Twisunze Bibiliya
Vyoba bishoboka gutsinda utumenyero tubi?
UMWANDITSI Mark Twain igihe kimwe yaravuze majambo aranga ubwenge ati: “Guheba kunywa itabi ni co kintu coroshe kuruta ibindi vyose. Ivyo ndabizi kubera yuko nabigize incuro n’izindi”. Abantu benshi barashobora kwemeranya n’ayo majambo ya Twain aranga ubwenge. Naho bashobora kuba bazi neza yuko utumenyero tumwetumwe duteye kubiri n’inyifato runtu be n’uko twonona, barazi kandi yuko kutunanira no kudutsinda atari ikintu coroshe. Utumenyero turashobora gushinga imizi uko imyaka igenda irahera kandi tugashobora kunanira utwigoro umuntu agira kugira adutsinde. Kugerageza kwikuramwo mwene ivyo vyipfuzo bikomeye, birashobora kuba ibiruhisha mbere bikanababaza.
Dogoteri Anthony Daniels, akaba ari umuganga akorera kw’ibohero, avuga yuko bene gukora ivyaha bakunda kwivugisha ko badashobora kunanira ivyipfuzo vyabo bibi vyabiziziye. Iyo umuntu amaze kwizizirwa n’ikintu, bavuga yuko “aba yifatiwe n’icipfuzo gikomeye adashobora kunanira”. Iyaba ivyo vyiyumviro vyari ivy’ukuri, ntitwobazwa ivyo dukora kugira duhaze ivyipfuzo vyacu bikomeye. Ariko none, vyoba ari ivy’ukuri yuko twigaruriwe n’inyiyumvo be n’ivyipfuzo biri muri twebwe, ku buryo tutagira gitabara? Canke umuntu yoba vy’ukuri ashobora gutsinda utumenyero tubi? Kugira turonke inyishu itomoye, reka turabe ico Bibiliya ibivugako.
Ukwipfuza kurahushanye n’ibikorwa
Bibiliya iratomora yuko Imana itubaza ivyo dukora (Abaroma 14:12). Vyongeye, idusaba kubaho duhuza n’ingingo mfatirwako zayo zigororotse (1 Petero 1:15). Kubera yuko ari yo Muremyi wacu, irazi icotubera ciza kuruta, kandi ingingo ngenderwako zayo ziriyamiriza utumenyero twinshi tugwiriye muri iyi si (1 Ab’i Korinto 6:9, 10; Ab’i Galatiya 5:19-21). Ariko rero, irabona kandi ibintu nk’uko biri, ikanagira impuhwe mu vyo yitega ku bantu b’abanyagasembwa.—Zaburi 78:38; 103:13, 14.
Ni co gituma umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Uhoraho, wokwama wibuka ibigabitanyo, Bgirukiro, ni nde yohava akazohagarara adatsinzwe?” (Zaburi 130:3). Ni ivy’ukuri, Yehova arazi bimwe bishitse yuko “imitima y’abantu yamogoreye gukora ibibi uhereye mu bgana bgabo” (Itanguriro 8:21). Kamere twarazwe, ubugoyagoye twarazwe be n’ibintu twaciyemwo kera, bituma tudashobora kwirinda ivyiyumviro be n’ivyipfuzo bibi vyose. Ni co gituma Yehova abigiranye urukundo, atadusaba kuba abatagira agasembwa.—Gusubira mu vyagezwe 10:12; 1 Yohana 5:3.
Ariko rero, ukwo kuntu Imana itwitwararika ntiguca kudukurako ibanga ryo kuganza ivyipfuzo vyacu bibi. Naho intumwa Paulo yemera icese yuko ubwiwe yarwana n’ivyipfuzo bibi, ntiyateshejwe ngo ate (Abaroma 7:21-24). Yavuze ati: “Ndwanya umubiri wanje, nkawuhindura umuja”. Kugira bivemwo iki? Kugira ngo “nanje ubganje sinze mboneke ko ntemewe” (1 Ab’i Korinto 9:27). Emwe, ukwigumya ni ntahara mu vyo kurwanya impengamiro be n’utumenyero twacu tubi, maze amaherezo tukabitsinda.
Guhindura birashoboka
Abahinga mu vy’inyifato bavuga yuko utumenyero tubi, cokimwe n’utumenyero twiza, twigwa tukongera tugatsimbatazwa uko haca igihe. Nimba ivyo ari ukuri, utumenyero tubi rero umuntu arashobora kuduheba! Uti gute? Abanditsi b’igitabu kimwe kivuga ibijanye n’ukutarengerwa n’umukazo, bagira bati: “Niwiyumvire ivyiza biva ku kureka inyifato wahorana”. Maze “ugire urutonde rw’ukuntu guhindura inyifato yawe vyoshobora kuryohora ubuzima bwawe”. Si ivy’imbeshere, kuzirikana ku vyiza biva ku guhindura inyifato yacu mbi, birashobora kudusunikira ku guhindura.
