ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/01 rup. 4
  • Nube Umukozi w’Umunyamunezero

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nube Umukozi w’Umunyamunezero
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ivyo bijanye
  • Akanyamuneza​—Kamere dukura ku Mana
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • ‘Nusukurire Yehova unezerewe’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Nitube Abimbuzi Banezerewe!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Munezeranwe na ya Mana Ihimbawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 1/01 rup. 4

Nube Umukozi w’Umunyamunezero

1 Yezu yavuze yuko mu gihe c’ukuhaba kwiwe, abantu benshi cane ‘batogize ico bamenya,’ nk’uko vyari mu misi ya Nowa. (Mat. 24:37-39) Gutyo rero, vyitezwe yuko abantu benshi batazokwumviriza inkuru nziza y’Ubwami. Ni igiki gishobora kudufasha kugumana agatima k’umunezero mu gihe turangura ubusuku bwacu?—Zab. 100:2.

2 Ica mbere, dukeneye kwamiza mu muzirikanyi yuko ubutumwa bwacu be n’ibanga twashinzwe ryo kwamamaza biva ku Mana. Ukubura ukwitabira ukwo ari ko kwose mu busuku, naho twoba twagize utwigoro twiza, vy’ukuri ni ugutera akagere Yehova. Kwibuka yuko ubwizerwe bwacu mu kwamamaza bwemerwa na we, bizodufasha kugumana umunezero be n’agahimbare ko mu mutima bwa bakora ivy’ijambo ry’Imana.—Yak. 1:25.

3 Ikigira kabiri, haracariho abantu bazokwemera uburyo Yehova yatunganije bwo kuronka ubukiriro. Naho benshi bashobora kuba ba sindabinezwe, hariho abameze nk’intama bataratororokanywa, mbere no muri iki gihe tugeze kure mu gihe c’iherezo. Dukeneye kubandanya kwamamaza, tuja mu “gisagara cose cank’imihana” kugira ngo “[t]uhabaze ūbereye.”—Mat. 10:11-13.

4 Nugumane Inyifato yo Kubona ko Ibintu Bizogenda Neza: Kahise gateye umubabaro k’idini y’ikinyoma katumye bamwebamwe bihebura. Abandi babaye “[a]bagowe, basābagi[zwa]” n’uru runkwekwe rw’ibintu. (Mat. 9:36) Benshi bashobora kurengerwa n’ukubura akazi, ukuvurwa, be n’ukubura umutekano. Ivyo tubitahuye bizodufasha gukomera ku muheto mu gikorwa turangura. Nitwihatire gutanguza ibiganiro vyerekeye ibibazo birushirije kuraza ishinga abantu mu cibare cacu. Nubafashe kugira babone yuko Ubwami bw’Imana ari wo muti rudende. Nukoreshe Ivyanditswe be n’ivyiyumviro bitomoye biri mu bisohokayandikiro kugira ngo ushikire imitima yabo ukoresheje inkuru nziza.—Heb. 4:12.

5 Abakora ivy’Ijambo ry’Imana b’abanyamunezero bama nantaryo bibuka yuko “umunezero w’Uhoraho ari zo nkomezi za[cu].” (Neh. 8:10) Ntibikenewe ko dutakaza umunezero wacu. “Nya nzu ni yaba ibereye, amahoro yanyu azoyizako. Ni yaba itabereye, amahoro yanyu azobagarukako.” (Mat. 10:13) Yehova umunezero n’inkomezi vyacu abigira bishasha mu gihe tubandanya kwihangana mu murimo wiwe mweranda, kandi arahezagira ubwizerwe bwacu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika