
Adi mwene Kosamu,
Kosamu mwene Elumadamu,
Elumadamu mwene Eri,
29 Eri mwene Yezu,
Yezu mwene Eliyezeri,
Eliyezeri mwene Yorimu,
Yorimu mwene Matati,
Matati mwene Lewi,
30 Lewi mwene Simeyoni,
Simeyoni mwene Yuda,
Yuda mwene Yozefu,
Yozefu mwene Yonamu,
Yonamu mwene Eliyakimu,
31 Eliyakimu mwene Meleya,
Meleya mwene Mena,
Mena mwene Matata,
Matata mwene Natani+,
Natani mwene Dawidi+,
Yese mwene Obedi+,
Obedi mwene Bowazi+,
Bowazi mwene Salumoni+,
Salumoni mwene Nahashoni+,
33 Nahashoni mwene Aminadabu,
Aminadabu mwene Aruni,
Aruni mwene Hesironi,
Hesironi mwene Peresi+,
Peresi mwene Yuda+,
Yakobo mwene Izahaki+,
Izahaki mwene Aburahamu+,
Aburahamu mwene Tera+,
Tera mwene Nahori+,
Serugi mwene Reyu+,
Reyu mwene Pelegi+,
Pelegi mwene Eberi+,
Eberi mwene Shela+,
36 Shela mwene Kayinani,
Kayinani mwene Arupakisadi+,
Arupakisadi mwene Shemu+,
Shemu mwene Nowa+,
Nowa mwene Lameki+,
Metusela mwene Henoki,
Henoki mwene Yaredi+,
Yaredi mwene Mahalaleli+,
Mahalaleli mwene Kayinani+,
Enoshi mwene Seti+,
Seti mwene Adamu+,
Adamu umwana w’Imana.
4 Yezu rero yuzuye impwemu nyeranda, ava ku ruzi Yorodani hanyuma aja hirya no hino mu bugaragwa ayobowe n’impwemu nyeranda+. 2 Amarayo imisi 40 ariko ageragezwa na Shetani*+. Muri iyo misi yose nta kintu na kimwe yafungura. Iyo misi irangiye, arateba arasonza. 3 Shetani rero amubwira ati: «Nimba uri umwana w’Imana, bwira iri buye ricike umukate.» 4 Ariko Yezu amwishura ati: «Vyanditswe ngo: “Umuntu ntakabeshweho n’umukate gusa+.”»
5 Shetani amujana ahantu hataramutse, amwereka ubwami bwose bwo mw’isi mu kanya gatoyi+. 6 Maze amubwira ati: «Ndaguha ububasha kuri ivyo bintu vyose hamwe n’ubuninahazwa bwavyo kuko nabuhawe+, kandi ndabuha uwo nshatse wese. 7 Ivyo vyose rero biraba rwawe niwapfa kunsenga.» 8 Yezu amwishura ati: «Vyanditswe ngo: “Yehova* Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda+.”»
9 Hanyuma amujana i Yeruzalemu, amuhagarika ku munara* w’urusengero, amubwira ati: «Nimba uri umwana w’Imana, ikororere hasi+. 10 Kuko vyanditswe ngo: “Azotegeka abamarayika biwe kugira bakuzigame”, 11 kandi ngo: “Bazokurerura mu maboko yabo kugira ntutsitare kw’ibuye+.”» 12 Yezu amwishura ati: «Vyanditswe ngo: “Ntukagerageze Yehova* Imana yawe+.”» 13 Shetani ahejeje kumugerageza, aca aramureka aragenda gushika aronse akandi karyo keza+.
14 Yezu araheza agaruka i Galilaya+ yuzuye ububasha bw’impwemu, maze amakuru meza amwerekeye akwiragira muri ako karere kose. 15 Vyongeye, atangura kwigisha mu masinagogi yabo kandi bose baramutera iteka.
16 Hanyuma aja i Nazareti+, aho yari yarakuriye. Nk’uko yari asanzwe abigira ku musi w’isabato, yinjira mw’isinagogi+ hanyuma arahaguruka ngo asome. 17 Nuko bamuha umuzingo w’umuhanuzi Yesaya, araheza arawuzingurura, atora ahari handitswe ngo: 18 «Impwemu ya Yehova* iri kuri jewe, kuko yandobanuye* kugira ngo mbwire inkuru nziza abakene. Yantumye gutangaza ko abagizwe imbohe bazorekurwa, ko impumyi zizosubira kubona, ko abacinyizwa bazobohorwa+ 19 no gutangaza igihe c’ukwemerwa na Yehova*+.» 20 Aca azinga uwo muzingo, awusubiza umusuku w’isinagogi maze aricara. Abari mw’isinagogi bose baca bamuhanga amaso. 21 Araheza ababwira ati: «Uyu musi ico canditswe muhejeje kwumva kirarangutse+.»
22 Bose baca batangura kumuvuga neza. Batangazwa n’amajambo yiwe y’igikundiro+ maze bavuga bati: «Uyu none si wa muhungu wa Yozefu+?» 23 Aca ababwira ati: «Ntimuzobura kuncira uyu mugani muti: “Muganga, niwikize.” Kandi muzombwira muti: “Ibintu twumvise ko wakoreye i Kaperinawumu+ bikorere no ng’aha mu gisagara iwanyu.”» 24 Ababwira kandi ati: «Ni ukuri, ndababwiye ko ata muhanuzi yemerwa mu karere iwabo+. 25 Ni ukuri ndabibabwiye: Muri Isirayeli hariyo abapfakazi benshi mu gihe ca Eliya, igihe ijuru ryugarwa hagaca imyaka itatu n’amezi atandatu imvura itagwa, ku buryo inzara ikomeye itera mu gihugu cose+. 26 Ariko nta n’umwe Eliya yarungitsweko muri abo bagore, ahubwo yarungitswe ku mupfakazi w’i Zarefati mu ntara ya Sidoni+. 27 Vyongeye, muri Isirayeli hariyo abanyamibembe benshi mu gihe c’umuhanuzi Elisha, ariko nta n’umwe muri bo yahumanuwe*, kiretse Namani Umusiriya+.» 28 Abantu bose bari mw’isinagogi bumvise ivyo bintu, baca barashavura cane+. 29 Maze barahaguruka, bamuhindira inyuma y’igisagara. Bamujana kw’isonga ry’umusozi igisagara cabo cari cubatsweko, kugira bamukorore atanguze umutwe hasi. 30 Mugabo aca hagati yabo arigira+.
31 Hanyuma amanuka i Kaperinawumu mu gisagara c’i Galilaya. Igihe yariko arabigisha ku musi w’isabato+, 32 abantu batangazwa cane n’uburyo yigisha+, kuko yavugana ububasha. 33 Ico gihe mw’isinagogi hariyo umuntu arimwo impwemu mbi*, ari yo dayimoni. Aca arasemerera+ ati: 34 «Ha! Dupfa iki nawe ga Yezu Umunyanazareti+? Uje kuduhonya? Ndazi neza uwo uri we, uri wa Mweranda w’Imana+.» 35 Mugabo Yezu aca arayikankamira ati: «Hora, kandi muvemwo!» Iyo dayimoni imaze kumukubita hasi hagati yabo, ica iramuvamwo ata co imugize. 36 Bose baca baratangara, batangura kubwirana bati: «Mbega amajambo ari aho! Arategeka impwemu mbi n’ububasha n’ubushobozi bwinshi, na zo zigasohoka!» 37 Amakuru amwerekeye aguma akwiragira muri ako karere kose.
38 Amaze kuva mw’isinagogi, yinjira mu nzu kwa Simoni. Inabukwe wa Simoni yari arwaye inyonko ikaze, baca baramusaba ngo amufashe+. 39 Aca araza ahagarara impande yiwe maze akankamira iyo nyonko, ica irakira. Ubwo nyene aca arahaguruka, atangura gutegura ivyo abazimana.
40 Ariko izuba ritanguye kurenga, abantu bose bari bafise abantu barwaye indwara zitandukanye baca barabamuzanira. Bose arabakiza+ mu kubarambikako ibiganza. 41 N’amadayimoni yarava mu bantu benshi, agasemerera ati: «Uri Umwana w’Imana+!» Mugabo yarayakankamira ntayemerere kuvuga+, kuko yari azi ko ari Kristu+.
42 Bukeye, Yezu aca aja ahantu hiherereye+. Ariko abantu batangura kumurondera*, barateba bashika aho ari. Baca bagerageza kumugumya kugira agumane na bo. 43 Mugabo ababwira ati: «Ntegerezwa kumenyesha inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana no mu bindi bisagara, kuko ari co natumwe+.» 44 Aca agenda kwamamaza inkuru nziza mu masinagogi y’i Yudaya.
5 Umusi umwe, Yezu yariko arigisha ijambo ry’Imana ahagaze ku nkengera y’ikiyaga ca Genesareti*+, kandi abantu isinzi bariko baramwumviriza bamuhundayeko. 2 Abona ubwato bubiri buri hafi y’inkengera y’ikiyaga, ariko abarovyi bari babuvuyemwo bariko baroza insenga zabo+. 3 Aca yurira bumwe muri ubwo bwato, bukaba bwari ubwa Simoni. Aca amusaba ngo abwigize kure gatoyi y’inkengera, hanyuma aricara, atangura kwigisha ayo masinzi y’abantu ari mu bwato. 4 Ahejeje kuvuga, abwira Simoni ati: «Genda ahari amazi menshi, muterere insenga zanyu murobe.» 5 Ariko Simoni amwishura ati: «Mwigisha, twaraye turaroba* ijoro ryose, ariko nta na kamwe twafashe+. Mugabo ko ubivuze, reka nterere insenga.» 6 Babigize, bafata ifi nyinshi cane ku buryo insenga zabo zitangura gutabuka+. 7 Baca bakura bagenzi babo bari mu bundi bwato ngo baze kubafasha. Na bo baraza maze buzuza ubwo bwato bwose ku buryo butangura kwibira. 8 Simoni Petero ngo abibone, aca apfukama imbere ya Yezu, amubwira ati: «Mukama, igira kure yanje kuko ndi umucumuzi.» 9 We n’abo bari kumwe bari batekewe n’ubwoba kubera bafashe ifi nyinshi cane, 10 kandi na Yakobo na Yohani, ari bo bahungu ba Zebedayo+ bari basangiye urudandaza na Simoni, na bo nyene bari batekewe n’ubwoba. Ariko Yezu abwira Simoni ati: «Ntutinye. Guhera ubu uzoza uraroba abantu ari bazima+.» 11 Baca bagarukana bwa bwato ku nkengera, maze baheba vyose baramukurikira+.
12 Ikindi gihe, Yezu yari mu gisagara kimwe. Hanyuma umugabo umwe yuzuye imibembe amubonye, aca arunama mu maso hiwe hashika hasi, aramutakambira ati: «Mukama, ubishatse, urashobora kumpumanura+.» 13 Yezu aca aramvura ukuboko amukorako, amubwira ati: «Ndabishaka! Humanuka.» Ubwo nyene iyo mibembe ica iramuvako+. 14 Maze ategeka uwo mugabo ngo ntihagire umuntu n’umwe abibwira, amubwira ati: «Ahubwo genda wiyereke umuherezi, ushikane ishikanwa ryerekana ko wahumanutse nk’uko Musa yabitegetse+, kugira bibabere icabona+.» 15 Mugabo amakuru amwerekeye yaguma akwiragira, kandi amasinzi y’abantu yaguma akoranira hamwe kugira amwumvirize no kugira abakize indwara+. 16 Ariko kenshi yaraja mu gahinga ukwa wenyene kugira asenge.
17 Umusi umwe Yezu yariko arigishiriza mu nzu, kandi Abafarizayo n’abigisha b’amategeko bari bicaye ng’aho. Bari baje bavuye mu bigwati vyose vy’i Galilaya n’i Yudaya n’i Yeruzalemu, kandi ububasha bwa Yehova* bwari kumwe na we kugira akize+. 18 Maze haza abantu bateruye ku nderuzo umuntu amugaye, hanyuma bagerageza kumwinjiza ngo bamushire imbere yiwe+. 19 Mugabo biranka ko bamwinjiza kubera abantu bari benshi cane. Baca burira hejuru ku nzu maze bamwururutsa ari kuri ya nderuzo bamucishije mu gitoboro batoboye mu mategura, ashikira hagati y’abari imbere ya Yezu. 20 Abonye ukwizera kwabo, aca abwira uwo muntu ati: «Ibicumuro vyawe birababariwe+.» 21 Abanditsi n’Abafarizayo baca batangura kubwirana bati: «Uwo muntu yubahuka gutuka Imana* ni nde? Hari uwundi ashobora kubabarira ibicumuro atari Imana gusa+?» 22 Mugabo Yezu amenya ivyo bariko bariyumvira, aca abishura ati: «Ni ibiki muriko muriyumvira mu mitima yanyu? 23 None icoroshe ni ikihe? Ni ukuvuga ngo: “Ibicumuro vyawe birababariwe”, canke ni ukuvuga ngo: “Haguruka utambuke”? 24 Ariko kugira mumenye ko Umwana w’umuntu afise ububasha bwo kubabarira ibicumuro kw’isi . . .» Aca abwira uwo muntu amugaye ati: «Ndabikubwiye: haguruka, utore inderuzo yawe witahire+.» 25 Uwo muntu aca arahaguruka imbere yabo, atora inderuzo yari aryamyeko, aritahira, agenda araninahaza Imana. 26 Bose barumirwa, batangura kuninahaza Imana. Baratangara cane, bavuga bati: «Uyu musi turabonye ibitangaza!»
27 Inyuma y’ivyo arasohoka, hanyuma abona umutozakori yitwa Lewi yicaye aho batoreza ikori*, maze amubwira ati: «Nkurikira+.» 28 Aca asiga ng’aho vyose, arahaguruka atangura kumukurikira. 29 Vyongeye, Lewi ategurira Yezu umusi mukuru ukomeye muhira iwe, kandi hariho abatozakori benshi n’abandi bantu bariko barasangira na bo*+. 30 Abafarizayo n’abanditsi baca batangura kwidodombera abigishwa biwe, bababaza bati: «Kubera iki musangira n’abatozakori hamwe n’abacumuzi+?» 31 Yezu aca abishura ati: «Abakomeye ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera+. 32 Sinaje guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abacumuzi kugira bigaye+.»
33 Bamubwira bati: «Abigishwa ba Yohani barisonzesha kenshi kandi bagasenga batakamba, kandi n’abigishwa b’Abafarizayo ni ko bagira, ariko abigishwa bawe baririra bakinywera+.» 34 Yezu abishura ati: «Mbega mwoshobora gusaba abagenzi b’umukwe ngo bisonzeshe kandi umukwe akiri kumwe na bo? 35 Ariko hazogera igihe umukwe+ akurwe muri bo, ico gihe rero bazoheza bisonzeshe+.»
36 Abaha n’ikigereranyo ati: «Nta wukata ikiremo ku mpuzu nshasha kugira agitere ku mpuzu ishaje. Abigize ico kiremo gishasha gica gitabura iyo mpuzu, kandi ntikiberanye n’iyo mpuzu ishaje+. 37 Vyongeye, nta wushira umuvinyu mushasha mu mikuza* ishaje. Abigize uwo muvinyu mushasha woturitsa iyo mikuza, maze umuvinyu ugaseseka, imikuza ikaba yononekaye. 38 Ahubwo umuvinyu mushasha bakwiye kuwushira mu mikuza mishasha. 39 Nta wanyoye umuvinyu umaze igihe kirekire yonywa mushasha, kuko avuga ati: “Uwumaze igihe kirekire ni wo mwiza.”»
6 Umusi umwe, Yezu yariko aca mu mirima y’ingano kw’isabato, hanyuma abigishwa biwe baha* amahundo y’intete+, bayavungurira mu ntoke maze barayarya+. 2 Bamwe mu Bafarizayo babibonye, baca bavuga bati: «Kubera iki muriko mukora ibintu bitemewe gukorwa kw’isabato+?» 3 Yezu aca abishura ati: «Mbega ntimwigeze musoma ico Dawidi yakoze igihe we n’abantu bari kumwe na we basonza+? 4 Yarinjiye mu nzu y’Imana maze bamuha imikate y’ishikanwa*, arayirya yongera ahako n’abo bari kumwe, kandi ata muntu n’umwe yari yemerewe kuyirya kiretse abaherezi+.» 5 Yongerako ati: «Umwana w’umuntu arafise ububasha kw’isabato*+.»
6 Ku wundi musi w’isabato+, yinjira mw’isinagogi, atangura kwigisha. Aho mw’isinagogi hariyo umugabo afise ukuboko kw’ukuryo kumugaye*+. 7 Abanditsi n’Abafarizayo bariko bihweza Yezu bitonze ngo barabe ko akiza kw’isabato, kugira baronke ico bamwagiriza. 8 Ariko Yezu yari azi ivyo bariko bariyumvira+. Maze abwira uwo mugabo afise ukuboko kumugaye ati: «Haguruka uhagarare hagati.» Aca arahaguruka, ahagarara ng’aho. 9 Maze Yezu ababwira ati: «Reka ndababaze: Mbega kw’isabato vyoba vyemewe gukora igikorwa ciza canke kibi, gukiza umuntu canke kumwica+?» 10 Amaze kweraguza abaraba bose, aca abwira uwo mugabo ati: «Ramvura ukuboko kwawe.» Aca arakuramvura, guca kurakira. 11 Baca bararungura n’ishavu, batangura kuvugana kugira barabe uko bogira Yezu.
12 Umusi umwe yaraduze ku musozi gusenga+, amara ijoro ryose ariko arasenga Imana+. 13 Bukeye, ahamagara abigishwa biwe maze atoramwo 12, ari na bo kandi yise intumwa+. 14 Na bo ni aba: Simoni ari na we yise Petero, mwenewabo Andereya, Yakobo, Yohani, Filipo+, Barutelemi, 15 Matayo, Toma+, Yakobo mwene Alufayo, Simoni ari we batazira «Umunyamwete», 16 Yuda mwene Yakobo hamwe na Yuda Isikariyoti, ari we yahavuye aba umuhemu.
17 Aca amanukana na bo, ahagarara ahantu haringaniye. Ng’aho hariho abigishwa biwe benshi hamwe n’isinzi ry’abantu bavuye i Yudaya hose, i Yeruzalemu no mu karere k’i Tiro n’i Sidoni kari ku nkengera y’ikiyaga, kugira bamwumvirize no kugira abakize indwara. 18 Mbere n’abantu basinzikajwe n’impwemu mbi* yarabakiza. 19 Kandi abo bantu bose baguma barondera kumukorako, kuko ububasha bwamuvamwo+ bukabakiza bose.
20 Hanyuma yunamura amaso araba abigishwa biwe, maze avuga ati:
«Murahiriwe mwebwe abakene, kuko Ubwami bw’Imana ari ubwanyu+.
21 Murahiriwe mwebwe mushonje ubu, kuko muzohazwa+.
Murahiriwe mwebwe muriko murarira ubu, kuko muzotwenga+.
22 Muzoba muhiriwe igihe cose abantu bazoba babanse+ bakabakumira+, bakabatuka kandi bagacafuza izina ryanyu* kubera Umwana w’umuntu. 23 Muze munezerwe kuri uwo musi, mutambe mutarike kuko impembo yanyu ari nini mw’ijuru. Ivyo nyene ni vyo ba sekuruza babo bahora bagirira abahanuzi+.
24 Ariko muragowe mwebwe abatunzi+, kuko mumaze kuronka uruhoza rwanyu rwose+.
25 Muragowe mwebwe muhaze ubu, kuko muzosonza.
Muragowe mwebwe muriko muratwenga ubu, kuko muzogandara kandi mukarira+.
26 Muzoba mugowe igihe abantu bose bazoba babavuga neza+, kuko ivyo ari vyo ba sekuruza babo bagirira abahanuzi b’ikinyoma.
27 Ariko mwebwe muriko muranyumviriza ndababwiye nti: Mubandanye gukunda abansi banyu, kugirira neza ababanka+, 28 guhezagira ababavuma no gusengera ababatuka+. 29 Uwugukubise kw’itama rimwe uratega n’irindi akubiteko, kandi uwugutwaye umutamana* ntumwime n’ikanzu*+. 30 Ntiwime uwugusavye+, kandi uwukunyaze ivyawe ntumusabe ngo abigusubize.
31 Vyongeye, ivyo mushaka ko abandi babagirira, abe ari vyo namwe mubagirira+.
32 Nimwakunda ababakunda, muzoshimwa iki? Erega n’abacumuzi barakunda ababakunda+. 33 Kandi nimwakorera iciza ababakorera iciza, muzoshimwa iki? Erega n’abacumuzi bagira nk’ivyo nyene. 34 Vyongeye, nimwaha ingurane* abo mwiteze ko bazobasubiza, muzoshimwa iki+? Erega n’abacumuzi baragurana abacumuzi biteze ko bazobasubiza ivyo babaguranye vyose. 35 Ahubwo mubandanye gukunda abansi banyu, gukora iciza no kugurana abandi ata co mwiteze gusubizwa+. Impembo yanyu rero izoba nini, kandi muzoba abana ba Musumbavyose, kuko agirira neza intashima n’ababisha+. 36 Mubandanye kuba abanyembabazi, nk’uko na So wanyu ari umunyembabazi+.
