Nimwigishe abana banyu gukunda Yehova
“Nk’ukw imyampi yo mu ntoke z’umuhizi iri, ni kw abana bo mu busore bamera”.—ZABURI 127:4.
1, 2. Ni mu buryo ki abana bameze nk’“imyampi yo mu ntoke z’umuhizi”?
UMURASHI umwe ariteguriye kurasa umwampi ku kintu kinaka. Arawushize yitonze mu ruvuto maze afora umuheto wiwe abigiranye inguvu. Naho kuguma afoye bimusaba utwigoro dukomeye, arafata umwanya kugira ngo atumbereze neza uwo mwampi. Ubu rero arawurekuye. None uwo mwampi woba uza kugema ico yawutumberejeko? Hariho ibintu bitari bike vyotuma uwo mwampi ugema ico watumberejweko, muri ivyo hakaba harimwo ubuhanga bw’uwo murashi, ukuntu umuyaga uhuhuta, be n’ukuntu uwo mwampi umeze.
2 Umwami Salomo yagereranije abana n’“imyampi yo mu ntoke z’umuhizi” (Zaburi 127:4). Ehe raba ingene dushobora gutahura ico kigereranyo. Umwampi w’umurashi umara gusa umwanya mutoyi mu muheto. Kugira ngo ageme ico yawutumberejeko, ategerezwa kuwurasa adatebaganye. Ubiravye, abavyeyi na bo nyene bafise umwanya mutoyi gusa kugira ngo bafashe abana babo gukunda Yehova bimwe bivuye ku mutima. Inyuma y’imyaka bisa n’uko ari mikeya, abana barakura maze bagasohoka mu rugo (Matayo 19:5). None abo bana, boba bazogema ico batumberejweko? Mu yandi majambo, boba bazobandanya gukunda no gusukurira Imana nibamara kuva i muhira? Hariho ibintu bitari bike vyotuma ivyo bishoboka. Bitatu muri ivyo ni ubuhanga abavyeyi bafise, ahantu abana barererwa be n’ibintu barererwamwo, tutibagiye ukuntu umwana, uwugereranywa n’‘umwampi’, yakira ugutozwa indero ahabwa n’abavyeyi. Nimuze dusuzume ivyo bintu ido n’ido, kimwekimwe ukwaco. Reka dutangurire ku kurimbura ibintu bimwebimwe biranga umuvyeyi w’umuhanga.
Abavyeyi b’abahanga baratanga akarorero keza
3. Ni kubera iki imvugo y’umuvyeyi ikwiye kujana n’ingiro?
3 Kubera ko Yezu yashira mu ngiro ivyo yigisha, yarasigiye abavyeyi akarorero bokurikiza (Yohana 13:15). Yamara yariyamirije Abafarizayo kubera ko ivyo ‘bavuga atari vyo bakora’ (Matayo 23:3). Kugira ngo abavyeyi bavyurire abana babo umutima wo gukunda Yehova, imvugo yabo ikwiye kujana n’ingiro. Imvugo itajana n’ingiro nta co imaze, nka kurya nyene umuheto utagira uruvuto ata co umaze.—1 Yohana 3:18.
4. Ni ibibazo ibihe vyoba vyiza abavyeyi bibajije, kandi kubera iki?
4 Ni kubera iki akarorero abavyeyi batanga gahambaye cane? Nka kurya nyene abakuze bashobora kwiga gukunda Yehova Imana mu gukurikiza akarorero ka Yezu, ni ko n’abana biga kumukunda mu gukurikiza akarorero keza abavyeyi babo batanga. Abagenzi umwana afise barashobora kumukomeza canke “kwonona ingeso [ziwe] nziza” (1 Ab’i Korinto 15:33). Mu gice kinini c’ubuzima bw’umwana, na canecane muri ya myaka yo kwigiramwo utuntu n’utundi, usanga abagenzi biwe somambike kandi bamugirako akosho kanini kuruta abandi, ari abavyeyi biwe. Ku bw’ivyo rero, vyoba vyiza abavyeyi bibajije bati: ‘Noba ndi umugenzi ameze gute ku mwana wanje? Akarorero ntanga koba kamuremesha kugira utumenyero twiza no kudutsimbataza? Ni akarorero akahe ndiko ndatanga mu mice ihambaye, nk’uwujanye n’isengesho be n’uwujanye no kwiga Bibiliya?’.
Abavyeyi b’abahanga barasenga bari kumwe n’abana babo
5. Ni ibiki abana bashobora kwigira ku masengesho abavyeyi batura?
5 Abana banyu barashobora kwiga vyinshi ku vyerekeye Yehova igihe bumviriza amasengesho mutura. Ni ibiki abana boshobora kwiga igihe babumva mukengurukira Imana mu bihe vyo gufungura canke igihe musenga mu bihe vyo kwiga Bibiliya? Boshobora kumenya yuko Yehova ari we aturonsa ivyo dukeneye mu vy’umubiri, gutyo akaba akwiye gushimirwa, be n’uko ari we atwigisha ukuri kwo muri Bibiliya. Emwe, ivyo ni ivyigwa bihambaye cane!—Yakobo 1:17.
6. Abavyeyi bashobora gute gufasha abana babo kubona ko Yehova abitwararika umwumwe ku giti ciwe?
6 Ariko rero, nimba usenga uri kumwe n’umuryango wawe no mu bindi biringo atari mu bihe vyo gufungura gusa canke vy’inyigisho ya Bibiliya y’umuryango, kandi nimba mu masengesho utura uvugamwo ibintu bitomoye bikuraba wewe n’abana bawe, uzoba uriko urabafasha kuhigira mbere n’ibindi. Uzoba ubafashije kubona ko Yehova ari mu bagize umuryango wanyu kandi ko abitwararika cane umwumwe wese ku giti ciwe (Abanyefeso 6:18; 1 Petero 5:6, 7). Sebibondo umwe avuga ati: “Kuva umukobwa wacu avutse twarasenga turi kumwe na we. Uko yagenda arakura, mu masengesho twatura twarashiramwo ibijanye n’ukuntu yogiranira ubucuti n’abandi be n’ibindi bintu bimwerekeye. Gushika n’aho agiriye kwubaka urwiwe, nta musi wigeze wijana tudasenze turi kumwe na we”. Woba nawe ushobora gusenga buri musi uri kumwe n’abana bawe? Woba ushobora kubafasha kubona ko Yehova atari Umugenzi abaronsa gusa ivyo bakeneye mu vy’umubiri no mu vy’impwemu ariko kandi ko ari Umugenzi yitwararika inyiyumvo zabo?—Ab’i Filipi 4:6, 7.
7. Kugira ngo abavyeyi bature amasengesho atomoye, ni ibiki bakeneye kumenya?
7 Birumvikana yuko kugira ngo amasengesho utura abe ayatomoye, ukeneye kumenya ibiriko birashikira umwana wawe. Ehe raba ivyo sebibondo umwe yareze abana babiri yavuze: “Ku mpera ya buri mushamvu, naribaza ibi bibazo bibiri: ‘Muri iyi ndwi, ni ibiki vyari biraje ishinga abana banje? Vyongeye, ni ibintu vyiza ibihe vyabashikiye aho bari bari hose?’”. Bavyeyi, mwoba mushobora kwibaza mwene ivyo bibazo maze ibintu bimwebimwe mubona ko vyogira ico bifashije mukabishira mu masengesho mutura muri kumwe n’abana banyu? Nimwabigira ntimuzoba muriko murabigisha gusa gusenga Yehova Umwe yumva ivyo asabwa, ariko kandi muzoba muriko murabigisha kumukunda.—Zaburi 65:2.
Abavyeyi b’abahanga bararemesha utumenyero twiza two kwiyigisha
8. Ni kubera iki abavyeyi bategerezwa gufasha abana babo kugira akamenyero ko kwiga Ijambo ry’Imana?
8 Ukuntu umuvyeyi abona ivyo kwiyigisha Bibiliya bishobora gute kugira ico bikoze ku bucuti umwana afitaniye n’Imana? Kugira ngo ubucuti ubwo ari bwo bwose bukomere kandi burambe, umwe wese mu babufitaniye ntakwiye kuvuga gusa ariko kandi akwiye no kwumviriza uwundi. Bumwe mu buryo dushobora gutega yompi Yehova ni mu kwiga Bibiliya twifashishije ibitabu duhabwa na wa “mushumba w’umwizigirwa” (Matayo 24:45-47, NW; Imigani 4:1, 2). Ku bw’ivyo rero, kugira ngo abavyeyi bafashe abana babo kugiranira na Yehova ubucuti bwiza kandi buramba, vyoba vyiza babaremesheje kugira akamenyero ko kwiga Ijambo ry’Imana.
9. Abana bashobora gute gufashwa kugira ngo batsimbataze utumenyero twiza two kwiga?
9 Abana bashobora gute gufashwa kugira ngo batsimbataze utumenyero twiza two kwiga? No muri ivyo nyene, akarorero abavyeyi batanga ni ko kigisha kuruta ibindi. Abana bawe, boba bama bakubona uriko usoma canke wiyigisha Bibiliya? Ni ivyumvikana yuko ushobora kuba ufise vyinshi ukora kugira ngo witwararike abana bawe, gutyo ukaba utabona neza aho wokura umwanya wo gusoma no kwiyigisha. Naho ari ukwo, niwibaze uti: ‘Abana banje boba bama bambona ndorera televiziyo?’. Nimba ari ukwo, ubona gute ufashe umwanya muto kuri uwo maze ukawukoresha mu kwiyigisha, gutyo ukaba uberetse akarorero keza?
10, 11. Ni kubera iki mu muryango abavyeyi bakwiye kwama bagiranira n’abana babo ibiyago bishingiye kuri Bibiliya?
10 Ubundi buryo ngirakimazi abavyeyi bashobora kwigisha abana babo gutega yompi Yehova ni ukwama bagiranira ibiyago bishingiye kuri Bibiliya mu muryango (Yesaya 30:21). Ariko rero, hari abokwibaza bati: ‘Ni kubera iki abana bakeneye kugirirwa inyigisho y’umuryango kandi abavyeyi babo bama babajana ku makoraniro y’ishengero?’. Hariho imvo nyinshi zumvikana zikwiye gutuma babigira. Ibuka yuko ibanga nyamukuru Yehova aha abavyeyi ari iryo kwigisha abana babo (Imigani 1:8; Abanyefeso 6:4). Inyigisho ya Bibiliya y’umuryango rero irigisha abana yuko gusenga atari ikintu c’ibirori cama kigirwa gusa igihe umuntu ari mu bandi, ariko kandi ko kiri mu bigize ubuzima bw’umuryango umwumwe ukwawo.—Gusubira mu vyagezwe 6:6-9.
11 Bisubiye, inyigisho y’umuryango iyobowe neza irashobora guha abavyeyi akaryo ko kumenya ivyiyumviro abana babo bafise ku bijanye n’ibintu vy’impwemu be n’ukuntu babona ivy’inyifato runtu. Nk’akarorero, igihe abana bakiri bato, abavyeyi barashobora gukoresha ibitabu bimwebimwe, nka ca kindi Igira kuri wa Mwigisha Ahambayea. Mu ngingo nka zose z’ico gitabu gifasha kwiga Bibiliya, abana barasabwa gutanga ivyiyumviro vyabo ku bijanye n’ibintu biba biriko birarimburwa. Abavyeyi bazirikanye n’abana babo ku vyanditswe biri muri ico gitabu, boshobora kubafasha gutsimbataza ububasha bwabo bwo “gutandukanya iciza n’ikibi”.—Abaheburayo 5:14, NW.
12. Abavyeyi bashobora gute guhuza inyigisho y’umuryango bagira n’ivyo umwana aba akeneye, kandi ni ibiki mwasanze ari ngirakamaro mu bijanye n’ivyo?
12 Uko abana banyu bakura, nimuhuze inyigisho mugira n’ivyo bakeneye. Raba ingene umugabo umwe n’umugore wiwe bafashije abana babo b’imiyabaga kuzirikana, igihe babasaba uruhusha rwo kuja mu giteramo c’intambo kw’ishure. Serugo yigana ati: “Twabwiye abo bana bacu yuko mu gihe c’inyigisho y’umuryango ikurikira, jewe n’umukenyezi wanje twobaye nk’abana, abo bigeme bacu na bo bakaba nk’abavyeyi. Ni bo bari kwihitiramwo uwari kuba sebibondo n’uwari kuba inabibondo, ariko bategerezwa kugirira hamwe ubushakashatsi ku bijanye n’ico kibazo maze bakaturonsa ubuyobozi bwerekeye ibiteramo vy’intambo bitunganywa ku mashure”. None ivyo vyavuyemwo iki? Uwo serugo abandanya avuga ati: “Twaratangajwe cane n’ukubona ukuntu abo bigeme bacu (abari bafise uruhara rw’abavyeyi) bashoboye kubona ibintu mu buryo bwiza igihe batwereka (twebwe abari nk’abana) imvo zishingiye kuri Bibiliya zerekana igituma bitoba biranga ubukerebutsi kuja muri ico giteramo. Ikindi kintu cadukoze ku mutima cane ni inama batugiriye zerekeye ibindi bintu bibereye twokora mu gishingo co kuja muri ico giteramo. Ivyo vyatumye tubona neza ukuntu biyumvira be n’ivyo bipfuza”. Mu vy’ukuri, kugira ngo inyigisho y’umuryango igume igirwa ubudahorereza kandi igume ihuza n’ivyo umuryango ukeneye, bisaba kwumira kw’ibanga no kwiyumvira bigera kure. Ariko ntiwumve, utwigoro tuba twagizwe ntituba impfagusa uravye ivyiza bivamwo.—Imigani 23:15.
