INKURU NZIZA YA YOHANI
1 Mu ntango Jambo+ yariho kandi Jambo yari kumwe n’Imana+, vyongeye Jambo yari imana*+. 2 Yari kumwe n’Imana kuva mu ntango. 3 Ibintu vyose vyabayeho biciye kuri we+. Nta kintu na kimwe cabayeho bitamuciyeko.
4 Ubuzima bwabayeho biciye kuri we, kandi ubwo buzima bwari umuco w’abantu+. 5 Umuco rero wakira mu mwiza+, ariko umwiza ntuwutsinda.
6 Hari umuntu yaje aserukira Imana, na we akaba yitwa Yohani+. 7 Uwo muntu yaje nk’icabona gishingira intahe umuco+, kugira ngo abantu b’uburyo bwose bizere biciye kuri we. 8 Si we yari uwo muco+, ahubwo yategerezwa gushingira intahe uwo muco.
9 Umuco w’ukuri umurikira abantu b’uburyo bwose wagira uze mw’isi+. 10 Yari* mw’isi+ kandi isi yabayeho biciye kuri we+, mugabo isi ntiyamumenye. 11 Yaje muhira iwe, ariko abiwe ntibamwakiriye. 12 Mugabo abamwakiriye bose yabahaye uburenganzira bwo kuba abana b’Imana+, kuko bari bizeye izina ryiwe+. 13 Abo rero ntibavyawe n’abavyeyi canke ugushaka kwabo* canke ugushaka kw’umuntu, ahubwo bavyawe n’Imana+.
14 Nuko Jambo acika umuntu+, araheza abana natwe, kandi twaritegereje ubuninahazwa bwiwe, ubuninahazwa bumeze nk’ubwo umwana w’ikinege+ ahabwa na se. Yari yuzuye ubuntu bw’Imana* hamwe n’ukuri. 15 (Yohani yaramushingiye intahe, emwe yarasemereye ati: «Uyu ni umwe nari naravuze nti: “Uwuriko araza inyuma yanje aranduta, kuko yantanze kubaho+.”») 16 Kubera yuko yuzuye ubuntu buhebuje, na twebwe tuguma tuburonka ku bwinshi. 17 Amategeko yatanzwe biciye kuri Musa+, ubuntu buhebuje+ hamwe n’ukuri na vyo biza biciye kuri Yezu Kristu+. 18 Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana+. Wa mwana w’ikinege ameze nk’Imana*+ ari iruhande ya Se*+, ni we yayisiguye+.
19 Ng’iyi intahe rero Yohani yashinze igihe Abayuda barungika abaherezi n’Abalewi bavuye i Yeruzalemu kumubaza bati: «Uri nde+?» 20 Yarabishuye ata kugonanwa, ababwira ati: «Jewe sindi Kristu.» 21 Na bo baca bamubaza bati: «None uri Eliya+?» Abishura ati: «Sindi we.» Na bo bati: «Uri wa Muhanuzi+?» Na we ati: «Oya!» 22 Ni ko kumubaza bati: «Uri nde none? Tubwire kugira turonke ico twishura abadutumye. Tubwire ibikwerekeye.» 23 Avuga ati: «Ndi ijwi ry’umuntu asemerera mu bugaragwa ati: “Nimugorore inzira ya Yehova*+”, nk’uko umuhanuzi Yesaya yabivuze+.» 24 Abo bantu bari batumwe bari abo mu Bafarizayo. 25 Baca bamubaza bati: «Kubera iki none ubatiza nimba utari Kristu canke Eliya canke wa Muhanuzi?» 26 Yohani abishura ati: «Jewe mbatiza mu mazi. Hariho umuntu mutazi ari muri mwebwe, 27 uwuriko araza inyuma yanje, kandi simbereye no kubohora imigozi y’ibirato* vyiwe+.» 28 Ivyo vyabereye i Betaniya hakurya ya Yorodani, aho Yohani yariko arabatiriza+.
29 Bukeye, Yohani abona Yezu aza amutumbereye, aca avuga ati: «Raba Umwagazi w’intama+ w’Imana, ukuraho igicumuro+ c’isi+! 30 Uyu ni umwe navuga nti: “Inyuma yanje hariho umuntu ariko araza anduta, kuko yantanze kubaho+.” 31 Na jewe sinari ndamuzi, mugabo icatumye nza kubatiza abantu mu mazi, kwari ukugira ngo Abisirayeli bamumenye+.» 32 Yohani yarashinze intahe kandi ati: «Narabonye impwemu imanuka iva mw’ijuru isa n’inuma, hanyuma iguma kuri we+. 33 Na jewe sinari ndamuzi, ariko umwe yandungika kubatiza mu mazi, ni we yambwiye ati: “Uwo uzobona impwemu imanutseko ikamugumako+, ni we abatiza mu mpwemu nyeranda+.” 34 Nanje rero narabibonye, kandi narashinze intahe ko uyu ari Umwana w’Imana+.»
35 Bukeye kandi, Yohani yari ahagararanye na babiri mu bigishwa biwe, 36 hanyuma abona Yezu ariko ararengana, aca avuga ati: «Raba Umwagazi w’intama+ w’Imana!» 37 Abo bigishwa babiri bavyumvise, baca bakurikira Yezu. 38 Yezu ahindukiye akabona bariko baramukurikira, ababaza ati: «Murondera iki?» Na bo bati: «Rabi (bisobanura ngo “Mwigisha”), uba hehe?» 39 Abishura ati: «Ingo murahabona.» Baca baragenda barabona aho aba, maze bagumana na we uwo musi. Hari nka sakumi zo ku mugoroba*. 40 Andereya+ mwenewabo na Simoni Petero, yari umwe muri abo babiri bumvise ivyo Yohani avuze bagaca bakurikira Yezu. 41 Nuko abanza kurondera mwenewabo Simoni, amubwira ati: «Twabonye Mesiya+» (bisobanura ngo «Kristu»), 42 araheza amujana aho Yezu ari. Yezu amubonye, aca amubwira ati: «Uri Simoni+ mwene Yohani, uzokwitwa Kefa» (bisobanura ngo «Petero+»).
43 Bukeye, Yezu ashaka kuja i Galilaya. Araheza abona Filipo+ maze amubwira ati: «Nkurikira.» 44 Filipo yava i Betsayida, igisagara Andereya na Petero bavamwo. 45 Filipo aca aja kurondera Natanayeli+, amubwira ati: «Twabonye umwe avugwa mu mategeko ya Musa no mu vyanditswe n’abahanuzi*. Ni Yezu, umwana wa Yozefu+, w’i Nazareti.» 46 Ariko Natanayeli amubwira ati: «Hari ikintu ciza cova i Nazareti?» Filipo amwishura ati: «Ingo nawe wirabire.» 47 Yezu abonye Natanayeli ariko araza aho ari, aca avuga ati: «Raba Umwisirayeli nyawe, atagira uburyarya+.» 48 Natanayeli aca amubaza ati: «Wamenye gute?» Yezu amwishura ati: «Nakubonye imbere y’uko Filipo aguhamagara, igihe wari munsi y’igiti c’umusukoni.» 49 Natanayeli aca avuga ati: «Rabi, uri Umwana w’Imana, Umwami wa Isirayeli+.» 50 Yezu na we amubwira ati: «Wizeye kubera ndakubwiye ko nakubonye munsi y’igiti c’umusukoni? Uzobona n’ibiruta ivyo.» 51 Aca yongerako ati: «Emwe ni ukuri ndabibabwiye, muzobona ijuru ryugurutse, n’abamarayika b’Imana baduga bongera bamanuka aho Umwana w’umuntu ari+.»
2 Ku musi ugira gatatu, hari urubanza rw’ubugeni i Kana muri Galilaya, kandi na nyina wa Yezu ni ho yari. 2 Yezu n’abigishwa biwe na bo nyene bari batumiwe kuri urwo rubanza.
3 Umuvinyu ubaye muke, nyina wa Yezu aca amubwira ati: «Nta muvinyu bafise.» 4 Yezu amwishura ati: «Ivyo biraturaba twe nawe ga wa mugore*? Igihe canje ntikiragera.» 5 Nyina wiwe aca abwira abasereva ati: «Ico ababwira cose mugikore.» 6 Ico gihe hari imibindi itandatu y’amazi ikozwe mu mabuye iteretse ng’aho, nk’uko vyasabwa n’amategeko y’Abayuda ajanye no kwityorora+. Umubindi umwumwe warashobora kujamwo ingero* zibiri canke zitatu. 7 Yezu aca ababwira ati: «Nimwuzuze amazi iyo mibindi.» Baca barayuzuza gushika no ku mbiga. 8 Araheza ababwira ati: «Nimudahe dukeyi, mushire uwuhagarikiye urubanza.» Baca baramushira. 9 Uwuhagarikiye urubanza aca ahonja ayo mazi yahindutse umuvinyu. Ntiyari azi iyo uwo muvinyu wavuye, mugabo abasuku bavomye ya mazi bari bahazi. Uwuhagarikiye urubanza aca ahamagara umukwe, 10 amubwira ati: «Abandi bose babanza gutereka umuvinyu uryoshe, hanyuma abantu bamaze kuborerwa bagatereka umuvinyu ubayabaye. Ariko wewe wabitse umuvinyu uryoshe gushika ubu.» 11 Ivyo Yezu yabikoreye i Kana muri Galilaya, biba intango y’ibitangaro vyiwe. Ukwo ni ko yerekanye ububasha* bwiwe+, bica bituma abigishwa biwe bamwizera.
12 Inyuma y’ivyo, we na nyina wiwe, benewabo+ hamwe n’abigishwa biwe baciye bamanuka i Kaperinawumu+, ariko ntibamazeyo imisi myinshi.
13 Ico gihe Pasika+ y’Abayuda yari yegereje, Yezu aca aduga i Yeruzalemu. 14 Yinjiye mu rusengero, asangayo abariko baragurisha inka, intama n’inuma+ hamwe n’abavunjayi bicaye mu bibanza vyabo. 15 Amaze gutsiba imigozi akayigira nk’ikimoko, aca yirukana abantu bose mu rusengero, bagenda bajanye n’intama zabo n’inka zabo. Asanzaza ibiceri vy’abavunjayi yongera atembagaza imeza zabo+. 16 Abwira abariko baragurisha inuma ati: «Kura ivyo bintu ng’aha! Nimureke guhindura inzu ya Dawe isoko*+!» 17 Abigishwa biwe baca bibuka ko handitswe ngo: «Umwete w’inzu yawe uzondurumbamwo+.»
18 Abayuda baca bamubaza bati: «Wotwereka igitangaro kitwemeza+ ko ufise ububasha bwo gukora ivyo bintu?» 19 Yezu abishura ati: «Nimusambure uru rusengero, nanje nce ndarwubaka mu misi itatu+.» 20 Abayuda baca bamubwira bati: «Uru rusengero rwubatswe mu myaka 46, nawe ngo uzorwubaka mu misi itatu?» 21 Ariko urusengero yariko aravuga wari umubiri wiwe+. 22 Igihe rero yazurwa mu bapfuye, abigishwa biwe baciye bibuka ko yakunda kubivuga+. Baraheza bizigira icanditswe n’ivyo Yezu yari yaravuze.
23 Ariko igihe yari i Yeruzalemu ku musi mukuru wa Pasika, abantu benshi barizeye izina ryiwe babonye ibitangaro yariko arakora. 24 Mugabo Yezu ntiyabizigira, kubera yari abazi bose 25 no kubera atari akeneye ko hagira uwumusigurira ivyerekeye abantu, kuko yari azi ikiri mu muntu+.
3 Hari umugabo w’Umufarizayo yitwa Nikodemu+, akaba yari umutware w’Abayuda. 2 Uwo mugabo rero aza kuraba Yezu mw’ijoro+, amubwira ati: «Rabi+, turazi ko uri umwigisha yavuye ku Mana, kuko ata muntu n’umwe yokora ibitangaro+ nk’ibi ukora Imana itari kumwe na we+.» 3 Yezu aca amubwira ati: «Emwe ni ukuri ndabikubwiye, umuntu atongeye kuvuka*+, ntashobora kubona Ubwami bw’Imana+.» 4 Nikodemu amubaza ati: «Umuntu yoshobora gute kuvuka kandi ashaje? None yoshobora kwinjira mu nda ya nyina hanyuma akavuka ubwa kabiri?» 5 Yezu amwishura ati: «Emwe ni ukuri ndabikubwiye, umuntu atavyawe n’amazi+ be n’impwemu+, ntashobora kwinjira mu Bwami bw’Imana. 6 Uwavyawe n’umubiri ni umubiri, uwavyawe n’impwemu na we ni impwemu. 7 Ntutangazwe n’uko ndakubwiye nti: “Mutegerezwa kwongera kuvuka.” 8 Umuyaga uhuhutira iyo ushaka, kandi umuntu arumva urwamo rwawo ariko ntamenya iyo uva n’iyo uja. Ni ko bimeze no ku muntu wese yavyawe n’impwemu+.»
9 Nikodemu aca amubaza ati: «Ivyo bishoboka gute?» 10 Yezu amwishura ati: «Wewe uri umwigisha wa Isirayeli ukaba utazi ivyo bintu? 11 Emwe ni ukuri ndabikubwiye, twebwe tuvuga ivyo tuzi kandi tugashingira intahe ivyo twabonye, ariko ntimwemera intahe yacu. 12 Ko nababwiye ibintu vyo kw’isi ntimuvyemere, none ninababwira ivyo mw’ijuru muzovyemera gute? 13 Vyongeye, nta muntu n’umwe yaduze mw’ijuru+ atari uwamanutse avayo+, ni we Mwana w’umuntu. 14 Nk’uko Musa yamanitse inzoka mu bugaragwa+, ni ko n’Umwana w’umuntu ategerezwa kumanikwa+, 15 kugira ngo umuntu wese amwizera aronke ubuzima budahera+.
16 Kuko Imana yakunze isi cane ku buryo itanga Umwana wayo w’ikinege+, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe, ahubwo aronke ubuzima budahera+. 17 Erega Imana ntiyarungitse Umwana wayo mw’isi kugira acire urubanza isi, ahubwo yamurungitse kugira isi ikizwe biciye kuri we+. 18 Uwumwizera ntazocirwa urubanza+. Uwutamwizera aramaze gucirwa urubanza, kuko atizeye izina ry’Umwana w’Imana w’ikinege+. 19 Ng’iri rero ishingiro ry’urubanza: umuco waraje mw’isi+, ariko abantu bakunze umwiza aho gukunda umuco, kuko ibikorwa vyabo vyari bibi. 20 Umuntu wese akora ibintu bishisha aranka umuco kandi ntaza ku muco, kugira ibikorwa vyiwe ntibije ahabona*. 21 Ariko umuntu akora ibigororotse araza ku muco+, kugira bigaragare ko ibikorwa vyiwe bihuye n’ukugomba kw’Imana.»
22 Inyuma y’ivyo, Yezu n’abigishwa biwe baja mu bigwati vy’i Yudaya. Amarayo igihe gitoyi ari kumwe na bo kandi yarabatiza abantu+. 23 Mugabo na Yohani yariko arabatiza abantu ahitwa Ayinoni hafi y’i Salimu, kuko hari amazi menshi+, kandi abantu baguma baza kugira ababatize+. 24 Ico gihe Yohani ntiyari bwatabwe mw’ibohero+.
25 Nuko havyuka ibihari hagati y’abigishwa ba Yohani n’Umuyuda umwe ku bijanye n’ukwihumanura. 26 Baca baza aho Yohani ari, bamubwira bati: «Rabi, wa muntu mwari kumwe hakurya ya Yorodani, umwe washingira intahe+, ariko arabatiza kandi abantu bose baguma baja kuri we.» 27 Yohani abishura ati: «Umuntu ntashobora kuronka ikintu na kimwe atagihawe kivuye mw’ijuru. 28 Ubwanyu muranshingira intahe yuko navuze nti: “Sindi Kristu+, ahubwo narungitswe kumwitangira imbere+.» 29 Uwufise umugeni ni we mukwe+. Ariko umugenzi w’umukwe, iyo ahagaze hafi yiwe akamwumva, aragira umunezero mwinshi kubera ijwi ry’umukwe. Umunezero wanje rero uruzuye. 30 Uwo ategerezwa kuguma aja hejuru, nanje nkaguma nja hasi.»
31 Uwuva hejuru+ ari hejuru y’abandi bose. Uwuva mw’isi ni uwo kw’isi, kandi avuga ibintu vyo kw’isi. Uwuva mw’ijuru ari hejuru y’abandi bose+. 32 Ashingira intahe ivyo yabonye n’ivyo yumvise+, ariko nta n’umwe yemera intahe yiwe+. 33 Uwemeye intahe yiwe aba yemeje* ko Imana ivuga ukuri+. 34 Kuko uwatumwe n’Imana avuga amajambo y’Imana+, kuko idatanga impwemu isorosoro*. 35 Se arakunda Umwana+, kandi ibintu vyose yabishize mu maboko yiwe+. 36 Uwizera Umwana arafise ubuzima budahera+. Uwugambararira Umwana ntazobona ubuzima+, ahubwo uburake bw’Imana buguma kuri we+.
4 Umukama rero amenye ko Abafarizayo bumvise ko yariko* aronka abigishwa benshi kandi akabatiza+ benshi kuruta Yohani, 2 (naho Yezu ubwiwe atari we yabatiza, ahubwo hakabatiza abigishwa biwe) 3 aca ava i Yudaya asubira i Galilaya. 4 Ariko vyabaye ngombwa ko aca i Samariya. 5 Nuko ashika mu gisagara c’i Samariya citwa Sikara, hafi y’itongo Yakobo yahaye umuhungu wiwe Yozefu+. 6 Aho ni ho hari iriba* rya Yakobo+. Yezu yari yicaye iruhande y’iryo riba, aruhijwe n’urugendo. Hari nka sasita*.