37 Vyongeye, nimureke guca urubanza, ni ho namwe mutazocirwa urubanza+. Nimureke gutsindisha abandi mu rubanza, kugira namwe ntimuzotsindishwe. Mugume mubabarira* abandi, namwe muzobabarirwa*+. 38 Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha+. Bazobasukira mu mpuzu* zanyu ingero yuzuye, itsindagiye, inyingishe kandi isesekaye. Ingero mupimisha ni yo namwe bazobapimirako.»
39 Abaha ikindi kigereranyo ati: «Mbega impumyi yoshobora kuyobora iyindi mpumyi? None zose ntizoca zigwa mu cobo+? 40 Umunyeshure* ntaruta umwigisha wiwe, ariko umuntu wese yigishijwe neza azoba nk’umwigisha wiwe. 41 Kubera iki none uraba akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu, ariko nturabe ikigiga kiri mu jisho ryawe+? 42 Wobwira gute mwenewanyu ngo: “Mwenewacu, tega ngutosore akatsi kari mu jisho ryawe”, kandi na wewe nyene utabona ikigiga kiri mu jisho ryawe? Wa mwiyorobetsi we! Banza ukure ikigiga kiri mu jisho ryawe, uzoheza ubone neza ingene utosora akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu.
43 Igiti ciza ntigishobora kwama ivyamwa bibi*, kandi igiti kibi* ntigishobora kwama ivyamwa vyiza+. 44 Igiti cose kimenyekanira ku vyamwa vyaco+. Nk’akarorero, abantu ntibashobora kwaha insukoni ku mahwa, kandi ntibashobora kwaha inzabibu ku gisaka c’amahwa. 45 Umuntu mwiza asohora ibintu vyiza mw’itunga ryiza ryo mu mutima wiwe, ariko umuntu mubi asohora ibintu bibi mw’itunga ryiwe ribi. Erega ivyuzuye mu mutima ni vyo akanwa kavuga+.
46 Kubera iki none mumpamagara ngo: “Mukama! Mukama!”, ariko ntimukore ivyo mvuga+? 47 Reka ndababwire ingene umuntu wese aza iwanje, akumviriza amajambo yanje kandi akayashira mu ngiro, aba ameze+: 48 Ameze nk’umugabo mu kwubaka inzu yimvye gushika kure kugira ashinge umushinge ku gitandara. Igihe isegenya rero ryatera, uruzi rwarisutse kuri iyo nzu, ariko ntirwashoboye kuyinyiganyiza kubera yari yubatswe neza+. 49 Ariko umuntu wese yumva amajambo yanje mugabo ntayashire mu ngiro+, ameze nk’umuntu yubatse inzu kw’ivu gusa, ntayihe umushinge. Uruzi rwarayisutseko, ica irabomoka ubwo nyene, emwe irasenyuka yose.»
7 Ahejeje kubwira abantu ivyo yashaka kubabwira, aca yinjira i Kaperinawumu. 2 Ico gihe hari umusuku w’intwazangabo imwe yari aremvye kandi yari mu gupfa+. Iyo ntwazangabo yaramukunda cane. 3 Iyo ntwazangabo yumvise ivyerekeye Yezu, ica ituma abashingantahe bakeyi b’Abayuda ngo bamusabe aze gukiza uwo musuku wayo. 4 Baza aho Yezu ari maze baramwinginga bashimitse. Bamubwira bati: «Arabereye ko ubimukorera, 5 kuko akunda ihanga ryacu kandi ni we yatwubakiye isinagogi.» 6 Yezu aca ajana na bo. Ariko ashitse hafi y’umuhana, ya ntwazangabo ituma abagenzi kumubwira bati: «Mushinganta, ntiwirirwe urigora, kuko bitambereye ko winjira mu nzu yanje+. 7 Ni co gituma nabonye ko ntabereye kuza aho uri. Ariko bivuge gusa, umusuku wanje arakira. 8 Erega na jewe ndafise abo ngamburukira, kandi ndafise n’abasoda ngaba. Iyo mbwiye umwe nti: “Genda!”, aragenda. Mbwiye uwundi nti: “Ingo!”, araza. Kandi iyo mbwiye umushumba wanje nti: “Kora iki!”, aragikora.» 9 Yezu yumvise ayo majambo arumirwa. Aca arahindukira, abwira isinzi ry’abantu ryariko riramukurikira ati: «Ndabibabwiye, mbere no muri Isirayeli, nta muntu afise ukwizera kungana gutya nari bwabone+.» 10 Abari barungitswe n’iyo ntwazangabo basubiye muhira, basanga wa musuku yakize+.
11 Haciye igihe gitoyi, aja mu gisagara citwa Nayini, kandi yari kumwe n’abigishwa biwe n’isinzi rinini ry’abantu. 12 Yegereye irembo ry’igisagara, abona abantu batwaye umuntu yapfuye, akaba ari we mwana wenyene* nyina yari afise+. Vyongeye, yari umupfakazi kandi yari kumwe n’isinzi ry’abantu benshi bavuye mu gisagara. 13 Umukama amubonye, amutera ikigongwe+, aca amubwira ati: «Reka kurira+.» 14 Aca aregera akora ku nderuzo, abayiteruye baca barahagarara. Maze avuga ati: «Musore, ndabikubwiye: Haguruka+!» 15 Wa muntu yari yapfuye aca aricara, atangura kuvuga. Yezu aca amuha nyina+. 16 Bose baca batekerwa n’ubwoba, batangura kuninahaza Imana, bavuga bati: «Habonetse umuhanuzi akomeye muri twebwe+», kandi bati: «Imana yitayeho abantu bayo+.» 17 Iyo nkuru imwerekeye ica ikwiragira i Yudaya hose no mu karere kose kahakikuje.
18 Abigishwa ba Yohani baraheza biganira Yohani ivyo bintu vyose+. 19 Yohani aca ahamagara babiri mu bigishwa biwe, abatuma kubaza Umukama bati: «Woba uri umwe twari twiteze+, canke turindire uwundi?» 20 Bashikiriye Yezu, bamubwira bati: «Yohani Umubatizi adutumye tukubaze ngo: “Woba uri umwe twari twiteze, canke turindire uwundi?”» 21 Muri uwo mwanya nyene, aca akiza abantu benshi indwara+, izikomeye n’izidakomeye, yirukana impwemu mbi yongera atuma impumyi nyinshi zisubira kubona. 22 Aca abishura ati: «Genda mubwire Yohani ivyo mwabonye n’ivyo mwumvise: impumyi ubu zirabona+, abacumbagira baratambuka, abanyamibembe barahumanurwa, abatumva barumva+, abapfuye barazurwa kandi abakene barabwirwa inkuru nziza+. 23 Hahiriwe umuntu adatsitazwa n’ivyanje+.»
24 Abo bagabo Yohani yatumye bamaze kugenda, Yezu atangura kubwira amasinzi y’abantu ivyerekeye Yohani ati: «Mwagiye mu bugaragwa kuraba iki? Irenga rihungabanywa n’umuyaga+? 25 None mwagiye kuraba iki? Umuntu yambaye impuzu nzizanziza*+? Erega abambara impuzu nzizanziza kandi bibera mu bihinda bari mu nzu z’abami. 26 None vy’ukuri mwagiyeyo kuraba iki? Kuraba umuhanuzi? Emwe ndabibabwiye, mbere araruta umuhanuzi kure n’iyo+. 27 Uwo ni umwe avugwa mu vyanditswe ngo: “Ehe ntumye intumwa yanje imbere yawe, kandi izotegura inzira imbere yawe+.” 28 Ndabibabwiye, mu bantu bose babayeho* nta wuruta Yohani. Ariko umuntu mutoyi mu Bwami bw’Imana aramuruta+.» 29 (Abantu bose n’abatozakori bavyumvise, baca batangaza ko Imana igororotse, kuko bari babatijwe ibatisimu ya Yohani+. 30 Ariko Abafarizayo n’abahinga b’amategeko baranse impanuro y’Imana ku biberekeye+, kuko batari babatijwe na Yohani.)
31 Yezu abandanya kuvuga ati: «Mbega abantu b’iki gihe* ndabagereranye na bande? Bameze nka bande+? 32 Bameze nk’abana bicaye mw’isoko, basemerera babwirana bati: “Twabavugirije umwironge ariko ntimwatamvye. Twaboroze ariko ntimwarize.” 33 Muri ubwo buryo nyene, Yohani Umubatizi yaje atarya umukate kandi atanywa umuvinyu+, ariko muvuga ngo: “Arimwo idayimoni.” 34 Umwana w’umuntu yaje arya, anywa, ariko muvuga ngo: “Ng’uyu umukunzi w’inda kandi yatwawe n’umuvinyu, umugenzi w’abatozakori n’abacumuzi+!” 35 Ariko ubukerebutsi bubonekera ku bikorwa vyabwo vyose*+.»
36 Umwe mu Bafarizayo aguma atumira Yezu ngo aze gufungura muhira iwe. Yezu aca yinjira mu nzu iwe, araheza yicara ku meza. 37 Maze umugore yari azwi ko ari umucumuzi muri ico gisagara, amenya ko Yezu yariko arafungura* mu nzu y’uwo Mufarizayo, aca azana agacupa* karimwo amavuta amota neza+. 38 Hanyuma aja inyuma ku birenge vyiwe, atangura kurira. Aza arajobeka ibirenge vya Yezu n’amosozi yiwe, akaza arabihanaguza imishatsi yiwe. Vyongeye, yaza arasomana ikibabarwe ibirenge vya Yezu, kandi akabisukako ya mavuta amota neza. 39 Wa Mufarizayo yamutumira abibonye, aca yibwira ati: «Iyaba uwu muntu ari umuhanuzi vy’ukuri, yari kumenya uwu mugore ariko aramukorako uwo ari we n’ingene ameze, akamenya ko ari umucumuzi+.» 40 Ariko Yezu amwishura ati: «Simoni, hari ikintu nshaka kukubwira.» Na we ati: «Mwigisha, mbwira!»
41 Yezu aca avuga ati: «Abantu babiri bari bafitiye ideni umuntu: umwe yari amufitiye idenariyo* 500, uwundi na we 50. 42 Babuze ico bamwishura, bose yaciye abahebera ideni bamufitiye*. None muri abo babiri wumva ari nde azomukunda cane?» 43 Simoni amwishura ati: «Nibaza ko ari uwo yahebeye ideni rinini.» Yezu aca amubwira ati: «Wishuye neza.» 44 Aca arahindukira araba uwo mugore, maze abwira Simoni ati: «Urabona uyu mugore? Igihe ninjira mu nzu yawe, nta mazi wampaye yo kunyoza ibirenge. Ariko uyu mugore yatotesheje ibirenge vyanje amosozi yiwe, aca abihanaguza umushatsi wiwe. 45 Ntiwansomye, ariko kuva ninjiye ng’aha, uyu mugore yagumye asomana ikibabarwe ibirenge vyanje. 46 Ntiwansutse amavuta ku mutwe, ariko uyu mugore yasutse amavuta amota neza ku birenge vyanje. 47 Ku bw’ivyo, ndakubwiye ko ababariwe ibicumuro vyiwe naho ari vyinshi*+, kuko yerekanye urukundo rwinshi. Ariko uwubabariwe bike, yerekana urukundo ruke.» 48 Yezu aca abwira uwo mugore ati: «Ibicumuro vyawe birababariwe+.» 49 Abari bicaranye na we ku meza baca batangura kubwirana bati: «Uyu muntu ni nde ku buryo ababarira n’ibicumuro+?» 50 Mugabo abwira uwo mugore ati: «Ukwizera kwawe kuragukijije+. Niwigire amahoro.»
8 Haciye igihe gitoyi, Yezu afata urugendo ava mu gisagara aja mu kindi, ava mu kigwati aja mu kindi, yamamaza yongera atangaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana+, kandi bamwe cumi na babiri bari kumwe na we. 2 Yari kumwe kandi n’abagore bamwebamwe yari yarakijije impwemu mbi n’indwara zitandukanye, ari bo Mariya umwe bita Magadalena, uwo amadayimoni indwi yari yaravuyemwo, 3 Yohana+ umugore wa Kuza yari ajejwe ivyo kwa Herodi, na Suzana be n’abandi bagore benshi babitwararika bakoresheje ivyo batunze+.
4 Maze isinzi rinini rikoranira hamwe n’abantu bo mu bisagara bitandukanye bariko baza kuri we, araheza abaha ikigereranyo+ ati: 5 «Umubivyi yaragiye kubiba imbuto. Hanyuma ariko arabiba, zimwe zigwa iruhande y’inzira maze abantu barazihonyanga, inyoni zo mu kirere na zo zirazirya+. 6 Izindi zaguye ku gitandara, hanyuma zimaze kumera, zica ziruma kubera zitaronse amazi+. 7 Izindi zaguye mu mahwa, hanyuma ayo mahwa akurana na zo, atuma zizingama+. 8 Ariko izindi zaguye mw’ivu ryiza, hanyuma zirakura maze zama incuro 100+.» Ahejeje kuvuga ivyo bintu, aca arasemerera ati: «Uwuri n’amatwi niyumve+.»
9 Abigishwa biwe baca bamubaza insobanuro y’ico kigereranyo+. 10 Abishura ati: «Mwebwe mwarahawe gutahura amabanga meranda y’Ubwami bw’Imana, ariko abandi ndabigisha mu bigereranyo+, kugira ngo naho baraba ntihagire ico babona, kandi naho bumva ntihagire ico batahura+. 11 Ng’iyi insobanuro y’ico kigereranyo: Imbuto ni ijambo ry’Imana+. 12 Izaguye iruhande y’inzira, zigereranya abantu bumva ijambo ry’Imana maze Shetani* agaca aza agatwara iryo jambo arikuye mu mitima yabo, kugira ntibizere ngo barokoke+. 13 Izaguye ku gitandara, zigereranya abantu bumva iryo jambo bakaryakira n’akanyamuneza, mugabo ntibashinge imizi. Bizera akanya gatoyi ariko ibigeragezo bije bagaca batemba+. 14 Izaguye mu mahwa na zo, zigereranya abumva iryo jambo mugabo bagaca batwarwa n’amaganya, ubutunzi+ n’ibinezereza vy’ubu buzima+ ku buryo bibazingamika, ntibigere bashika ku buhumure+. 15 Izaguye mw’ivu ryiza, zigereranya abantu bafise umutima mwiza kandi bameze neza+. Bamaze kwumva iryo jambo bararigumya hanyuma bakama ivyamwa bihanganye+.
16 Nta wodomeka itara ngo ace aripfuka ikintu canke ngo arishire munsi y’igitanda, ahubwo arishira ku co bariterekako kugira abinjira babone umuco+. 17 Kuko ata kintu na kimwe canyegejwe kitazoja ahabona, kandi nta kintu na kimwe cagizwe ibanga kitazomenyekana ngo kije ku mugaragaro+. 18 Mwitwararike rero ukuntu mwumviriza, kuko uwufise azokwongerwa n’ibindi+, mugabo uwudafise, n’ivyo yiyumvira ko afise azovyakwa+.»
19 Nuko nyina wiwe na benewabo+ baza kumuraba, ariko ntibashobora kumushikira kubera isinzi ry’abantu+. 20 Abantu baca bamubwira bati: «Nyoko wawe na benewanyu bahagaze hanze, kandi bashaka kukubona.» 21 Abishura ati: «Mawe na benewacu ni aba bumva ijambo ry’Imana bakarishira mu ngiro+.»
22 Umusi umwe, Yezu yaruriye ubwato ari kumwe n’abigishwa biwe, hanyuma ababwira ati: «Tujabuke tuje ku yindi nkengera y’ikiyaga.» Baca baragenda+. 23 Mugabo bariko baragenda, Yezu aca arasinzira. Nuko haduka igihuhusi gikomeye mu kiyaga, ubwato bwabo butangura kwuzura amazi, ku buryo baja mu kaga+. 24 Baca baramuvyura, bamubwira bati: «Mwigisha, Mwigisha, turapfuye!» Aca arahaguruka, akankamira uwo muyaga n’iyo mikuba ikomeye, bica birahwama, haratekana+. 25 Maze ababwira ati: «Ukwizera kwanyu kuri hehe?» Mugabo batekerwa n’ubwoba, baratangara cane, babwirana bati: «None uyu muntu ni bwoko ki? Mbere n’umuyaga n’amazi arabitegeka bikamwumvira+!»
26 Hanyuma bashika ku nkengera y’ikiyaga mu karere k’Abageraseni+ gaherereye ku ruhande rurabana na Galilaya. 27 Yezu avuye mu bwato, ahura n’umugabo arimwo idayimoni wo muri ico gisagara. Hari haheze igihe kirekire atambara impuzu kandi ntiyaba mu nzu, ahubwo yibera mw’itongo ry’abapfuye*+. 28 Abonye Yezu, aca avuza induru maze apfukama* imbere y’ibirenge vyiwe, arasemerera ati: «Dupfa iki nawe ga Yezu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Ndagutakambiye ntumbabaze+.» 29 (Kuko yari yategetse iyo mpwemu mbi* ngo ive muri uwo muntu. Yari imaze kumufata kenshi*+. Akatari gake baramubohesha iminyororo n’amapingu, bakaguma bamucunze, ariko yarabicagagura maze iyo dayimoni ikamujana mu gahinga.) 30 Yezu amubaza ati: «Witwa nde?» Na we amwishura ati: «Legiyoni», kuko amadayimoni menshi yari yaramwinjiyemwo. 31 Kandi ayo madayimoni yaguma yinginga Yezu ngo ntayategeke kuja mu nyenga*+. 32 Ico gihe hari ubusho bw’ingurube+ nyinshi zariko zirarisha ng’aho ku musozi. Ayo madayimoni aca aramwinginga ngo ayareke yinjire muri izo ngurube. Na we arayemerera+. 33 Ayo madayimoni aca ava muri uwo muntu yinjira muri izo ngurube. Ubwo busho buca bushunguruka imanga, bugwa mu kiyaga maze buratwarwa. 34 Ariko abungere babonye ibibaye, baca barahunga, baja kwigana iyo nkuru mu gisagara no hagati mu gihugu.
35 Abantu baca baza kuraba ivyari vyabaye. Baza aho Yezu ari, basanga wa mugabo yahoze arimwo amadayimoni yicaye imbere ya Yezu, yambaye kandi ubwenge bwiwe busigaye bukora neza. Baca batekerwa n’ubwoba. 36 Abari babibonye baca biganira abo bantu ingene uwo mugabo yahoze arimwo amadayimoni yakize. 37 Abantu benshi bo mu karere k’Abageraseni baca basaba Yezu ngo abavireho, kuko bari batekewe n’ubwoba bwinshi. Yezu aca yurira ubwato kugira agende. 38 Ariko wa mugabo yahoze arimwo amadayimoni aguma amwinginga ngo bagumane, mugabo Yezu aramurungika, amubwira ati+: 39 «Subira muhira, ugume wigana ivyo Imana yakugiriye.» Aca aragenda, atangaza mu gisagara hose ibintu Yezu yamugiriye.
40 Yezu agarutse, isinzi rimwakira neza, kuko bose bari bamwiteze+. 41 Mugabo haza umugabo yitwa Yayiro, kandi yari umukuru w’isinagogi. Aca arapfukamira Yezu, atangura kumwinginga ngo aze muhira iwe+, 42 kuko umukobwa wiwe w’ikinege w’imyaka 12 yagira apfe.
Igihe Yezu yariko arajayo, abantu isinzi batangura kumuhundarako. 43 Ico gihe ng’aho hariho umugore yari amaze imyaka 12 ava amaraso+, kandi nta n’umwe yari bwashobore kumukiza+. 44 Azanana inyuma yiwe, akora ku buyonga bw’impuzu yiwe+, ubwo nyene aca arareka kuva amaraso. 45 Yezu aca abaza ati: «Ni nde ankozeko?» Bose batanguye kubihakana, Petero aca avuga ati: «Mwigisha, isinzi ry’abantu ryagukikuje kandi ririko riraguhundarako+.» 46 Mugabo Yezu avuga ati: «Hari umuntu yankozeko, kuko numvise ububasha+ bumvuyemwo.» 47 Nya mugore abonye ko vyamenyekanye, aca araza ajugumira maze aramupfukamira, avugira imbere y’abantu bose icatumye amukorako n’ingene yaciye akira ubwo nyene. 48 Mugabo Yezu amubwira ati: «Mukobwa wanje, ukwizera kwawe kuragukijije. Niwigire amahoro+.»
49 Akiriko aravuga, haza umuntu aserukira umukuru w’isinagogi maze avuga ati: «Umukobwa wawe yapfuye. Ntiwirirwe uragora Mwigisha+.» 50 Yezu avyumvise, amubwira ati: «Ntutinye, we niwizere gusa, araza gukira+.» 51 Ashitse muhira, ntiyareka ngo hagire uwundi binjirana kiretse Petero, Yohani, Yakobo hamwe na se w’uyo mwana na nyina wiwe. 52 Abantu bose bariko bararira bongera bikubitagura ku gikiriza kubera intuntu. Yezu aca avuga ati: «Nimureke kurira+, kuko atapfuye, ahubwo arasinziriye+.» 53 Baca batangura kumutwengera mw’ijigo, kuko bari bazi ko yapfuye. 54 Aca amufata ukuboko, amubwira ati: «Mukobwa wanje, haguruka+!» 55 Aca asubira kuba muzima*+, ubwo nyene aca arahaguruka+. Yezu aca ategeka ko bamugaburira. 56 Abavyeyi biwe bararengerwa n’umunezero, mugabo Yezu abategeka kutagira umuntu n’umwe babibwira+.