Nimutume mu rugo haba ahantu harangwa amahoro
13, 14. (a) Ni gute abavyeyi botuma mu rugo haba ahantu harangwa amahoro? (b) Igihe umuvyeyi yemeye ko yakoze ikosa, ni ivyiza ibihe bishobora kuvamwo?
13 Usanga bishoboka cane ko umwampi ugema ico watumberejweko igihe umurashi awutumbereje neza maze akawurasa mu gihe ikirere cifashe neza. N’abana na bo nyene, usanga bishoboka cane ko biga gukunda Yehova mu gihe abavyeyi babo batumye mu rugo haba ahantu harangwa amahoro. Yakobo yanditse ati: “Urubuto rw’icamwa c’ubugororotsi rubibwa mu mahoro ku bariko baremesha amahoro” (Yakobo 3:18, NW). Ni gute none abavyeyi botuma mu rugo haba ahantu harangwa amahoro? Abubakanye barakeneye kuguma bafitaniye ubucuti bukomeye mu mubano wabo. Umugabo n’umugore bakundana kandi bubahana usanga bishoboka rwose ko bigisha abana babo gukunda abandi no kububaha, ushizemwo na Yehova (Ab’i Galatiya 6:7; Abanyefeso 5:33). Gukundana no kwubahana bituma haba amahoro. Vyongeye, umugabo n’umugore babanye mu mahoro usanga bavyifatamwo neza kuruta iyo hadutse ukutumvikana mu muryango.
14 Ariko ntiwumve, nka kurya nyene ata mibano itunganye iriho, ni na ko ata miryango itunganye iriho kw’isi muri kino gihe. Rimwe na rimwe vyoshika abavyeyi ntibagaragaze ivyamwa vy’impwemu mu vyo bagirana n’abana babo (Ab’i Galatiya 5:22, 23). None abavyeyi bokora iki nka hamwe ivyo vyoshika? Hamwe bokwemera ko bakoze ikosa, vyoba bica bituma icubahiro umwana yari abafitiye kigabanuka? Zirikana ku karorero k’intumwa Paulo. Kuri benshi yari ameze nk’umuvyeyi wabo mu vy’impwemu (1 Ab’i Korinto 4:15). Yamara yariyemereye ata kurya umunwa ko yakora amakosa (Abaroma 7:21-25). Naho ari ukwo, ukwicisha bugufi kwiwe be n’ukuba yari imvugakuri bituma icubahiro tumufitiye congerekana aho kugabanuka. Naho vyashika Paulo agakora amakosa, yarashoboye kwandikira ishengero ry’i Korinto ata kwiyagiriza, ati: “Munyigane, nk’uko nanje nigana Kristu” (1 Ab’i Korinto 11:1, NW). Igihe na mwebwe nyene mwokwemera amakosa mukora, bizoheza vyorohere abana banyu kuyirengagiza.
15, 16. Ni kubera iki abavyeyi bakwiye kwigisha abana babo gukunda abavukanyi n’abavukanyikazi babo, kandi ivyo vyogirwa gute?