7 Hanyuma umugore umwe w’i Samariya aza kuvoma amazi. Maze Yezu amubwira ati: «Mpa amazi yo kunywa.» 8 (Abigishwa biwe bari bagiye mu gisagara kugura ibifungurwa.) 9 Uwo Musamariyakazi aca amubwira ati: «Bigenze gute ngo unsabe amazi yo kunywa kandi uri Umuyuda, nanje nkaba Umusamariyakazi?» (Kuko ata migenderanire Abayuda bafitaniye n’Abasamariya+.) 10 Yezu amwishura ati: «Iyaba wari uzi ingabire ya gusa Imana itanga+ be n’uwukubwiye ati: “Mpa amazi yo kunywa”, wari kumusaba amazi, na we akaguha amazi y’ubuzima+.» 11 Aca amubwira ati: «Mushinganta, nta n’indobo ufise yo kuvoma amazi kandi iriba ni rirerire. None ayo mazi y’ubuzima woyakura hehe? 12 None ugira uraruta sokuruza wacu Yakobo, we yaduhaye iri riba kandi na we nyene akaba yararinywako, n’abana biwe hamwe n’ibitungwa vyiwe?» 13 Yezu amwishura ati: «Umuntu wese anywa kuri aya mazi azosubira kunyoterwa. 14 Uwunywa ku mazi nzomuha ntazokwigera asubira kunyoterwa+. Ahubwo amazi nzomuha azocika isoko ry’amazi muri we, ridudubiza kugira ritange ubuzima budahera+.» 15 Uwo mugore aca amubwira ati: «Mushinganta, numpe ayo mazi kugira sinzosubire kunyoterwa, canke ngo ngume nza kuvoma amazi aha hantu.»
16 Yezu aca amubwira ati: «Genda uhamagare umugabo wawe hanyuma uze hano.» 17 Uwo mugore amwishura ati: «Nta mugabo mfise.» Yezu amubwira ati: «Uvuze ukuri ko uvuze ngo: “Nta mugabo mfise.” 18 Kuko wagize abagabo batanu, kandi n’uwo ufise ubu si umugabo wawe. Uvugishije ukuri.» 19 Uwo mugore aca amubwira ati: «Mushinganta, ndabona ko uri umuhanuzi+. 20 Ba sokuruza bacu basengera kuri uyu musozi, mugabo mwebwe muvuga ko i Yeruzalemu ari ho abantu babwirizwa gusengera+.» 21 Yezu amwishura ati: «Emera ivyo nkubwiye wa mugore, hazogera igihe mutazosengera Data kuri uyu musozi canke i Yeruzalemu. 22 Mwebwe musenga ico mutazi+. Twebwe dusenga ico tuzi, kuko ubukiriro butangurira ku Bayuda+. 23 Yamara igihe kiri mu kugera, mbere cashitse, aho abasenga b’ukuri bazosenga Data mu mpwemu no mu kuri, kuko abantu nk’abo ari bo Data ashaka ko bamusenga+. 24 Imana ni Impwemu+, kandi abayisenga bategerezwa kuyisenga mu mpwemu no mu kuri+.» 25 Uwo mugore aca amubwira ati: «Ndazi ko Mesiya ariko araza, umwe bita Kristu. Aho azoshikira hose azotubwira ibintu vyose adahisha.» 26 Yezu aca amubwira ati: «Ni jewe nyene turiko turavugana+.»
27 Muri uwo mwanya nyene, abigishwa biwe baca barashika maze batangazwa n’uko yariko avugana n’umugore. Ariko nta n’umwe yamubajije ngo: «Ushaka iki?» canke ngo: «Kubera iki uvugana na we?» 28 Uwo mugore aca asiga ng’aho umubindi wiwe, aja mu gisagara maze abwira abantu ati: 29 «Ingo murabe umuntu yambwiye ibintu vyose nakoze. Ubwo ntiyoba ari we Kristu?» 30 Baca bava mu gisagara, baza kuraba Yezu.
31 Ico gihe abigishwa bariko baramwinginga bati: «Fungura Rabi+.» 32 Mugabo ababwira ati: «Ndafise ibifungurwa mwembwe mutazi.» 33 Abigishwa biwe baca batangura kubazanya bati: «Hari uwamuzaniye ivyo kurya?» 34 Yezu ababwira ati: «Ibifungurwa vyanje ni ugukora ivyo uwantumye agomba+ no kurangiza igikorwa ciwe+. 35 Ntimuvuga none ko hasigaye amezi ane ngo iyimbura rigere? Ariko ndababwiye nti: Raramura amaso murabe imirima, ireze, igeze kwimbura+. 36 Ubu uwimbura ariko araronka impembo yongera yegeranya ivyimburwa bizotorana ubuzima budahera, kugira ngo uwubiba n’uwimbura basangire umunezero+. 37 Iri jambo rero ni iry’ukuri: “Umwe arabiba, uwundi akimbura.” 38 Nabatumye kwimbura ivyo mutabiriye akuya. Abandi barakoze cane, namwe mwungukira ku gikorwa cabo.»
39 Abasamariya benshi bo muri ico gisagara baramwizera, kubera ivyo uwo mugore yavuze mu gushinga intahe ati: «Yambwiye ibintu vyose nakoze+.» 40 Abasamariya bamaze kuza aho ari, baca baramusaba ngo agumane na bo, na we agumana na bo imisi ibiri. 41 Ivyo vyatumye n’abandi benshi bizera kubera ivyo yavuze, 42 baca babwira uwo mugore bati: «Ntitucizeye kubera ivyo watubwiye gusa. Ubu hoho twavyiyumviye kandi twamenye ko uyu muntu ari umukiza w’isi vy’ukuri+.»
43 Iyo misi ibiri iheze, aca ava ng’aho aja i Galilaya. 44 Ariko Yezu ubwiwe yarivugiye ko umuhanuzi adaterwa iteka mu gihugu iwabo+. 45 Ashitse i Galilaya, Abanyagalilaya bamwakira neza, kubera bari babonye ibintu vyose yari yakoze ku musi mukuru i Yeruzalemu+, kuko na bo nyene bari bagiye kuri uwo musi mukuru+.
46 Nuko asubira kuza i Kana muri Galilaya, hamwe yari yahinduriye amazi umuvinyu+. Ico gihe hari umusuku w’umwami yari afise umwana arwariye i Kaperinawumu. 47 Aho yumviye ko Yezu yari yashitse i Galilaya avuye i Yudaya, aca aja kumuraba maze amusaba ngo aze akize umuhungu wiwe, kuko yari mu gupfa. 48 Ariko Yezu amubwira ati: «Mbega mutabonye ibimenyetso n’ibitangaro ntimushobora kwemera+?» 49 Uwo musuku w’umwami amubwira ati: «Mukama, ingo tujane umwana wanje atarapfa.» 50 Yezu amubwira ati: «Igire, umuhungu wawe ni muzima+.» Uwo muntu aca yemera ivyo Yezu amubwiye, maze aragenda. 51 Akiri mu nzira ariko arataha, ahura n’abasuku biwe baje kumubwira ko umuhungu wiwe yakize*. 52 Aca ababaza isaha yakiriyeko. Na bo bamwishura bati: «Inyonko yamuvuyeko ejo isaha indwi*.» 53 Se wiwe aca amenya ko ari ya saha nyene Yezu yamubwira ati: «Umuhungu wawe ni muzima+.» We n’umuryango wiwe wose baca barizera. 54 Ico cari igitangaro kigira kabiri+ Yezu akoze kuva avuye i Yudaya agasubira i Galilaya.
5 Inyuma y’ivyo, haba umusi mukuru+ w’Abayuda maze Yezu aduga i Yeruzalemu. 2 I Yeruzalemu rero hafi y’irembo ry’intama+, hari ikidengeri* citwa Bezata mu giheburayo. Ico kidengeri cari gikikujwe n’amabaraza atanu. 3 Muri ayo mabaraza hari haryamye abantu isinzi barwaye, impumyi, abacumbagira n’abamugaye* amaguru canke amaboko. 4* —— 5 Hari umugabo umwe yari ng’aho yari amaze imyaka 38 arwaye. 6 Yezu amubonye aryamye ng’aho, kandi akaba yari azi ko amaze igihe kirekire arwaye, aca amubaza ati: «Urashaka gukira+?» 7 Uwo mugabo amwishura ati: «Mushinganta, nta muntu mfise anshira mu mazi iyo asebuye. Ngize ngo ndajayo, uwundi aba yantanze kumanukayo.» 8 Yezu aca amubwira ati: «Haguruka! Tora ikirago* cawe ugendagende+.» 9 Ubwo nyene uwo mugabo aca arakira. Aca atora ikirago ciwe, atangura kugendagenda.
Uwo musi hari kw’isabato. 10 Abayuda rero batangura kubwira uwo mugabo yari yakize bati: «Ni kw’isabato, ntiwemerewe gutwara ico kirago+.» 11 Na we abishura ati: «Uwankijije ni we yambwiye ati: “Tora ikirago cawe ugendagende.”» 12 Bamubaza bati: «Uwo muntu yakubwiye ngo “Gitore ugendagende” ni nde?» 13 Ariko uwo mugabo ntiyari azi uwamukijije uwo ari we, kuko Yezu yari yakamanganiye mw’isinzi ry’abantu bari ng’aho.
14 Inyuma y’ivyo, Yezu asubira kumubona mu rusengero, aca amubwira ati: «Urabona ko wakize. Ntusubire gucumura kugira ntuzoshikirwe n’ibiruta ivya mbere.» 15 Uwo mugabo aca aragenda, abwira Abayuda ko ari Yezu yari yamukijije. 16 Abayuda baca batangura guhama Yezu, kuko yariko akora ivyo bintu kw’isabato. 17 Mugabo Yezu abishura ati: «Dawe yagumye akora gushika n’ubu, kandi na jewe nguma nkora+.» 18 Ni co gituma Abayuda baciye barushirizaho kurondera kumwica, kuko biyumvira ko yariko arenga kw’isabato kandi akavuga ko Imana ari Se wiwe+, akigira uwungana n’Imana+.
19 Yezu aca ababwira ati: «Emwe ni ukuri ndabibabwiye, Umwana ntashobora gukora ikintu na kimwe avyibwiye, ahubwo akora gusa ivyo abona Se wiwe akora+. Kuko ibintu vyose Se wiwe akora, n’Umwana abikora gutyo nyene. 20 Se ariyumvamwo Umwana+ akamwereka ibintu vyose akora, kandi azomwereka n’ibikorwa biruta ivyo, kugira mutangare+. 21 Nk’uko Se azura abapfuye akabagira bazima+, ni ko n’Umwana agira bazima abo ashatse+. 22 Kuko Se ata n’umwe acira urubanza, ahubwo ivyo guca imanza vyose yabishize mu minwe y’Umwana+, 23 kugira bose batere iteka Umwana nk’uko batera iteka Se. Uwudatera iteka Umwana, ntatera iteka Se yamutumye+. 24 Emwe ni ukuri ndabibabwiye, umuntu wese yumva amajambo yanje kandi akizera uwantumye arafise ubuzima budahera+, kandi ntazocirwa urubanza, ahubwo yaravuye mu rupfu aja mu buzima+.
25 Emwe ni ukuri ndabibabwiye, igihe kirashitse, mbere ni ubu, aho abapfuye bazokwumva ijwi ry’Umwana w’Imana, kandi abazoba baryumvirije bazobaho. 26 Nk’uko Se afise ubuzima* muri we+, ni ko yahaye n’Umwana kugira ubuzima muri we+. 27 Yaramuhaye kandi ububasha bwo guca imanza+, kuko ari Umwana w’umuntu+. 28 Ntimutangazwe rero n’ivyo, kuko igihe kigira kigere aho abari mu mva* bose bazokwumva ijwi ryiwe+ 29 bakazivamwo, abakoze ivyiza bakazukira ubuzima, abagiye barakora ibintu bishisha na bo bakazukira urubanza+. 30 Sinshobora gukora ikintu na kimwe ndavyibwiye. Nca urubanza nisunze ivyo Data ambwiye, kandi urubanza nca ruragororotse+, kuko ntipfuza gukora ivyo nshaka, ahubwo nkora ivyo uwantumye agomba+.
31 Nimba nishingira intahe jenyene, intahe yanje si iy’ukuri+. 32 Hariho uwundi anshingira intahe, kandi ndazi ko intahe anshingira ari iy’ukuri+. 33 Mwaratumye abantu kuri Yohani, kandi yarashingiye intahe ukuri+. 34 Sinemera intahe ishinzwe n’umuntu, ariko ivyo ndabivuze kugira muze mukizwe. 35 Uwo muntu yari itara ryaka rigakayangana, kandi mwaripfuje guhimbarirwa cane umuco wiwe, ariko vyamaze akanya gato+. 36 Ndafise ibintu binshingira intahe gusumba ivyo Yohani yavuze. Ibikorwa nyene Data yanshinze gukora, ari na vyo ndiko ndakora, biranshingira intahe yuko ari Data yantumye+. 37 Vyongeye, Data yantumye ubwiwe yaranshingiye intahe+. Ntimurigera mwumva ijwi ryiwe canke ngo mubone ishusho yiwe+, 38 kandi ijambo ryiwe ntiriguma muri mwebwe, kuko mutemera uwo yatumye.
39 Murasuzuma Ivyanditswe+ kubera mwiyumvira ko muzoronka ubuzima budahera biciye kuri vyo. Ivyo nyene* ni vyo binshingira intahe+. 40 Yamara ntimushaka kuza kuri jewe+ kugira muronke ubuzima. 41 Sinemera kuninahazwa n’abantu, 42 ariko ndazi neza ko ata rukundo rw’Imana ruri muri mwebwe. 43 Naje mw’izina rya Data, ariko ntimunyakira. Hamwe hogira uwuza mw’izina ryiwe, uwo mwomwakira. 44 Mwokwizera gute kandi mwemera ubuninahazwa muhana, aho kurondera ubuninahazwa buva kuri ya Mana imwe gusa+? 45 Ntimwiyumvire ko nzobagiriza kuri Data. Hariho uwubagiriza, na we akaba ari Musa+, uwo mwebwe mwizigiye. 46 Mu vy’ukuri, iyo mwizera Musa, na jewe mwari kunyizera, kuko yanditse ibinyerekeye+. 47 Mugabo nimba mutemera ivyo yanditse, mwokwemera gute ivyo mvuga?»
6 Inyuma y’ivyo, Yezu aja hakurya y’ikiyaga ca Galilaya, ari co Tiberiya+. 2 Isinzi rinini ry’abantu ryaguma rimukurikira+, kuko bariko barabona ibitangaro akora mu gukiza abarwaye+. 3 Nuko Yezu aduga hejuru ku musozi, yicarayo ari kumwe n’abigishwa biwe. 4 Ico gihe Pasika+, ni ukuvuga umusi mukuru w’Abayuda, yari hafi. 5 Araramuye amaso akabona isinzi ry’abantu ririko riraza aho ari, aca abwira Filipo ati: «Ni hehe twogurira imikate kugira aba bantu baronke ico barya+?» 6 Mugabo yavuze ivyo kugira amugeze, kuko yari azi ico agira akore. 7 Filipo amwishura ati: «Imikate y’idenariyo* 200 ntiyobakwira naho umwumwe yoronka agapande gatoyi.» 8 Umwe mu bigishwa biwe, ari we Andereya mwenewabo na Simoni Petero, amubwira ati: 9 «Hano hariho agahungu gafise imikate itanu ya sayiri n’udufi tubiri. Ariko ivyo bimaze iki ku bantu bangana gutya+?»
10 Yezu aca avuga ati: «Nimwicarike abo bantu.» Baca bicara aho nyene, kuko hari ivyatsi vyinshi. Bari nk’abagabo 5.000+. 11 Yezu aca atora ya mikate hanyuma amaze gukenguruka, ayigaburira ba bantu bari bicaye ng’aho. Agira gutyo nyene no kuri twa dufi dukeyi, kandi umwe wese yaronka ivyo ashaka. 12 Bamaze kurya bagahaga, abwira abigishwa biwe ati: «Nimwegeranye utumanyu twasigaye, kugira ntihagire ibipfa ubusa.» 13 Baca baratwegeranya, buzuza ibiseke 12 utumanyu twasigajwe n’abariye ya mikate itanu ya sayiri.
14 Abantu babonye igitangaro akoze, batangura kuvuga bati: «Ni ukuri, uyu ni wa Muhanuzi yabwirizwa kuza mw’isi+.» 15 Yezu amenye ko bagira baze kumufata ngo bamugire umwami, aca asubira+ ku musozi ari wenyene+.
16 Bugorovye, abigishwa biwe bamanuka ku kiyaga+, 17 hanyuma burira ubwato maze bajabuka ikiyaga baja i Kaperinawumu. Ico gihe bwari bumaze kwira, kandi Yezu ntiyari bwabashikire+. 18 Vyongeye, ikiyaga cariko kirasuriranya kuko umuyaga ukomeye wariko urahuhuta+. 19 Bamaze gusoza nk’ibilometero bitanu canke bitandatu*, babona Yezu ariko araza yegereza ubwato, agendera ku mazi. Baca bagira ubwoba. 20 Mugabo ababwira ati: «Ni jewe. Ntimugire ubwoba+!» 21 Baca bagomba kumutwara mu bwato, ariko ubwo nyene baca barashika ku nkengera bari bagiyeko+.
22 Bukeye, isinzi ryari ryasigaye hakurya y’ikiyaga, risanga nta bwato buhari. N’ubwabo butoyi bwari bwahoze ng’aho, abigishwa ba Yezu bari babwuriye baragenda, ariko Yezu ntiyari yajanye na bo. 23 Mugabo ayandi mato avuye i Tiberiya aca arashika hafi y’aho baririye ya mikate, Umukama ahejeje gushimira Imana. 24 Babonye ko Yezu n’abigishwa biwe atari ho bari, baca burira ayo mato baja i Kaperinawumu kurondera Yezu.
25 Bamusanga hakurya y’ikiyaga, baca bamubaza bati: «Rabi+, washitse ng’aha ryari?» 26 Yezu abishura ati: «Emwe ni ukuri ndabibabwiye, ntimuriko mundondera kubera mwabonye ibitangaro, ahubwo ni kubera mwariye kuri ya mikate mugahaga+. 27 Ntimukorere ibifungurwa bibora, ahubwo nimukorere ibifungurwa bitabora bitanga ubuzima budahera+, ivyo Umwana w’umuntu azobaha. Kuko uwo ari we Data, Imana ubwayo, yashizeko ikidodo c’uko imushima+.»
28 Baca bamubaza bati: «Twokora iki kugira dushimwe n’Imana?» 29 Yezu abishura ati: «Iki ni co Imana ishaka: ni uko mwizera uwo yatumye+.» 30 Bamubwira bati: «Ni igitangaro ikihe wokora+ kugira tukibone maze tukwizere? Ni igikorwa ikihe wokora? 31 Ba sokuruza bacu barariye manu mu bugaragwa+, nk’uko vyanditswe ngo: “Yabagaburiye umukate uvuye mw’ijuru+.”» 32 Yezu aca ababwira ati: «Emwe ni ukuri ndabibabwiye, Musa ntiyabahaye umukate uva mw’ijuru, ahubwo Dawe ni we abaha umukate w’ukuri uva mw’ijuru. 33 Kuko umukate w’Imana ari uwamanutse uva mw’ijuru kugira uhe abantu* ubuzima.» 34 Baca bamubwira bati: «Mukama, urama uduha uwo mukate.»
35 Yezu ababwira ati: «Ni jewe mukate w’ubuzima. Uwuza iwanje ntazokwigera asonza, kandi uwunyizera wese ntazokwigera anyoterwa+. 36 Ariko nk’uko nabibabwiye, mwarambonye mugabo ntimunyizera+. 37 Abo Data ampa bose bazoza iwanje, kandi sinzokwigera nirukana uwuza iwanje+, 38 kuko ntavuye mw’ijuru+ kugira nkore ivyo ngomba, ahubwo naje kugira nkore ivyo uwantumye agomba+. 39 Iki ni co uwantumye agomba: ni uko ntatakaza umuntu n’umwe mu bo yampaye, ahubwo nkabazura+ ku musi wa nyuma. 40 Iki ni co Data agomba: ni uko umuntu wese yemera Umwana kandi akamwizera aronka ubuzima budahera+, nanje nzomuzura+ ku musi wa nyuma.»
41 Abayuda baca batangura kumwidogera kubera yari avuze ati: «Ni jewe mukate wamanutse uva mw’ijuru+.» 42 Bavuga bati: «Uyu si Yezu mwene Yozefu? Se na nyina ntitubazi+? Bishoboka gute none ngo avuge ngo: “Namanutse mva mw’ijuru”?» 43 Yezu abishura ati: «Nimureke kwidoga. 44 Nta muntu ashobora kuza iwanje Data yantumye atamukwegakweze*+, nanje nzomuzura ku musi wa nyuma+. 45 Mu bitabu vy’abahanuzi handitswe ngo: “Bose bazokwigishwa na Yehova*+.” Umuntu wese yumvirije Data kandi akemera inyigisho ziwe, ni we aza iwanje. 46 Nta muntu n’umwe yabonye Data+, kiretse uwaje ava ku Mana. Uwo ni we yabonye Data+. 47 Emwe ni ukuri ndabibabwiye, uwizera wese arafise ubuzima budahera+.
48 Ni jewe mukate w’ubuzima+. 49 Ba sokuruza banyu barariye manu mu bugaragwa ariko barapfuye+. 50 Uyu ni wo mukate umanuka uva mw’ijuru, kugira ngo umuntu wese awuryeko maze ntapfe. 51 Ni jewe mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru. Umuntu wese ariye kuri uyu mukate azobaho ibihe bidahera, kandi umukate nzotanga ni umubiri wanje kugira isi ironke ubuzima+.»
52 Abayuda baca batangura guharira, bavuga bati: «Uyu muntu ashobora gute kuduha umubiri wiwe ngo tuwurye?» 53 Yezu ababwira ati: «Emwe ni ukuri ndabibabwiye, mutariye umubiri w’Umwana w’umuntu ngo munywe n’amaraso yiwe, nta buzima mufise muri mwebwe+. 54 Uwurya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera, nanje nzomuzura+ ku musi wa nyuma. 55 Umubiri wanje ni igifungurwa c’ukuri, n’amaraso yanje ni ikinyobwa c’ukuri. 56 Uwurya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje aguma yunze ubumwe nanje, nanje nkaguma nunze ubumwe na we+. 57 Nk’uko Data yantumye kandi nkaba mbayeho kubera Data, n’uwurya umubiri wanje rero azobaho kubera jewe+. 58 Uyu ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Si nka wa mukate ba sokuruza banyu barya hanyuma bagapfa. Uwurya uyu mukate azobaho ibihe bidahera+.» 59 Ivyo yabivuze igihe yariko arigisha mw’isinagogi* i Kaperinawumu.
60 Benshi mu bigishwa biwe bavyumvise, baca bavuga bati: «Iryo jambo rirababaza. Ni nde yoryumviriza?» 61 Yezu amenya mu mutima wiwe ko abigishwa biwe bariko baridogera ico kintu, aca ababwira ati: «Mbega ivyo birabatsitaje? 62 Hari akantu hamwe mwobona Umwana w’umuntu aduze agasubira iyo yahora+! 63 Impwemu ni yo itanga ubuzima+, umubiri nta na kimwe umaze. Amajambo nababwiye ni impwemu, akaba n’ubuzima+. 64 Ariko muri mwebwe harimwo abatemera.» Nkako, kuva mu ntango yari azi abatemera abo ari bo, n’uwuzomugurisha uwo ari we+. 65 Yongera kubabwira ati: «Nta muntu n’umwe ashobora kuza iwanje Data atabimwemereye+.»
66 Ku bw’ivyo, benshi mu bigishwa biwe basubira ku bintu bari basize inyuma+, ntibabandanya kumukurikira. 67 Yezu aca abaza bamwe cumi na babiri ati: «Namwe mushaka kugenda?» 68 Simoni Petero amwishura ati: «Tuje kwa nde ga Mukama+? Ni wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera+. 69 Twarizeye kandi twaramenye ko uri wa Mweranda w’Imana+.» 70 Yezu abishura ati: «None si jewe nabatoye uko muri cumi na babiri+? Ariko umwe muri mwebwe ni umubesheranyi*+.» 71 Aho yariko avuga Yuda mwene Simoni Isikariyoti, kuko yagira amugurishe naho yari muri bamwe cumi na babiri+.
7 Inyuma y’ivyo, Yezu abandanya gukorera igikorwa ciwe* i Galilaya. Ntiyashaka kuja i Yudaya, kuko Abayuda bashaka kumwica+. 2 Ariko umusi mukuru w’Abayuda, ari wo musi mukuru w’insago*+, wari hafi. 3 Benewabo+ rero bamubwira bati: «Va ng’aha uje i Yudaya, kugira ngo n’abigishwa bawe babone ibikorwa ukora. 4 Kuko ata muntu arondera kumenyekana akora ibintu mu mpisho. Nimba ukora ivyo bintu, genda ubikorere imbere y’abantu bose*.» 5 Mu bisanzwe, benewabo ntibamwizera+. 6 Yezu abishura ati: «Igihe canje ntikiragera+, ariko mwebwe mwama mufise umwanya. 7 Isi nta mpamvu ifise yo kubanka, mugabo jewe iranyanka kuko ntangaza ko ibikorwa vyayo ari bibi+. 8 Mwebwe nimuduge ku musi mukuru. Jewe ntiharagera ko nduga kuri uwo musi mukuru, kuko igihe canje kitaragera neza+.» 9 Ahejeje kubabwira ivyo bintu, aca aguma i Galilaya.
10 Benewabo bamaze kuduga ku musi mukuru, na we nyene aca araduga, mugabo atari ku mugaragaro, ahubwo mu mpisho. 11 Abayuda rero batangura kumurondera kuri uwo musi mukuru, bavuga bati: «Wa muntu ari hehe?» 12 Abantu baguma bavugana mu bwongoshwe ibimwerekeye. Bamwe bati: «Ni umuntu mwiza.» Abandi na bo bati: «Oya, ahubwo azimiza abantu+.» 13 Ariko nta n’umwe yubahuka kuvuga ivyiwe ku mugaragaro, kubera batinya Abayuda+.
14 Umusi mukuru ugeze hagati, Yezu aduga ku rusengero, atangura kwigisha. 15 Abayuda baratangara, bavuga bati: «Uyu muntu yamenye gute Ivyanditswe+, kandi atize amashure*+?» 16 Yezu abishura ati: «Ivyo nigisha si ivyanje, ahubwo ni ivy’uwantumye+. 17 Nimba hari uwipfuza gukora ukugomba kw’Imana, azomenya ko ivyo nigisha biva ku Mana+ canke ko mvuga ivyo nibwiye. 18 Uwuvuga ivyo yibwiye aba arondera ubuninahazwa bwiwe. Ariko uwurondera ubuninahazwa bw’uwamutumye+, avuga ukuri kandi akora ibigororotse. 19 None Musa si we yabahaye amategeko+? Ariko nta n’umwe muri mwebwe ayubahiriza. Kubera iki mushaka kunyica+?» 20 Isinzi rica rimwishura riti: «Wewe urimwo idayimoni. Ni nde ashaka kukwica?» 21 Yezu abishura ati: «Nakoze igitangaro kimwe gusa, mwese muca muratangara. 22 Nimwibuke rero iki kintu: Musa yarabategetse kugenyerwa+, ariko ntivyavuye kuri we, ahubwo vyavuye kuri ba sokuruza+, kandi muragenyera umuntu kw’isabato. 23 Nimba mugenyera umuntu kw’isabato kugira ntimurenge ku mategeko ya Musa, kubera iki munshavurira cane ngo n’uko nakijije umuntu kw’isabato+? 24 Reka guca urubanza mufatiye ku biboneka inyuma, ahubwo nimuce urubanza rugororotse+.»
25 Bamwe mu baba i Yeruzalemu baca batangura kuvuga bati: «Uyu si wa muntu bariko barondera kwica+? 26 Mugabo ng’uyo ariko avugira ku mugaragaro, kandi nta na kimwe bamubwira. None abatware boba batevye barajijuka yuko ari we Kristu? 27 Ariko twebwe turazi uyu muntu iyo ava+, mugabo Kristu niyaza, nta wuzomenya iyo ava.» 28 Yezu ariko arigisha mu rusengero, arasemerera ati: «Muranzi kandi murazi n’iyo mva. Sinaje ndavyibwiye+, ariko uwantumye ariho kandi mwebwe ntimumuzi+. 29 Jewe ndamuzi+, kuko ndamuserukira kandi ni we yantumye.» 30 Baca barondera kumufata+, ariko nta n’umwe yamukozeko, kuko igihe ciwe kitari bwagere+. 31 Mugabo benshi muri iryo sinzi baramwizeye+, bavuga bati: «Kristu niyashika, mwibaza ko azokora ibitangaro biruta ivyo uyu muntu yakoze?»
32 Abafarizayo bumvise yuko abantu bamuvugako ivyo bintu mu bwongoshwe, abakuru b’abaherezi n’Abafarizayo baca batuma abapolisi kumufata. 33 Yezu aca ababwira ati: «Ndacari kumwe namwe akanya gato, imbere y’uko nsubira ku wantumye+. 34 Muzondondera mumbure, kandi aho nzoba ndi mwebwe ntimushobora kuhashika+.» 35 Abayuda rero batangura kuvugana bati: «Uyu muntu agira aje he, ku buryo tutazosubira kumubona? Yoba agira aje mu Bayuda bashwiragiye mu Bagiriki kugira yigishe Abagiriki? 36 Ashatse kuvuga iki aho avuze ngo: “Muzondondera mumbure, kandi aho nzoba ndi mwebwe ntimushobora kuhashika?”»
37 Ku musi wa nyuma, ari wo musi uhambaye kuri uwo musi mukuru+, Yezu arahaguruka arasemerera ati: «Nimba hari uwunyotewe, naze iwanje anywe+. 38 Uwunyizera, imbere muri we hazotemba imigezi y’amazi y’ubuzima, nk’uko icanditswe kibivuga+.» 39 Aho yariko avuga ibijanye n’impwemu abamwizera bari guhabwa. Ico gihe ntibari bwaronke impwemu+, kuko Yezu atari bwaninahazwe+. 40 Bamwe muri iryo sinzi bumvise ayo majambo, batangura kuvuga bati: «Emwe, uyu ni wa Muhanuzi vy’ukuri+.» 41 Abandi bati: «Uyu ni we Kristu+.» Mugabo hari n’abandi bavuga bati: «None Kristu ava i Galilaya+? 42 None icanditswe ntikivuga ko Kristu yovuye mu ruvyaro rwa Dawidi+ n’i Betelehemu+, mu kigwati Dawidi yavukiyemwo+?» 43 Iryo sinzi rica riracanamwo kubera we. 44 Bamwe muri bo bashaka kumufata, ariko nta n’umwe yamukozeko.
45 Ba bapolisi baca basubira kuri ba bakuru b’abaherezi n’Abafarizayo, na bo bababaza bati: «Kubera iki mutamuzanye?» 46 Abo bapolisi babishura bati: «Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we+.» 47 Abafarizayo bababwira bati: «Mbega namwe mwahenzwe? 48 Hari n’umwe mu batware canke mu Bafarizayo yamwizeye+? 49 Ariko iri sinzi ritazi amategeko ni ibivume.» 50 Nikodemu, umwe yari yaje kuraba Yezu imbere y’aho kandi akaba yari umwe mu Bafarizayo, ababwira ati: 51 «Mbega amategeko yacu aratwemerera gucira umuntu urubanza tutabanje kumwumviriza ngo tumenye ico yakoze+?» 52 Baca bamwishura bati: «Mbega na wewe uva i Galilaya? Suzuma neza Ivyanditswe urabe ko hari umuhanuzi yovuye i Galilaya*.»
8 12 Yezu yongera kubabwira ati: «Ndi umuco w’isi+. Uwunkurikira ntazokwigera agendera mu mwiza, ahubwo azoronka umuco+ w’ubuzima.» 13 Abafarizayo baca bamubwira bati: «Wewe urishingira intahe. Intahe yawe si iy’ukuri.» 14 Yezu abishura ati: «Naho nishingira intahe, intahe yanje ni iy’ukuri, kuko nzi iyo navuye n’iyo ndiko ndaja+. Ariko mwebwe ntimuzi iyo navuye n’iyo ndiko ndaja. 15 Mwebwe muca urubanza mwisunze ukuntu abantu babona ibintu*+, mugabo jewe nta muntu n’umwe ncira urubanza. 16 Ariko naho noca urubanza, urubanza rwanje rwoba ari urw’ukuri, kuko ntari jenyene. Data yandungitse ari kumwe nanje+. 17 Vyongeye, mu mategeko yanyu handitswe ngo: “Intahe ishinzwe n’abantu babiri iba ari iy’ukuri+.” 18 Jewe ndishingira intahe, kandi na Data yantumye aranshingira intahe+.» 19 Baca bamubaza bati: «So wawe ari hehe?» Yezu abishura ati: «Yaba jewe canke Dawe+, nta n’umwe muzi. Iyo muba munzi, muba muzi na Dawe+.» 20 Ayo majambo yayavugiye mu kibanza kirimwo udusandugu tw’amashikanwa+, igihe yariko arigisha mu rusengero. Ariko nta n’umwe yamufashe, kuko igihe ciwe kitari bwagere+.
21 Yongera kubabwira ati: «Ndiko ndagenda kandi muzondondera, ariko muzopfira mu gicumuro canyu+. Iyo ndiko ndaja mwebwe ntimushobora gushikayo+.» 22 Abayuda rero batangura kuvugana bati: «Mbega agira yiyahure ko avuga ngo: “Iyo ndiko ndaja mwebwe ntimushobora gushikayo”?» 23 Abandanya kubabwira ati: «Mwebwe muri abo hasi, ariko jewe ndi uwo hejuru+. Muri abo muri iyi si, ariko jewe sindi uwo muri iyi si. 24 Ni co gituma ndababwiye nti: muzopfira mu bicumuro vyanyu. Nimba mutizera ko ndi we, muzopfira mu bicumuro vyanyu.» 25 Baca bamubaza bati: «Uri nde?» Yezu abishura ati: «Mbega hoho ndiko ndabavugishiriza iki? 26 Ndafise ibintu vyinshi novuga ku biberekeye n’ivyo nobacirako urubanza. Nakare uwandungitse ni uw’ukuri kandi ivyo namwumvanye ni vyo mvuga mw’isi+.» 27 Ntibatahuye ko yariko ababwira ibijanye na Se wiwe. 28 Yezu aca ababwira ati: «Nimwamara kumanika Umwana w’umuntu+, ni ho muzomenya ko ndi we+ be n’uko ata kintu na kimwe nkora ndavyibwiye+, mugabo ko ivyo Data yanyigishije ari vyo mvuga. 29 Kandi uwandungitse ari kumwe nanje. Ntiyantaye jenyene, kuko nama nkora ibimuhimbara+.» 30 Avuze ivyo, benshi baca baramwizera.