9 Mu nyuma, akoranya bamwe cumi na babiri, abaha ubushobozi n’ububasha bwo kwirukana amadayimoni+ yose no gukiza indwara+. 2 Maze abarungika kwamamaza Ubwami bw’Imana no gukiza abarwaye, 3 ababwira ati: «Ntihagire ikintu na kimwe mwitwaza, yaba inkoni, umufuko w’ibifungurwa, umukate canke amahera*, kandi ntimutware n’impuzu yo kwihindura*+. 4 Nihagira uwubakira mu nzu iwe, mugumeyo gushika muhavuye+. 5 Ahantu hose abantu banse kubakira, muvuyeyo muzoce mukunkumura umukungugu uri ku birenge vyanyu, kugira bibabere icabona kibagiriza+.» 6 Baca bafata inzira, bakwiragira ako karere kose bava mu kigwati baja mu kindi, bagenda baratangaza inkuru nziza bongera bakiza indwara ahantu hose+.
7 Nuko Herodi* buramatari w’intara ya Galilaya yumva ibintu vyose vyariko biraba. Aca arazazanirwa cane, kubera bamwe bavuga ko ari Yohani yazuwe mu bapfuye+, 8 abandi bakavuga ko ari Eliya yagarutse, abandi na bo ngo ni umwe mu bahanuzi ba kera yazutse+. 9 Herodi aca avuga ati: «Ko Yohani namuciye umutwe+, none uwo muntu numvako ivyo bintu ni nde?» Aguma arondera kumubona+.
10 Intumwa za Yezu zigarutse, zimwiganira ibintu vyose zakoze+. Aca azijana mu gisagara citwa Betsayida kugira bamare akanya ari bonyene+. 11 Mugabo amasinzi y’abantu abimenye, aca aramukurikira. Na we abakira neza, aca atangura kubabwira ivyerekeye Ubwami bw’Imana yongera akiza abarwaye+. 12 Butanguye kwira, bamwe cumi na babiri baraza, bamubwira bati: «Rungika abo bantu baje mu mihana no mu bigwati vyo mu micungararo kurondera uburaro n’ivyo kurya, kuko ng’aha turi mu gahinga+.» 13 Mugabo ababwira ati: «Mwebwe nimubahe ivyo barya+.» Bamwishura bati: «Nta kindi dufise atari imikate itanu n’udufi tubiri. Kiretse twebwe tugiye tukagurira abo bantu bose ivyo barya.» 14 Hariho nk’abagabo 5.000. Mugabo abwira abigishwa biwe ati: «Nimubicarike mu migwi y’abantu nka mirongo itanitanu.» 15 Baca bagira ukwo nyene, barabicarika bose. 16 Araheza atora ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru maze arabihezagira. Aca arabimanyagura, atangura kubihereza abigishwa, na bo babiha iryo sinzi. 17 Bose bararya barahaga, hanyuma begeranya utumanyu twasigaye, twuzura ibiseke 12+.
18 Mu nyuma, igihe yariko arasenga ari wenyene, abigishwa biwe baza aho ari maze ababaza ati: «Abantu bavuga ko ndi nde+?» 19 Bamwishura bati: «Bamwe bavuga ngo uri Yohani Umubatizi, abandi ngo uri Eliya, abandi na bo ngo uri umwe mu bahanuzi ba kera yazutse+.» 20 Aca ababaza ati: «Mweho muvuga ko ndi nde?» Petero amwishura ati: «Uri Kristu w’Imana+.» 21 Aca arabihanikiriza ashimitse ngo ntihagire umuntu n’umwe babibwira+. 22 Yongerako ati: «Umwana w’umuntu ategerezwa gushikirwa n’imibabaro myinshi no kwankwa n’abashingantahe, abakuru b’abaherezi n’abanditsi, hanyuma akicwa+ maze akazurwa ku musi ugira gatatu+.»
23 Araheza abwira abantu bose ati: «Nimba hari uwushaka kunkurikira, niyiyanke+, yikorere igiti ciwe co kubabarizwako* ku musi ku musi, hanyuma agume ankurikira+. 24 Kuko uwushaka gukiza ubuzima bwiwe azobubura, ariko uwubuheba kubera jewe ni we azoburokora+. 25 Mu vy’ukuri, bimaze iki kwunguka isi yose ariko ukahasiga ubuzima canke ukamererwa nabi+? 26 Uwo wese aterwa isoni nanje be n’amajambo yanje, n’Umwana w’umuntu azoterwa isoni na we niyaza mu buninahazwa bwiwe hamwe n’ubwa Se n’ubw’abamarayika beranda+. 27 Ariko ndababwije ukuri, bamwe mu bari ng’aha ntibazogenda bapfuye* batabanje kubona Ubwami bw’Imana+.»
28 Haciye imisi umunani avuze ivyo bintu, ahitana Petero, Yohani na Yakobo, maze aduga ku musozi gusenga+. 29 Ariko arasenga, mu maso hiwe harahinduka, impuzu ziwe na zo zirera, zisigara zica ibibatsi. 30 Ubwo nyene baza babona abagabo babiri bariko bavugana na we. Yari Musa na Eliya. 31 Baboneka bafise ubuninahazwa, maze batangura kuvugana ibijanye n’ukugenda kwiwe akava mw’isi, kukaba kwategerezwa kubera i Yeruzalemu+. 32 Petero n’abari kumwe na we bari baremerewe n’itiro. Mugabo bikanguye, babona ubuninahazwa bwiwe+ na ba bagabo babiri bari kumwe na we. 33 Nya bagabo bavanye na Yezu, Petero aca amubwira ati: «Mwigisha, ni vyiza cane kuba turi ng’aha. Reka rero twubake amahema atatu: rimwe ryawe, irindi rya Musa n’irindi rya Eliya.» Ariko ntiyatahura ivyo ariko aravuga. 34 Akiriko aravuga, haca haza igicu gitangura kubatwikira. Ico gicu gitanguye kubatwikira, baca bagira ubwoba. 35 Haca humvikana ijwi+ rivuye muri nya gicu riti: «Uyu ni Umwana wanje, uwo natoye+. Nimumwumvirize+.» 36 Iryo jwi rikiriko riravuga, babona Yezu ari wenyene. Mugabo baguma bahoze, kandi bamaze imisi ata muntu n’umwe barabwira ivyo babonye+.
37 Bukeye, bamanutse bavuye ku musozi, isinzi ry’abantu rica riza gutegera Yezu+. 38 Umugabo umwe ari muri iryo sinzi aca arasemerera ati: «Mwigisha, ndakwinginze ufashe* umuhungu wanje, kuko ndamufise ari umwe gusa+. 39 Impwemu mbi iramufata, ubwo nyene agaca akoma induru. Iramujegeza, akabimba ifuro mu kanwa kandi imuvamwo bigoranye ibanje kumukomeretsa. 40 Ninginze abigishwa bawe ngo bayirukane, ariko ntibabishoboye.» 41 Yezu aca avuga ati: «Mbega urunganwe* rw’abantu batagira ukwizera kandi bononekaye+! Nzogumana namwe kugeza ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Zana uwo muhungu wawe ng’aha+.» 42 Mugabo n’igihe nyene yariko aregera, iyo dayimoni ica iramukubita hasi, iramujegeza cane. Ariko Yezu aca arakankamira iyo mpwemu mbi* maze akiza uwo muhungu, amushikiriza se wiwe. 43 Abantu bose baca batangazwa cane n’ububasha bukomeye bw’Imana.
Bose bagitangariye ibintu vyose yariko arakora, Yezu aca abwira abigishwa biwe ati: 44 «Nimwumvirize neza kandi mwibuke iki kintu: Umwana w’umuntu azotangwa mu maboko y’abantu+.» 45 Mugabo ntibatahuye ivyo yariko aravuga. Nkako, barabihishijwe ngo ntibabitahure, kandi baratinya kumubaza ibibazo ku bijanye n’ico kintu.
46 Intumwa zica zitangura guharira zirondera kumenya uwari mukuru muri bo+. 47 Yezu amenya ivyo bariko bariyumvira, aca afata umwana mutoyi, amuhagarika iruhande yiwe 48 maze ababwira ati: «Uwo wese yakiriye uyu mwana mutoyi kubera izina ryanje, na jewe aba anyakiriye. Kandi uwo wese anyakiriye, aba yakiriye n’uwantumye+. Kuko uwifata nk’umuntu mutoyi muri mwebwe mwese ari we mukuru+.»
49 Yohani aca avuga ati: «Mwigisha, twabonye umuntu yariko yirukana amadayimoni mw’izina ryawe, duca tugerageza kumubuza kubera atariko aragukurikira hamwe natwe+.» 50 Ariko Yezu amwishura ati: «Ntimugerageze kumubuza, kuko uwutabarwanya aba abashigikiye.»
51 Kubera ko igihe c’uko Yezu ajanwa mw’ijuru+ cari cegereje*, yari yiyemeje kuja i Yeruzalemu. 52 Aca arungika bamwe mu ntumwa ziwe kugira babe barategura ibintu imbere y’uko ashika. Nuko baragenda maze binjira mu kigwati c’Abasamariya. 53 Ariko abantu bo muri ico kigwati ntibamwakiriye+, kuko yari yiyemeje kuja i Yeruzalemu. 54 Abigishwa biwe, ari bo Yakobo na Yohani+ babibonye, baca bavuga bati: «Mukama, ushaka duhamagare umuriro uve mw’ijuru ubarigate+?» 55 Yezu aca arahindukira, arabakarira. 56 Baca baja mu kindi kigwati.
57 Bari mu nzira, umuntu umwe amubwira ati: «Nzogukurikira iyo uzoja hose.» 58 Yezu amwishura ati: «Imbwebwe zirafise imyobo zibamwo, n’inyoni zirafise ivyari. Ariko Umwana w’umuntu ntagira aho aryamika umusaya+.» 59 Aca abwira uwundi ati: «Nkurikira!» Na we amwishura ati: «Mukama, reka mbanze nje guhamba dawe+.» 60 Mugabo Yezu amwishura ati: «Reka abapfuye+ bahambe abapfuye babo. Wewe genda utangaze hose Ubwami bw’Imana+.» 61 Uwundi na we abwira Yezu ati: «Mukama, nzogukurikira. Ariko banza undeke nje gusezera abo mu rugo rwanje.» 62 Yezu amwishura ati: «Umuntu afashe isuka* hanyuma akaraba ibiri inyuma+, ntaba abereye Ubwami bw’Imana+.»
10 Inyuma y’ivyo, Umukama atora abandi bigishwa 70, abatuma ari babiribabiri+ mu bisagara vyose n’ahantu hose yagira aje. 2 Maze ababwira ati: «Emwe, ivyimburwa ni vyinshi, ariko abakozi ni bake. Nimwinginge rero uwujejwe iyimbura arungike abakozi mu vyimburwa vyiwe+. 3 Nimugende! Ndabatumye nk’imyagazi y’intama mu mabingira+. 4 Ntimutware amahera* canke umufuko w’ibifungurwa canke ibirato*+, kandi ntihagire uwo muramutsa* mu nzira. 5 Inzu yose mwinjiyemwo, mubanze muvuge muti: “Iyi nzu nigire amahoro+.” 6 Nimba ng’aho hariho umugenzi w’amahoro, amahoro yanyu azomuzako. Mugabo nimba ata wuhari, amahoro yanyu azobagarukako. 7 Nuko mugume muri iyo nzu+, murya mwongera munywa ivyo babahaye+, kuko umukozi akwiriye impembo+. Ntimugume mwimuka muva mu nzu imwe muja mu yindi.
8 Vyongeye, igisagara cose muzokwinjiramwo bakabakira, muze murye ivyo babazimanye, 9 mukize abarwaye bo muri co maze mubabwire muti: “Ubwami bw’Imana buri hafi yanyu+.” 10 Mugabo igisagara cose muzokwinjiramwo ntibabakire, muzoce muja mu mabarabara maninimanini yaho maze muvuge muti: 11 “Mbere n’umukungugu wo mu gisagara canyu wafashe ku birenge vyacu, turawukunkumuye kugira bibabere icabona+. Ariko mumenye ko Ubwami bw’Imana buri hafi.” 12 Ndababwiye ko ku musi w’urubanza, ivy’igihugu ca Sodomu bizoba bigendeka kuruta ivy’ico gisagara+.
13 Uragowe Korazini! Uragowe Betsayida! Kuko ibitangaro vyakorewe iwanyu iyo biza kuba vyakorewe i Tiro n’i Sidoni, abantu bo muri ivyo bisagara baba barigaye kera bambaye amagunira kandi bicaye mu minyota+. 14 Ni co gituma ku musi w’urubanza, ivya Tiro na Sidoni bizoba bigendeka kuruta ivyanyu. 15 Nawe Kaperinawumu, wibaza ko uzoduga gushika kw’ijuru? Ahubwo uzomanuka mu kuzimu!
16 Uwubumvirije na jewe aba anyumvirije+, kandi uwubakengereye na jewe aba ankengereye. Vyongeye, uwunkengereye aba akengereye n’uwantumye+.»
17 Bamwe 70 rero bagaruka banezerewe maze bamubwira bati: «Mukama, mbere n’amadayimoni aratwumvira dukoresheje izina ryawe+.» 18 Yezu ababwira ati: «Nabonye ko Shetani yamaze gukoroka+ nk’umuravyo ava mw’ijuru. 19 Ehe nabahaye ububasha bwo guhonyanga inzoka na za sikorupiyo*, n’ubwo kunesha ububasha bwose bw’umwansi+, kandi nta kintu na kimwe kizobagirira nabi. 20 Ariko ntimunezerwe n’uko impwemu zibumvira, ahubwo munezerwe n’uko amazina yanyu yanditswe mw’ijuru+.» 21 Muri uwo mwanya nyene, aca yuzura akanyamuneza kubera impwemu nyeranda maze avuga ati: «Ndagushemeza icese Dawe, Mukama w’ijuru n’isi, kuko ivyo bintu wabihishije inkerebutsi n’incabwenge+ uvyitondeye, ariko ukabihishurira abana batoyi. Ego cane Dawe, kuko washimye kubigenza gutyo+. 22 Dawe yarampaye ibintu vyose. Nta muntu n’umwe azi Umwana uwo ari we atari Dawe, kandi nta muntu n’umwe azi Dawe uwo ari we atari Umwana+ be n’uwo wese Umwana ashatse kumuhishurira+.»
23 Aca arahindukira araba abigishwa, maze ababwira ari bonyene ati: «Hahiriwe amaso abona ibintu muriko murabona+. 24 Ndababwiye ko abahanuzi benshi n’abami benshi bipfuje kubona ivyo muriko murabona, ariko ntibabibonye+. Baripfuje no kwumva ivyo muriko murumva, ariko ntibavyumvise.»
25 Umuntu umwe w’umuhinga mu vy’amategeko aca arahaguruka kugira amugeze, amubwira ati: «Mwigisha, nokora iki kugira nze ndonke ubuzima budahera+?» 26 Yezu amubwira ati: «Handitswe iki mu mategeko? Usomamwo iki?» 27 Na we amwishura ati: «“Utegerezwa gukunda Yehova* Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’inkomezi zawe zose n’ubwenge bwawe bwose+”, hamwe na “mugenzawe nk’uko wikunda+.”» 28 Aca amubwira ati: «Wishuye neza. Guma ukora ivyo uzoronka ubuzima+.»
29 Mugabo uwo muntu ashaka kwerekana ko ari umugororotsi+, aca abaza Yezu ati: «Mugenzanje ni nde?» 30 Yezu amwishura ati: «Umuntu umwe yariko aramanuka ava i Yeruzalemu aja i Yeriko maze agwa mu bambuzi. Baca baramwiba bongera baramukubita, hanyuma barigira bamusiga ari mu gupfa. 31 Bica bihurirana n’uko umuherezi umwe yariko amanukana iyo nzira, hanyuma amubonye, aca yicira hirya arirenganira. 32 N’Umulewi yarashitse aho hantu aramubona, aca yicira hirya arirenganira. 33 Ariko hari Umusamariya+ umwe yariko aca muri iyo nzira. Ashitse aho ari akamubona, amutera ikigongwe. 34 Aca aramwegera, atubika ibikomere vyiwe, abisukako amavuta n’umuvinyu. Araheza amwuriza ku gitungwa ciwe, amujana aho ingenzi zirara maze aramwitwararika. 35 Bukeye, aca asokorora idenariyo* zibiri aziha uwujejwe aho hantu, amubwira ati: “Uramwitwararika, kandi ikintu cose uzokoresha kirenze kuri ibi, nzokikuriha ngarutse.” 36 Muri abo batatu, ubona ari nde yabaye umugenzi+ w’uwo muntu yaguye mu bambuzi?» 37 Amwishura ati: «Ni uwo yamugiriye imbabazi+.» Yezu aca amubwira ati: «Genda nawe uze uragira ukwo nyene+.»
38 Hanyuma babandanya urugendo maze binjira mu kigwati kimwe. Umugore yitwa Marita+ aca aramwakira muhira iwe. 39 Uwo mugore yari afise mwenewabo yitwa Mariya. Uwo mwenewabo aca yicara imbere y’ibirenge vy’Umukama, aguma yumviriza ivyo avuga*. 40 Ariko Marita yari yatwawe n’ibikorwa vyinshi. Aca yegera Yezu, amubwira ati: «Mukama, nta co bikubwiye kubona mwenewacu yantanye ibikorwa? Mubwire aze amfashe.» 41 Umukama amwishura ati: «Marita, Marita, uriganyira kandi ugahagarikwa umutima n’ibintu vyinshi. 42 Ariko ibintu bikeyi ni vyo bikenewe, canke kimwe gusa. Mariya we yahisemwo umugabane mwiza+, kandi ntazowakwa.»
11 Igihe kimwe yari ahantu ariko arasenga. Ahejeje, umwe mu bigishwa biwe aca amubwira ati: «Mukama, twigishe gusenga nk’uko na Yohani yavyigishije abigishwa biwe.»
2 Abishura ati: «Igihe musenga, muvuge muti: “Dawe, izina ryawe niryezwe*+. Ubwami bwawe nibuze+. 3 Nuduhe ivyo kurya* buri musi, wisunze ivyo dukenera ku musi ku musi+. 4 Nutubabarire ibicumuro vyacu+ kuko natwe tubabarira umuntu wese aducumuyeko*+, kandi ntureke ngo dutsindwe n’ibigeragezo+.”»
5 Hanyuma ababwira ati: «Dufate ko umwe muri mwebwe afise umugenzi, hanyuma akaja iwe sasita z’ijoro, akamubwira ati: “Mugenzi, ngurana imikate itatu, 6 kuko hari umugenzi wanje ari ku rugendo ashitse iwanje, nkaba ntagira ico ndamuzimana.” 7 Na we ari mu nzu akamwishura ati: “Reka kungora. Namaze kwugara urugi kandi twe n’abana twamaze kuryama. Sinshobora kuvyuka ngo ndayiguhe.” 8 Ndababwiye ko azovyuka akamuha ivyo akeneye vyose, atari kubera ari umugenzi wiwe, ahubwo kubera yumiyeko akaguma amugobera+. 9 Nuko rero ndabibabwiye: Mugume musaba+, muzohabwa. Mugume murondera, muzoronka. Mugume mudodora, muzokwugururirwa+. 10 Kuko uwusaba wese ahabwa+, uwurondera wese aronka kandi uwudodora wese azokwugururirwa. 11 Nkako, ni nde muvyeyi muri mwebwe umwana wiwe yosaba ifi, na we akamuha inzoka aho kumuha ifi+? 12 Canke hamwe yomusaba irigi, yomuha sikorupiyo*? 13 Nimba rero mwebwe muzi guha ibintu vyiza abana banyu kandi muri babi, hari akantu So wanyu ari mw’ijuru! Mwumva yoreka guha impwemu nyeranda abayimusaba+?»
14 Mu nyuma, yirukana idayimoni yatuma umuntu aba umuragi+. Iyo dayimoni imaze kumuvamwo, uwo muntu aca aravuga maze isinzi ry’abantu riratangara cane+. 15 Mugabo bamwe muri bo bavuga bati: «Yirukana amadayimoni abifashijwe na Beyezebuli*, umutware w’amadayimoni+.» 16 Abandi na bo batangura kumusaba ikimenyetso+ kivuye mw’ijuru kugira bamugeze. 17 Yezu amenya ivyo bariko bariyumvira+, aca ababwira ati: «Ubwami bwose iyo bwiciyemwo ibice burahona, kandi urugo rwose iyo rwiciyemwo ibice rurasambuka. 18 Muri ubwo buryo nyene, nimba Shetani yiciyemwo ibice, wumva ubwami bwiwe bworama gute? Muvuga yuko nirukana amadayimoni mfashijwe na Beyezebuli. 19 Nimba nirukana amadayimoni mfashijwe na Beyezebuli, abana banyu bobo bayirukana bafashijwe na nde? Ni co gituma bazobacira urubanza*. 20 Ariko nimba nirukana amadayimoni mfashijwe n’urutoke rw’Imana+, Ubwami bw’Imana rero bwabashikiriye*+. 21 Igihe umuntu w’inguvu kandi afise ibirwanisho bikwiye acunze ikirimba ciwe, ibintu vyiwe vyigumira mu mutekano. 22 Ariko iyo umuntu amurusha inguvu aje kumurwanya akamutsinda, aca atwara ibirwanisho vyose yari yizigiye, maze akagaburira abandi ibintu yamunyaze. 23 Uwutari ku ruhande rwanje aba andwanya, kandi uwutegeraniriza hamwe nanje arasanzaza+.