15 Ni ikindi kintu ikihe abavyeyi bokora kugira ngo batume mu rugo haba ahantu hofasha abana babo gukura bakunda Yehova? Intumwa Yohani yanditse ati: “Iyo umuntu avuze ngo: ‘Ndakunda Imana’, yamara akaba yanka umuvukanyi wiwe, aba ari umubeshi. Kuko uwudakunda umuvukanyi wiwe yabonye adashobora kuba akunda Imana atabonye” (1 Yohana 4:20, 21, NW). Ku bw’ivyo, igihe mwigisha abana banyu gukunda abavukanyi n’abavukanyikazi babo, muba muriko murabigisha gukunda Imana. Vyoba vyiza rero abavyeyi bibajije bati: ‘Amajambo nkunda gukoresha mu biyago igihe mvuga ibijanye n’ishengero, yoba aremesha canke ni ayo kunebagurana?’. None ivyo wobimenya gute? Kugira ngo ubimenye, niwumvirize witonze amajambo abana bawe bavuga yerekana ukuntu babona amakoraniro be n’abagize ishengero. Vyoshoboka ko mu vyo bavuga wumvamwo ivyo nawe uhora uvuga.
16 Abavyeyi bokora iki kugira ngo bafashe abana babo gukunda abavukanyi babo? Sebibondo umwe yitwa Peter afise abahungu babiri b’imiyabaga, avuga ati: “Kuva abahungu bacu bakiri bato twamye dutumira abakirisu bahumuye mu vy’impwemu ngo dusangirire hamwe udufungurwa twongere tumarane umwanya, kandi twarahimbarwa cane no kubigira. Abo bahungu bacu bakuze bifatanya n’abantu bakunda Yehova kandi ubu babona ko gukorera Imana ari bwo buryo bwiza bwo kubaho”. Sebibondo umwe yitwa Dennis, uno akaba afise abakobwa batanu, avuga ati: “Twararemesheje abakobwa bacu kugirana ubugenzi n’abatsimvyi bo mw’ishengero bamaze igihe bakora uwo murimo, kandi igihe cose vyaba bishoboka twarakira i muhira abacungezi b’ingenzi be n’abakenyezi babo”. Mwoba namwe mushobora kwibwiriza gufasha abana banyu kugira ngo babone yuko abagize ishengero bari mu bagize umuryango wanyu?—Mariko 10:29, 30.
Ibanga ryega umwana
17. Ni ingingo iyihe impera n’imperuka abana bategerezwa gufata?
17 Subira uzirikane kuri ca kigereranyo c’umurashi. Naho yoba afise ubuhanga, vyoshika ntageme ico arashe mu gihe yorasisha umwampi wagoramye. Ego ni ko, abavyeyi bazokora uko bashoboye kwose kugira ngo bagorore umwampi wahetamye, ni ukuvuga ko bazokwihatira kubogora ivyiyumviro bibi umwana wabo yoba afise. Ariko rero, impera n’imperuka abana ni bo bazotegerezwa kwifatira ingingo nimba bazoreka iyi si ikaba ari yo ibagoramika mu kubakoresha ivyo igomba canke nimba bazoreka Yehova akaba ari we ‘agorora inzira’ zabo.—Imigani 3:5, 6; Abaroma 12:2.
18. Amahitamwo umwana agira ashobora gute kugira ico akoze ku bandi?
18 Naho abavyeyi bafise ibanga rihambaye ryo kurera abana babo mu “kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze”, umwana ubwiwe ni we afata ingingo ya nyuma y’ico yipfuza kuzoba niyakura (Abanyefeso 6:4, NW). Yemwe bana, nimwibaze rero muti: ‘Noba nzokwemera inyigisho iranga urukundo abavyeyi banje bampa?’. Uramutse uyemeye, uzoba uhisemwo uburyo bwo kubaho bwiza kuruta ubundi bwose. Uzotuma abavyeyi bawe bahimbarwa cane. N’ikiruta vyose, uzotuma umutima wa Yehova unezerwa.—Imigani 27:11.
[Akajambo k’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Woba uvyibuka?
• Abavyeyi bashobora gute gutanga akarorero keza mu bijanye n’isengesho be n’ukwiga Bibiliya?
• Abavyeyi bashobora gute gutuma mu rugo haba ahantu harangwa amahoro?
• Ni amahitamwo ayahe abana bashobora kugira, kandi ayo mahitamwo azoshobora kugira ico akoze gute ku bandi?
[Ifoto ku rup. 28]
Woba uha umwana wawe akarorero keza mu bijanye no kwiyigisha?
[Ifoto ku rup. 29]
Iyo mu rugo ari ahantu harangwa amahoro biratuma haba agahimbare