31 Yezu abandanya kubwira Abayuda bari bamwizeye ati: «Nimwagumya ijambo ryanje, muzoba muri abigishwa banje vy’ukuri. 32 Muzomenya ukuri+ kandi ukuri kuzobagira abidegemvya+.» 33 Bamubwira bati: «Turi uruvyaro rwa Aburahamu kandi ntitwigeze tuba abashumba b’umuntu n’umwe. None uvuga gute ngo: “Muzoba abidegemvya”?» 34 Yezu abishura ati: «Emwe ni ukuri ndabibabwiye, uwuguma akora igicumuro wese aba ari umushumba waco+. 35 Vyongeye, umushumba ntaguma mu rugo ibihe vyose, ariko umwana we agumaho ibihe vyose. 36 Umwana rero niyabagira abidegemvya, muzoba abidegemvya vy’ukuri. 37 Ndazi ko muri uruvyaro rwa Aburahamu. Mugabo mushaka kunyica, kuko ijambo ryanje ata kibanza rifise* muri mwebwe. 38 Jewe mvuga ivyo nabonanye Dawe+, ariko mwebwe mukora ivyo mwumvanye so.» 39 Bamwishura bati: «Data ni Aburahamu.» Yezu ababwira ati: «Iyaba muri abana ba Aburahamu+, muba mukora ibikorwa vya Aburahamu. 40 Mugabo mushaka kunyica, kandi nababwiye ukuri numvanye Imana+. Aburahamu ivyo nta vyo yakoze. 41 Muriko mukora ibikorwa vya so.» Baca bamubwira bati: «Ntitwavutse mu busambanyi*. Dufise Data umwe, ni Imana.»
42 Yezu ababwira ati: «Iyaba Imana ari yo So muba munkunda+, kuko navuye ku Mana, nkaba ndi ng’aha kubera yo. Sinaje ndavyibwiye, ahubwo ni yo yantumye+. 43 Kubera iki mudatahura ivyo ndiko ndavuga? Ni kubera mudashaka kwumviriza amajambo yanje. 44 Mwebwe muva kuri so Shetani*, kandi mushaka gukora ivyo so yipfuza+. Uwo yari umwicanyi kuva mu ntango*+, kandi ntiyigeze ashikama mu kuri, kuko ukuri kutari muri we. Iyo abeshe aba yerekanye ico ari, kuko ari umubeshi akaba na se w’ikinyoma+. 45 Ariko jewe ntimunyizera kubera ndababwira ukuri. 46 Ni nde muri mwebwe yonyemeza ko nagirwa n’igicumuro? Nimba mvuga ukuri, kubera iki mutanyizera? 47 Uwuva ku Mana arumviriza amajambo y’Imana+. Ni co gituma mwebwe mutumviriza, kuko mutava ku Mana+.»
48 Abayuda baca bamubwira bati: «Wumva none tutaba tuvuze ukuri iyo tuvuze ngo: “Uri Umusamariya+ kandi urimwo idayimoni+”?» 49 Yezu abishura ati: «Sindimwo idayimoni, ahubwo ntera iteka Dawe, namwe mukantetereza. 50 Ariko sindiko ndironderera ubuninahazwa+, hariho uwubundonderera kandi agaca urubanza. 51 Emwe ni ukuri ndabibabwiye, umuntu niyubahiriza ijambo ryanje ntazokwigera apfa+.» 52 Abayuda baca bamubwira bati: «Ubu rero turamenye ko urimwo idayimoni. Aburahamu yarapfuye, n’abahanuzi barapfuye, nawe ngo: “Umuntu niyubahiriza ijambo ryanje ntazokwigera apfa.” 53 None wewe uraruta data Aburahamu yapfuye? Abahanuzi na bo nyene barapfuye. None wewe wibaza ko uri nde?» 54 Yezu abishura ati: «Nimba nininahaza, ubuninahazwa bwanje rero ni ubusa. Dawe ni we aninahaza+, uwo muvuga ngo ni Imana yanyu. 55 Mwebwe ntimumuzi+, mugabo jewe ndamuzi+. Kandi hamwe novuga ko ntamuzi, noba mbaye umubeshi nkamwe. Ariko ndamuzi vy’ukuri kandi ndubahiriza ijambo ryiwe. 56 Aburahamu so wanyu yaranezerwa cane n’icizigiro co kubona umusi wanje, kandi yarawubonye aranezerwa+.» 57 Abayuda baca bamubwira bati: «Nta n’imyaka 50 ufise, hanyuma ngo warabonye Aburahamu?» 58 Yezu abishura ati: «Emwe ni ukuri ndabibabwiye, Aburahamu atarabaho jewe nariho+.» 59 Baca batora amabuye ngo bayamutere, mugabo Yezu arinyegeza, aca arasohoka ava mu rusengero.
9 Ariko ararengana, abona umugabo yavutse ari impumyi. 2 Abigishwa biwe baca bamubaza bati: «Rabi+, ko uyo muntu yavutse ari impumyi, ni nde yacumuye? Ni we canke ni abavyeyi biwe?» 3 Yezu abishura ati: «Yaba uyu muntu canke abavyeyi biwe, nta n’umwe yacumuye, ahubwo vyabaye kugira ibikorwa vy’Imana bibonekere kuri we+. 4 Dutegerezwa gukora ibikorwa vy’uwantumye hakiri ku murango+. Ijoro rirashitse, aho ata muntu n’umwe ashobora gukora. 5 Igihe nkiri mw’isi, ndi umuco w’isi+.» 6 Ahejeje kuvuga ivyo, acira hasi maze akora utwondo n’amate, hanyuma adusiga ku maso y’uwo muntu+, 7 amubwira ati: «Genda wiyoge mu kidengeri ca Silowamu» (bikaba bisobanura ngo “uwatumwe”). Aca aragenda ariyoga, maze agaruka abona neza+.
8 Ababanyi n’abahora bamubona asegerereza batangura kuvuga bati: «Uyu si wa muntu yahora yicara asegerereza?» 9 Bamwe bavuga bati: «Ni we.» Abandi na bo bati: «Oya, ahubwo n’uwo basa.» Na we akaguma avuga ati: «Ni jewe.» 10 Baca bamubaza bati: «None amaso yawe yahumutse gute?» 11 Abishura ati: «Wa mugabo yitwa Yezu yakoze utwondo maze atunsiga ku maso, hanyuma ambwira ati: “Genda kuri Silowamu wiyoge+.” Nanje rero nagiye ndoga, nca ndahumuka.» 12 Baca bamubaza bati: «Uwo mugabo ari hehe?» Na we ati: «Sinzi.»
13 Baca bajana uwo muntu yahoze ari impumyi ku Bafarizayo. 14 Igihe Yezu yakora utwondo agahumura uwo muntu+ hari ku musi w’isabato+. 15 Abafarizayo na bo nyene baca batangura kumubaza ingene yahumutse. Na we ababwira ati: «Yansize utwondo ku maso hanyuma nja kwiyoga, nca ndabona.» 16 Bamwe mu Bafarizayo baca batangura kuvuga bati: «Uwo muntu ntava ku Mana, kuko atubahiriza isabato+.» Abandi na bo bati: «None umuntu w’umucumuzi yokora gute ibitangaro nk’ivyo+?» Baca baricamwo imice+. 17 Bongera kubaza uwo muntu yahoze ari impumyi bati: «Wewe umuvugako iki, ko yahumuye amaso yawe?» Na we ati: «Ni umuhanuzi.»
18 Ariko Abayuda baranse kwemera ko yari yahoze ari impumyi, gushika bahamagaye abavyeyi b’uwo muntu yari yahumutse. 19 Maze bababaza bati: «Uyu ni we mwana wanyu muvuga ko yavutse ari impumyi? None yahumutse gute?» 20 Abavyeyi biwe bishura bati: «Turazi ko uyu ari umwana wacu kandi ko yavutse ari impumyi. 21 Mugabo uko vyagenze ngo ahumuke, nta vyo tuzi, kandi n’uwamuhumuye amaso nta we tuzi. Nimumwibarize. Erega arakuze. Ategerezwa kwivugira.» 22 Abavyeyi biwe bavuze gutyo kubera batinya Abayuda+. Abayuda bari bamaze kwumvikana ko hagize uwemera icese ko Yezu ari Kristu, aca acibwa mw’isinagogi+. 23 Ni co gituma abavyeyi biwe bavuze bati: «Erega arakuze. Nimumwibarize.»
24 Baca bahamagara ubugira kabiri wa muntu yahoze ari impumyi, bamubwira bati: «Ninahaza Imana. Twe turazi ko uwo muntu ari umucumuzi.» 25 Abishura ati: «Nimba ari umucumuzi canke atari we, sindabizi. Ico nzi ni kimwe gusa: ni uko nahora ndi impumyi, ariko ubu nkaba mbona.» 26 Baca bamubaza bati: «Yakugiriye iki? Yahumuye amaso yawe gute?» 27 Abishura ati: «Namaze kubibabwira, ariko mwanse kuvyumviriza. None mushakira iki kwongera kuvyumva? Namwe mushaka kuba abigishwa biwe?» 28 Baca bamubwirana agasuzuguro bati: «Ni wewe uri umwigishwa wiwe, twebwe turi abigishwa ba Musa. 29 Twebwe tuzi ko Imana yavuganye na Musa, ariko uwo mugabo ntituzi iyo ava.» 30 Nya muntu abishura ati: «Biratangaje kubona mutazi iyo ava, ariko yampumuye amaso. 31 Turazi ko Imana itumviriza abacumuzi+, mugabo igihe umuntu atinya Imana kandi agakora ivyo igomba, iramwumviriza+. 32 Kuva kera ntiturigera twumva uwahumuye amaso y’umuntu yavutse ari impumyi. 33 Iyaba uwo muntu atava ku Mana, nta na kimwe yari gushobora gukora+.» 34 Bamwishura bati: «Wewe uko wakabaye wavukiye mu bicumuro, none ushaka kwigisha twebwe?» Baca bamuta hanze+!
35 Yezu yumva ko bamutaye hanze. Hanyuma yongeye kumubona, aca amubaza ati: «Urizera Umwana w’umuntu?» 36 Na we amwishura ati: «Ni nde ga mushinganta ngo ndamwizere?» 37 Yezu amubwira ati: «Wamubonye, kandi ni we muriko muravugana.» 38 Aca avuga ati: «Ndamwizeye Mukama.» Aca aramwunamira*. 39 Yezu aca avuga ati: «Ng’uru urubanza rwanzanye muri iyi si: ni ukugira ngo abatabona babone+, ababona na bo bacike impumyi+.» 40 Abafarizayo bari kumwe na we bumvise ivyo bintu, baca bamubaza bati: «None natwe turi impumyi?» 41 Yezu abishura ati: «Iyo muba muri impumyi, nta gicumuro mwari kuba mufise. Mugabo ko muvuga ngo “turabona”, igicumuro canyu kigumaho+.»
10 «Emwe ni ukuri ndabibabwiye, uwutinjira mu ruhongore rw’intama aciye mu muryango ahubwo akurirana ahandi, uwo ni igisuma n’umusahuzi+. 2 Mugabo uwinjira aciye mu muryango ni we mwungere w’intama+. 3 Umunyezamu aramwugururira+, kandi intama zirumviriza ijwi ryiwe+. Intama ziwe azihamagara mu mazina, akaziturutsa. 4 Amaze gusohora intama ziwe zose, aca azija imbere na zo zikamukurikira, kuko zizi ijwi ryiwe. 5 Ntizishobora gukurikira uwo zitazi, ahubwo ziramuhunga, kuko zitazi ijwi ry’ab’ahandi.» 6 Ico kigereranyo ni bo Yezu yagihaye, ariko ntibatahuye ico yariko arababwira.
7 Yezu yongera kuvuga ati: «Emwe ni ukuri ndabibabwiye, ni jewe muryango w’intama+. 8 Abaje banyiyitirira bose ni ibisuma n’abasahuzi, mugabo intama ntizabumvirije. 9 Ni jewe muryango. Uwinjira aciye muri jewe azokizwa, kandi azokwinjira yongere asohoke, aronke uburagiro+. 10 Nta kindi kizana igisuma atari ukwiba, ukwica n’ugutikiza+. Naje kugira intama zironke ubuzima, kandi ziburonke ku bwinshi. 11 Ndi umwungere mwiza*+, kandi umwungere mwiza arigura intama ziwe+. 12 Umucangero atari umwungere kandi intama zikaba atari rwiwe, iyo abonye ibingira ije aca ata intama agahunga, iyo bingira ikazisahura kandi ikazishwiragiza, 13 kuko ari umucangero atababaye intama. 14 Ndi umwungere mwiza. Ndazi intama zanje kandi na zo ziranzi+, 15 nk’uko nyene Data anzi nanje nkamumenya+. Ndigura intama zanje+.
16 Ndafise izindi ntama zitari izo muri uru ruhongore+. Na zo nyene ntegerezwa kuzizana, kandi zizokwumviriza ijwi ryanje, zicike ubusho bumwe, zigire n’umwungere umwe+. 17 Ico Data ankundira+, ni uko mpeba ubuzima bwanje+ kugira nzosubire kuburonka. 18 Nta wubunyaka, ahubwo ndabuheba ku gushaka kwanje. Ndafise ububasha bwo kubuheba n’ububasha bwo gusubira kuburonka+. Iryo tegeko narihawe na Dawe.»
19 Abayuda baca bongera kwicamwo imice+ kubera ayo majambo. 20 Benshi muri bo bavuga bati: «Arimwo idayimoni kandi arasara. Kubera iki mumwumviriza?» 21 Abandi na bo bati: «Ayo si amajambo y’umuntu arimwo idayimoni. Mbega idayimoni yoshobora guhumura impumyi?»
22 Ico gihe i Yeruzalemu hariko haba umusi mukuru wo kwegurira Imana urusengero. Hari mu rushana, 23 kandi Yezu yari mu rusengero, ariko agendagenda mw’ibaraza rya Salomo+. 24 Abayuda baca baramukikuza maze bamubwira bati: «Uzotugumiza muri kabaza gushika ryari? Nimba uri Kristu, bidutomorere.» 25 Yezu abishura ati: «Narababwiye mugabo ntimuvyemera. Ibikorwa nkora mw’izina rya Dawe ni vyo binshingira intahe+. 26 Ariko mwebwe ntimunyizera kubera mutari intama zanje+. 27 Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje kandi ndazizi, na zo zirankurikira+. 28 Ndaziha ubuzima budahera+. Ntizizokwigera zitikira, kandi nta wuzozishikura mu kuboko kwanje+. 29 Intama Dawe yampaye zirahambaye kuruta ibindi bintu vyose. Nta wushobora kuzishikura mu kuboko kwa Data+. 30 Jewe na Data turi umwe*+.»
31 Abayuda baca basubira gutora amabuye ngo bayamutere. 32 Yezu ababwira ati: «Naraberetse ibikorwa vyiza vyinshi biva kuri Data. Ni ikihe muri ivyo bikorwa gituma muntera amabuye?» 33 Abayuda bamwishura bati: «Ntituyagutera kubera igikorwa ciza, ahubwo tuyagutera kubera utuka Imana*+. Uriko wigira imana kandi uri umuntu.» 34 Yezu abishura ati: «None ntivyanditswe mu mategeko yanyu ngo: “Navuze nti: ‘Muri imana*+’”? 35 Nimba yise “imana+” abo ijambo ry’Imana ryerekanye ko bakwiriye guhanwa (kandi icanditswe kikaba kidashobora guhindurwa ubusa), 36 none mumbwira gute ngo: “Uratutse Imana*” kubera mvuze nti: “Ndi Umwana w’Imana+”, kandi Data yaranyejeje akandungika mw’isi? 37 Nimba ntariko nkora ibikorwa vya Data, ntimunyizere. 38 Ariko nimba ndiko ndabikora, naho mutonyizera, pfuma mwizera ivyo bikorwa+, kugira mumenye kandi mugume muzi ko Data yunze ubumwe nanje, nanje nkaguma nunze ubumwe na we+.» 39 Baca basubira kugerageza kumufata, mugabo arabasiga.
40 Aca yongera kujabuka Yorodani, aja hamwe Yohani yabatiriza mu ntango+, aguma ng’aho. 41 Hanyuma abantu benshi baza aho ari, maze bavuga bati: «Yohani nta gitangaro na kimwe yakoze, mugabo ibintu vyose Yohani yavuze kuri uyu muntu vyari vyo+.» 42 Abantu benshi baca baramwizera ng’aho.
11 Ico gihe hari umuntu yitwa Lazaro yari arwaye. Yava i Betaniya, ikigwati Mariya na mwenewabo Marita bavamwo+. 2 Uwo Mariya ni umwe yasuka amavuta amota neza ku Mukama, agaca ahanagura ibirenge vyiwe akoresheje umushatsi wiwe+. Musazawe yitwa Lazaro ni we yari arwaye. 3 Bashikiwe rero batuma umuntu ngo aje kubwira Yezu ati: «Mukama, wa wundi ukunda ararwaye.» 4 Yezu avyumvise aca avuga ati: «Intumbero y’iyo ndwara si urupfu, ahubwo ni iyo kuninahaza Imana+, kugira Umwana w’Imana aninahazwe biciye kuri yo.»