24 Iyo impwemu mbi* ivuye mu muntu, ica ahantu humye irondera aho iruhukira ariko ikahabura. Ihabuze, ica ivuga iti: “Reka nsubire mu nzu yanje navuyemwo+.” 25 Ishitse, isanga ya nzu ikubuye neza kandi isharije. 26 Ica igenda kurondera izindi mpwemu indwi ziyirusha ububisha, maze zikinjira muri iyo nzu zikiberayo. Amaherezo, ivy’uwo muntu biba bibi kuruta ivya mbere.»
27 Akiriko aravuga ivyo bintu, umugore umwe yari muri iryo sinzi aca arasemerera, amubwira ati: «Hahiriwe inda yakuvyaye n’amabere wonse+!» 28 Ariko amwishura ati: «Oya, ahubwo hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarikurikiza+!»
29 Abantu batanguye kuba benshi, aca avuga ati: «Uru runganwe* ni urunganwe rw’abantu babi. Ruriko rurondera ikimenyetso, ariko nta kindi kimenyetso ruzohabwa atari ikimenyetso ca Yona+. 30 Nk’uko Yona+ yabaye ikimenyetso ku Banyaninewe, ni ko n’Umwana w’umuntu azoba ikimenyetso kuri uru runganwe. 31 Ku musi w’urubanza, wa mwamikazi wo mu bumanuko+ azozukira rimwe n’abantu b’uru runganwe abatsindishe, kuko yaje avuye ku mpera y’isi kugira yumve ubukerebutsi bwa Salomo. Ariko ng’aha hari uwuruta Salomo+. 32 Ku musi w’urubanza, abantu b’i Ninewe bazozukira rimwe n’abantu b’uru runganwe, kandi bazobatsindisha kuko bigaye aho bumviye ivyo Yona yamamaza+. Ariko ng’aha hari uwuruta Yona. 33 Nta muntu yodomeka itara ngo arishire ahantu hinyegeje canke munsi y’igiseke*, ahubwo arishira ku co bariterekako+ kugira abinjira babone umuco. 34 Itara ry’umubiri ni ijisho ryawe. Igihe ijisho ryawe ritumbereye ku kintu kimwe*, umubiri wawe wose na wo nyene urakayangana*. Ariko iyo riguma ryipfuza ivy’abandi*, n’umubiri wawe uba uri mu mwiza+. 35 Uraba maso rero kugira umuco uri muri wewe ntube ari umwiza. 36 Nimba umubiri wawe wose ukayangana, ata hantu na hamwe hari umwiza, umubiri wawe wose uzokayangana nka kurya kw’itara rikumurikira.»
37 Yezu ahejeje kuvuga ivyo bintu, Umufarizayo umwe aca aramutumira muhira iwe kugira amuzimane. Aca arinjira hanyuma yicara ku meza. 38 Ariko uwo Mufarizayo aratangara abonye Yezu atabanje gukaraba* imbere yo gufungura+. 39 Umukama aca amubwira ati: «Erega mwebwe Abafarizayo mwoza inyuma igikombe n’isahani, ariko imbere mwuzuye umwina n’ububisha+. 40 Mwa bijuju mwe! Mbega uwaremye inyuma si we yaremye n’imbere? 41 Igihe mufasha aboro*, nimutange ibivuye ku mutima, ivyanyu vyose rero bizoheza bibe ibityoroye. 42 Ariko muragowe mwa Bafarizayo, kuko mutanga ic’icumi ca menta*, ic’isogo* n’ic’izindi mboga zose+, ariko mukirengagiza ubutungane n’ugukunda Imana! Ivyo bintu mwabwirizwa kubikora ariko mutirengagije n’ivyo bindi+. 43 Muragowe mwa Bafarizayo, kuko mukunda kwicara mu bibanza vy’imbere* mu masinagogi, mugakunda n’uko abantu babaramutsa mw’isoko+! 44 Muragowe, kuko mumeze nka za mva* zitibonekeza*+, ku buryo abantu bazicako ntibabimenye!»
45 Umwe mu bahinga mu vy’amategeko aca amubwira ati: «Mwigisha, aho na twebwe uradututse ko uvuze gutyo.» 46 Aca amubwira ati: «Muragowe na mwebwe abahinga mu vy’amategeko, kuko mwikoreza abantu imizigo iremereye, ariko mwebwe ntimuyikozeko n’urutoke+!
47 Muragowe, kuko mwubaka imva z’abahanuzi kandi ba sogokuruza banyu ari bo babishe+! 48 Egome, murazi neza ivyo ba sogokuruza banyu bakoze ariko murabashigikira, kuko bishe abahanuzi+ namwe mukubaka imva zabo. 49 Ku bw’ivyo, Imana ikoresheje ubukerebutsi bwayo yavuze iti: “Nzobarungikira abahanuzi n’intumwa, kandi bazokwica bamwe muri bo bongere babahame, 50 kugira ngo amaraso y’abahanuzi bose yasheshwe kuva kw’ishingwa ry’isi azoje ku gatwe* k’uru runganwe+, 51 kuva ku maraso ya Abeli+ gushika ku maraso ya Zakariya, umwe yicirwa hagati y’igicaniro n’urusengero*+.” Emwe ndabibabwiye, azoja ku gatwe* k’uru runganwe.
52 Muragowe mwebwe abahinga mu vy’amategeko, kuko mwatwaye urupfunguruzo rw’ubumenyi. Mwebwe ubwanyu ntimwinjiye, kandi n’abariko barinjira murababuza+!»
53 Asohotse ngo agende, abanditsi n’Abafarizayo batangura kumusugereza cane no kumucucagira ibindi bibazo vyinshi, 54 baguma bamureretse kugira barabe ko bomufatira mu vyo avuga+.
12 Muri ico gihe, abantu ibihumbi bari bakoraniye hamwe, gushika aho bahonyoranako. Yezu atangura kubwira abigishwa biwe ati: «Mwiyubare umwambiro w’Abafarizayo, ari bwo bwiyorobetsi+. 2 Ariko nta kintu na kimwe canyegejwe kitazohishurwa, kandi nta kintu na kimwe cagizwe ibanga kitazomenyekana+. 3 Ibintu vyose rero muvugira mu mwiza abantu bazovyumvira mu muco, kandi ibintu vyose mwongorerana mu vyumba vyanyu vyiherereye bizotangarizwa hejuru ku nzu. 4 Vyongeye, umve ndababwire bagenzi+: ntimutinye abica umubiri, inyuma y’ivyo ntihagire ikindi bashobora gukora+. 5 Ahubwo reka ndababwire uwo mukwiye gutinya: nimutinye umwe afise ububasha bwo kwica umuntu agaca amuterera no muri Gehena*+. Emwe ndabibabwiye, uwo abe ari we mutinya+. 6 None utujuri dutanu ntitugurwa ibiceri bibiri vy’agaciro gatoyi*? Ariko nta na kamwe muri two Imana yibagira*+. 7 Mbere n’imishatsi yo ku mitwe yanyu iraharuye yose+. Ntimutinye rero: mwebwe murarusha agaciro utujuri twinshi+.
8 Ndabibabwiye: umuntu wese yemera imbere y’abantu ko ari umwigishwa wanje+, n’Umwana w’umuntu azokwemera imbere y’abamarayika b’Imana ko ari umwigishwa wiwe+. 9 Ariko uwo wese anyihakana imbere y’abantu, nanje nzomwihakana imbere y’abamarayika b’Imana+. 10 Umuntu wese avuga nabi Umwana w’umuntu azobabarirwa, ariko uwutuka impwemu nyeranda* ntazobabarirwa+. 11 Nibabarengutsa imbere y’amasinzi y’abantu*, imbere y’abatware canke abakuru, ntimuze muhagarike umutima mwibaza ukuntu muzokwiregura canke ivyo muzovuga+, 12 kuko impwemu nyeranda izobigisha muri uwo mwanya nyene ivyo mukwiye kuvuga+.»
13 Umuntu umwe muri iryo sinzi aca amubwira ati: «Mwigisha, bwira mwenewacu tugabure intoranwa.» 14 Yezu amwishura ati: «Wa mugabo we, ni nde yangize umucamanza wanyu canke umuhuza* wanyu?» 15 Araheza ababwira ati: «Mugume murikanuye kandi mwirinde ubwoko bwose bw’umwina*+, kuko naho umuntu yoba afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze+.» 16 Aca abaha ikigereranyo ati: «Itongo ry’umuntu umwe w’umutunzi ryarimbutse cane, 17 aca atangura kwibaza ati: “Mbe basha ndabigire nte ko ntafise aho negeraniriza umwimbu wanje?” 18 Nuko avuga ati: “Reka ngire gutya+: ngira nsambure ibigega vyanje maze nubake ibindi bininibinini, abe ari ho nshira umwimbu wanje n’ibindi bintu vyanje vyose. 19 Nzoheza rero nibwire nti: ‘Ndafise ibintu vyinshi nabitse bizontunga imyaka n’iyindi. Reka rero niraramire, nirire, ninywere, niryohere.’” 20 Ariko Imana imubwira iti: “Wa kijuju we, iri joro nyene urara upfuye. None ibintu vyose wegeranije bizoba ivya nde+?” 21 Ivyo ni vyo bishikira umuntu yirundaniriza ubutunzi, ariko atari umutunzi ku Mana+.»
22 Aca abwira abigishwa biwe ati: «Ni co gituma ndababwiye nti: Nimureke kwiganyira ku vyo muzorya canke ivyo muzokwambara+. 23 Kuko ubuzima buruta ibifungurwa, n’umubiri ukaruta ivyambarwa. 24 Itegereze ibikona: ntibibiba imbuto canke ngo vyimbure. Ntibigira ububiko canke ibigega, ariko Imana irabigaburira+. None mwebwe ntimurusha agaciro inyoni kure n’iyo+? 25 Ni nde muri mwebwe yoshobora kwongereza akanya na gatoyi* ku kiringo c’ubuzima bwiwe kubera ukwiganyira? 26 Nimba rero mudashobora gukora akantu gatoyi nk’ako, kuki none mwokwiganyira ku bindi bintu+? 27 Raba ingene amashurwe y’amalisi akura: ntacumukura canke ngo ajishe impuzu. Ariko ndababwiye ko na Salomo ari Salomo mu bwiza* bwiwe atari asharije nka rimwe muri yo+. 28 Nimba rero Imana yambika gutyo ivyatsi vyo mw’ishamba biriho uno musi ariko ejo bigatererwa mu muriro*, none ntizorushiriza kubambika, ga mwa bantu b’ukwizera guke? 29 Nimureke rero kwiganyira mwibaza ivyo muzorya canke ivyo muzonywa, kandi mureke kwamiza umutima mu kirere+, 30 kuko ivyo vyose ari vyo abantu bo mw’isi baguma biruka inyuma. So wanyu arazi ko ivyo bintu mubikenera+. 31 Ahubwo nimugume murondera Ubwami bwiwe, ivyo bindi na vyo muzovyongerwa+.
32 Ntimutinye mwa busho buto+, kuko So yashimye kubaha Ubwami+. 33 Nimugurishe ivyo mutunze maze mufashe aboro*+. Nimwironse udusaho tw’amahera tudahera, itunga ritigera rihera mw’ijuru+, aho ibisuma bidashika canke ngo udukoko turyonone. 34 Kuko aho itunga ryanyu riri ari ho n’imitima yanyu izoba.
35 Nimukenyere zigume+ kandi amatara yanyu agume yaka+. 36 Mukwiye kumera nk’abantu barindiriye ko shebuja agaruka+ avuye ku rubanza rw’ubugeni+, kugira ngo ashitse akadodora, ubwo nyene bace bamwugururira. 37 Harahiriwe abashumba shebuja niyashika azosanga bari maso! Ni ukuri ndabibabwiye, azokwitegura*, abicarike ku meza hanyuma aze abazimane. 38 Naho yoshika hagati ya satatu z’ijoro na sasita z’ijoro*, canke mbere hagati ya sasita z’ijoro na sacenda z’ijoro*, bazoba bahiriwe niyasanga biteguye! 39 Ariko mumenye iki kintu: iyaba nyene urugo yari azi isaha igisuma coziyeko, ntiyoretse ngo kimene inzu yiwe+. 40 Na mwebwe nyene mugume mwiteguye, kuko Umwana w’umuntu azoza kw’isaha mutiyumvira+.»
41 Petero aca amubaza ati: «Mukama, ico kigereranyo ukibwiye twebwe gusa canke ukibwiye n’abandi bose?» 42 Umukama amwishura ati: «None ni nde mubwiriza* w’umwizigirwa kandi w’ubwenge* shebuja azoshinga abasuku* biwe bose, kugira abandanye kubaronsa ibifungurwa bikwiye igihe kigeze+? 43 Uwo mushumba azoba ahiriwe shebuja niyagaruka agasanga ariko akora gutyo! 44 Ndababwije ukuri, azomuzeza ivyo atunze vyose. 45 Ariko uwo mushumba niyibwira ati: “Databuja aratevye kuza”, hanyuma agatangura gukubita abasuku n’abasukukazi, kurya, kunywa no kuborerwa+, 46 shebuja azoza ku musi atamwiteze no kw’isaha atazi, kandi azomuhana bimwe bikomeye, amushire hamwe n’ibihemu. 47 Maze uwo mushumba yatahuye ivyo shebuja agomba ariko ntiyitegure canke ngo akore ivyo yamusavye*, azokubitwa inkoni nyinshi+. 48 Mugabo uwutabitahuye bigatuma akora ibikwiriye inkoni, azokubitwa nkeyi. Nkako, uwahawe vyinshi azobazwa vyinshi, kandi uwajejwe vyinshi azobazwa ibirenze ivyo babaza abandi+.
49 Naje kudomeka umuriro kw’isi. None hari ikindi norondera umaze kwaka? 50 Ariko ndafise ibatisimu ntegerezwa kubatizwa, kandi nzogumana intuntu gushika iheze+! 51 Mwibaza ko naje kuzana amahoro kw’isi? Habe namba! Ahubwo naje gucanishamwo abantu+. 52 Kuva ubu, abantu batanu bari mu nzu imwe bazocanamwo: batatu barwanye babiri, babiri na bo barwanye batatu. 53 Bazocanamwo: umuhungu arwanye se, se na we amurwanye; umukobwa arwanye nyina, nyina na we amurwanye; umukazana arwanye inabukwe, inabukwe na we amurwanye+.»
54 Abwira n’iryo sinzi ry’abantu ati: «Iyo mubonye igicu giserutse mu burengero, ubwo nyene muca muvuga muti: “Haraza kuba igihuhusi”, kandi ni ko bigenda. 55 Kandi iyo mubonye umuyaga uzananye mu bumanuko, muca muvuga muti: “Haraza gushuha cane”, kandi ni ko bigenda. 56 Mwa biyorobetsi mwe, murazi gusuzuma ukuntu ikirere kimeze, ariko ni kubera iki mudashobora kubona ibiriko biraba muri iki gihe+? 57 Kubera iki ubwanyu mudashobora kubona ibigororotse? 58 Nk’akarorero, igihe ujanye n’uwo muburana ku mutware, nugerageze gutorera umuti ingorane mufitaniye mukiri mu nzira, kugira ntahave agushikiriza umucamanza, umucamanza akagushikiriza uwucunga ibohero, uwucunga ibohero na we akaguta mu gasho+. 59 Ndabikubwiye, ntuzogenda uvuyeyo utarishe n’igiceri ca nyuma*.»
13 Muri ico gihe, bamwe mu bari ng’aho biganira Yezu ibijanye n’Abanyagalilaya Pilato yishe, agaca avanga amaraso yabo n’ibimazi vyabo. 2 Aca ababwira ati: «Mbega mwibaza ko abo Banyagalilaya bashikiwe n’ivyo bintu kubera bari abacumuzi kuruta abandi Banyagalilaya bose? 3 Habe namba! Ariko nimutigaya, mwese muzopfa+ gutyo nyene. 4 Canke bamwe 18 umunara wagwako i Silowamu ukabica, mwibaza ko bari abanyavyaha kurusha abandi bose baba i Yeruzalemu? 5 Habe namba! Ariko nimutigaya, mwese muzopfa gutyo nyene.»
6 Maze abaha ikigereranyo ati: «Umugabo umwe yari afise igiti c’umusukoni gitewe mu murima wiwe w’imizabibu, hanyuma aza kuraba ko camye ivyamwa, ariko asanga nta biriko+. 7 Aca abwira uwamukorera muri uwo murima ati: “Raba imyaka itatu iraheze nza kurondera ivyamwa kuri iki giti c’umusukoni, ariko nkabura. Cicire! Kuki coguma gipfisha ubusa aha hantu?” 8 Amwishura ati: “Databuja, kireke uyu mwaka umwe gusa. Ngira nimbe iruhande yaco hanyuma nshireyo intabire. 9 Nicama ivyamwa, bizoba ari vyiza. Ariko nikitama, uzoce ucicira+.”»
10 Igihe kimwe, Yezu yariko arigisha mw’isinagogi ku musi w’isabato. 11 Ng’aho hariho umugore yari amaze imyaka 18 arimwo impwemu yamumugaje*. Yagenda yunamye kandi ntiyashobora kugororoka na gato. 12 Yezu amubonye, aca amubwira ati: «Wa mugore* we, ubumuga bwawe burakize+.» 13 Aca amurambikako ibiganza, ubwo nyene aca aragororoka, atangura kuninahaza Imana. 14 Umukuru w’isinagogi aca arashavura kubera Yezu amukijije kw’isabato, maze abwira abantu ati: «Hari imisi itandatu yo gukora+. Muze muraza abakize kuri iyo misi, atari ku musi w’isabato+.» 15 Ariko Umukama amwishura ati: «Mwa biyorobetsi mwe+! Mbega umwe wese muri mwebwe kw’isabato ntazitura impfizi yiwe canke indogobwa yiwe mu ruhongore akayishora ku mugezi+? 16 None ntivyari bibereye ko uyu mugore akomoka kuri Aburahamu, abohorwa ku musi w’isabato, narirya yari amaze imyaka 18 Shetani yaramuboshe?» 17 Avuze ivyo, abamurwanya bose baca baramaramara. Ariko isinzi ryose riranezerwa kubera ibintu vyose vy’agatangaza yari yakoze+.
18 Abandanya kuvuga ati: «Ubwami bw’Imana bumeze nk’iki? Nobugereranya n’iki? 19 Bumeze nk’agatete ka sinapi umuntu yatoye akagatera mu murima wiwe, hanyuma karakura gacika igiti, maze inyoni zo mu kirere zubaka ivyari mu mashami yaco+.»
20 Yongera kuvuga ati: «Mbega Ubwami bw’Imana ndabugereranye n’iki? 21 Bumeze nk’umwambiro umugore yatoye akawuvanga n’ingero zitatu nininini* z’ifu, gushika igikandu cose kivyimvye+.»
22 Hanyuma Yezu afata urugendo aja i Yeruzalemu, agenda arigisha ava mu gisagara aja mu kindi no mu kigwati aja mu kindi. 23 Maze umuntu umwe amubaza ati: «Mukama, nankana abazokizwa ni bake?» Na we ababwira ati: 24 «Mwihate cane kugira muce mu muryango waga+. Ndababwiye ko benshi bazorondera kuwucamwo ariko ntibabishobore. 25 Nyene urugo niyahaguruka akugara umuryango, muzohagarara hanze mudodora ku muryango, muvuga muti: “Mushinganta, twugururire+.” Na we azobishura ati: “Sinzi iyo muva.” 26 Muzoca mutangura kuvuga ngo: “Twahora dusangira ibifungurwa n’ibinyobwa, kandi wigishiriza mu mabarabara maninimanini yacu+.” 27 Ariko azobabwira ati: “Sinzi iyo muva. Mva mu maso, mwa nkozi z’ikibi mwese!” 28 Aho ni ho muzoririra kandi ni ho muzohekenyera imisaya*, nimwabona Aburahamu, Izahaki, Yakobo n’abandi bahanuzi bose bari mu Bwami bw’Imana, ariko mwebwe mwaterewe hanze+. 29 Vyongeye, abantu bazoza bavuye mu buseruko no mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko, bicare ku meza mu Bwami bw’Imana. 30 Mumenye ko hari aba nyuma bazoba aba mbere, hakaba n’aba mbere bazoba aba nyuma+.»