Rimbura inkeburo intumwa Paulo yaduhaye yo ‘guhinduka basha mu mpwemu y’ubwenge bwacu’ (Abanyefeso 4:22, 23). Iyo mpwemu, ari yo nguvu, ni impengamiro yacu nyamukuru yo mu bwenge. Urashobora guhindura iyo nguvu mu kurushiriza kwiyegereza Imana be no mu kurushiriza gutahura no gukenguruka ingingo mfatirwako zayo. Kumenya yuko uriko urahimbara Yehova bizokuremesha kugira amahinduka akenewe.—Zaburi 69:30-33; Imigani 27:11; Ab’i Kolosayi 1:9, 10.
Birumvikana ko kwiyambura utumenyero tubi dushobora kuba tumaze imyaka n’iyindi twiganje mu buzima bwacu, ushobora gusanga bitoroshe. Ntidukwiye gufata minenegwe urugamba ruri imbere yacu. Nta nkeka yuko vyoshika kagacamwo nya tumenyero tukagaruka canke ukumva ko bikunaniye. Mugabo numenye neza yuko mu bisanzwe ibintu birushiriza kugenda neza uko haca igihe. Uko urushiriza kugira akigoro, ni ko iyo nyifato nshasha izorushiriza kuba iyikurimwo.
Umuntu akunda Imana arashobora kandi gushira amazinda yuko izomufasha ikongera ikamuhezagira. Paulo asezerana ati: “Imana n’iyo kwizigirwa ntizobakundira ko mugeragezwa n’ibiruta ivyo mushobora, ariko . . . izobacira icanzo, kugira ngo mubone ingene mushobora kucihanganira” (1 Ab’i Korinto 10:13). Ubu bwa vuba, Yehova Imana azosangangura uru runkwekwe rw’ibintu rubi hamwe n’inyosha mbi zarwo be n’ivyipfuzo bibi vyarwo vyose (2 Petero 3:9-13; 1 Yohana 2:16, 17). Abantu bose b’abanyagasembwa bazorokoka iryo sangangurwa, amaherezo bazoshobora gukira rimwe rizima imibabaro yose, haba ku mubiri, mu bwenge no mu kanyengetera. Imana isezerana iti: “Ivya mbere ntibizokwibukwa, kandi ntibizoruha vyiyumvirwa” (Yesaya 65:17). Muri ivyo “vya mbere” hashobora kuzoba harimwo ivyipfuzo bitesha umutwe. Iyo none si imvo yumvikana yotuma dukora uko dushoboye kwose muri iki gihe kugira tunanire twongere turwanye utumenyero tubi?
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 31]
KUVAVANURA N’UTUMENYERO TUBI
1. Numenye kandi wiyemerere utumenyero tubi ufise. Niwibaze uti: ‘Noba vy’ukuri nungukira kuri aka kamenyero? Koba kagora abandi? Koba kagira inkurikizi ku magara yanje, ku mahera yanje, ku kumererwa neza kwanje, ku muryango wanje canke ku mahoro yanje yo mu muzirikanyi? Ubuzima bwanje ntibworushiriza kumera neza ntagafise?’.
2. Nusubirize akamenyero kabi ikintu ciza. Nk’akarorero, woba umara umwanya munini kuri Internet, kumbure uriko uraba ibintu bibi? Nuce rero ukoresha uwo mwanya mu gusoma no mu kwiga ibintu vyiza, canke uwukoreshe mu kwinonora mu buryo bwiza.
3. Nusuzume iterambere ryawe. Ku musi ku musi, nufate iminuta mikeyi uzirikane kw’iterambere ryawe. Nimba bishitse kagacamwo, nurondere kumenya ivyatumye haba iyo ngorane.
4. Nusabe abandi bagufashe. Nubwire abagenzi n’umuryango yuko uriko uragerageza kuvavanura n’ako kamenyero, kandi ubasabe kukwibutsa igihe usa n’uwugiye kugasubiramwo. Nuganire n’abandi bashoboye gutsinda ako kamenyero.—Imigani 11:14.
5. Nugire uburimbane kandi ubone ibintu nk’uko biri. Ntiwitege yuko bica bigenda neza ubwo nyene. Utumenyero tumwetumwe twafashe imyaka n’iyindi kugira dutsimbatare, ushobora gusanga bitoroshe kuduheba.
6. Nusenge Imana. Imana igufashije urashobora kuvavanura n’akamenyero kabi ako ari ko kose.—Zaburi 55:22; Luka 18:27.