5 Yezu yarakunda Marita na mwenewabo be na Lazaro. 6 Ariko aho yumviye ko Lazaro arwaye, aca aguma aho yari ari yindi misi ibiri. 7 Iyo misi ibiri iheze, abwira abigishwa biwe ati: «Dusubire i Yudaya.» 8 Abigishwa baca bamubwira bati: «Rabi+, ubuheruka Abanyayudaya bahatswe kugutera amabuye+, none ugira usubireyo?» 9 Yezu abishura ati: «None umurango ntugizwe n’amasaha 12+? Iyo umuntu ariko aragenda ku murango, ntatsitara ku kintu na kimwe kuko abona umuco w’iyi si. 10 Ariko iyo umuntu agenda mw’ijoro, aratsitara kuko ata muco uba uri muri we.»
11 Ahejeje kuvuga ivyo, yongerako ati: «Lazaro umugenzi wacu arasinziriye+, ariko ndagiyeyo kumukangura.» 12 Abigishwa biwe baca bamubwira bati: «Mukama, nimba asinziriye azokira.» 13 Mugabo Yezu yariko avuga ibijanye n’urupfu rwiwe, ariko bo biyumviriye ko yariko avuga itiro risanzwe. 14 Yezu aca arabatomorera ati: «Lazaro yapfuye+, 15 kandi ndanezerewe kubera mwebwe kubona atari yo nari ndi, kuko ivyo nza gukora biza gukomeza ukwizera kwanyu. Ingo tuje kumuraba.» 16 Toma, umwe bita Ihasa, aca abwira abigishwa bagenziwe ati: «Nimuze tugende, kugira dupfire hamwe na we+.»
17 Yezu ashitseyo, asanga Lazaro amaze imisi ine mu mva*. 18 I Betaniya hari hafi y’i Yeruzalemu, nko ku bilometero bitatu*. 19 Abayuda benshi bari baje kwa Marita na Mariya kugira babahoze kubera musaza wabo. 20 Marita yumvise ko Yezu ariko araza, aca aja kumusanganira. Ariko Mariya+ aguma yicaye mu nzu. 21 Marita rero abwira Yezu ati: «Mukama, iyo uza kuba wari ng’aha, musazanje ntiyari gupfa. 22 Ariko n’ubu ndazi ko ikintu cose usavye Imana ikiguha.» 23 Yezu amwishura ati: «Musazawe arazuka.» 24 Marita aca amubwira ati: «Ndazi ko azozuka mw’izuka+ ku musi wa nyuma.» 25 Yezu amubwira ati: «Ndi izuka n’ubuzima+. Uwunyizera naho yopfa azosubira kuba muzima, 26 kandi uwuriho wese akongera akanyizera, ntazokwigera apfa+. Ivyo uravyemera?» 27 Na we amwishura ati: «Ego Mukama, ndemera ko uri Kristu Umwana w’Imana, umwe abwirizwa kuza mw’isi.» 28 Marita ahejeje kuvuga ivyo, aca aragenda ahamagara mwenewabo Mariya, amwongorera ati: «Mwigisha+ yaje, kandi araguhamagaye.» 29 Avyumvise aca arahaguruka ningoga, aja kumuraba.
30 Yezu ntiyari bwinjire mu kigwati, yari akiri aho Marita yamusanze. 31 Abayuda bari kumwe na Mariya mu nzu bariko baramuhoza, babonye ahagurutse ningoga agasohoka, baca baramukurikira, bibaza ko agiye kuririra ku mva+. 32 Mariya ashitse aho Yezu ari akamubona, aca yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, amubwira ati: «Mukama, iyo uza kuba wari ng’aha, musazanje ntiyari gupfa.» 33 Yezu amubonye ariko ararira, n’Abayuda bazananye bariko bararira, aratuntura, arabura amahoro mu mutima. 34 Maze avuga ati: «Mwamuhamvye hehe?» Bamubwira bati: «Mukama, ingo uharabe.» 35 Yezu aca ararira+. 36 Abayuda baca bavuga bati: «Ehe ingene yamukunda yemwe!» 37 Ariko bamwe muri bo bavuga bati: «None uyu muntu yahumuye amaso y’impumyi+, ntiyari kubuza Lazaro gupfa?»
38 Yezu yongera gutuntura mu mutima hanyuma aja ku mva. Mu bisanzwe ryari isenga ryugajwe ibuye. 39 Yezu avuga ati: «Kuraho iryo buye.» Marita, mushiki w’uwapfuye, aca amubwira ati: «Mukama, ubu ategerezwa kuba anuka, kuko haciye imisi ine.» 40 Yezu amubwira ati: «Sinakubwiye ko niwizera uza kubona ubuninahazwa bw’Imana+?» 41 Baca bakurako iryo buye. Maze Yezu arangamiza mw’ijuru+, avuga ati: «Data, ndagukengurukiye ko wanyumvise. 42 Ndazi neza ko wama unyumva, ariko ndabivuze kubera isinzi ry’abantu rihagaze ng’aha, kugira bemere ko wantumye+.» 43 Ahejeje kuvuga ivyo, aca arasemerera n’ijwi rirenga ati: «Lazaro, sohoka+!» 44 Uwo muntu yari yapfuye aca arasohoka, amaguru n’amaboko bizingiriyeko ibitambara, mu maso na ho hazingiriyeko impuzu. Yezu aca ababwira ati: «Mutekurure mumureke agende.»
45 Benshi mu Bayuda bari baje kuraba Mariya bakabona n’ivyo Yezu akoze, baciye bamwizera+. 46 Mugabo bamwe muri bo baciye baja ku Bafarizayo, bababwira ivyo Yezu yakoze. 47 Abakuru b’abaherezi n’Abafarizayo baca bakoranya Inama nkuru, bavuga bati: «None dukore iki ko uyu muntu akora ibitangaro vyinshi+? 48 Nitwamureka gutyo, bose bazomwizera kandi Abaroma bazoza bigarurire iki kibanza* cacu n’ihanga ryacu.» 49 Ariko umuntu umwe muri bo yitwa Kayifa+, akaba yari umuherezi mukuru muri uwo mwaka, ababwira ati: «Mwe nta co muzi. 50 Ntimutahura ko ari ku neza yanyu ko umuntu umwe apfira abantu, hako ihanga ryose rihona.» 51 Mugabo ivyo ntiyabivuze avyibwiye. Kubera yuko yari umuherezi mukuru muri uwo mwaka, yari avuze ubuhanuzi bw’uko Yezu yopfiriye iryo hanga. 52 Kandi ntiyopfiriye iryo hanga gusa, ahubwo kwari no kugira ngo yegeranirize hamwe abana b’Imana basanzaye kugira babe umwe. 53 Kuva uwo musi rero, baca baja inama yo kumwica.
54 Ni co gituma Yezu atasubiye gutembera ku mugaragaro mu Bayuda. Ahubwo yaciye ava ng’aho, aja mu karere kari hafi y’ubugaragwa, mu gisagara citwa Efurayimu+, agumayo ari kumwe n’abigishwa biwe. 55 Ico gihe Pasika+ y’Abayuda yari yegereje. Nuko abantu benshi bava mu gihugu hagati, baduga i Yeruzalemu imbere ya Pasika, kugira bihumanure nk’uko vyasabwa. 56 Batangura rero kurondera Yezu, maze bavugana bahagaze ng’aho mu rusengero bati: «Muvyibazako iki? Ubwo azoza ku musi mukuru?» 57 Ico gihe abakuru b’abaherezi n’Abafarizayo bari batanze itegeko ry’uko hagize uwumenya aho Yezu ari, ategerezwa guca abimenyesha kugira bamufate.
12 Hasigaye imisi itandatu ngo Pasika ibe, Yezu ashika i Betaniya aho Lazaro+ yaba, umwe yari yazuye mu bapfuye. 2 Ng’aho rero baramuzimana*. Marita yariko arabasereva+, mugabo Lazaro yari mu bariko barasangira na we*. 3 Nuko Mariya atora agacupa* k’amavuta amota neza kandi azimvye cane, ikaba yari narada nyayo. Araheza ayasuka ku birenge vya Yezu, aza arabihanaguza umushatsi wiwe. Inzu yose ica yuzura akamoto k’ayo mavuta+. 4 Mugabo Yuda Isikariyoti+, umwe mu bigishwa ba Yezu, ari na we yagira amugurishe, avuga ati: 5 «Kubera iki ayo mavuta amota neza atagurishijwe idenariyo* 300 maze zigahabwa aboro?» 6 Ariko ivyo ntiyabivuze kubera ababaye aboro, ahubwo ni ukubera yari umusuma. Ni we yari afise agasandugu k’amahera, kandi yaza ariba amahera yajamwo. 7 Yezu aca ababwira ati: «Nimumureke. Ariko akurikiza uwo mugenzo kugira ategure umusi w’amaziko yanje+. 8 Erega aboro murabamana+, ariko jewe ntimuzonyamana+.»
9 Isinzi rinini ry’Abayuda rimenya ko ari ng’aho, baca baraza kugira barabe Yezu hamwe na Lazaro, uwo yari yazuye mu bapfuye+. 10 Abakuru b’abaherezi baca bagira umugambi wo kwica na Lazaro, 11 kuko ari we yatuma Abayuda benshi bajayo bagaca bizera Yezu+.
12 Bukeye, isinzi ry’abantu ryari ryaje ku musi mukuru ryumva ko Yezu yariko araza i Yeruzalemu. 13 Baca bafata amashami y’ibigazi, baja kumusanganira maze bavuga bati: «Kiza turagutakambiye! Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova*+, Umwami wa Isirayeli+!» 14 Yezu aronse inyana y’indogobwa, aca arayicarako+, nk’uko vyanditswe ngo: 15 «Ntutinye mukobwa wa Siyoni. Raba! Umwami wawe aje yicaye ku ndogobwa ikiri ntoyi+.» 16 Mu ntango abigishwa biwe ntibatahuye ivyo bintu, ariko igihe Yezu yaninahazwa+, baciye bibuka ko ivyo bintu vyari vyanditswe kuri we kandi ko babimukoreye+.
17 Isinzi ry’abantu ryari kumwe na Yezu igihe yahamagara Lazaro ngo ave mu mva*+ akamuzura mu bapfuye, ryaguma rimushingira intahe+. 18 Ni co gituma isinzi ry’abantu ryari ryaje kumusanganira, kuko bari bumvise ico gitangaro yakoze. 19 Abafarizayo baca bavugana bati: «Murabona ko ata na kimwe muriko murashikako. Raba! Isi yose yamukurikiye+.»
20 Mu bari baduze gusenga kuri uwo musi mukuru, harimwo Abagiriki bamwebamwe. 21 Baca begera Filipo+ w’i Betsayida muri Galilaya, bamubwira bati: «Mushinganta, dushaka kubona Yezu.» 22 Filipo aca abibwira Andereya. Andereya na Filipo baca baja kubibwira Yezu.
23 Ariko Yezu abishura ati: «Igihe kirageze c’uko Umwana w’umuntu aninahazwa+. 24 Emwe ni ukuri ndabibabwiye, agatete k’ingano kataguye mw’ivu ngo gapfe, kaguma ari kamwe gusa. Mugabo iyo gapfuye+, karaheza kakama ivyamwa vyinshi. 25 Uwukunda cane ubuzima bwiwe aba abwishe, mugabo uwanka ubuzima bwiwe+ muri iyi si, azobuzigama kugira aronke ubuzima budahera+. 26 Nimba hari uwushaka kunkorera, nankurikire kandi aho nzoba, ni ho n’umusuku wanje azoba+. Nimba hari uwushaka kunkorera, Data azomutera iteka. 27 Ubu numva ata mahoro mfise+. None mvuge iki? Data, nkiza iyi saha+. Mugabo iki nyene ni co catumye nshika kuri iyi saha. 28 Data, ninahaza izina ryawe.» Ijwi+ rero rica riva mw’ijuru rivuga riti: «Nararininahaje kandi nzosubira kurininahaza+.»
29 Isinzi ryari ng’aho rivyumvise, rica rivuga ngo: «Ni umuturagaro uvuze.» Abandi na bo ngo: «Ni umumarayika avuganye na we.» 30 Yezu yishura ati: «Iryo jwi ntiryumvikanye kubera jewe, ahubwo ni kubera mwebwe. 31 Ubu rero iyi si iraciriwe urubanza. Umutware w’iyi si+ agira atabwe hanze+. 32 Ariko ninamara kumanikwa nkava kw’isi+, nzokwegakwega abantu b’uburyo bwose baze iwanje.» 33 Emwe, ivyo yabivuze kugira yerekane urupfu yagira apfe urwo ari rwo+. 34 Isinzi ry’abantu rica rimwishura riti: «Twebwe twumvise mu mategeko yuko Kristu agumaho ibihe vyose+. None uvuga gute ko Umwana w’umuntu agiye kumanikwa+? Mbega uwo Mwana w’umuntu ni nde?» 35 Yezu rero ababwira ati: «Umuco uracari muri mwebwe kandi kanya gatoyi. Nimugende mugifise umuco, kugira umwiza ntubaneshe. Uwugendera mu mwiza ntamenya iyo ariko araja+. 36 Nimwizere umuco umwanya mugifise umuco, kugira mube abana b’umuco+.»
Yezu ahejeje kuvuga ivyo bintu, aca aragenda arabinyegeza. 37 Naho yakoreye ibitangaro vyinshi imbere yabo, ntibamwizeye, 38 kugira haranguke ijambo umuhanuzi Yesaya yavuze ati: «Yehova*, ni nde yizeye ivyo yatwumvanye*+? Ukuboko kwa Yehova* kwokwo, ni nde kwahishuriwe+?» 39 Icatumye batamwizera, ni uko kandi Yesaya yavuze ati: 40 «Yarahumye amaso yabo kandi atuma imitima yabo idadarara, kugira ntibarabishe amaso yabo canke ngo imitima yabo itahure, baheze bahindukire maze ndabakize+.» 41 Ivyo Yesaya yabivuze kubera yabonye ubuninahazwa bwiwe, kandi yaravuze ibimwerekeye+. 42 Mbere n’abatware benshi baramwizeye+, ariko ntibamwemera ku mugaragaro kubera Abafarizayo, kugira ntibacibwe mw’isinagogi+, 43 kuko bakunda ubuninahazwa bw’abantu mbere kuruta ubuninahazwa bw’Imana+.
44 Mugabo Yezu arasemerera ati: «Uwo wese anyizeye ntaba yizeye jewe gusa, ahubwo aba yizeye n’uwantumye+, 45 kandi uwumbonye wese aba abonye n’uwantumye+. 46 Naje nk’umuco mw’isi+, kugira ngo uwo wese anyizeye ntagume mu mwiza+. 47 Ariko uwumvise amajambo yanje ntayakurikize, sindamucira urubanza. Sinaje gucira urubanza isi, ahubwo naje gukiza isi+. 48 Uwunkengera kandi ntakurikize amajambo yanje, arafise uwumucira urubanza. Ivyo navuze ni vyo bizomucira urubanza ku musi wa nyuma, 49 kuko ntabivuze ndavyibwiye, ahubwo Data yantumye ni we yantegetse ivyo mvuga n’ivyo nigisha+. 50 Kandi ndazi ko kwubahiriza amategeko yiwe bisobanura ubuzima budahera+. Ivyo mvuga rero, ndabivuga nk’uko Data yabimbwiye+.»
13 Imbere y’uko umusi mukuru wa Pasika ugera, Yezu yari azi ko isaha igeze+ y’uko ava mw’isi agasubira kwa Se+. Kubera ko yari yarakunze abiwe bari mw’isi, yabandanije kubakunda gushika kw’iherezo+. 2 Ico gihe bariko barihereza imfungurwa zo ku mugoroba, kandi Shetani* yari yamaze gushira mu mutima wa Yuda Isikariyoti+, mwene Simoni, iciyumviro co kumugurisha+. 3 Yezu rero, kubera yari azi ko Se yashize ibintu vyose mu maboko yiwe be n’uko yaje ava ku Mana kandi akaba yagira asubire ku Mana+, 4 arahaguruka bakiriko barafungura, ashira ku ruhande impuzu ziwe zo hejuru. Araheza atora igitambara aragikenyera+. 5 Aca ashira amazi mw’ibesani, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa no kuvyumutsa akoresheje ca gitambara akenyeye. 6 Ashikiriye Simoni Petero, aca amubwira ati: «Mukama, ugira unyoze ibirenge?» 7 Yezu amwishura ati: «Ivyo ndiko ndakora nta vyo utahura ubu, ariko uzobitahura mu nyuma.» 8 Petero amubwira ati: «Oya ntuzopfa unyogeje ibirenge!» Yezu amwishura ati: «Ntakwogeje+ ibirenge, nta co uzoba usangiye nanje.» 9 Simoni Petero aca amubwira ati: «Mukama, ntunyoze ibirenge gusa rero, ahubwo nunyoze n’amaboko n’umutwe.» 10 Yezu amubwira ati: «Uwiyoze nta kindi aba akeneye kwozwa atari ibirenge, kuko aba atyoroye wese. Mwebwe muratyoroye, ariko si mwese.» 11 Yari azi uwagira amugurishe+. Ni co gituma yavuze ati: «Si mwese mutyoroye.»