31 Muri uwo mwanya nyene, bamwe mu Bafarizayo baca baraza, bamubwira bati: «Va ng’aha ugende, kuko Herodi ashaka kukwica.» 32 Abishura ati: «Genda mubwire iyo mbwebwe muti: “Uyu musi n’ejo ndiko ndirukana amadayimoni nongera nkiza abantu, kandi hirya y’ejo nzoba mpejeje.” 33 Ariko rero, ntegerezwa kubandanya urugendo rwanje uyu musi n’ejo na hirya y’ejo, kuko bitemewe* ko umuhanuzi yicirwa inyuma ya Yeruzalemu+. 34 Yeruzalemu, Yeruzalemu, wewe wica abahanuzi kandi ukicisha amabuye abagutumweko+! Ni kangahe nashatse kwegeranya abana bawe nka kurya inkokokazi yegeraniriza imiswi yayo munsi y’amababa yayo? Ariko mwaravyanse+. 35 Ehe raba inzu yanyu murayitanywe+! Ndababwiye ko mutazosubira kumbona, gushika muvuze muti: “Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova*+!”»
14 Umusi umwe kw’isabato, Yezu yariko arafungura ku muhana w’umwe mu bakuru b’Abafarizayo, kandi bariko baramwitegereza bitonze. 2 Imbere yiwe hariho umuntu arwaye urusina. 3 Yezu aca abaza abahinga mu vy’amategeko n’Abafarizayo ati: «Vyoba vyemewe gukiza umuntu kw’isabato canke ntivyemewe+?» 4 Baguma binumiye. Aca afata nya muntu, aramukiza maze aramurungika. 5 Araheza ababwira ati: «Ni nde muri mwebwe hamwe umwana wiwe canke impfizi yiwe yogwa mu kinogo c’amazi+, atoca abikurayo ubwo nyene ku musi w’isabato+?» 6 Babura ico bamwishura.
7 Hanyuma abonye ingene abatumire bariko bitorera ibibanza vy’iteka+, aca abaha ikigereranyo ati: 8 «Umuntu niyagutumira mu rubanza rw’ubugeni*, ntushike wicara mu kibanza c’iteka+. Hari aho wosanga yatumiye uwundi muntu akurusha icubahiro. 9 Maze uwabatumiye mwese akaza, akakubwira ati: “Bisa uyu muntu muri ico kibanza.” Uzoca uva ng’aho n’ibimaramare, uje kwicara mu kibanza c’inyuma y’ibindi vyose. 10 Ariko nibagutumira, uragenda wiyicarire mu kibanza c’inyuma y’ibindi vyose, kugira ngo uwagutumiye niyaza akubwire ati: “Mugenzi, igira hariya imbere.” Uzoheza ugire iteka imbere y’abandi batumire bose+. 11 Kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru+.»
12 Hanyuma abwira n’uwari yamutumiye ati: «Niwashaka gutumira abantu ku mfungurwa za sasita canke zo ku mugoroba, ntuze utumire abagenzi canke benewanyu canke incuti canke ababanyi batunze. Ahandiho na bo nyene bohava bagutumira, bakaba bakwishuye. 13 Ahubwo niwagira umusi mukuru, uze utumire aboro, abatagira amaguru canke amaboko, abacumbagira n’impumyi+. 14 Aho ni ho uzoba uhiriwe, kuko batagira ikintu na kimwe bakwishura. Uzokwishurwa mw’izuka+ ry’abagororotsi.»
15 Umwe mu batumire avyumvise, aca amubwira ati: «Hahiriwe uwuzofungurira* mu Bwami bw’Imana.»
16 Yezu amwishura ati: «Umuntu umwe yarateguye inzimano zidasanzwe*+ hanyuma atumira abantu benshi. 17 Isaha yo kwihereza imfungurwa igeze, arungika umushumba wiwe kubwira abatumire ati: “Nimuze, kuko ibintu vyose vyatunganye.” 18 Ariko bose batangura kuzana ivyitwazo+. Uwa mbere amubwira ati: “Naguze itongo, none ngira nje kuriraba. Ndagusavye untunge.” 19 Uwundi ati: “Naguze inka cumi, none ngiye kuzisuzuma. Ndagusavye untunge+.” 20 Uwundi na we ati: “Mperuka kuzana umugore. Urumva ko ntashobora kuza.” 21 Wa mushumba aca aragaruka, abibwira shebuja. Nyene urugo aca arashavura, maze abwira umushumba wiwe ati: “Nyaruka mu mabarabara maninimanini no mu tuyira two mu gisagara, uzane aboro, abacitse amaguru canke amaboko, impumyi n’abacumbagira.” 22 Uwo mushumba agarutse, abwira shebuja ati: “Databuja, ivyo wantegetse nabikoze, ariko haracariho ikibanza.” 23 Shebuja aca amubwira ati: “Genda mu mabarabara no mu tuyira two mu gisagara, ugobere abantu baze kugira inzu yanje yuzure+. 24 Ndababwiye ko ata n’umwe muri abo bantu nari natumiye azogenda ahonjeje ku mfungurwa zanje+.”»
25 Hari isinzi rinini ryari rifatanije na we urugendo. Aca arahindukira ababwira ati: 26 «Umuntu niyaza iwanje ariko ntiyanke* se wiwe, nyina wiwe, umugore wiwe, abana biwe, benewabo, bashikiwe, emwe mbere n’ubuzima bwiwe+, ntashobora kuba umwigishwa wanje+. 27 Uwo wese atikorera igiti ciwe co kubabarizwako* ngo ankurikire, ntashobora kuba umwigishwa wanje+. 28 Nk’akarorero, ni nde muri mwebwe iyo ashatse kwubaka umunara, atabanza kwicara agaharura ico bizomutwara, kugira arabe ko afise ibikwiye vyo kuwurangiza? 29 Ahandiho yoshobora gushiraho umushinge, ariko ntashobore kurangiza uwo munara, hanyuma ababibona bose bakamutwenga, 30 bavuga bati: “Uwu muntu yaratanguye kwubaka ariko vyaramunaniye kurangiza.” 31 Canke hari umwami yoja kurwana n’uwundi mwami atabanje kwicara ngo ahanuze, akaraba ko ingabo ziwe 10.000 zoshobora guhangana n’uwuje kumurwanya afise 20.000? 32 Asanze atabishoboye, aca arungika abamuserukira kugira baje gusaba amahoro uwo wundi mwami akiri kure. 33 N’uwo wese muri mwebwe adahevye* ivyo atunze vyose, ntashobora kuba umwigishwa wanje+.
34 Emwe umunyu ni mwiza. Ariko hamwe wotakaza akanovera* kawo, wowurungisha iki+? 35 Nta co uba ukimariye ivu canke intabire, baca bawuta. Uwuri n’amatwi niyumve+.»
15 Abatozakori bose n’abacumuzi bose baguma bahundara kuri Yezu kugira bamwumvirize+. 2 Abafarizayo n’abanditsi baguma bavugira mu ntamatama bati: «Uwu muntu aha ikaze abacumuzi kandi agasangira na bo.» 3 Aca abaha iki kigereranyo ati: 4 «Hamwe umwe muri mwebwe yoba afise intama 100 hanyuma agatakaza imwe, ntiyosiga izo 99 mu gahinga akaja kurondera iyo imwe yatakaye gushika ayitoye+? 5 Aramutse ayitoye, aca ayishira ku bitugu vyiwe kandi akanezerwa. 6 Hanyuma ashitse muhira, ahamagara abagenzi biwe n’ababanyi, akababwira ati: “Nimunezeranwe nanje, kuko natoye intama yanje yari yatakaye+.” 7 Ukwo nyene ni ko mw’ijuru haba umunezero iyo umucumuzi umwe yigaye+, kuruta abagororotsi 99 badakeneye kwigaya.
8 Canke hamwe umugore yoba afise ibiceri cumi vy’idarakima* hanyuma akabura kimwe, ntiyocana itara, agakubura inzu yiwe akakirondera yitonze gushika agitoye? 9 Aramutse agitoye, aca ahamagara abagenzi biwe* n’ababanyi, akababwira ati: “Nimunezeranwe nanje, kuko natoye igiceri c’idarakima nari natakaje.” 10 Ukwo nyene ni ko abamarayika b’Imana banezerwa iyo umucumuzi umwe yigaye+.»
11 Hanyuma avuga ati: «Umugabo umwe yari afise abahungu babiri. 12 Umuhungu mutoyi abwira se wiwe ati: “Da, mpa intoranwa yanje.” Se wabo aca abagaburira ivyo atunze. 13 Haciye imisi mikeyi, uwo muhungu mutoyi aca yegeranya ivyo afise vyose, afata urugendo aja mu gihugu ca kure. Amaze gushikayo, aca asesagurira mu buhumbu ivyo afise vyose. 14 Abimaze vyose, inzara ikaze ica iratera muri ico gihugu maze atangura gukena. 15 Yarahevye aja gusaba akazi umuntu wo muri ico gihugu, na we aca amurungika mu matongo yiwe kuragira ingurube+. 16 Yari asigaye yipfuza kurya ibishishwa bagaburira ingurube, ariko nta wamuha na dukeyi.
17 Agarukanye ubwenge, yibwira ati: “Urazi ingene abakozi ba dawe bose barya bagasigaza, nanje inzara iriko iranyicira ng’aha! 18 Ngira nsubire kwa dawe, ndamubwire nti: ‘Da, naracumuye ku Mana yo mw’ijuru no kuri wewe. 19 Sinkibereye kwitwa umwana wawe. Numfate nk’umwe mu bakozi bawe.’” 20 Aca arafata inzira asubira kwa se. Se wiwe amubonye akiri kure, amutera ikigongwe. Aca arirukanga, aramugumbira yongera aramusoma n’ikibabarwe. 21 Wa muhungu aca amubwira ati: “Da, naracumuye ku Mana yo mw’ijuru no kuri wewe+. Sinkibereye kwitwa umwana wawe.” 22 Mugabo se wiwe abwira abasuku biwe ati: “Nyarutsa muzane ikanzu, ikanzu nziza cane, maze muyimwambike. Nimumwambike n’impeta hamwe n’ibirato*. 23 Nimuzane kandi ya shuri ivyibushe, muyibage maze turye, turyoherwe, 24 kuko uyu muhungu wanje yari yapfuye, none yasubiye kuba muzima+. Yari yatakaye, none yabonetse.” Baca batangura kuryoherwa.
25 Ico gihe umuhungu wiwe mukuru yari mu mirima. Hanyuma ariko arataha yegereje muhira, yumva umuziki n’intambo. 26 Aca ahamagara umwe mu basuku, amubaza ivyo ari vyo. 27 Na we amwishura ati: “Mwenewanyu yaje, kandi so wawe yaciye abaga ya shuri ivyibushe, kuko yagarutse ari muzima*.” 28 Uwo muhungu mukuru aca arashavura, yanka kwinjira. Se wiwe aca arasohoka, atangura kumwinginga ngo yinjire. 29 Yishura se wiwe ati: “Raba imyaka yose maze ndagushumbira, kandi sinigeze ndenga kw’itegeko ryawe. Ariko ntiwigeze umpa n’akagazi k’impene ngo nezeranwe n’abagenzi banje. 30 Mugabo uyu muhungu wawe yasesaguriye ivyawe mu bamaraya, yapfuye gushika uca umubagira ya shuri ivyibushe.” 31 Se wiwe amubwira ati: “Mwananje, wewe wamanye nanje, kandi ivyanje vyose ni rwawe. 32 Ariko ntitwari kureka kugira umusi mukuru no kunezerwa, kuko mwenewanyu yari yarapfuye, none yasubiye kuba muzima. Yari yaratakaye, none yabonetse.”»
16 Abwira abigishwa biwe na bo ati: «Umuntu umwe w’umutunzi yari afise umusuku ajejwe urugo rwiwe*, maze abwirwa ko uwo musuku asesagura ubutunzi bwiwe. 2 Aca aramuhamagara, amubwira ati: “Ivyo ndakwumvako ni ibiki? Nyereka ingene wakoresheje ibintu vyanje, kuko utagishoboye guhagarikira urugo rwanje.” 3 Uwo musuku aca yibwira ati: “Ndabigire nte, ko databuja agira ankure mu mabanga? Nta nguvu mfise zo kurima kandi gusega vyontera isoni. 4 Ahaaa! Ndazi ico ngiye gukora, kugira abantu bazonyakire mu ngo zabo ninakurwa mu mabanga.” 5 Aca ahamagara umwumwe mu bafitiye ideni shebuja, abaza uwa mbere ati: “Harya wewe databuja umufitiye ibingana iki?” 6 Na we amwishura ati: “Ingero* 100 z’amavuta y’imyelayo*.” Aca amubwira ati: “Akira urupapuro rw’amasezerano, wicare wandike ningoga 50.” 7 Hanyuma abaza uwundi ati: “Weho umufitiye ibingana iki?” Na we ati: “Ingero nininini 100* z’ingano.” Aca amubwira ati: “Akira urupapuro rw’amasezerano, wandike 80.” 8 Shebuja yaratangariye cane uwo musuku*, naho atari agororotse, kuko yakoranye ubwenge*. Abana b’iki gihe* barasumvya ubwenge abana b’umuco+ mu kuntu bafata abantu bo mu gihe cabo.
9 Vyongeye, ndababwiye nti: Mwironderere abagenzi biciye ku butunzi butagororotse+, kugira ngo nibwahera baze babakire mu ngo zamaho+. 10 Umuntu w’umwizigirwa muri bikeyi aba n’umwizigirwa muri vyinshi, kandi umuntu atabaye umwizigirwa muri bikeyi ntaba n’umwizigirwa muri vyinshi. 11 Nimba rero mutari abizigirwa mu kuntu mukoresha ubutunzi butagororotse, ni nde azobazeza ubutunzi nyakuri? 12 Kandi nimba mutari abizigirwa mu kuntu mukoresha ivy’abandi, ni nde azobaha ivyanyu+? 13 Nta mukozi ashobora gukorera ba shebuja babiri, kuko azokwanka umwe agakunda uwundi, canke akihebera umwe agasuzugura uwundi. Ntimushobora gukorera Imana n’Ubutunzi+.»
14 Ico gihe Abafarizayo, na bo bakaba barakunda amahera cane, bariko barumviriza ivyo bintu vyose. Baca batangura gutwenga Yezu+. 15 Aca ababwira ati: «Mwebwe mwigira abagororotsi imbere y’abantu+, ariko Imana irazi imitima yanyu+. Kuko igishirwa hejuru mu bantu ari ikintu gisesemye imbere y’Imana+.
16 Amategeko n’ivyanditswe n’abahanuzi* vyabayeho gushika kuri Yohani. Kuva ico gihe, inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana iratangazwa, kandi abantu b’uburyo bwose baranigana kugira babushikemwo+. 17 Vy’ukuri, ijuru n’isi vyopfuma bivaho hako hagira akavunji k’urudome na kamwe ko mu mategeko kataranguka+.
18 Umuntu wese yirukana umugore wiwe hanyuma akarongora uwundi, aba arenze ibigo, kandi uwo wese arongoye umugore yirukanywe n’umugabo wiwe, aba arenze ibigo+.
19 Harabayeho umuntu umwe w’umutunzi yambara impuzu zisa n’umuyugubwe* n’iz’ilino*, akama yiryohera imisi yose ari mu bihinda. 20 Ariko umusezi umwe yitwa Lazaro yama ashirwa kw’irembo ryiwe, yuzuye ibisebe, 21 akipfuza kurya ibikoroka biva ku meza y’uwo mutunzi. Mbere n’imbwa zaraza zigafyeta ibisebe vyiwe. 22 Mu nyuma uwo musezi yarapfuye, abamarayika baca bamujana iruhande ya Aburahamu*.
N’uwo mutunzi nyene yarapfuye, baca baramuhamba. 23 Hanyuma ari mu kuzimu, araramura amaso ari mu mibabaro myinshi, abona Aburahamu ari nka hariya kure, na Lazaro ari iruhande yiwe. 24 Aca ashira ijwi hejuru ati: “Data Aburahamu, ngirira imbabazi urungike Lazaro akoze urutoke mu mazi, maze ahoze ururimi rwanje, kuko ndi mu mibabaro myinshi muri uyu muriro ururumba.” 25 Mugabo Aburahamu amwishura ati: “Mwananje, ibuka ko waronse ivyiza vyinshi mu buzima bwawe, ariko Lazaro akaronka ibibi. Ubu rero Lazaro ariko araruhurirwa ng’aha, ariko wewe uri mu mibabaro myinshi. 26 Uretse n’ivyo, hagati yacu namwe hari imanga nini, ku buryo ata woshobora kuva ng’aha ngo aze hiyo, kandi nta woshobora kuva hiyo ngo aze ng’aha.” 27 Aca avuga ati: “Ko ari ukwo biri ga dawe, ndagusavye umutume muhira kwa dawe, 28 kuko mfise benewacu batanu, kugira ababurire na bo ntibaze baze muri iki kibanza c’umubabaro mwinshi.” 29 Ariko Aburahamu amwishura ati: “Barafise Musa n’abahanuzi. Nibabumvirize+.” 30 Na we avuga ati: “Oya data Aburahamu, ntibazobumviriza. Ahubwo hagize uwo mu bapfuye azuka akaja kubaraba ni ho bokwigaya.” 31 Ariko amwishura ati: “Nimba batumviriza Musa+ n’abahanuzi, naho hogira uwuzuka mu bapfuye akaja kubaraba ntibojijuka.”»
17 Maze abwira abigishwa biwe ati: «Ibitsitaza ntibishobora kureka kuza. Ariko aragowe umuntu bizananako! 2 Yopfuma aboherwa urusyo mw’izosi agatererwa mu kiyaga, hako atsitaza umwe muri aba batoyi+. 3 Mwiyubare. Mwenewanyu niyacumura, uze umukosore+. Niyigaya na ho, uze umubabarire+. 4 Naho yogucumurako incuro indwi ku musi, hanyuma akagaruka incuro indwi akakubwira ati: “Ndigaye”, utegerezwa kumubabarira+.»
5 Intumwa zica zibwira Umukama ziti: «Twongerereze ukwizera+.» 6 Umukama na we azishura ati: «Iyaba mwari mufise ukwizera kungana n’agatete ka sinapi, mwobwira iki giti c’umukere wirabura muti: “Randuka wibadike mu kiyaga!”, kandi wobagamburukira+.
7 Hamwe umwe muri mwebwe yoba afise umushumba amurimira canke amuragirira ibitungwa, mbega yomubwira atashe avuye mu murima ati: “Nyaruka ku meza ufungure”? 8 Ntiyomubwira nyabuna ati: “Ntegurira ivyo mfungura, wambare itabuliya unsereve gushika mpejeje kurya no kunywa, hanyuma nawe uraheza urye wongere unywe”? 9 Ugira ngo yoshimira uwo mushumba kubera yakoze ivyo yashinzwe? 10 Na mwebwe rero, nimwamara gukora ibintu vyose mwashinzwe, muvuge muti: “Turi abashumba b’imburakimazi. Twakoze ivyo twategerezwa gukora+.”»
11 Igihe yari mu nzira aja i Yeruzalemu, aca hagati ya Samariya na Galilaya. 12 Maze yinjiye mu kigwati kimwe, abanyamibembe cumi baza kumutegera, ariko bahagarara kure+. 13 Baca barasemerera bati: «Yezu, Mwigisha, tugirire imbabazi!» 14 Yezu ababonye, aca ababwira ati: «Genda mwiyereke abaherezi+.» Maze bariko baragenda, baca barahumanuka+. 15 Umwe muri bo abonye ko yakize, aca aragaruka, aza araninahaza Imana n’ijwi ryumvikana. 16 Araheza apfukama imbere y’ibirenge vya Yezu, mu maso hiwe hashika hasi, aramukengurukira. Kandi uwo yari Umusamariya+. 17 Yezu aca avuga ati: «Bose uko ari cumi ntibahumanutse? None abandi icenda bari hehe? 18 Nta wundi yagarutse kuninahaza Imana atari uwu muntu wo mu rindi hanga?» 19 Aca amubwira ati: «Haguruka wigire. Ukwizera kwawe kuragukijije+.»
20 Abafarizayo babajije Yezu igihe Ubwami bw’Imana bwoziye+, abishura ati: «Ubwami bw’Imana ntibuzoza mu buryo bwibonekeza, 21 kandi abantu ntibazovuga ngo “ehe buri ng’aha!”, canke “buri hariya!” Erega Ubwami bw’Imana buri hagati yanyu+.»
22 Hanyuma abwira abigishwa ati: «Igihe kizoza aho muzokwipfuza kubona umusi umwe mu misi y’Umwana w’umuntu, ariko nta wo muzobona. 23 Kandi abantu bazobabwira bati: ‘Raba ari hariya!’, canke bati: ‘Raba ari hano!’ Ntimuze mujeyo canke ngo mubakurikire+. 24 Kuko kuri uwo musi*+ Umwana w’umuntu+ azomera nk’umuravyo urabiriza mu gice kimwe c’ijuru ugashika mu kindi. 25 Ariko ategerezwa kubanza gushikirwa n’imibabaro myinshi no kwiyamirizwa n’uru runganwe*+. 26 Vyongeye, nk’uko ibintu vyagenze mu gihe ca Nowa+, ni ko bizogenda no mu gihe c’Umwana w’umuntu+: 27 abantu bararya, bakanywa, abagabo bakarongora n’abagore bagashingirwa, gushika umusi Nowa yinjira mu bwato+. Hanyuma umwuzure uraza, ubatikiza bose+. 28 Bizoba bimeze kandi nk’uko vyari bimeze mu misi ya Loti+: abantu bararya, bakanywa, bakagura, bakagurisha, bagatera kandi bakubaka. 29 Ariko umusi Loti yava i Sodomu, haraguye umuriro n’amazuku* bivuye mw’ijuru maze bibatikiza bose+. 30 Ni ko bizoba bimeze ku musi Umwana w’umuntu azohishurwa+.
