Bavyeyi—Nimwinjize mu Bana Banyu Utumenyero Kirumara
1 Utumenyero kirumara si mvukanwa, eka kandi umuntu ntaturonka giturumbuka. Vyongeye, kwinjiza mu bana utumenyero twiza bifata igihe. “Kwinjiza” bisobanura “gutanga intambwe ku yindi” canke “kwinjiza buhorobuhoro.” Abavyeyi basabwa kudahindagura kugira ngo ‘barere [abana babo], babahana babahanura, uko Umwami wacu agomba.’—Ef. 6:4.
2 Nimutangure Kuva mu Buhinja: Ubushobozi bw’abana bato cane bwo kwiga no gukora ibintu bishasha ntibusanzwe. Naho abakuze babona kenshi ko bigoye kwiga ururimi rushasha, abana bataragera kuja kw’ishure bashobora kwiga indimi zibiri canke zitatu icarimwe. Ntuze wigere wiyumvira yuko umwana wawe ari muto cane ku buryo atoshobora gutsimbataza utumenyero twiza. Mu gihe ugucisha ubwenge kwo mu kuri kwa Bibiliya gutanguwe hakiri kare hanyuma kukabandanywa, mu gihe umwana azokura gatoya, umuzirikanyi wiwe uzokwuzura ubumenyi buzomuha “ubgenge bgo ku[m]uzanira agakiza.”—2 Tim. 3:15.
3 Umurimo wo mu Ndimiro Nuwugire Akamenyero: Akamenyero kirumara kokwinjizwa mu kiringo c’imyaka yo gukura kw’umwana ni ako kwamamaza ubudahorereza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Abavyeyi benshi ivyo babitangura mu kujana abana babo mu busuku bwo ku nzu ku nzu mu gihe abo bana ari impinja. Ukujamwo kw’abavyeyi ubudahorereza mu gikorwa co gushinga intahe birafasha abana babo gutsimbataza ugukenguruka be n’ishaka bafitiye ubusuku. Abavyeyi barashobora kwereka abana uburyo bwo kugira uruhara mu gushinga intahe mu muce wose w’umurimo wo mu ndimiro.
4 Kuba banditswe mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi na vyo birafasha abana. Birabigisha utumenyero twiza two kwiga be n’uburyo bwo gusoma bafise ugutahura. Bariga kuyaga ku vyerekeye Bibiliya, gusubira kugendera abantu, be no kurongora inyigisho za Bibiliya. Ukumenyerezwa mwene ukwo kurashobora kubasunikira gukora ubutsimvyi kandi bagashikira uduteka tudasanzwe tw’umurimo. Abanyabeteli n’abamisiyonari benshi baribukana akamwemwe imisi yabo ya kera muri nya shure maze bakarifata bwa ntunganyo yabafashije gutsimbataza utumenyero kirumara.
5 Twese tumeze nk’ibumba mu minwe ya wa Mubumvyi Mukuru, Yehova. (Yes. 64:8) Iyo ibumba ari rishasha, birushiriza kworoha kuribumbabumba. Uko rirushiriza kwuma, ni ko rirushiriza gukomera. No ku bantu nyene ni ko biri. Igihe bakiri bato, baba boroshe gusumba—kandi bakiri bato, ni ho barushiriza kworoha. Imyaka yabo y’ubworohe ni imyaka y’ugukura, igihe kubumbabumba kuzoba ku bw’ivyiza canke ku bw’ibibi. Bwa bavyeyi bitwararika, nimutangure hakiri kare kwinjiza mu bana banyu utumenyero kirumara mu busuku bwa gikirisu.