12 Ahejeje kuboza ibirenge no kwambara za mpuzu ziwe, aca asubira kwicara ku meza maze ababwira ati: «Muratahuye ico ndabakoreye? 13 Mwebwe munyita “Mwigisha” na “Mukama”, kandi ni vyo kuko ndi we+. 14 Nimba rero jewe ndabogeje ibirenge kandi ndi Umukama n’Umwigisha+, na mwebwe mukwiye* kwozanya ibirenge+. 15 Ndabahaye akarorero, kugira namwe mugire nk’uko ndabagiriye+. 16 Emwe ni ukuri ndabibabwiye, umushumba ntaruta shebuja, kandi n’uwatumwe ntaruta uwamutumye. 17 Ko muzi ivyo bintu, muzoba muhiriwe nimwabikora+. 18 Sindiko mvuga mwese, ndazi abo natoye. Mugabo vyagenze gutyo kugira icanditswe kiranguke+, ikivuga ngo: “Uwo twahora dusangira ibifungurwa*, yampindutse*+.” 19 Ndabibabwiye ubu bitaraba, kugira ngo nivyaba muze mwizere ko ndi we+. 20 Emwe ni ukuri ndabibabwiye, uwakiriye uwo ntumye na jewe aba anyakiriye+, kandi uwunyakiriye aba yakiriye n’uwantumye+.»
21 Ahejeje kuvuga ivyo, Yezu abura amahoro mu mutima, hanyuma avuga ati: «Emwe ni ukuri ndabibabwiye, umwe muri mwebwe araza kungurisha*+.» 22 Abigishwa biwe baca batangura kurabana bazazaniwe, bibaza uwo yariko aravuga uwo ari we+. 23 Umwe mu bigishwa biwe, wa wundi Yezu yakunda cane+, yari yicaye iruhande yiwe*. 24 Simoni Petero aca amugirira ikimenyetso n’umutwe, amubwira ati: «Tubwire uwo ariko aravuga.» 25 Uwo mwigishwa aca yegamira igikiriza ca Yezu, amubaza ati: «Mukama, ni nde+?» 26 Yezu yishura ati: «Ni uwo ngira mpe ikimanyu c’umukate ndumvye mw’isahani+.» Amaze kudumba umukate mw’isahani, aca arawutora awuha Yuda mwene Simoni Isikariyoti. 27 Yuda amaze kwakira ico kimanyu, Shetani aca amwinjiramwo+. Maze Yezu amubwira ati: «Ico uriko urakora gikore ningoga.» 28 Ariko nta n’umwe mu bari bicaye ku meza yamenye igituma amubwiye gutyo. 29 Kubera ko Yuda ari we yari afise agasandugu k’amahera+, hari abiyumviriye ko Yezu yari amubwiye ati: «Gura ivyo dukeneye ku bw’umusi mukuru», canke ko yari akwiye kugira ico ahaye aboro. 30 Amaze kwakira ico kimanyu, ubwo nyene aca arasohoka, kandi hari mw’ijoro+.
31 Amaze gusohoka, Yezu aca avuga ati: «Ubu rero Umwana w’umuntu araninahajwe+, kandi Imana iraninahajwe kubera we. 32 Imana ubwayo izomuninahaza+, kandi izomuninahaza bidatevye. 33 Bana bato, ndacari kumwe namwe akanya gatoyi. Muzondondera, kandi nk’uko nabibwiye Abayuda, namwe ubu ndabibabwiye: “Iyo ndiko ndaja ntimushobora gushikayo+.” 34 Ndabahaye ibwirizwa rishasha: nimukundane. Nk’uko nabakunze+, abe ari ko namwe mukundana+. 35 Urukundo ruri hagati yanyu ni rwo ruzokwereka abantu bose ko muri abigishwa banje+.»
36 Simoni Petero aca amubaza ati: «Mukama, ugira uje he?» Yezu amwishura ati: «Ntushobora kunkurikira ubu nyene iyo ngira nje, ariko uzonkurikira mu nyuma+.» 37 Petero amubwira ati: «Mukama, kubera iki ntashobora kugukurikira ubu nyene? Nzokwigura+.» 38 Yezu aca amwishura ati: «Uzonyigura? Emwe ni ukuri ndabikubwiye, isake ntibika utaranyihakana gatatu+.»
14 Yezu yongera kuvuga ati: «Ntimuhagarike umutima+. Nimwizere Imana+, nanje munyizere. 2 Mu nzu ya Dawe hariyo ibibanza vyinshi vyo kubamwo. Iyaba atari uko mba narabibabwiye. Ndagiye rero kubategurira ikibanza+. 3 Vyongeye, ko ngiye kubategurira ikibanza, nzogaruka ndabatware iwanje, kugira ngo aho ndi abe ari ho namwe muba+. 4 Kandi iyo ndiko ndaja murazi inzira ijayo.»
5 Toma+ aca amubwira ati: «Mukama, ntituzi iyo uriko uraja. None twomenya gute inzira ijayo?»
6 Yezu amwishura ati: «Jewe ndi inzira+, ukuri+ n’ubuzima+. Nta wuja kwa Data atanciyeko+. 7 Iyo jewe muba mwaramenye, muba mwaramenye na Data. Guhera ubu muramuzi kandi mwaramubonye+.»
8 Filipo aca amubwira ati: «Mukama, twereke So wawe bizoba bikwiye.»
9 Yezu amubwira ati: «Igihe cose tumaranye nturamenya ga Filipo? Uwumbonye aba abonye na Data+. Kubera iki none umbaza ngo: “Twereke So wawe”? 10 Ntiwemera none ko nunze ubumwe na Data be n’uko Data yunze ubumwe nanje+? Ibintu ndababwira si ivyo nikurira mu mutwe+. Mugabo Data, umwe aguma yunze ubumwe nanje, ni we yikorera ibikorwa vyiwe. 11 Nimwemere ivyo ndababwiye ko nunze ubumwe na Data be n’uko Data yunze ubumwe nanje, canke na ho muvyemere kubera ibikorwa ubwavyo+. 12 Emwe ni ukuri ndabibabwiye, uwunyizera na we nyene azokora ibikorwa nkora. Mbere azokora ibikorwa biruta ivyo+, kuko jewe ngiye kwa Data+. 13 Vyongeye, ivyo muzosaba vyose mw’izina ryanje nzobikora, kugira ngo Data aninahazwe biciye ku Mwana+. 14 Ico muzosaba cose mw’izina ryanje nzogikora.
15 Nimba munkunda, muzokwubahiriza amabwirizwa yanje+. 16 Nanje nzosaba Data kugira abahe uwundi mufasha* agumana namwe ibihe vyose+, 17 ya mpwemu y’ukuri+ isi idashobora kuronka, kuko itayibona canke ngo iyimenye+. Mwebwe murayizi, kuko igumana namwe kandi ikaba iri muri mwebwe. 18 Sinzobasiga mwenyene*. Nzogaruka aho muri+. 19 Hasigaye igihe gito isi ntisubire kumbona, mugabo mwebwe muzombona+, kuko ndiho namwe mukazoba muriho. 20 Kuri uwo musi muzomenya ko nunze ubumwe na Data, namwe mukaba mwunze ubumwe nanje, nanje nkaba nunze ubumwe namwe+. 21 Uwemera amabwirizwa yanje kandi akayubahiriza, uwo ni we ankunda. Uwunkunda na we azokundwa na Dawe, nanje nzomukunda kandi nzomwihishurira bimwe bitomoye.»
22 Yuda+, atari umwe Yuda Isikariyoti, aca amubwira ati: «Mukama, kubera iki ushaka kutwihishurira bimwe bitomoye ariko ntiwihishurire isi?»
23 Yezu amwishura ati: «Nimba umuntu ankunda, azokwubahiriza ijambo ryanje+ kandi Dawe azomukunda, kandi tuzoza twibere iwe+. 24 Uwutankunda ntiyubahiriza amajambo yanje. Amajambo ndababwira si ayanje, ahubwo ni aya Data yantumye+.
25 Ndababwiye ivyo bintu nkiri kumwe namwe. 26 Mugabo wa mufasha, ya mpwemu nyeranda Data azorungika mw’izina ryanje, azobigisha ibintu vyose kandi azobibutsa ibintu vyose nababwiye+. 27 Ndabasigiye amahoro. Ndabahaye amahoro yanje+. Sindayabahaye nk’uko isi iyatanga. Ntimuhagarike umutima canke ngo mutekerwe n’ubwoba. 28 Mwumvise ko nababwiye nti: “Ndagiye kandi nzogaruka aho muri.” Iyo muba munkunda mwari kunezerwa n’uko ngiye kwa Data, kuko Data anduta+. 29 Ndabibabwiye bitaraba kugira ngo muze mwizere nivyaba+. 30 Sinkivugana namwe vyinshi, kuko umutware w’isi+ ariko araza, kandi nta bubasha amfiseko+. 31 Mugabo kugira ngo isi yose imenye ko nkunda Data, nkora ibintu vyose nk’uko nyene Data yabintegetse+. Nimuhaguruke tugende.
15 Jewe ndi umuzabibu w’ukuri, Dawe na we akaba umurimyi. 2 Ishami ryose ryo kuri jewe ritama araricacura, iryama na ryo akarituturira* kugira ryame cane+. 3 Mwebwe musanzwe mutyoroye kubera ijambo nababwiye+. 4 Nimugume mwunze ubumwe nanje, nanje nzoguma nunze ubumwe namwe. Kurya nyene ishami ridashobora kwama ritagumye ku muzabibu, na mwebwe ntimushobora kwama mutagumye mwunze ubumwe nanje+. 5 Jewe ndi umuzabibu, namwe mukaba amashami. Uwuguma yunze ubumwe nanje, nanje nkaguma nunze ubumwe na we, uwo arama cane+, kuko ata na kimwe mushobora gukora mutari kumwe nanje. 6 Uwutaguma yunze ubumwe nanje ameze nk’ishami baciye rigaca ryuma. Abantu baca begeranya ayo mashami, bakayaterera mu muriro, agasha. 7 Nimwaguma mwunze ubumwe nanje kandi amajambo yanje akaguma muri mwebwe, muzosaba ico mushaka cose kandi muzokironka+. 8 Dawe araninahazwa iyo mugumye mwama ivyamwa vyinshi kandi mukerekana ko muri abigishwa banje+. 9 Nk’uko Dawe yankunze+, ni ko nanje nabakunze. Nimugume mu rukundo rwanje. 10 Nimwubahiriza amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nubahirije amabwirizwa ya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe.
11 Ivyo ndabibabwiye kugira ngo umunezero wanje ugume muri mwebwe no kugira ngo akanyamuneza kanyu kabe akuzuye+. 12 Ng’iri ibwirizwa ryanje: nimukundane nk’uko nabakunze+. 13 Nta wurusha urukundo umuntu yigura abagenzi biwe+. 14 Muri abagenzi banje nimba mukora ivyo ndabategetse+. 15 Sinkibita abashumba, kuko umushumba atamenya ivyo shebuja akora. Ahubwo nabise abagenzi, kuko nabamenyesheje ibintu vyose numvanye Dawe. 16 Si mwebwe mwantoye, ahubwo ni jewe nabatoye. Nabatoye kugira mubandanye kwama ivyamwa kandi ivyamwa vyanyu bigumeho, kugira ngo ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje akibahe+.
17 Ivyo ndabibategetse kugira mukundane+. 18 Isi niyabanka, mwibuke ko yanyanse imbere y’uko ibanka+. 19 Iyo muba mwari ab’isi, isi yokunze cane ivyayo. Mugabo kubera ko mutari ab’isi+ ariko nkaba nabatoye mw’isi, ni co gituma isi ibanka+. 20 Mwibuke ijambo nababwiye: umushumba ntaruta shebuja. Nimba barampamye, namwe bazobahama+, kandi nimba barubahirije ijambo ryanje, n’iryanyu bazoryubahiriza. 21 Mugabo ivyo vyose bazobibagirira kubera izina ryanje, kuko batazi uwandungitse+. 22 Iyo ntaba naraje nkavugana na bo, nta gicumuro bobaye bafise+. Ariko ubu ntibagira ico bireguza ku gicumuro cabo+. 23 Uwunyanka aba yanka na Dawe+. 24 Iyo ntaba narakoreye muri bo ibikorwa ata wundi muntu n’umwe yakoze, nta gicumuro bobaye bafise+. Ariko ubu barambonye bongera baranyanka, banka na Dawe. 25 Mugabo ivyo vyabaye kugira haranguke ivyanditswe mu mategeko yabo ngo: “Banyankiye ubusa+.” 26 Wa mufasha nzobarungikira avuye kuri Data niyashika, ya mpwemu y’ukuri+ iva kuri Data, azonshingira intahe+. 27 Na mwebwe mubwirizwa kunshingira intahe+, kuko mwamanye nanje kuva mu ntango.
16 Ndababwiye ivyo bintu kugira ntimutsitare. 2 Abantu bazobaca mu masinagogi+. Mbere igihe kirageze aho umuntu wese azobica+ azokwiyumvira ko akoreye Imana*. 3 Mugabo bazokora ivyo bintu kubera batamenye Data canke jewe+. 4 Ariko rero, ndababwiye ivyo bintu kugira ngo nivyashika muze mwibuke ko nabibabwiye+.
Sinabibabwiye mu ntango, kuko nari kumwe namwe. 5 Mugabo ubu ngira nsubire ku wantumye+, ariko nta n’umwe muri mwebwe ambaza ati: “Ugiye hehe?” 6 Muciye mwuzura intuntu kubera ndababwiye ivyo bintu+. 7 Ariko rero ndababwiye ukuri, ngiye ku neza yanyu. Ntagiye, wa mufasha+ nta we muzoronka, mugabo ngiye nzomubarungikira. 8 Kandi uwo mufasha niyashika, azoha isi ibimenyamenya bijijura ku vyerekeye igicumuro, ku vyerekeye ubugororotsi no ku vyerekeye urubanza: 9 ubwa mbere ku vyerekeye igicumuro+, kubera batanyizera+, 10 ubwa kabiri ku vyerekeye ubugororotsi, kubera ngira nje kwa Data mukaba mutazosubira kumbona, 11 ubwa nyuma ku vyerekeye urubanza, kubera yuko umutware w’iyi si yaciriwe urubanza+.
12 Nari ngifise ibintu vyinshi nobabwira, ariko ubu ntimushobora kuvyihanganira. 13 Ariko uwo* niyashika, ya mpwemu y’ukuri+, azobayobora kugira mutahure ukuri kwose, kuko atazovuga ivyo yibwiye, ahubwo azovuga ivyo yumva, kandi azobamenyesha ibizoba+. 14 Uwo azoninahaza jewe+, kuko azoronka ku vyanje kandi akazobibamenyesha+. 15 Ibintu vyose Data afise ni ivyanje+. Ni co gituma navuze ko azoronka ku vyanje kandi akabibamenyesha. 16 Mu kanya gatoyi ntimuzosubira kumbona+, ariko haciye akandi kanya gatoyi muzombona.»
17 Bamwe mu bigishwa biwe baca batangura kuvugana bati: «Ashatse kuvuga iki ko avuze ngo: “Mu kanya gatoyi ntimuzombona, ariko haciye akandi kanya gatoyi muzombona”, kandi ngo: “Kubera ngira nje kwa Data”?» 18 Babandanya kuvuga bati: «Ashatse kuvuga iki mu kuvuga ngo: “Akanya gato”? Ntidutahura ivyo ariko aravuga.» 19 Yezu yari azi ko bashaka kumubaza ibibazo, aca ababwira ati: «Muriko murabazanya hagati yanyu kubera nababwiye nti: “Mu kanya gatoyi ntimuzombona, ariko haciye akandi kanya gatoyi muzombona”? 20 Emwe ni ukuri ndabibabwiye, muzorira muboroge, ariko isi izonezerwa. Muzotuntura, ariko intuntu yanyu izohinduka umunezero+. 21 Iyo umugore ariko aribaruka, aratuntura kubera isaha yiwe y’umubabaro igeze. Ariko amaze kwibaruka uwo mwana, ntasubira kwibuka uwo mubabaro kubera umunezero w’uko havutse umuntu kw’isi. 22 Na mwebwe ubu muratuntuye. Ariko nzosubira kubabona kandi imitima yanyu izonezerwa+, kandi nta n’umwe azobaka umunezero wanyu. 23 Kuri uwo musi nta kibazo na kimwe muzombaza. Emwe ni ukuri ndabibabwiye, ikintu cose muzosaba Data+ azokibaha mw’izina ryanje+. 24 Gushika ubu nta kintu na kimwe mwari bwasabe mw’izina ryanje. Nimusabe muzoronka, kugira ngo akanyamuneza kanyu kabe akuzuye.
25 Ivyo bintu nabibabwiye nkoresheje ibigereranyo. Igihe kigira kigere aho ntazosubira kubabwira nkoresheje ibigereranyo, mugabo nzobabwira ntomora ivyerekeye Data. 26 Kuri uwo musi muzosaba Data mw’izina ryanje. Ariko sinshatse kuvuga ko ari jewe nzobasabira kuri Data. 27 Data ubwiwe arabakunda kubera mwankunze+ kandi mukemera ko naje nserukira Imana+. 28 Naje mw’isi nserukira Data. None ubu ngira mve mw’isi, nsubire kwa Data+.»
29 Abigishwa biwe baca bavuga bati: «Ubu rero uriko uravuga utomora, utarinze gukoresha ibigereranyo. 30 Ubu turamenye ko uzi ibintu vyose be n’uko udakeneye uwukubaza ibibazo. Ivyo bituma twemera ko wavuye ku Mana.» 31 Yezu aca ababwira ati: «Ubu rero murizeye? 32 Igihe kiri mu kugera, mbere cashitse, aho muzosanzara umwe wese akaja muhira iwe, nanje mukanta jenyene+. Ariko sindi jenyene, kuko Data ari kumwe nanje+. 33 Ivyo bintu ndabibabwiye kugira ngo biciye kuri jewe mugire amahoro+. Mw’isi murahura n’ingorane, ariko nimugire umutima rugabo! Jewe naratsinze isi+.»