31 Kuri uwo musi, uwuzoba ari hejuru ku nzu ariko ibintu vyiwe bikaba biri mu nzu, ntaze yururuke kubitora, kandi n’uwuzoba ari mu murima ntaze agaruke ku bintu yasize inyuma. 32 Mwibuke muka Loti+. 33 Uwurondera gukingira ubuzima bwiwe azobubura, ariko uwubuheba azobuzigama+. 34 Ndabibabwiye: muri iryo joro abantu babiri bazoba bari ku gitanda kimwe, umwe ajanwe ariko uwundi asigare+. 35 Abagore babiri bazoba bariko basyera ku rusyo rumwe, umwe ajanwe ariko uwundi asigare.» 36*—— 37 Baca bamubaza bati: «Hehe ga Mukama?» Na we ababwira ati: «Aho umuvyimba uri ni ho inkona zizokoranira+.»
18 Hanyuma abaha ikigereranyo kugira abereke ko bakeneye kwama basenga kandi ntibarambirwe+. 2 Ababwira ati: «Mu gisagara kimwe hariho umucamanza adatinya Imana kandi atubaha umuntu n’umwe. 3 Muri ico gisagara nyene, hariho umupfakazi yaguma aja kumuraba akamubwira ati: “Ntunganiriza, unkureko uwo tuburana.” 4 Amara igihe amwankira, ariko mu nyuma yibwira ati: “Naho ntatinya Imana canke ngo nubahe umuntu n’umwe, 5 ko uyu mupfakazi aguma angora, reka ndabe ukuntu yotunganirizwa kugira ntagume aza kungora*+.”» 6 Umukama aca ababwira ati: «Umve ivyo uwo mucamanza yavuze, naho atari agororotse! 7 None Imana ntizotunganiriza abo yatoye baguma bayitakambira ijoro n’umurango+, ikongera ikabihanganira+? 8 Ndababwiye ko izobatunganiriza idatebaganye. Ariko none Umwana w’umuntu niyashika, azosanga vy’ukuri ukwo kwizera* mw’isi?»
9 Vyongeye, aha iki kigereranyo abantu bibona ko ari abagororotsi, bagafata abandi ko ari ubusa. Ababwira ati: 10 «Abantu babiri baduze ku rusengero gusenga, umwe yari Umufarizayo, uwundi akaba umutozakori. 11 Nya Mufarizayo arahaguruka, atangura gusengera ku mutima ati: “Ewe Mana, ndagushimira kuko ntameze nk’abandi bose: abambuzi, abakora ibitagororotse, abarenga ibigo canke mbere nk’uyu mutozakori. 12 Ndisonzesha kabiri mu ndwi kandi ngatanga ic’icumi c’ibintu vyose ndonka+.” 13 Mugabo wa mutozakori ahagarara nka hariya, ntiyashaka no kuraramura amaso ngo arabe mw’ijuru. Aguma yikubita ku gikiriza, avuga ati: “Ewe Mana, ngirira ikigongwe* jewe umucumuzi+.” 14 Ndababwiye ko uwo muntu yamanutse muhira iwe abonetse ko ari umugororotsi kuruta uwo Mufarizayo+. Kuko uwishira hejuru wese azoteterezwa, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru+.»
15 Hanyuma abantu bamuzanira abana babo batoyi ngo abakoreko. Ariko abigishwa biwe babibonye, batangura kubakankamira+. 16 Mugabo Yezu ahamagara abo bana maze avuga ati: «Nimureke abo bana baze aho ndi. Ntimubabuze, kuko Ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nk’abo+. 17 Ni ukuri ndabibabwiye, uwo wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana mutoyi ntazogenda abwinjiyemwo+.»
18 Hanyuma umwe mu batware amubaza ati: «Mwigisha mwiza, nokora iki kugira nze ndoke ubuzima budahera+?» 19 Yezu amwishura ati: «Kubera iki unyita mwiza? Nta n’umwe ari mwiza atari Imana+. 20 Urazi amabwirizwa: “Nturenge ibigo+, ntiwice+, ntiwibe+, ntiwagirize ibinyoma mugenzawe+, tera iteka so wawe na nyoko wawe+.”» 21 Aca amwishura ati: «Ivyo vyose narabikurikije kuva nkiri muto.» 22 Yezu avyumvise, aca amubwira ati: «Uracabuze ikintu kimwe: gurisha ibintu vyose ufise maze amahera ukuyemwo uyahe abakene, uzoheza ugire itunga mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire+.» 23 Uwo mutware avyumvise, aca arababara cane, kuko yari atunze cane+.
24 Yezu aca aramuraba maze avuga ati: «Ese ingene bizogora abafise amahera kwinjira mu Bwami bw’Imana+! 25 Nkako, biroroshe ko ingamiya ica mu zuru ry’urushinge rwo kubarira kuruta ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana+.» 26 Abumvise ivyo bintu baca bavuga bati: «Ni nde none ashobora kurokoka+?» 27 Aca abishura ati: «Ibidashoboka ku bantu ku Mana birashoboka+.» 28 Mugabo Petero avuga ati: «Raba twebwe twarahevye ivyo twari dufise turagukurikira+.» 29 Na we abishura ati: «Ni ukuri ndabibabwiye, nta muntu n’umwe yahevye inzu, umugore, benewabo, abavyeyi canke abana kubera Ubwami bw’Imana+ 30 atazoronka muri iki gihe ibiruta ivyo incuro nyinshi. Muri kazoza* na ho azoronka ubuzima budahera+.»
31 Aca atora ba bigishwa biwe cumi na babiri arabihereranya, ababwira ati: «Ehe tuduze i Yeruzalemu, kandi ibintu vyose abahanuzi banditse ku Mwana w’umuntu bizoranguka+. 32 Nk’akarorero, bazomushira mu maboko y’abanyamahanga+, bamutyekeze+, bamufate nabi bongere bamucireko amate+. 33 Kandi bamaze kumushishagura bazomwica+, ariko azozuka ku musi ugira gatatu+.» 34 Ntibatahuye ikintu na kimwe muri ivyo, kuko bari bahishijwe insobanuro y’ayo majambo. Ntibamenye ico ivyo bintu bishaka kuvuga.
35 Igihe Yezu yariko yegereza i Yeriko, hari umugabo umwe w’impumyi yari yicaye iruhande y’inzira asegerereza+. 36 Kubera yari yumvise isinzi ry’abantu ririko rirarengana, aca atangura kubaza ivyo ari vyo. 37 Bamubwira bati: «Ni Yezu Umunyanazareti ariko ararengana!» 38 Aca arasemerera ati: «Yezu, Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!» 39 Abariko bagendera imbere baca batangura kumukarira bamubwira ngo ahore. Ariko arushirizaho gusemerera ati: «Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!» 40 Yezu aca arahagarara, ategeka ko bamuzanira uwo mugabo. Amaze kumushikira, Yezu amubaza ati: 41 «Ushaka ndakugirire iki?» Na we amwishura ati: «Mukama, nimpumuke.» 42 Yezu aca amwishura ati: «Humuka. Ukwizera kwawe kuragukijije+.» 43 Ubwo nyene aca arahumuka, atangura kumukurikira+, agenda araninahaza Imana. Ababibonye bose na bo nyene baca batangura gushemeza Imana+.
19 Hanyuma yinjira i Yeriko, kandi yariko ahaca arengana. 2 Ng’aho hari umugabo yitwa Zakayo. Yari umukuru w’abatozakori kandi yari atunze. 3 Yashaka kubona Yezu uwo ari we, ariko ntiyabishobora kubera isinzi ry’abantu, kuko yari mugufi. 4 Aca yiruka imbere, yurira igiti c’umusukomora kugira amubone, kuko yagira ace muri iyo nzira. 5 Yezu ashitse aho hantu, aca ararangamiza, amubwira ati: «Zakayo, ururuka ningoga, kuko uyu musi ntegerezwa kurara iwawe.» 6 Aca arururuka ningoga maze amwakira iwe ahimbawe. 7 Abantu babibonye, bose batangura kuvugira mu ntamatama bati: «Ehe agiye kurara mu nzu y’umucumuzi+.» 8 Mugabo Zakayo arahaguruka, abwira Umukama ati: «Mukama, ica kabiri c’ivyo ntunze ngira ndagihe abakene, kandi ikintu cose nanyaze umuntu*, ngira ndagisubize incuro zine+.» 9 Yezu aca avuga ati: «Uno musi ubukiriro bwaje kuri iyi nzu, kuko na we nyene ari umwana wa Aburahamu. 10 Kuko Umwana w’umuntu yaje kurondera no gukiza abazimiye+.»
11 Bakiriko baramwumviriza, Yezu aca abaha ikindi kigereranyo kuko yari hafi ya Yeruzalemu, na bo bakaba bariko biyumvira ko Ubwami bw’Imana bwagira bwibonekeze ubwo nyene+. 12 Avuga ati: «Umuntu umwe wo mu muryango uhambaye yarafashe urugendo aja mu gihugu ca kure+ kwimikwa ngo abe umwami, hanyuma aheze agaruke. 13 Nuko ahamagara cumi mu bashumba biwe, abaha imina* cumi maze ababwira ati: “Nimuzicuruze gushika ngarutse+.” 14 Ariko abanyagihugu bagenziwe, baramwanka cane. Baca batuma ababaserukira kumubwira bati: “Ntidushaka ko uba umwami wacu.”
15 Amaherezo, aho agarukiye yamaze kugirwa umwami*, aca atumako ba bashumba yaha amahera* kugira arabe ivyo bungutse mu rudandaza rwabo+. 16 Uwa mbere araza, amubwira ati: “Mukama, imina yawe yungutse imina cumi+.” 17 Na we amubwira ati: “Wakoze neza, mushumba mwiza! Ko werekanye ko uri umwizigirwa mu kintu gitoyi cane, nuganze ibisagara cumi+.” 18 Uwa kabiri araza maze avuga ati: “Mukama, imina yawe yungutse imina zitanu+.” 19 Na we nyene amubwira ati: “Na wewe nuganze ibisagara bitanu.” 20 Ariko uwundi araza, avuga ati: “Mukama, ng’iyi imina yawe. Nagumye ndayinyegeje mu mpuzu. 21 Naragutinye kuko uri umuntu akara. Utora ivyo utabikije kandi ukimbura ivyo utarimye+.” 22 Na we amwishura ati: “Wa mushumba mubi we, ndagucira urubanza nisunze amajambo yawe bwite. Kumbe wari uzi ko ndi umuntu akara, ntora ivyo ntabikije kandi nkimbura ivyo ntarimye+? 23 Kubera iki none utashize amahera yanje* mw’ibanki? Ngarutse nari kuyatora ari kumwe n’inyungu.”
24 Aca abwira abari bahagaze ng’aho ati: “Nimumwake iyo mina muyihe urya afise imina cumi+.” 25 Ariko bamubwira bati: “Mukama, afise imina cumi!” 26 Na we abishura ati: “Ndababwiye ko uwufise wese azokwongerwa n’ibindi, ariko uwudafise azokwakwa n’ivyo yari afise+. 27 Nayo abo bansi banje batashatse ko mba umwami wabo, nimubazane hano mubicire imbere yanje.”»
28 Amaze kuvuga ivyo, Yezu abandanya urugendo rwiwe rwo kuduga i Yeruzalemu. 29 Ashitse hafi y’i Betifage n’i Betaniya ku musozi w’Imyelayo*+, atuma babiri mu bigishwa biwe+, 30 ababwira ati: «Genda muri kiriya kigwati mubona. Mumaze kucinjiramwo murahasanga inyana y’indogobwa iziritse, ata muntu n’umwe arayicarako. Muce muyizitura maze muyizane. 31 Nihagira uwubabaza ati: “Kubera iki muyizitura?” Muce mumubwira muti: “Umukama arayikeneye.”» 32 Abo yatumye baca baragenda, bayisangaho nk’uko nyene yababwiye+. 33 Ariko batanguye kuyizitura, beneyo baca bababaza bati: «Kubera iki muzitura iyo nyana y’indogobwa?» 34 Na bo babishura bati: «Umukama arayikeneye.» 35 Baca bayizanira Yezu, hanyuma bayishirako impuzu zabo* maze bayimwicarikako+.
36 Uko yigira imbere, baguma basasa impuzu zabo mu nzira+. 37 Ashitse hafi y’inzira imanuka iva ku musozi w’Imyelayo, abigishwa isinzi batangura kunezerwa no gushemeza Imana n’ijwi rirenga kubera ibitangaza vyose bari babonye. 38 Bavuga bati: «Arahezagiwe Umwami aje mw’izina rya Yehova*! Amahoro mw’ijuru, n’ubuninahazwa iyo hejuru+!» 39 Ariko bamwe mu Bafarizayo bari muri iryo sinzi bamubwira bati: «Mwigisha, bwira abo bigishwa bawe banume+.» 40 Na we abishura ati: «Ndabibabwiye, hamwe aba bonuma, amabuye yosemerera.»
41 Ashitse hafi y’i Yeruzalemu, abona ico gisagara maze arakiririra+, 42 avuga ati: «Ese iyo wewe ubwawe uza gutahura ibijanye n’amahoro uyu musi! Ariko noneho vyarahishijwe amaso yawe+. 43 Kuko hazogera igihe abansi bawe bakubaka irya n’ino yawe uruzitiro rw’ibiti bisongoye, bakagukikuza kandi bakagusugereza impande zose+. 44 Bazokumena hasi mwe n’abana bawe+, kandi nta buye bazosiga rigeretse ku rindi muri wewe+, kuko utabitahuye igihe wasuzumwa.»
45 Aca yinjira mu rusengero maze ahindira hanze abariko baragurisha ibintu+, 46 ababwira ati: «Vyanditswe ngo: “Inzu yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo+”, ariko mwebwe mwayigize isenga ry’abambuzi+.»
47 Yaguma yigisha mu rusengero imisi yose. Abakuru b’abaherezi n’abanditsi hamwe n’abantu bakurubakuru baguma barondera kumwica+, 48 ariko ntibabona ingene bobigira, kuko abantu bose baguma bamwumiyeko bashaka kumwumviriza+.
20 Umusi umwe yariko arigisha abantu mu rusengero yongera atangaza inkuru nziza, hanyuma abakuru b’abaherezi, abanditsi n’abashingantahe baraza, 2 maze bamubwira bati: «Tubwire: ni ububasha nyabaki butuma ukora ivyo bintu? Ni nde yabuguhaye+?» 3 Na we abishura ati: «Reka nanje ndababaze, namwe munyishure: 4 ibatisimu ya Yohani yava mw’ijuru canke ku bantu?» 5 Baca batangura kuzirikana hagati yabo bati: «Nitwavuga ngo “mw’ijuru”, aca atubaza ati: “Kubera iki none mutamwemeye?” 6 Nitwavuga na ho ngo “ku bantu”, abantu bose baca badutera amabuye, kuko bajijutse ko Yohani yari umuhanuzi+.» 7 Baca bamwishura ko ata vyo bazi. 8 Yezu na we ababwira ati: «Nanje rero sindababwira ububasha butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo.»
9 Aca aha abantu iki kigereranyo ati: «Umuntu umwe yarateye umurima w’imizabibu+, awusigira abarimyi maze afata urugendo aja mu mahanga, amarayo igihe kirekire+. 10 Igihe kigeze, atuma umushumba kuri ba barimyi kugira bamuhe ku mwimbu w’imizabibu. Ariko abo barimyi baca baramukubita+, hanyuma bamurungika iminwe misa. 11 Yongera atuma uwundi mushumba, ariko na we nyene baramukubita, baramumaramaza bongera bamurungika iminwe misa. 12 Arungika n’uwugira gatatu, ariko na we nyene baramukomeretsa bongera bamuta hanze. 13 Nyene uwo murima aca avuga ati: “Mbe basha nkore iki? Reka ndungike umwana wanje nkunda cane+. Wewe bazomwubaha.” 14 Ba barimyi bamubonye, baca babwirana bati: “Uyu ni we samuragwa. Ingo tumwice kugira intoranwa izoce iba rwacu.” 15 Baca bamuterera inyuma ya wa murima w’imizabibu, baramwica+. None nyene umurima azobagira gute? 16 Azoza yice abo barimyi, uwo murima ace awuha abandi.»
Abantu bavyumvise baca bavuga bati: «Ntibikabe!» 17 Yezu aca arabitegereza, maze avuga ati: «None iki canditswe kivuga ngo: “Ibuye abubatsi bataye ryahavuye riba ibuye nyamukuru rigumya imfuruka*+”, gisobanura iki? 18 Umuntu wese azogwa kuri iryo buye azovunagurika+, ariko uwo rizogwako rizomufyonyora.»
19 Muri uwo mwanya nyene, abanditsi n’abakuru b’abaherezi baca barondera kumufata, kuko bari babonye ko ari bo yariko aravuga mu gutanga ico kigereranyo. Ariko batinya abantu+. 20 Bamaze kumwitegereza bitonze, barungika abantu bahaye impembo mu mpisho ngo berekane ko ari abagororotsi, kugira bamufatire mu vyo avuga+, maze bamushikirize buramatari n’abandi bategetsi. 21 Baca bamubaza bati: «Mwigisha, turazi ko ivyo uvuga be n’ivyo wigisha ari ukuri, be n’uko utagira nkunzi, ahubwo wigisha inzira y’Imana mu kuri. 22 Vyoba vyemewe* ko turiha ikori* Sezari canke ntivyemewe?» 23 Amenya amayeri yabo, aca abishura ati: 24 «Nimunyereke idenariyo*. Iyi shusho n’ibi vyandiko biriko ni ivya nde?» Na bo bati: «Ni ivya Sezari.» 25 Aca ababwira ati: «Ivya Sezari rero nimubihe* Sezari+, ariko ivy’Imana mubihe Imana+.» 26 Ntibashobora rero kumufatira mu vyo avuga imbere y’abantu. Ahubwo batangazwa n’inyishu atanga, ntibasubira kuronka ico bavuga.
27 Ariko bamwe mu Basadukayo, bamwe bavuga ko ata zuka ririho+, baza aho ari maze bamubaza bati+: 28 «Mwigisha, Musa yatwandikiye ngo: “Umugabo niyapfa agasiga umugore ariko adasize umwana, mwenewabo akwiye guca acura uwo mugore kugira avyarire abana mwenewabo yapfuye+.” 29 Habayeho rero abahungu indwi bavukana. Uwa mbere yararongoye, ariko apfa ata kana asize. 30 Uwa kabiri 31 n’uwa gatatu baracuye uwo mupfakazi. Abo bose indwi baramucuye, ariko bose bapfa ata bana basize. 32 Inyuma ya bose, nya mugore na we nyene yarapfuye. 33 None mw’izuka azoba umugore wa nde, ko yabaye umugore wabo bose uko ari indwi?»
34 Yezu abishura ati: «Abana b’iki gihe* bararongora kandi bakarongorwa, 35 mugabo abatewe iteka ryo kuba muri ya si igiye kuza no kuzuka mu bapfuye, ntibarongora canke ngo barongorwe+. 36 Mbere ntibashobora no gusubira gupfa, kuko baba bameze nk’abamarayika, kandi bazoba abana b’Imana biciye kw’izuka*. 37 Mugabo ivy’uko abapfuye bazurwa, na Musa yarabihishuye muri ya nkuru y’igisaka c’amahwa, igihe yita Yehova* “Imana ya Aburahamu, Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo+.” 38 Si Imana y’abapfuye, ahubwo ni iy’abazima, kuko bose ari bazima kuri yo*+.» 39 Bamwe mu banditsi baca bamubwira bati: «Mwigisha, wishuye neza.» 40 Ntibasubiye kwubahuka kumubaza ikintu na kimwe.
41 Na we ababaza ati: «Kubera iki bavuga ko Kristu ari mwene Dawidi+? 42 Dawidi yivugiye mu gitabu c’Amazaburi ati: “Yehova* yabwiye Umukama wanje ati: ‘Icara iburyo bwanje, 43 gushika abansi bawe ndabagize nk’intebe y’ibirenge vyawe+.’” 44 Murumva rero ko Dawidi amwita Umukama. None aba umwana wiwe gute?»
45 Maze igihe abantu bose bariko barumviriza, abwira abigishwa biwe ati: 46 «Mwiyubare abanditsi bakunda kugenda bambaye amakanzu, bagakunda ko abantu babaramutsa mw’isoko. Bakunda kandi kwicara mu bibanza vy’imbere* mu masinagogi no mu bibanza vy’iteka ku nzimano*+, 47 bakanyaga abapfakazi utwabo* kandi bakavuga amasengesho maremare kugira biyerekane. Bazocirwa urubanza rukomeye* cane.»
21 Yezu araramuye amaso, abona abatunzi bariko bakororera intererano zabo mu dusandugu tw’amashikanwa+. 2 Maze abona umupfakazi w’umukene akororeyeyo uduceri tubiri tw’agaciro gatoyi cane*+. 3 Aca avuga ati: «Ni ukuri, ndababwiye ko uyu mupfakazi w’umukene yashizeyo vyinshi kuruta abandi bose+. 4 Kuko abo bose bashizeyo ibirenze ku vyo bafise, ariko we mu bukene bwiwe, yashizeyo ivyari kumutunga vyose+.»
