Nusesangure mw’Ijambo ry’Imana!
Ivyo nyene ni vyo igitabu Senga Imana Yonyene y’Ukuri kizogufasha kugira. Ni igitabu kigenewe gufasha abatohoji ba Bibiliya gushira mu ngiro inyigisho zo mw’Ijambo ry’Imana. Umwigisha wa Bibiliya wo muri Nijeriya, aho hakaba ari muri Afirika yo mu Buraruko, yavuze ati: “Icanezereye kuruta ibindi, vyari ibibazo bituma umuntu azirikana biri mu kigabane kimwekimwe cose bifasha umusomyi kwiyinjizamwo ivyo ariko arasoma no kubizirikanako”.
Umukenyezi umwe amaze imyaka itari mike yigisha Bibiliya yavuze ati: “Iki gitabu canditse mu buryo bworoshe cane gutegera! Biraryoshe kukirongoramwo inyigisho za Bibiliya”.
Hari aho nawe wokwiyumva nk’ukwo nyene niwamara kwihweza ibigabane nk’ibi bivuga ngo “Ikibazo Twese Tubwirizwa Guhangana”, “Ico Twigira ku Kuba Imana Ireka Ububisha Bukabaho”, “Ububasha bw’Icizigiro c’Izuka”, hamwe n’ikivuga ngo “Wumvire Impanuro, Wemere Gutozwa Indero”. Urashobora gusaba ico gitabu Senga Imana Yonyene y’Ukuri c’impapuro 192 kikagira n’igipfukisho coroshe, mu kwuzuza aka gace kandikwamwo aderese kari kumwe n’iki kiganiro, maze ukakarungika kuri aderese yatanzwe canke kuri aderese ibereye mu ziri ku rupapuro rwa 5 rw’iki kinyamakuru.
□ Niba ata co ntegerezwa gutanga, ndasavye mundonse igitabu Senga Imana Yonyene y’Ukuri.
□ Ndabasavye mumenyeshe ibijanye n’inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana igirwa ku buntu.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 32]
Igipfukisho c’igitabu: U.S. Navy photo