17 Yezu ahejeje kuvuga ivyo bintu, aca arangamiza mw’ijuru maze avuga ati: «Da, isaha irageze. Ninahaza umwana wawe, kugira ngo umwana wawe na we akuninahaze+, 2 kuko wamuhaye ububasha ku bantu bose*+, kugira ahe ubuzima budahera+ abo wamuhaye bose+. 3 Kugira abantu baronke ubuzima budahera+, bategerezwa kukumenya neza*, wewe Imana yonyene y’ukuri+, n’uwo watumye Yezu Kristu+. 4 Narakuninahaje kw’isi+, kuko ndangije igikorwa wampaye+. 5 Ubu rero Dawe, nuninaharize iruhande yawe, uninaharishe bwa buninahazwa nari mfise nkiri kumwe nawe imbere y’uko isi ibaho+.
6 Narahishuriye* izina ryawe abantu wampaye ubakuye mw’isi+. Bari abawe hanyuma urabampa, kandi barubahirije* ijambo ryawe. 7 Ubu barazi ko ibintu vyose wampaye biva iwawe, 8 kuko nabahaye amajambo wampaye+, kandi barayemeye. Baramenye vy’ukuri ko naje ndaguserukira+, kandi baremeye ko wantumye+. 9 Ni bo nsabira. Sinsabira isi, ahubwo nsabira abo wampaye, kuko ari abawe. 10 Ivyo mfise vyose ni ivyawe kandi ivyo ufise ni ivyanje+. Vyongeye, naraninahajwe muri bo.
11 Sinkiri mw’isi, mugabo bo bari mw’isi+ kandi ngira nze iwawe. Dawe mweranda, nubarinde+ kubera izina ryawe wampaye, kugira babe umwe nk’uko natwe turi umwe*+. 12 Nkiri kumwe na bo, narabarinda+ kubera izina ryawe wampaye. Narabakingiye, kandi nta n’umwe yaranduwe+ kiretse wa mwana wo kurandurwa+, kugira icanditswe kiranguke+. 13 Ubu rero ngira nze iwawe, kandi ndiko mvugira ibi bintu mw’isi kugira ngo akanyamuneza kanje kuzure muri bo+. 14 Narabahaye ijambo ryawe, ariko isi yarabanse kuko atari ab’isi+, nk’uko nanje ntari uw’isi.
15 Singusaba ngo ubakure mw’isi, ahubwo ngusaba ngo ubarinde kubera wa mubisha+. 16 Si ab’isi+, nk’uko nanje ntari uw’isi+. 17 Nubeze* ukoresheje ukuri+. Ijambo ryawe ni ukuri+. 18 Narabatumye mw’isi, nk’uko nawe wantumye mw’isi+. 19 Ndiko ndiyeza kubera bo, kugira ngo na bo nyene bezwe biciye ku kuri.
20 Sinsabiye aba bonyene, nsabiye n’abazonyizera biciye kw’ijambo ryabo, 21 kugira bose babe umwe+, nk’uko wewe Dawe wunze ubumwe nanje, nanje nkunga ubumwe nawe+, no kugira bunge ubumwe natwe maze isi yizere ko wantumye. 22 Narabahaye ubuninahazwa wampaye, kugira babe umwe nk’uko natwe turi umwe+. 23 Jewe nunze ubumwe na bo, nawe ukunga ubumwe nanje, kugira na bo bunge ubumwe bimwe bishitse*, maze isi imenye ko wantumye be n’uko wabakunze nk’uko wankunze. 24 Da, nshaka ko abo wampaye bazoba bari kumwe nanje aho nzoba ndi+, kugira babone ubuninahazwa wampaye, kuko wankunze imbere y’ishingwa ry’isi+. 25 Dawe ugororotse, isi ntikuzi+ koko, mugabo jewe ndakuzi+ kandi aba baramenye ko ari wewe wantumye. 26 Narabamenyesheje izina ryawe kandi nzorimenyekanisha+, kugira urukundo wankunze rube muri bo, nanje nunge ubumwe na bo+.»
18 Yezu ahejeje kuvuga ivyo bintu, aca ajana n’abigishwa biwe hakurya y’umwonga Kidironi*+, ahantu hari umurima, yinjirayo ari kumwe n’abigishwa biwe+. 2 Yuda, umwe yagira amugurishe, na we nyene yari azi aho hantu, kuko Yezu yakunda gukoranirayo n’abigishwa biwe. 3 Yuda aca azana umugwi w’abasoda n’abapolisi barungitswe n’abakuru b’abaherezi n’Abafarizayo, baza ng’aho bafise ibimuri n’amatara n’ibirwanisho+. 4 Yezu rero, kubera yari azi ibintu vyose bigira bimushikire, aca yegera imbere maze ababaza ati: «Murondera nde?» 5 Na bo bati: «Yezu Umunyanazareti+.» Aca ababwira ati: «Ni jewe.» Yuda, umwe yagira amugurishe, na we nyene yari kumwe na bo+.
6 Ariko aho Yezu ababwiriye ati: «Ni jewe», baca basubiza imigongo inyuma, bagwa hasi+. 7 Yongera kubabaza ati: «Murondera nde?» Na bo bati: «Yezu Umunyanazareti.» 8 Yezu abishura ati: «Nababwiye ko ari jewe. Nimba rero ari jewe murondera, nimureke aba bigire.» 9 Ivyo yabivuze kugira haranguke ivyo yari yaravuze ati: «Mu bo wampaye nta n’umwe yatakaye+.»
10 Simoni Petero yari afise inkota, aca arayisokora, ayikubita umushumba w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi kw’iburyo+. Uwo mushumba yitwa Malikusi. 11 Ariko Yezu abwira Petero ati: «Subiza inkota yawe mu rwubati*+. Mbega simbwirizwa kunywa ku gikombe Dawe yampaye+?»
12 Ba basoda na komanda hamwe n’abapolisi barungitswe n’Abayuda baca bafata Yezu baramuboha. 13 Babanza kumujana kwa Anasi, kuko yari sebukwe wa Kayifa+, uwari umuherezi mukuru muri uwo mwaka+. 14 Kayifa ni we yari yahanuye Abayuda yuko hari ku neza yabo ko umuntu umwe apfira abantu+.
15 Simoni Petero n’uwundi mwigishwa bariko barakurikira Yezu+. Uwo mwigishwa yari azinanyi n’umuherezi mukuru, aca yinjirana na Yezu mu rugo rw’umuherezi mukuru, 16 mugabo Petero aguma ahagaze hanze ku muryango*. Wa mwigishwa yari azinanyi n’umuherezi mukuru aca arasohoka hanze, avugana n’umusukukazi yari acunze irembo maze yinjiza Petero. 17 Uwo musukukazi aca abwira Petero ati: «Ubwo weho nturi mu bigishwa b’uwo muntu?» Na we avuga ati: «Oya, sindi uwo muri bo+.» 18 Ico gihe abasuku n’abapolisi bari bahagaze iruhande y’umucanwa w’amakara bari bacanye bariko barota, kuko hari hakanye. Petero na we nyene yari ahagararanye na bo ariko arota.
19 Umukuru w’abaherezi rero abaza ibibazo Yezu ku vyerekeye abigishwa biwe no ku vyerekeye inyigisho ziwe. 20 Yezu amwishura ati: «Navugira imbere y’abantu bose ku mugaragaro. Igihe cose nama nigisha mu masinagogi no mu rusengero+ aho Abayuda bakoraniye, kandi nta kintu na kimwe navugiye mu kinyegero. 21 None umbariza iki? Baza abumvise ivyo nababwiye. Barazi ivyo navuze.» 22 Yezu ahejeje kuvuga ivyo, umwe mu bapolisi bari bahagaze ng’aho aca amukubita ikofe mu maso+, amubwira ati: «Ukwo ni ko wishura umukuru w’abaherezi?» 23 Yezu amwishura ati: «Nimba mvuze amakosa, erekana ayo makosa ayo ari yo, ariko nimba mvuze ukuri, unkubitiye iki?» 24 Anasi aca amurungika aboshe ku muherezi mukuru Kayifa+.
25 Simoni Petero yari ahagaze ng’aho ariko arota. Baca bamubaza bati: «Ubwo weho nturi mu bigishwa biwe?» Petero aca arabihakana, avuga ati: «Oya sindi uwo muri bo+.» 26 Umwe mu basuku b’umuherezi mukuru, akaba yari incuti ya wa muntu Petero yaca ugutwi+, aca avuga ati: «Wewe sinakubonye mu murima uri kumwe na we?» 27 Ariko Petero yongera kubihakana, ubwo nyene isake ica irabika+.
28 Hanyuma bakura Yezu kwa Kayifa, bamujana ku kirimba kwa buramatari+. Hari mu gatondo ka kare. Mugabo Abayuda ntibinjiye mu kirimba ca buramatari, kugira ntibahumane+ maze bashobore kurya Pasika. 29 Pilato aca arasohoka aja aho bari, ababaza ati: «Uyu muntu mumwagiriza iki?» 30 Bamwishura bati: «Uyu muntu iyaba atari inkozi y’ikibi* ntituba twamukuzaniye.» 31 Pilato ababwira ati: «Nimumutware mwebwe nyene mumucire urubanza mwisunze amategeko yanyu+.» Abayuda baca bamubwira bati: «Amategeko yacu ntatwemerera kwica umuntu n’umwe+.» 32 Ivyo vyabaye kugira haranguke ivyo Yezu yari yaravuze kugira yerekane urupfu yari agiye gupfa urwo ari rwo+.
33 Pilato yongera kwinjira mu kirimba ca buramatari maze ahamagara Yezu, amubaza ati: «Uri Umwami w’Abayuda+?» 34 Yezu amwishura ati: «Ivyo ubivuze uvyibwiye, canke ni abandi bakubwiye ivyanje?» 35 Pilato amwishura ati: «Ugira ngo jewe ndi Umuyuda? Ihanga ryawe n’abakuru b’abaherezi ni bo bakunzaniye. Wakoze iki?» 36 Yezu amwishura+ ati: «Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si+. Iyo ubwami bwanje buba ubwo muri iyi si, abasuku banje bari kurwana kugira sinshirwe mu maboko y’Abayuda+. Ariko noneho ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.» 37 Pilato aca amubaza ati: «Wewe rero uri umwami?» Yezu amwishura ati: «Wewe ubwawe urabivuze ko ndi umwami+. Iki ni co navukiye kandi ni co canzanye mw’isi: ni ukugira nshingire intahe ukuri+. Uwuri ku ruhande rw’ukuri wese arumviriza ijwi ryanje.» 38 Pilato aca amubaza ati: «Ukuri ni iki?»
Ahejeje kuvuga ivyo, Pilato aca arasohoka aja aho Abayuda bari, ababwira ati: «Nta kosa ndamubonako+. 39 Vyongeye, murafise umugenzo w’uko ndabarekurira umuntu kuri Pasika+. Mushaka none ndabarekurire Umwami w’Abayuda?» 40 Bongera gusemerera bati: «Ntuturekurire uyo, turekurire Baraba!» Uwo Baraba rero yari umwambuzi+.
19 Pilato rero aca afata Yezu aramukubitisha+. 2 Abasoda na bo bajisha urugori rw’amahwa barumwambika ku mutwe, bamwambika n’ikanzu y’umuyugubwe*+. 3 Baguma bamwegera bamubwira bati: «Ndabugize Mwami w’Abayuda!» Baguma bamukubita n’amakofe mu maso+. 4 Pilato yongera gusohoka, ababwira ati: «Ng’uyu ndamubazaniye hanze, kugira mumenye ko ata kosa namubonyeko+.» 5 Yezu aca arasohoka, yambaye rwa rugori rw’amahwa na ya kanzu y’umuyugubwe. Hanyuma Pilato ababwira ati: «Ng’uyu wa mugabo!» 6 Ariko abakuru b’abaherezi n’abapolisi bamubonye, baca barasemerera bati: «Mumanike! Mumanike*+!» Pilato ababwira ati: «Genda mumwimanikire mwebwe nyene, kuko jewe ata kosa namubonyeko+.» 7 Abayuda bamwishura bati: «Turafise itegeko, kandi twisunze iryo tegeko abwirizwa gupfa+, kuko yigize umwana w’Imana+.»
8 Pilato yumvise ivyo bavuze, aca arushiriza kugira ubwoba. 9 Yongera kwinjira mu kirimba ciwe, abaza Yezu ati: «Uva hehe?» Mugabo Yezu ntiyamwishura+. 10 Pilato aca abwira Yezu ati: «Uranse kunyishura? Ntuzi ko mfise ububasha bwo kukurekura n’ubwo kukumanika?» 11 Yezu amwishura ati: «Nta bubasha wari kuba umfiseko, iyo utabuhabwa n’Imana. Ni co gituma uwanshize mu maboko yawe afise igicumuro kinini kuruta.»
12 Ku bw’ivyo, Pilato aguma arondera ingene yomurekura. Ariko Abayuda barasemerera bati: «Ukarekura uwo muntu, ntuzoba uri umugenzi wa Sezari. Umuntu wese yigira umwami aba agararije* Sezari+.» 13 Pilato amaze kwumva ayo majambo, aca asohokana Yezu hanze, yicara ku ntebe y’imanza, ahantu hitwa Isaso ry’amabuye, mugabo mu giheburayo hakitwa Gabata. 14 Ico gihe hari ku musi w’Imyiteguro+ ya Pasika, hari nka sasita*. Maze abwira Abayuda ati: «Ng’uyu umwami wanyu!» 15 Baca barasemerera bati: «Mukureho! Mukureho! Mumanike*!» Pilato ababaza ati: «Manike umwami wanyu?» Abakuru b’abaherezi bishura bati: «Nta wundi mwami dufise atari Sezari.» 16 Aca aramubaha ngo amanikwe ku giti+.
Baca bafata Yezu baramujana. 17 Yezu rero yikorera igiti ciwe co kubabarizwako*, agenda ahitwa ahantu h’Agahanga+, mu giheburayo hakaba hitwa Gologota+. 18 Bamumanika+ ng’aho hamwe n’abandi bagabo babiri, umwe hirya uwundi hino, Yezu na we hagati+. 19 Pilato kandi yandika icapa, agishira kuri ca giti co kubabarizwako. Cari canditsweko ngo: «Yezu Umunyanazareti, Umwami w’Abayuda+.» 20 Abayuda benshi barasomye ico capa, kuko ahantu Yezu yari amanitswe hari hafi y’igisagara. Ico capa cari canditswe mu giheburayo, mu kilatini no mu kigiriki. 21 Ariko abakuru b’abaherezi b’Abayuda babwira Pilato bati: «Ntiwandike ngo: “Umwami w’Abayuda”, ahubwo andika ko yavuze ngo: “Ndi Umwami w’Abayuda.”» 22 Pilato abishura ati: «Ivyo nanditse nanditse.»
23 Abasoda bamaze kumanika Yezu, batora impuzu ziwe bazigaburamwo kune, umwe wese atwara umugabane wiwe, batwara n’ikanzu yiwe. Mugabo iyo kanzu nta mubariro yagira, kuko yari ijishwe kuva hejuru gushika hasi. 24 Maze babwirana bati: «Ntituyitabure, ahubwo reka tugire ubupfindo kugira tumenye uwuyitwara+.» Aho kwari ukugira haranguke icanditswe kivuga ngo: «Bagabuye impuzu zanje, bapfindira ivyambarwa vyanje+.» Ivyo nyene ni vyo abasoda bakoze.
25 Hafi y’igiti co kubabarizwako ca Yezu hari hahagaze nyina wiwe+, nyinabo, Mariya muka Kolopasi na Mariya Magadalena+. 26 Yezu abonye nyina wiwe na wa mwigishwa yakunda cane+ bahagaze ng’aho, aca abwira nyina wiwe ati: «Wa mugore* we, ng’uyo umuhungu wawe!» 27 Abwira na wa mwigishwa na we ati: «Ng’uyo nyoko wawe!» Kuva ico gihe, uwo mwigishwa aca amutwara muhira iwe.
28 Inyuma y’ivyo, Yezu amaze kumenya ko ibintu vyose vyari bimaze kuranguka, avuga ati: «Ndanyotewe+.» Ivyo yabivuze kugira icanditswe kiranguke. 29 Hari umubindi wuzuye umuvinyu ukarishe wari uteretse ng’aho. Baca batora ipampa* ryuzuye umuvinyu ukarishe, barishira ku gati ka ezobu*, baraheza baryegereza ku munwa wiwe+. 30 Yezu amaze guhonja uwo muvinyu ukarishe, aca avuga ati: «Birarangutse+!», hanyuma yunamika umutwe, aracikana+.
31 Kubera ko wari umusi w’Imyiteguro+, Abayuda baca basaba Pilato ko amaguru yabo yovunagurwa, n’ibiziga vyabo bigakurwaho, kugira ntibigume ku biti vyo kubabarizwako+ kw’isabato (kuko iyo sabato yari ihambaye+). 32 Abo basoda baca baraza, bavuna amaguru y’uwa mbere hamwe n’ay’uwundi yari amanitswe iruhande ya Yezu. 33 Ariko bashikiriye Yezu, basanga yamaze gupfa, ntibaba rero bakimuvuna amaguru. 34 Umwe muri abo basoda aca amucumita icumu mu rubavu+, ubwo nyene haca havayo amaraso n’amazi. 35 Uwabibonye yarabishingiye intahe kugira namwe mwizere. Intahe yiwe ni iy’ukuri, kandi arazi ko ivyo avuga ari ukuri+. 36 Emwe ivyo bintu vyarabaye kugira haranguke icanditswe kivuga ngo: «Nta na rimwe mu magufa yiwe bavunye*+.» 37 Vyongeye, hari n’ikindi canditswe kivuga ngo: «Bazoraba uwo basogose+.»