5 Mu nyuma, igihe bamwe bariko bavuga ivyerekeye urusengero, ingene rwari rusharijwe n’amabuye mezameza n’ibintu vyeguriwe Imana+, 6 aca avuga ati: «Ivyo bintu mubona, hazogera igihe ata buye rizosigara rigeretse ku rindi ridasenyuriwe hasi+.» 7 Baca bamubaza bati: «Mwigisha, ivyo bintu bizoba ryari, kandi ni ikimenyetso ikihe kizokwerekana ko bigira bishike+?» 8 Abishura ati: «Mwiyubare ntibaze babazimize+, kuko benshi bazoza bitwaje izina ryanje, bavuga ngo: “Ndi we”, kandi ngo: “Igihe kiregereje.” Ntimuze mubakurikire+. 9 Ikigeretseko, nimwumva intambara n’imigumuko*, ntimuze mutekerwe n’ubwoba. Ivyo bintu bitegerezwa kubanza kuba, ariko iherezo ntirizoca riza ubwo nyene+.»
10 Abandanya kubabwira ati: «Ihanga rizotera irindi hanga+, n’ubwami butere ubundi bwami+. 11 Hazoba vya nyamugigima bikomeye, kandi hazotera inzara n’indwara z’ibiza biva hamwe bija ahandi+. Hazoboneka ibintu biteye ubwoba n’ibimenyetso bikomeye biva mw’ijuru.
12 Ariko imbere y’uko ivyo vyose bishika, abantu bazobafata babahame+, babashengeze mu masinagogi kandi babate mu mabohero. Bazobarengutsa imbere y’abami na ba buramatari kubera izina ryanje+. 13 Ivyo bizobaha akaryo ko gushinga intahe. 14 Ku bw’ivyo, nimushire ku mutima iki kintu: ntimuze mutegure imbere y’igihe ingene muzokwiburanira+, 15 kuko nzobaha amajambo n’ubukerebutsi ababarwanya bose bagiye hamwe batazoshobora kuvuguruza canke guhaririza+. 16 Vyongeye, mbere n’abavyeyi banyu, benewanyu, incuti zanyu n’abagenzi banyu bazobahinduka, bicishe bamwebamwe muri mwebwe+, 17 kandi muzokwankwa n’abantu bose kubera izina ryanje+. 18 Ariko nta n’agashatsi na kamwe kazogenda kavuye ku mitwe yanyu+. 19 Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma murokoka+.
20 Ariko nimwabona Yeruzalemu ikikujwe n’ingabo+, muzoce mumenya ko yimirije gutikizwa+. 21 Abari i Yudaya bazoce batangura guhungira mu misozi+, abari i Yeruzalemu bazoce bavayo, kandi n’abari hagati mu gihugu ntibaze binjireyo. 22 Kuko ico kizoba ari igihe co gushitsa ubutungane*, kugira ibintu vyose vyanditswe biranguke. 23 Haragowe abagore bazoba bibungenze n’abazoba bonsa muri iyo misi+! Kuko hazoba amakuba akomeye kuri iki gihugu n’uburake bwinshi kuri aba bantu. 24 Bazokwicwa n’inkota kandi bajanwe ari imbohe mu mahanga yose+. Yeruzalemu izohonyangwa n’amahanga* gushika ibihe amahanga yahawe birangiye+.
25 Vyongeye, hazoba ibimenyetso ku zuba, ku kwezi no ku nyenyeri+. Kw’isi na ho amahanga azogira amaganya, ntamenye ico yokora kubera ukubomboranya kw’ikiyaga n’ugusuriranya kwaco. 26 Abantu bazokwicwa n’ubwoba kubera ukwitega ibintu bigira bibe kw’isi, kuko ibinyabubasha vyo kw’ijuru bizonyiganyizwa. 27 Maze bazobona Umwana w’umuntu+ aje ari mu gicu, afise ububasha n’ubuninahazwa bwinshi+. 28 Mugabo ivyo bintu nivyatangura kuba, muze muhagarare mugororotse, muraramure imitwe, kuko ubukiriro bwanyu buzoba bwegereje.»
29 Aca abaha ikigereranyo ati: «Itegereze igiti c’umusukoni n’ibindi biti vyose+. 30 Iyo mubonye biriko biranaga, muca mumenya ko ici riri hafi*. 31 Na mwebwe nyene nimwabona ivyo bintu biriko biraba, muzoce mumenya ko Ubwami bw’Imana buri hafi. 32 Ni ukuri ndabibabwiye, uru runganwe* ntiruzogenda ruvuyeho ivyo vyose bitabaye+. 33 Ijuru n’isi bizovaho, ariko amajambo yanje ntazogenda avuyeho+.
34 Mugabo mwiyubare kugira ngo imitima yanyu ntiyigere iremerwa n’ukurya birenze, ukunywa birenze+ hamwe n’amaganya y’ubu buzima+, hanyuma bukwi na bukwi uwo musi ukabazako giturumbuka 35 nk’umutego+. Kuko uzoza ku bantu bose baba kw’isi yose. 36 Mugume muri maso+ rero kandi mugume mutakamba igihe cose+, kugira muze mushobore guhunga ivyo bintu vyose bitegerezwa kuba no guhagarara imbere y’Umwana w’umuntu+.»
37 Ku murango yarigisha mu rusengero, ariko mw’ijoro akaja kurara ku musozi w’Imyelayo. 38 Kandi mu gatondo ka kare, abantu bose baraza aho ari mu rusengero kugira bamwumvirize.
22 Ico gihe umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro, ari wo bita Pasika+, wari wegereje+. 2 Abakuru b’abaherezi n’abanditsi bariko bararondera uburyo bwiza bwo kumukuraho+, kuko batinya abantu+. 3 Shetani aca yinjira muri Yuda, ari we Isikariyoti, akaba yari muri bamwe cumi na babiri+. 4 Yuda aca aragenda, avugana n’abakuru b’abaherezi n’abakuru b’abarinzi b’urusengero ukuntu yomubaha+. 5 Baranezerwa cane, baca basezerana kumuha amahera*+. 6 Na we aremera, aca atangura kurondera akaryo keza ko kumubaha ata sinzi ry’abantu rihari.
7 Nuko umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro urashika, ari na wo babwirizwa gutangirako ikimazi ca Pasika+. 8 Yezu aca atuma Petero na Yohani, ababwira ati: «Genda mudutegurire ibifungurwa vya Pasika+.» 9 Baca bamubaza bati: «Ni hehe ushaka ko tubitegurira?» 10 Abishura ati: «Nimwinjira mu gisagara, muraza guhura n’umuntu yikoreye umubindi w’amazi. Muce mumukurikira gushika mu nzu yinjiramwo+. 11 Muheze mubwire nyene inzu muti: “Mwigisha avuze ati: ‘Icumba c’abashitsi kiri hehe, kugira ndaharire Pasika ndi kumwe n’abigishwa banje?’” 12 Uwo muntu na we arabereka icumba co hejuru cagutse, kirimwo ivya nkenerwa. Abe ari ho mutegurira Pasika.» 13 Baca baragenda, basanga ibintu vyose bimeze nk’uko yari yababwiye. Baraheza bategura Pasika.
14 Isaha igeze, Yezu aca yicara ku meza ari kumwe n’intumwa ziwe+. 15 Ababwira ati: «Naripfuje cane gusangira namwe iyi Pasika imbere y’uko mbabazwa. 16 Ndababwiye yuko ntazosubira kuyirya gushika irangutse mu Bwami bw’Imana.» 17 Hanyuma atora igikombe, arakenguruka maze avuga ati: «Nimwakire mugihanahane hagati yanyu. 18 Ndababwiye yuko kuva ubu ntazosubira kunywa ku kinyobwa c’umuzabibu gushika Ubwami bw’Imana buje.»
19 Atora n’umukate+, arakenguruka, arawumanyagura maze arawubaha, ababwira ati: «Uyu mukate ugereranya umubiri wanje+ ugira utangwe ku bwanyu+. Muragume mugira ibi mu kunyibuka+.» 20 Bahejeje kwihereza imfungurwa*, abigenza gutyo nyene no ku gikombe. Avuga ati: «Iki gikombe kigereranya isezerano rishasha+ rizokwemezwa n’amaraso yanje+, agiye guseswa ku bwanyu+.
21 Ariko raba, uwuza kungurisha turi kumwe kuri iyi meza+. 22 Emwe, Umwana w’umuntu agira yigire nk’uko vyashinzwe+. Ariko aragowe uwo muntu agira amugurishe+!» 23 Baca batangura kubazanya hagati yabo, kugira bamenye uwagira akore ico kintu+.
24 Ariko baca batangura guharira cane kugira bamenye uwari mukuru muri bo+. 25 Mugabo ababwira ati: «Abami b’amahanga bayatwaza umukazo, kandi abayafiseko ububasha bitwa Abagiraneza+. 26 Ariko mwebwe ntimukwiye kumera nka bo+. Umukuru muri mwebwe nabe nka mutoyi wanyu+, uwuja imbere abandi na we abe nk’umusuku. 27 None umukuru ni nde? Ni uwuriko arafungura* canke ni uwuriko arasereva*? None si uwuriko arafungura? Mugabo jewe ndi hagati yanyu ndiko ndabasereva+.
28 Ariko ni mwebwe mwangumye hafi+ mu bigeragezo vyanje+. 29 Nanje ngiraniye namwe isezerano ry’ubwami+, nk’uko Dawe yagiraniye isezerano nanje, 30 kugira muze murire mwongere munywere ku meza yanje mu Bwami bwanje+, kandi muze mwicare ku ntebe z’ubwami+ kugira mucire imanza imiryango 12 ya Isirayeli+.
31 Simoni, Simoni, ehe Shetani yabasavye mwese ngo abagosore nk’ingano+. 32 Ariko natakambiye Imana ku bwawe kugira ukwizera kwawe ntikugoyagoye+. Nawe niwamara kugaruka, uzokomeze benewanyu+.» 33 Petero aca amubwira ati: «Mukama, nditeguriye kujana nawe mw’ibohero, eka mbere no gupfana nawe+.» 34 Mugabo Yezu amwishura ati: «Ndabikubwiye Petero: uyu musi isake ntibika utaranyihakana gatatu+.»
35 Ababwira kandi ati: «Igihe nabarungika mudafise amahera*, umufuko w’ibifungurwa n’ibirato*+, hari ico mwabuze?» Na bo bati: «Oya.» 36 Yongerako ati: «Ubu rero uwufise amahera nayatore, n’uwufise umufuko w’ibifungurwa agire ukwo nyene, kandi uwudafise inkota nagurishe impuzu* yiwe ayigure. 37 Ndababwiye yuko iki canditswe kivuga ngo: “Yaharuwe mu bagarariji+”, gitegerezwa kundangukirako. Nkako, ivyanditswe ku binyerekeye biriko biraranguka+.» 38 Baca bamubwira bati: «Mukama, ehe ng’izi inkota zibiri.» Na we ababwira ati: «Zirakwiye.»
39 Asohotse, aca aja ku musozi w’Imyelayo nk’uko yari asanzwe abigira, n’abigishwa biwe baramukurikira+. 40 Ashitseyo, ababwira ati: «Nimushishikare gusenga kugira ntimutwarwe n’ibigeragezo+.» 41 Araheza yigira kure yabo nk’ahoterwa ibuye, arapfukama, atangura gusenga, 42 avuga ati: «Dawe, nimba ubishaka, igiza iki gikombe kure yanje. Ariko rero ntihabe ivyo ngomba, ahubwo habe ivyo wewe ugomba+.» 43 Umumarayika avuye mw’ijuru aca aramubonekera, aramukomeza+. 44 Mugabo yari afise amaganya menshi ku buryo abandanya gusenga cane+. Icuya ciwe gicika nk’amama y’amaraso atibagurikira hasi. 45 Ahejeje gusenga, aca arahaguruka aja aho abigishwa bari, asanga bariko barisinzirirako kubera barembejwe n’intuntu+. 46 Aca ababwira ati: «Kubera iki musinziriye? Haguruka mugume musenga, kugira ntimutwarwe n’ibigeragezo+.»
47 Akiriko aravuga, haca haza isinzi ry’abantu riyobowe n’umugabo yitwa Yuda, akaba yari umwe muri bamwe cumi na babiri. Araheza yegera Yezu kugira amusome+. 48 Ariko Yezu amubwira ati: «Yuda, urubahutse kugurisha Umwana w’umuntu mu kumusoma?» 49 Abari kumwe na Yezu babonye ibigira bibe, baca bavuga bati: «Mukama, tubiraremwo n’inkota?» 50 Umwe muri bo mbere yarakubise inkota umushumba w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi kw’iburyo+. 51 Mugabo Yezu avuga ati: «Geza aho!» Aca akora ku gutwi kw’uwo mushumba, aramukiza. 52 Yezu aca abwira abakuru b’abaherezi, abakuru b’abarinzi b’urusengero n’abashingantahe bari baje kumufata ati: «Mbega muje mwitwaje inkota n’amahiri nk’abahiga umwambuzi+? 53 Imisi yose namye ndi kumwe namwe mu rusengero+, ariko ntimwamfashe+. Mugabo iki ni igihe* canyu be n’igihe c’uko umwiza uganza+.»
54 Baca baramufata baramujana+, bamwinjiza mu nzu y’umuherezi mukuru. Mugabo Petero yaguma abakurikira ari kure+. 55 Baraheza bacana umuriro hagati mu rugo maze baricara, kandi Petero yari yicaranye na bo+. 56 Umusukukazi umwe amubonye yicaye iruhande y’umuriro uriko uramumurika, aca aramwitegereza neza maze avuga ati: «Uyu mugabo na we nyene yari kumwe na we.» 57 Mugabo arabihakana, avuga ati: «Sindamuzi, wa mugore we.» 58 Haciye akanya gatoyi, uwundi muntu aramubona, aca avuga ati: «Na wewe nyene uri muri bo.» Mugabo Petero amwishura ati: «Sindi muri bo, wa mugabo we+.» 59 Haciye nk’isaha imwe, uwundi muntu atangura kumwemeza ati: «Ni ukuri, uyu mugabo na we nyene yari kumwe na we. Nakare ni Umunyagalilaya!» 60 Mugabo Petero avuga ati: «Wa mugabo we, sinzi ivyo uriko uravuga.» Ubwo nyene akiriko aravuga, isake ica irabika. 61 Umukama aca arahindukira, araba mu maso Petero. Petero aca yibuka ivyo Umukama yari yamubwiye ati: «Imbere y’uko isake ibika uno musi, uza kunyihakana gatatu+.» 62 Aca arasohoka hanze, araturikisha ararira.
63 Abagabo bari bacunze Yezu baca batangura kumutyekeza+ no kumukubita+. 64 Bamaze kumupfuka mu maso, baguma bamubwira bati: «Ko wumva uri umuhanuzi, tubwire uwugukubise!» 65 Baguma bavuga n’ayandi majambo menshi yo kumutuka*.
66 Bukeye, abagize inama y’abashingantahe b’iryo hanga bakoranira hamwe, ni ukuvuga abakuru b’abaherezi n’abanditsi+. Binjiza Yezu mu ngoro y’Inama nkuru, bamubwira bati: 67 «Nimba uri Kristu, bitubwire+.» Mugabo Yezu abishura ati: «Naho nobibabwira ntimwogenda muvyemeye. 68 Kandi naho nobabaza ntimwonyishura. 69 Ariko kuva ubu, Umwana w’umuntu+ azokwicara iburyo bw’Imana Nyenububasha+.» 70 Bose baca bavuga bati: «Uri Umwana w’Imana rero?» Na we abishura ati: «Mwebwe ubwanyu muravuze ko ndi we.» 71 Baca bavuga bati: «Hari ibindi vyabona dukeneye? Twavyiyumviye bivuye mu kanwa kiwe+.»
23 Abo bantu bose rero baca barahaguruka, bamujana kwa Pilato+. 2 Batangura kumwagiriza+ bati: «Twasanze uyu muntu ariko aragumura ihanga ryacu yongera abuza abantu kuriha ikori Sezari+, kandi yiyita ngo ni Kristu umwami+.» 3 Pilato aca amubaza ati: «Uri Umwami w’Abayuda?» Yezu amwishura ati: «Wewe ubwawe urabivuze+.» 4 Pilato aca abwira abakuru b’abaherezi n’isinzi ry’abantu ati: «Nta caha mbona kuri uyu muntu+.» 5 Mugabo baguma bavuga bashimitse bati: «Agenda aragumura abantu mu kwigisha i Galilaya hose. Yahereye i Yudaya, none yashitse no ng’aha.» 6 Pilato avyumvise, aca abaza ko uwo muntu yoba ari Umunyagalilaya. 7 Amaze kumenya neza ko yava mu karere Herodi+ atwara, aca amurungika kwa Herodi, kandi na we nyene yari i Yeruzalemu muri iyo misi.
8 Herodi abonye Yezu, aca aranezerwa cane. Yari amaze igihe yipfuza kumubona, kuko yari yarumvise vyinshi ku bimwerekeye+, akaba yari yiteze kubona igitangaro akora. 9 Atangura kumubaza ibibazo vyinshi, mugabo Yezu nta nyishu yamuhaye+. 10 Ariko abakuru b’abaherezi n’abanditsi baguma bahaguruka, bamwagiriza n’ishavu ryinshi. 11 Maze Herodi aramusuzugura+ ari kumwe n’abasoda biwe, yongera aramutwenga+ mu kumwambika impuzu nziza, aca amusubiza kwa Pilato. 12 Herodi na Pilato baca baba abagenzi guhera uwo musi, ariko imbere y’aho bari abansi.
13 Pilato aca akoranya abakuru b’abaherezi, abatware n’abanyagihugu, 14 maze ababwira ati: «Mwanzaniye uyu mugabo mumwagiriza ko agumura abantu. Nanje namusambishirije imbere yanyu, ariko nta kirego na kimwe nabonye gifashe mu vyo mumwagiriza+. 15 Kandi na Herodi nta kosa yamubonyeko, kuko yaciye amudusubiza. Nta kintu na kimwe yakoze gikwiye kumwicisha. 16 Ngira rero ndamuhane+ hanyuma nce ndamurekura.» 17*—— 18 Ariko iryo sinzi ryose rica rirasemerera riti: «Uwo mwice* maze uturekurire Baraba+!» 19 (Uwo mugabo yari yapfunzwe kubera imigumuko yari yabaye mu gisagara hamwe n’ubwicanyi.) 20 Pilato yongera kuvugana na bo, kuko yashaka kurekura Yezu+. 21 Baca batangura gutera urwamo bavuga ngo: «Mumanike! Mumanike*+!» 22 Yongera kubabwira ubugira gatatu ati: «Kubera iki? Ikibi uwu muntu yakoze ni ikihe? Nta kintu na kimwe namubonyeko cotuma yicwa. Ngira rero ndamuhane hanyuma nce ndamurekura.» 23 Baguma basemerera, basaba bashimitse yuko yomanikwa ku giti, ku buryo induru yabo imugondoza+. 24 Pilato aca afata ingingo yo kubemerera ivyo basavye. 25 Arekura uwo mugabo bariko barasaba, uwari yapfunzwe kubera imigumuko n’ubwicanyi, mugabo atanga Yezu ngo bamugire uko bagomba.
26 Bamujanye, bafata umugabo yitwa Simoni w’i Sireni yariko ararengana avuye mu gihugu hagati. Baca bamwikoreza ca giti co kubabarizwako*, ngo agende acikoreye inyuma ya Yezu+. 27 Abantu benshi bariko baramukurikira, harimwo n’abagore baguma bikubitagura ku gikiriza kubera intuntu bongera bamuririra. 28 Yezu arahindukira, abwira abo bagore ati: «Bakobwa b’i Yeruzalemu, nimureke kundirira. Ahubwo nimwiririre mwe n’abana banyu+, 29 kuko hazogera igihe aho abantu bazovuga bati: “Hahiriwe abagore b’ingumba, abatigeze baronka abana n’abatigeze bonsa+!” 30 Ico gihe bazobwira imisozi bati: “Nimutugweko!”, babwire n’imitumba bati: “Nimudupfuke+!” 31 Nimba bariko bakorera ibi igiti kikiri kibisi, hari akantu nicuma!»
32 Hari abandi bagabo babiri b’inkozi z’ikibi bari bagiye kwicanwa na we+. 33 Bashitse ahantu hitwa Gahanga+, baca bamumanika ng’aho ari kumwe na za nkozi z’ikibi, umwe iburyo bwiwe, uwundi ibubamfu+. 34 Mugabo Yezu avuga ati: «Dawe, bababarire kuko batazi ivyo bariko barakora.» Vyongeye, bapfindira impuzu ziwe kugira bazigabure+. 35 Abantu bari bahagaze ng’aho bitegereza ibiriko biraba. Ariko abatware baguma bitwengera, bavuga ngo: «Abandi yarabakijije! Niyikize na we nimba ari Kristu w’Imana, uwatowe+!» 36 Mbere n’abasirikare baguma bamutwenga, bakamwegera bakamuha umuvinyu ukarishe+, 37 bakamubwira bati: «Niwikize ko wumva uri Umwami w’Abayuda!» 38 Hariho kandi icapa hejuru yiwe canditsweko ngo: «Uyu ni Umwami w’Abayuda+.»