38 Inyuma y’ivyo, Yozefu w’i Arimateya, uwari umwigishwa wa Yezu mu mpisho kubera yatinya Abayuda+, abaza Pilato ko yotwara ikiziga ca Yezu. Pilato arabimwemerera, Yozefu aca araza atwara ico kiziga+. 39 Nikodemu+, wa mugabo yaza kuraba Yezu mw’ijoro mu ntango, na we nyene araza, aza azanye ikivange* c’imira n’ingagari gipima nk’ibilo 33*+. 40 Bafata rero ikiziga ca Yezu bakizingira mu bitambara vy’ilino* hamwe n’ivyo bintu bimota+, nk’uko Abayuda bari basanzwe bategura amaziko. 41 Ahantu bamanitse Yezu hariho umurima, kandi uwo murima warimwo imva* nshasha+ ata muntu n’umwe bari bwayihambemwo. 42 Kubera ko wari umusi w’Imyiteguro+ y’Abayuda, n’iyo mva ikaba yari hafi, baca bahamba Yezu ng’aho.
20 Ku musi wa mbere w’indwi, Mariya Magadalena azindukira ku mva*+ hakiri mu kajoro, asanga rya buye ryavuye ku mva+. 2 Aca ariruka aja kuraba Simoni Petero na wa mwigishwa wundi Yezu yakunda+, ababwira ati: «Bakuye Umukama mu mva+, kandi ntituzi aho bamushize.»
3 Petero n’uwo wundi mwigishwa baca baja ku mva. 4 Uko ari babiri bariruka, mugabo uwo wundi mwigishwa asiga Petero, amutanga gushika ku mva. 5 Yunamye, abona ibitambara vy’ilino* biri hasi+ mugabo ntiyinjira. 6 Simoni Petero na we nyene arashika inyuma yiwe, aca yinjira muri ya mva, abona vya bitambara vy’ilino biri hasi. 7 Igitambara cari kizingiriye ku mutwe wa Yezu nticari kumwe n’ibindi, cari kizinze kiri ukwaco. 8 Wa mwigishwa wundi yari yashitse ubwa mbere ku mva, na we nyene aca arinjira, arabona ivyo bintu maze aremera ivyo babwiwe. 9 Kuko batari bwatahure icanditswe kivuga yuko ategerezwa kuzuka mu bapfuye+. 10 Abo bigishwa baca basubira muhira iwabo.
11 Ariko Mariya aguma ahagaze hanze iruhande y’imva, ariko ararira. Akiriko ararira, arunama kugira arabe mu mva 12 maze abona abamarayika+ babiri bambaye impuzu zera, bicaye aho ikiziga ca Yezu cari kiri, umwe ku mutwe, uwundi ku maguru. 13 Bamubaza bati: «Wa mugore* we, urizwa n’iki?» Na we abishura ati: «Batwaye Umukama wanje, kandi sinzi aho bamushize.» 14 Amaze kuvuga ivyo, aca arahindukira maze abona Yezu ahagaze ng’aho, mugabo ntiyamenye ko ari Yezu+. 15 Yezu amubaza ati: «Wa mugore we, urizwa n’iki? Urondera nde?» Aca yibaza ko ari umukozi wo mu murima, maze amwishura ati: «Mushinganta, nimba ari wewe wamutwaye, mbwira aho wamushize ndamukureyo.» 16 Yezu amubwira ati: «Mariya!» Mariya aca arahindukira, amubwira mu giheburayo ati: «Rabuni!» (bikaba bisobanura ngo «Mwigisha!»). 17 Yezu yongera kumubwira ati: «Reka kunyumirako, kuko ntaraduga kwa Dawe. Ahubwo genda kwa benewacu+ ubabwire ko ngira nduge kwa Dawe+ ari we So, Imana yanje+ ari yo Mana yanyu.» 18 Mariya Magadalena aca aragenda, abwira iyo nkuru abigishwa ati: «Nabonye Umukama!» Araheza abiganira ivyo yamubwiye+.
19 Hageze ku mugoroba kuri uwo musi wa mbere w’iyinga, abigishwa bari bakoraniye hamwe mu nzu, kandi bari bugaye imiryango kubera ugutinya Abayuda. Yezu aca araza, ahagarara hagati yabo, ababwira ati: «Nimugire amahoro+.» 20 Amaze kuvuga ivyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe+. Abigishwa baca baranezerwa babonye Umukama+. 21 Yezu yongera kubabwira ati: «Nimugire amahoro+. Nk’uko Data yantumye+, nanje ndabatumye+.» 22 Amaze kuvuga ivyo, aca abahuhirako impemu maze ababwira ati: «Nimuronke impwemu nyeranda+. 23 Umuntu wese muzobabarira ibicumuro azoba abibabariwe. Ariko uwo mutazobabarira ibicumuro bizomugumako.»
24 Mugabo Toma+, umwe muri bamwe cumi na babiri, uwo bita Ihasa, ntiyari kumwe na bo igihe Yezu yaza. 25 Abandi bigishwa rero bamubwira bati: «Twabonye Umukama!» Mugabo abishura ati: «Ntabonye mu biganza vyiwe aho imisumari yaciye*, ngo nkoze urutoke rwanje aho imisumari yaciye nongere nshire ukuboko kwanje mu rubavu rwiwe+, sinzogenda ndavyemeye.»
26 Haciye imisi umunani, abigishwa biwe bongera gukoranira mu nzu, kandi Toma yari kumwe na bo. Yezu araza naho imiryango yari yugaye, ahagarara hagati yabo maze ababwira ati: «Nimugire amahoro+.» 27 Araheza abwira Toma ati: «Shira urutoke rwawe ng’aha, urabe n’ibiganza vyanje. Fata ukuboko kwawe ugushire mu rubavu rwanje maze ureke gukekeranya*, ahubwo wemere.» 28 Toma aca amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» 29 Yezu amubwira ati: «Wemeye kubera umbonye? Hahiriwe abemera batarinze kubona.»
30 Mu vy’ukuri, Yezu yarakoreye n’ibindi bitangaro vyinshi imbere y’abigishwa bitanditswe muri uyu muzingo+. 31 Mugabo ibi vyaranditswe kugira mwizere ko Yezu ari we Kristu Umwana w’Imana, no kugira muronke ubuzima biciye kw’izina ryiwe, kubera mwizera+.
21 Inyuma y’ivyo, Yezu yongera kwiyereka* abigishwa biwe ku kiyaga ca Tiberiya. Uku ni ko yabiyeretse: 2 Abari ng’aho bari Simoni Petero, Toma (uwo bita Ihasa+), Natanayeli+ w’i Kana h’i Galilaya, abahungu ba Zebedayo+ n’abandi bigishwa biwe babiri. 3 Simoni Petero ababwira ati: «Ndagiye kuroba.» Na bo baca bamubwira bati: «Turajana.» Baca baragenda maze burira ubwato, ariko nta na kimwe bafashe muri iryo joro+.
4 Buriko buraca, Yezu ahagarara ku nkengera y’ikiyaga, mugabo abigishwa ntibamenya ko ari we+. 5 Yezu ababaza ati: «Bane banje, hari ikintu* co kurya mufise?» Na bo bamwishura bati: «Oya.» 6 Aca ababwira ati: «Terera urusenga iburyo bw’ubwato muraronka.» Baca bararuterera, ariko ntibashobora kwongera kurukwega, kuko ifi zari nyinshi cane+. 7 Wa mwigishwa Yezu yakunda cane+ aca abwira Petero ati: «Ni Umukama!» Simoni Petero yumvise ko ari Umukama, aca yambara impuzu ziwe*, kuko yari gusa* maze asimbira mu kiyaga. 8 Mugabo abandi bigishwa baza mu bwato butoyi bariko bakwega rwa rusenga rwuzuye ifi, kuko batari kure y’inkengera. Bari nko ku metero 90* gusa.
9 Bashitse ku nkengera, bahasanga umuriro w’amakara uriko ifi n’umukate. 10 Yezu aca ababwira ati: «Nimuzane ifi nkeyi ku zo muhejeje gufata.» 11 Simoni Petero aca yurira ubwato, akwegera hasi rwa rusenga rwuzuye ifi nininini, zose hamwe zikaba zari 153. Naho zari nyinshi, urwo rusenga ntirwatabutse. 12 Yezu ababwira ati: «Ingo mufungure.» Nta n’umwe mu bigishwa yubahutse kumubaza ati: «Uri nde?», kuko bari bamenye ko ari Umukama. 13 Yezu aca araza, atora wa mukate arawubaha, abaha n’ifi. 14 Ubwo bwari ubugira gatatu+ Yezu abonekeye abigishwa biwe amaze kuzurwa mu bapfuye.
15 Bahejeje gufungura, Yezu aca abwira Simoni Petero ati: «Simoni mwene Yohani, urankunda kurusha izi?» Amwishura ati: «Ego Mukama, urazi ko ndagukunda.» Yezu amubwira ati: «Gaburira imyagazi yanje y’intama+.» 16 Yongera kumubwira ubwa kabiri ati: «Simoni mwene Yohani, urankunda?» Na we amwishura ati: «Ego Mukama, urazi ko ndagukunda.» Aca amubwira ati: «Ragira intama zanje ntonto+.» 17 Amubwira ubugira gatatu ati: «Simoni mwene Yohani, urankunda?» Petero aca arababara kubera amubajije ubugira gatatu ati: «Urankunda?» Maze amwishura ati: «Mukama, wewe urazi vyose. Urazi ko ndagukunda.» Yezu amubwira ati: «Gaburira intama zanje ntonto+. 18 Emwe ni ukuri ndabikubwiye, ukiri muto wariyambika ukaja iyo ushaka. Mugabo niwasaza, uzoduza amaboko uwundi akwambike, agutware iyo udashaka.» 19 Ivyo yabivuze kugira yerekane urupfu Petero yopfuye kugira aninahaze Imana. Ahejeje kuvuga ivyo, aca amubwira ati: «Guma unkurikira+.»
20 Petero ahindukiye, abona wa mwigishwa Yezu yakunda+ ariko arabakurikira. Yari wa mwigishwa yegamira igikiriza ca Yezu kuri za mfungurwa zo ku mugoroba, akamubwira ati: «Mukama, ni nde agira akugurishe?» 21 Petero amubonye, aca abaza Yezu ati: «Mukama, uyu we bite?» 22 Yezu amwishura ati: «Nimba nshaka ko agumaho gushika nje, bigutwaye iki? Wewe guma unkurikira gusa.» 23 Inkuru yuko uwo mwigishwa atopfuye ica ikwiragira mu bavukanyi. Ariko Yezu ntiyamubwiye ko atopfuye, ahubwo yavuze ati: «Nimba nshaka ko agumaho gushika nje, bigutwaye iki?»
24 Uwo mwigishwa nyene+ ni we ashingira intahe ivyo bintu. Ni we yavyanditse kandi turazi ko intahe yiwe ari iy’ukuri.
25 Emwe hariho n’ibindi bintu vyinshi Yezu yakoze, kandi iyo biramuka vyanditswe ido n’ido, nibaza ko isi itoshoboye gukwirwamwo imizingo vyanditswemwo+.
Canke «yari ameze nk’Imana.»
Ni ukuvuga Jambo.
Mu kigiriki havuga ngo «ntibavyawe n’amaraso canke ugushaka kw’umubiri.»
Canke «ubuntu buhebuje.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuntu buhebuje).
Mu kigiriki havuga ngo «ya mana y’ikinege.»
Canke «mu gikiriza ca Se.» Herekeza ku kibanza c’ubutoni.
Raba Inyongera ya A5.
Canke «isandari.»
Mu kigiriki havuga ngo «nko kw’isaha igira 10.»
Iyo mvugo «mu mategeko ya Musa no mu vyanditswe n’abahanuzi» yerekeza ku Vyanditswe vyose vy’igiheburayo.
Canke «mpuriye ku ki nawe ga wa mugore?» Mu kigiriki, iyo ni imvugo ikoreshwa mu guhakana. Iryo jambo «umugore» ntiryerekana ko ata rupfasoni rurimwo.
Birashoboka ko zari ingero za bati. Bati imwe yangana n’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.
Canke «ubuninahazwa.»
Canke «inzu y’urudandaza.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «atavyawe n’ijuru.»
Canke «ntivyiyamirizwe.»
Canke «aba ateye ikidodo cemeza.»
Canke «ku gipimo.»
Mu kigiriki havuga ngo «Yezu yariko.»
Canke «isoko», «ikinogo c’amazi.»
Mu kigiriki havuga ngo «nko kw’isaha igira 6.»
Canke «ari muzima.»
Mu kigiriki havuga ngo «nko kw’isaha igira 7.»
Canke «pisine.»
Canke «abanyunyutse.»
Raba Inyongera ya A3.
Canke «agatanda.»
Canke «ingabire y’ubuzima.»
Canke «mu mva z’icibutso.»
Ni ukuvuga Ivyanditswe.
Raba Inyongera ya B14.
Mu kigiriki havuga ngo «nka sitadiyo 25 canke 30.» Raba Inyongera ya B14.
Canke «isi.»
Canke «atamukwegereye.»
Raba Inyongera ya A5.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «mw’ikoraniro ry’abantu.»
Canke «ni ishetani.»
Canke «abandanya kugendagenda.»
Canke «w’amahema.»
Mu kigiriki havuga ngo «genda wiyereke isi.»
Ni ukuvuga amashure y’Abarabi.
Umurongo wa 53 n’umurongo wa 1 gushika ku murongo wa 11 w’ikigabane ca 8, ntiboneka mu mizingo itari mike ya kera yizigiwe.
Mu kigiriki havuga ngo «mwisunze umubiri.»
Canke «ridatera imbere.»
Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
Mu kigiriki havuga ngo «wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
Canke «kuva igihe yatangura.» Ni ukuvuga igihe yatangura kubeshera Imana.
Canke «yikubita imbere yiwe.»
Canke «umwungere w’agahebuza.»
Canke «twunze ubumwe.»
Canke «kubera urogota.»
Canke «mumeze nk’Imana.»
Canke «urarogose.»
Canke «mu mva y’icibutso.»
Mu kigiriki havuga ngo «nko kuri sitadiyo 15.» Raba Inyongera ya B14.
Ni ukuvuga urusengero.
Canke «baramuzimana imfungurwa zo ku mugoroba.»
Canke «yari mu bari bicaranye na we ku meza.»
Canke «atora ipawunde.» Yari ipawunde y’Abaroma yapima nk’amagarama 327. Raba Inyongera ya B14.
Raba Inyongera ya B14.
Raba Inyongera ya A5.
Canke «mu mva y’icibutso.»
Raba Inyongera ya A5.
Canke «ivyo twashikirije.»
Raba Inyongera ya A5.
Mu kigiriki havuga ngo «wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
Canke «mutegerezwa.»
Canke «umukate.»
Mu kigiriki havuga ngo «yandugirije igitsintsiri.»
Canke «kumpemukira.»
Mu kigiriki havuga ngo «mu gikiriza ciwe.»
Canke «uwundi muhoza.»
Canke «muri nk’impfuvyi.»
Canke «akarityorora.»
Canke «ko akoreye Imana igikorwa ceranda.»
Herekeza kuri wa mufasha yavugwa ku murongo w’indwi. Yezu akoresha ijambo «umufasha» nk’aho umenga ni umuntu mu kuvuga impwemu nyeranda. Impwemu nyeranda ni inguvu Imana ikoresha, si umuntu.
Canke «ku gifise umubiri cose.»
Canke «bategerezwa kwironsa ubumenyi bukwerekeye.» Irivuga ryo mu kigiriki ryerekeza ku gikorwa kibandanya.
Canke «naramenyesheje.»
Canke «baragamburutse.»
Canke «kugira bunge ubumwe nk’uko natwe twunze ubumwe.»
Canke «nubashire ku ruhande», «nubagire beranda.»
Canke «kugira bunge ubumwe butagira akanenge.»
Canke «y’uruzi rwo mu rushana rwitwa Kidironi.»
Urwubati ni ikintu barokezamwo inkota mu kuyibika.
Canke «kw’irembo.»
Canke «umwicanyi.»
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Canke «mumanike ku giti! Mumanike ku giti!»
Canke «aba atutse.»
Mu kigiriki havuga ngo «nko kw’isaha igira 6.»
Canke «mumanike ku giti!»
Raba Insiguro y’amajambo.
Iryo jambo «umugore» ntiryerekana ko ata rupfasoni rurimwo.
Cari ikintu kimeze nk’ikinyuko gishobora kununuza amazi.
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «bajanjaguye.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ikizingo.»
Canke «gipima nk’amapawunde 100.» Yari amapawunde y’Abaroma. Raba Inyongera ya B14.
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «imva y’icibutso.»
Canke «ku mva y’icibutso.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Iryo jambo «umugore» ntiryerekana ko ata rupfasoni rurimwo.
Canke «intoboro z’imisumari.»
Mu kigiriki havuga ngo «ureke kubura ukwizera.»
Canke «kubonekera.»
Canke «hari ifi.»
Canke «akenyera impuzu ziwe zo hejuru.»
Canke «ari nk’aho yari gusa.»
Mu kigiriki havuga ngo «nko ku ntambwe 200.» Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Raba Inyongera ya B14.