39 Umwe muri za nkozi z’ikibi zimanitswe iruhande yiwe atangura kumutuka+, amubwira ati: «None nturi Kristu? Ikize hanyuma natwe udukize!» 40 Mugenziwe aca aramukarira, amubwira ati: «Wewe ntutinya Imana na gato, kandi waciriwe urubanza nk’urwiwe? 41 Tweho birumvikana, kuko turiko tuzira ivyo twakoze. Ariko uwu muntu nta kibi na kimwe yakoze.» 42 Yongerako ati: «Yezu, uranyibuka niwashika mu Bwami bwawe+.» 43 Yezu aca amwishura ati: «Ni ukuri ndabikubwiye uyu musi, uzoba uri kumwe nanje mw’Iparadizo+.»
44 Ico gihe hari nka sasita*, ariko umwiza uca utwikira igihugu cose gushika nka sacenda*+, 45 kuko umuco w’izuba wari wazimye. Irido y’ahantu heranda+ ica itabukira hagati+. 46 Yezu aca arasemerera n’ijwi rirenga ati: «Dawe, impwemu yanje ndayishize mu maboko yawe+.» Ahejeje kuvuga ayo majambo, aca aracikana+. 47 Intwazangabo ibonye ibibaye, ica itangura kuninahaza Imana, ivuga iti: «Ni ukuri, uyu muntu yari umugororotsi+.» 48 Abantu bose bari bakoraniye ng’aho bitegereza ivyo bintu, babonye ibibaye, baca basubira iwabo bikubitagura ku gikiriza. 49 Vyongeye, abantu bose bari bamuzi bari bahagaze hirya. Abagore bari bamuherekeje kuva i Galilaya na bo nyene ni ho bari, kandi barabonye ivyo bintu+.
50 Maze hariho umugabo yitwa Yozefu, yari mu bagize Inama nkuru, akaba yari umuntu mwiza kandi w’umugororotsi+. 51 (Uwo mugabo yari yanse gushigikira uwo mugambi wabo mubi n’ico gikorwa cabo mu matora.) Yava i Arimateya mu gisagara c’Abayuda, kandi yari arindiriye Ubwami bw’Imana. 52 Uwo mugabo aca aja kwa Pilato, amusaba ikiziga ca Yezu. 53 Nuko arakimanura+, akizingira mu gitambara ciza c’ilino*. Araheza agishira mu mva* ata muntu n’umwe yari bwashirwemwo, ikaba yari yimbwe mu gitandara+. 54 Ico gihe hari ku musi w’Imyiteguro+, kandi isabato+ yagira itangure. 55 Abagore bari baje baherekeje Yezu kuva i Galilaya na bo nyene baragiye, barabona imva yiwe n’aho bashize ikiziga ciwe+, 56 baca basubira inyuma, baja gutegura ibintu bimota hamwe n’amavuta amota. Ariko ntiwumve, bararuhutse kw’isabato+ nk’uko amategeko yabisaba.
24 Ku musi wa mbere w’indwi, bazindukira ku mva* bazanye ibintu bimota bari bateguye+. 2 Mugabo basanga rya buye ryari ryugaye imva ryatembagaye+, 3 hanyuma binjiye ntibabona ikiziga c’Umukama Yezu+. 4 Bakizazaniwe n’ivyo bintu, baza babona abagabo babiri bambaye impuzu zikayangana bahagaze iruhande yabo. 5 Kubera yuko bari bagize ubwoba bakaguma bunamye, abo bagabo baca bababwira bati: «Kubera iki murondera umuntu muzima mu bapfuye+? 6 Nta wuri ng’aha, yarazuwe. Ibuka ivyo yababwiye akiri i Galilaya, 7 yuko Umwana w’umuntu yotawe mu minwe y’abacumuzi, akamanikwa ku giti hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu+.» 8 Baca bibuka amajambo yiwe+. 9 Baraheza bava kuri iyo mva baja kwiganira ivyo bintu vyose bamwe cumi n’umwe n’abandi bose+. 10 Abo bagore bari Mariya Magadalena na Mariya nyina wa Yakobo. Hari n’abandi bagore bari kumwe na bo bariko babwira intumwa ivyo bintu nyene. 11 Ariko izo ntumwa zibona ko ivyo bintu bitagira umutwe n’amaguru, ntizemera ivyo abo bagore bazibwiye.
12 Ariko Petero aca arahaguruka agenda ku mva* yiruka. Hanyuma yunamye, abona za mpuzu z’ilino* gusa. Aca asubira inyuma, aguma yibaza ivyabaye ivyo ari vyo.
13 Kuri uwo musi nyene, babiri mu bigishwa ba Yezu bariko baja mu kigwati citwa Emawusi, kiri nko ku bilometero 11* uvuye i Yeruzalemu, 14 kandi bariko baraganira kuri ivyo bintu vyose vyari vyabaye.
15 Bariko barayaga bongera bazirikana kuri ivyo bintu, Yezu aca arabegera, ajana na bo, 16 ariko amaso yabo abuzwa kumumenya+. 17 Ababaza ati: «Mbega ivyo mugenda murabazanya ni ibiki?» Baca barahagarara bijiriwe mu maso. 18 Uwitwa Kelewopasi amwishura ati: «Mbega uri umunyamahanga yibana wenyene i Yeruzalemu ku buryo utazi ivyahabaye muri iyi misi*?» 19 Na we ababaza ati: «Ibiki?» Bamwishura bati: «Ivyashikiye Yezu Umunyanazareti+, umuhanuzi yakoze ibitangaro kandi akavuga amajambo akomeye imbere y’Imana n’abantu bose+. 20 Abakuru b’abaherezi n’abatware bacu baramutanze ngo yicwe+, maze bamumanika ku giti. 21 Twari twizigiye ko uwo muntu ari we azorokora Isirayeli+. Kandi uretse n’ivyo vyose, haciye imisi itatu ivyo bibaye. 22 Vyongeye, hari n’abagore bo muri twebwe badutangaje cane, kuko bazindukiye ku mva*+ 23 ariko ntibabonye ikiziga ciwe. Bagarutse, batubwiye ko babonekewe n’abamarayika maze bababwira ko ari muzima. 24 Bamwe muri twebwe baciye bagenda ku mva+, basanga bimeze nk’uko nya bagore babivuze, ariko Yezu ntibamubonye.»
25 Aca ababwira ati: «Mbega abantu b’imburabwenge! Ese ingene imitima yanyu iteba kwemera ibintu vyose abahanuzi bavuze! 26 None ntivyari ngombwa ko Kristu ashikirwa n’ivyo bintu+ kugira yinjire mu buninahazwa bwiwe+?» 27 Aca ahera ku vyo Musa yanditse no ku vyo abahanuzi bose banditse+, maze abasigurira ibintu vyose Ivyanditswe bivuga ku bimwerekeye.
28 Amaherezo, bashika hafi y’ikigwati bari bagiyemwo, ariko we amera nk’uwubandanya. 29 Mugabo baramwinginga bati: «Gumana natwe, kuko ari ku mugoroba kandi bugira bwire.» Aca arinjira mu nzu kugira agumane na bo. 30 Bariko barafungura*, atora umukate, arawuhezagira, arawumanyura hanyuma arawubaha+. 31 Amaso yabo aca arugururwa rwose, baramumenya. Mugabo Yezu aca aranyika, ntibasubira kumubona+. 32 Maze babwirana bati: «Mbega imitima yacu ntiyariko irarurumba igihe yariko aravugana natwe ku nzira, ariko aradusigurira neza Ivyanditswe?» 33 Ubwo nyene baca barahaguruka basubira i Yeruzalemu. Basanga bamwe cumi n’umwe bakoraniye hamwe n’abandi bigishwa, 34 baca bababwira bati: «Ni ukuri Umukama yazutse kandi yiyeretse Simoni+!» 35 Na bo baca babiganira ivyashitse bari mu nzira, n’ukuntu bamumenye amanyuye umukate+.
36 Bakiriko baravugana ivyo bintu, Yezu ubwiwe aca ahagarara hagati yabo maze ababwira ati: «Nimugire amahoro+.» 37 Mugabo kubera bari batekewe n’ubwoba kandi barandutse umutima, bagira ngo babonye ikiremwa c’impwemu. 38 Aca ababwira ati: «Kubera iki muhagaritse umutima, kandi ni kubera iki mukekeranya mu mitima yanyu? 39 Raba ibiganza vyanje n’ibirenge vyanje, murabona ko ari jewe nyene. Nimunkorakore murabe, kuko ikiremwa c’impwemu kitagira inyama n’amagufa nk’ibi mubona mfise.» 40 Ivyo yabivuga ariko arabereka ibiganza vyiwe n’ibirenge vyiwe. 41 Mugabo kubera bari barengewe n’umunezero n’ugutangara cane, ntibari bwemere ko ari vyo. Yezu aca ababaza ati: «Hari ikintu co kurya mufise ng’aha?» 42 Baca bamuha igipande c’ifi yokeje. 43 Aca aragitora akirira imbere yabo.
44 Hanyuma ababwira ati: «Ibi ni bimwe nababwira nkiri kumwe namwe+, yuko ibintu vyose binyerekeye vyanditswe mu mategeko ya Musa, mu bitabu vy’abahanuzi no mu Mazaburi bitegerezwa kuranguka+.» 45 Aca arabafasha gutahura neza insobanuro y’Ivyanditswe+, 46 araheza ababwira ati: «Handitswe yuko Kristu yobabajwe hanyuma akazuka mu bapfuye ku musi ugira gatatu+, 47 be n’uko hokwamamajwe mw’izina ryiwe yuko abantu bokwigaya kugira bababarirwe ibicumuro+, ivyo bigakorwa mu mahanga yose+ uhereye i Yeruzalemu+. 48 Mubwirizwa kuba ivyabona vy’ivyo bintu+. 49 Ngira ndabarungikire ico Dawe yabasezeraniye. Mugume mu gisagara gushika muhawe* ububasha buvuye hejuru+.»
50 Aca arabajana hanze y’igisagara gushika i Betaniya, hanyuma aduza amaboko arabahezagira. 51 Akiriko arabahezagira, atandukana na bo maze aduganwa mw’ijuru+. 52 Baca baramwunamira* hanyuma basubira i Yeruzalemu n’umunezero mwinshi+. 53 Imisi yose bama mu rusengero bashemeza Imana+.
Canke «ivyo wigishijwe ku munwa.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Mu kigiriki havuga ngo «yakomoka ku bakobwa ba Aroni.»
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Canke «akiva mu nda ya nyina.»
Raba Inyongera ya A5.
Canke «ubukerebutsi nyabwo.»
Raba Inyongera ya A5.
Canke «igikorwa ciwe gikorerwa abantu.»
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Canke «kuko ata jambo.»
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Canke «iyaruka.»
Mu kigiriki havuga ngo «n’urubuto.»
Raba Inyongera ya A5.
Hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Canke «ihembe ry’ubukiriro.» Raba Insiguro y’amajambo (Ihembe).
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Mu kigiriki havuga ngo «ategerezwa kwitwa mweranda kuri.»
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Mu kigiriki havuga ngo «atabonye Kristu wa Yehova.»
Canke «basuzugura.»
Mu kigiriki havuga ngo «kuva avuye mu busugi.»
Raba Inyongera ya A5.
Canke «kubayobokera.»
Ni Herodi Antipa. Raba Insiguro y’amajambo.
Raba Inyongera ya A5.
Canke «igifise umubiri cose.»
Canke «uburyo Imana ikoresha mu gukiza.»
Canke «impuzu yo kwihindura.»
Canke «ntimutoze.»
Canke «uwo munyaga utwiwe.»
Canke «n’ivyo muronswa.»
Canke «y’isandari.»
Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.
Mu kigiriki havuga ngo «na wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
Raba Inyongera ya A5.
Canke «ku gahome», «kw’isonga.»
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Raba Inyongera ya A5.
Canke «yakijijwe.»
Canke «impwemu ihumanye.»
Canke «kumuhiga.»
Ni ikiyaga ca Galilaya.
Canke «turacumukura.»
Raba Inyongera ya A5.
Canke «yubahuka kurogota.»
Canke «ku biro vy’ikori.»
Canke «bari bicaranye na bo ku meza.»
Canke «mu mikuza y’inshato.»
Canke «bamyoza.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «ni Umukama w’isabato.»
Canke «kunyunyutse.»
Canke «n’impwemu zihumanye.»
Canke «bakabiyamiriza ngo muri babi.»
Canke «impuzu yo hejuru.»
Canke «n’impuzu yo munsi.»
Ni ukuvuga guha ingurane umuntu utiteze inyungu.
Canke «murekura.»
Canke «muzorekurwa.»
Canke «mu mikunjo y’impuzu.» Mu kigiriki havuga ngo «mu bikondorero.»
Canke «umwigishwa.»
Mu kigiriki havuga ngo «biboze.»
Mu kigiriki havuga ngo «kiboze.»
Mu kigiriki havuga ngo «ari we mwana w’ikinege.»
Canke «zoroshe.»
Mu kigiriki havuga ngo «mu bavyawe n’abagore.»
Canke «iri yaruka», «uru runganwe.»
Mu kigiriki havuga ngo «icerekana ko ubukerebutsi bugororotse ni abana babwo bose.»
Canke «yari yicaye ku meza.»
Mu kigiriki havuga ngo «agacupa ka alabasitironi.» Raba Insiguro y’amajambo (Alabasitironi).
Raba Inyongera ya B14.
Canke «yaciye abaharira ata gahigihigi.»
Canke «naho bikomeye.»
Mu kigiriki havuga ngo «maze wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
Canke «mu mva z’icibutso.»
Canke «yikubita.»
Canke «iyo mpwemu ihumanye.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «yari imaze igihe kinini imwiziziye.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «inguvu yiwe y’ubuzima iragaruka.» Mu kigiriki havuga ngo «impwemu yiwe iragaruka.» Raba Insiguro y’amajambo (Impwemu).
Mu kigiriki havuga ngo «ifeza.»
Canke «impuzu zibiri.»
Ni Herodi Antipa. Raba Insiguro y’amajambo.
Raba Insiguro y’amajambo.
Mu kigiriki havuga ngo «ntibazogenda bahonjeje urupfu.»
Mu kigiriki havuga ngo «undabire.»
Canke «iyaruka.»
Canke «ihumanye.»
Mu kigiriki havuga ngo «cagira cuzure.»
Canke «isuka irimishwa n’ibitungwa.»
Canke «agasaho k’amahera.»
Canke «isandari.»
Canke «ntihagire uwo mugwa mu nda mu kumuramutsa.»
Canke «n’utumina.»
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya B14.
Mu kigiriki havuga ngo «ijambo ryiwe.»
Canke «nirifatwe ko ari ryeranda», «niryubahwe.»
Mu kigiriki havuga ngo «umukate.»
Mu kigiriki havuga ngo «nk’uko natwe duhebera amadeni abayadufitiye.»
Canke «akamina.»
Ni irindi zina rya Shetani.
Canke «ni co gituma bazobatsindisha.»
Canke «bwabahwikiye.»
Canke «ihumanye.»
Canke «iri yaruka.»
Canke «y’igiseke bapimisha.»
Canke «ribona neza.» Mu kigiriki havuga ngo «riremuruye.»
Canke «uba wuzuye umuco.»
Mu kigiriki havuga ngo «ari ribi.»
Ntibisobanura ko yariye adakaravye, ahubwo ntiyakaravye yisunze imigenzo y’Abayuda.
Canke «igihe mutanga ingabire z’imbabazi.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingabire z’imbabazi).
Ni igiterwa kimota barima, gikoreshwa nk’ikirungo.
Hari n’abazita «isogi.»
Canke «vyizavyiza.»
Canke «za mva z’icibutso.»
Canke «zitariko ikimenyetso.»
Canke «azobazwe.»
Mu kigiriki havuga ngo «n’inzu.»
Canke «azobazwa.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Mu kigiriki havuga ngo «asariyoni zibiri.» Raba Inyongera ya B14.
Canke «yirengagiza.»
Canke «uwurogota ku mpwemu nyeranda.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «mu masinagogi.»
Canke «umugabuzi.»
Canke «ukwipfuza.»
Canke «intambwe n’imwe.» Ni ukuvuga intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Raba Inyongera ya B14.
Canke «mu buninahazwa.»
Canke «mw’ifuru.»
Canke «mutange ingabire z’imbabazi.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingabire z’imbabazi).
Canke «azokenyera.»
Mu kigiriki havuga ngo «mw’iterama rigira kabiri.»
Mu kigiriki havuga ngo «mw’iterama rigira gatatu.»
Canke «uwujejwe urugo.»
Canke «w’inkerebutsi.»
Canke «abakozi bo mu nzu.»
Canke «akore ivyo shebuja agomba.»
Mu kigiriki havuga ngo «leputoni ya nyuma.» Raba Inyongera ya B14.
Canke «impwemu y’ubugoyagoye.»
Iryo jambo «umugore» ntiryerekana ko ata rupfasoni rurimwo.
Mu kigiriki havuga ngo «n’ingero zitatu za seya.» Seya imwe yaja mu kintu c’amalitiro 7,33. Raba Inyongera ya B14.
Canke «amenyo.»
Canke «bidashoboka.»
Raba Inyongera ya A5.
Canke «mu gatutu k’ubugeni.»
Mu kigiriki havuga ngo «uwuzorira umukate.»
Canke «imfungurwa zo ku mugoroba zidasanzwe.»
Canke «ntakunde buhorobuhoro.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Mu kigiriki havuga ngo «adasezeye.»
Canke «ububasha.»
Raba Inyongera ya B14.
Canke «abagenzi biwe b’abagore.»
Canke «isandari.»
Canke «afise amagara meza.»
Mu kigiriki havuga ngo «umubwiriza.»
Canke «ingero za bati.» Bati imwe yangana n’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.
Bayita kandi amavuta ya olive.
Canke «ingero 100 za koro.» Koro imwe yaja mu kintu c’amalitiro 220. Raba Inyongera ya B14.
Mu kigiriki havuga ngo «umubwiriza.»
Canke «ubukerebutsi nyabwo.»
Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
Iyo mvugo «amategeko n’ivyanditswe n’abahanuzi» yerekeza ku Vyanditswe vyose vy’igiheburayo.
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Raba Insiguro y’amajambo.
Mu kigiriki havuga ngo «mu gikiriza ca Aburahamu.»
Mu kigiriki havuga ngo «kuko ku musi wiwe.»
Canke «n’iri yaruka.»
Ni ibintu bimeze nk’ifu vyaka cane. Mu gifaransa bavyita soufre.
Raba Inyongera ya A3.
Canke «ntahave amara n’ibipfunsi.»
Canke «mwene ukwo kwizera.» Mu kigiriki havuga ngo «ukwizera.»
Canke «impuhwe.»
Canke «mu gihe kizoza.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
Canke «nanyaze umuntu mu kumwagiriza ibinyoma.»
Imina y’Abagiriki yapima amagarama 340. Vyiyumvirwa ko yangana n’idarakima 100. Raba Inyongera ya B14.
Canke «yamaze kuronka ubwami.»
Mu kigiriki havuga ngo «ifeza.»
Mu kigiriki havuga ngo «ifeza zanje.»
Imyelayo bayita kandi olive.
Canke «impuzu zabo zo hejuru.»
Raba Inyongera ya A5.
Mu kigiriki havuga ngo «riba umutwe w’imfuruka.»
Canke «bibereye.»
Canke «ikori ry’umutwe.»
Raba Inyongera ya B14.
Canke «nimubisubize.»
Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
Canke «kandi bazoba abana b’Imana kuko ari abana b’izuka.»
Raba Inyongera ya A5.
Canke «kuko ibona ko bose ari bazima.»
Raba Inyongera ya A5.
Canke «vyizavyiza.»
Canke «ku mfungurwa zo ku mugoroba.»
Mu kigiriki havuga ngo «bakarotsa amazu y’abapfakazi.»
Canke «ruremereye.»
Mu kigiriki havuga ngo «leputoni zibiri.» Raba Inyongera ya B14.
Canke «imivurungano.»
Canke «igihe co kwihora.»
Canke «abanyamahanga.»
Muri Isirayeli, ibiterwa bitotahara mu ci.
Canke «iri yaruka.»
Mu kigiriki havuga ngo «amahera y’ifeza.»
Canke «imfungurwa zo ku mugoroba.»
Canke «ni uwicaye ku meza.»
Canke «arakorera abandi.»
Canke «agasaho k’amahera.»
Canke «isandari.»
Canke «impuzu yo hejuru.»
Canke «isaha.»
Canke «yo kumurogotako.»
Raba Inyongera ya A3.
Mu kigiriki havuga ngo «uwo mukureho!»
Canke «mumanike ku giti! Mumanike ku giti!»
Raba Insiguro y’amajambo.
Mu kigiriki havuga ngo «nko kw’isaha igira 6.»
Mu kigiriki havuga ngo «nko kw’isaha igira 9.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «mu mva y’icibutso.»
Canke «ku mva y’icibutso.»
Canke «ku mva y’icibutso.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Mu kigiriki havuga ngo «sitadiyo 60.» Sitadiyo imwe yangana n’imetero 185. Raba Inyongera ya B14.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ni wewe mushitsi wenyene w’i Yeruzalemu utazi ivyabaye?»
Canke «ku mva y’icibutso.»
Canke «bicaye ku meza.»
Canke «mwambitswe.»
Canke «baca bikubita imbere yiwe.