Munezeranwe na ya Mana Ihimbawe
“Ibisigaye bene Data, [“nimubandanye kunezerwa,” “NW”], . . . Ni ho Imana Nyen’urukundo n’amahoro izobana namwe.”—2 AB’I KORINTO 13:11.
1, 2. (a) Ni kuki benshi batagira umunezero mu buzima? (b) Umunezero ni iki, kandi dushobora kuwutsimbataza gute?
MURI iyi misi y’umwiza, abantu benshi babona gake ikibanezereza. Igihe ivyago bibashikiye canke bigashikira umuntu bakunda, bashobora kwumva bamerewe nka Yobu wa muntu wa kera, we yavuze ati: “Umuntu yavyawe n’umugore amara imisi mike kand’adundubiwe n’amagorwa.” (Yobu 14:1) Abakirisu ntibaterwa urucanco rubakingira intuntu n’imikazo vy’ibi “bihe bigoye,” kandi ntibitangaje kubona abasavyi ba Yehova b’abizerwa rimwe na rimwe bacika intege.—2 Timoteyo 3:1.
2 Mugabo, Abakirisu barashobora kunezerwa, no mu gihe bari mu kigeragezo. (Ivyakozwe 5:40, 41) Kugira ngo dutahure ukuntu ivyo bishoboka, turimbure ubwa mbere na mbere umunezero ico ari co. Umunezero wasiguwe ko ari “akanyengetera kavyurwa no kuronka canke kwitega ikintu ciza.”a Ku bw’ivyo, iyo dufashe umwanya wo kurimbura imihezagiro dufise muri iki gihe, mu gihe tuzirikana ku minezero iturindiriye mw’isi nshasha y’Imana, turashobora kugira umunezero.
3. Ni mu buryo ki bishobora kuvugwa yuko n’imiburiburi umuntu wese afise imvo zinaka zotuma anezerwa?
3 Umwe wese arafise imihezagiro yinaka yotuma akura ubwatsi. Serugo arashobora kuva mu kazi. Mu bisanzwe, arahagarika umutima. Ashaka kuronsa abo akunda ivyo bakenera. Naho ari ukwo, nimba akomeye kandi afise amagara meza, arashobora gukura ubwatsi kubera ico. Niyaronka akazi, azoshobora gukora yivuye inyuma. Ku rundi ruhande, Umukirisukazi ashobora kuba yarafashwe n’indwara igoyagoza. Yamara, arashobora gukenguruka kubera yafashwe mu mugongo n’abagenzi hamwe n’abo mu muryango wiwe buzuye urukundo, bamufashije guhangana n’indwara yiwe abigiranye urupfasoni n’uburindutsi. Vyongeye Abakirisu bose b’ukuri, ivyabo vyaba vyifashe gute, barashobora kunezererwa agateka ko kumenya Yehova, ya “Mana ihimbawe,” na Yezu Kirisitu, “umwe ahimbawe kandi ari we wenyene Nyeningoma.” (1 Timoteyo 1:11, UB; 1 Timoteyo 6:15, NW) Egome, Yehova Imana na Yezu Kirisitu barahimbawe mu buryo buhebuje. Barazigamye umunezero wabo, naho uko ibintu vyifashe kw’isi bitandukanye rwose n’ivyo Yehova yari yagabiye mu ntango. Akarorero kabo karashobora kutwigisha vyinshi ku vyerekeye ukuntu twozigama umunezero wacu.
Ntibigeze Batakaza Umunezero Wabo
4, 5. (a) Yehova yavyarikiye gute igihe abantu ba mbere bagarariza? (b) Ni mu buryo ki Yehova yagumye abona mu buryo bwiza ivyerekeye umuryango w’abantu?
4 Mw’itongo rya Edeni, Adamu na Eva bari bafise amagara meza be n’imizirikanyi itagira agasembwa. Bari bafise igikorwa cimbuka co gukora, bakaba bagikora ibintu vyifashe neza cane. Ikiruta vyose, bari bafise agateka ko kuganira ubudahengeshanya na Yehova. Umugambi w’Imana wari uw’uko bagira kazoza k’ubuhirwe. Ariko abavyeyi bacu ba mbere ntibamazwe akanyota n’izo ngabirano nziza zose; barivye icamwa cari cabujijwe bacamuye ku “giti kimenyekanisha iciza n’ikibi.” Ico gikorwa kiranga ukugambarara cabaye intandaro y’amagorwa yose twebwe ababakomokako turiko turibonera muri iki gihe.—Itanguriro 2:15-17; 3:6; Abaroma 5:12.
5 Ariko rero, Yehova ntiyaretse inyifato y’ukudakenguruka ya Adamu na Eva ngo imubuze umunezero wiwe. Yari afise umwizero w’uko n’imiburiburi, imitima ya bamwebamwe bo mu ruvyaro rwabo yovyuriwe kumusukurira. Kukaba nkako, yari afise umwizero ku buryo n’imbere yuko Adamu na Eva bavyara umwana wabo w’imfura, yatangaje umugambi wiwe wo gucungura ababakomokako bagamburuka! (Itanguriro 1:31; 3:15) Mu binjana vyakurikiye, abantu benshi bagenda bigana Adamu na Eva, ariko Yehova ntiyateye akagere umuryango w’abantu kubera ubwo bugambarazi bukwiye hose. Ahubwo, yaritwararitse cane abagabo n’abagore ‘batumye umutima wiwe unezerwa,’ abagize akigoro nyako ko kumuhimbara kubera bamukunda.—Imigani 27:11; Abaheburayo 6:10.
6, 7. Ni ibiki vyafashije Yezu kugumana umunezero?
6 Tuvuge iki ku vyerekeye Yezu? Ni gute yazigamye umunezero wiwe? Kubera yari ikiremwa c’impwemu c’ububasha co mw’ijuru, Yezu yari afise akaryo gakwiye ko kwihweza ibikorwa vy’abagabo n’abagore kw’isi. Udusembwa twabo twaribonekeza, yamara Yezu yarabakunda. (Imigani 8:31) Mu nyuma, igihe yaza kw’isi maze ‘akaba’ vy’ukuri mu bantu, uko yabona umuryango w’abantu ntikwahindutse. (Yohana 1:14) Ni igiki cashoboje uwo Mwana w’Imana atagira agasembwa kuguma abona neza gutyo umuryango w’abantu b’abanyavyaha?
7 Imbere ya vyose, Yezu ntiyarenza urugero mu vyo yitega gushitsa no mu vyo yitega ko abandi bashitsa. Yari azi yuko atari agiye guhindura isi. (Matayo 10:32-39) Ni co gituma yanezerwa n’igihe umuntu umwe w’inziraburyarya yakiriye neza ubutumwa bw’Ubwami. Naho rimwe na rimwe abigishwa biwe batagaragaza agatima keza kandi ntibabe bigenza neza, Yezu yari azi yuko ku mutima bashaka vy’ukuri gukora ivyo Imana igomba, kandi ico ni co yabakundira. (Luka 9:46; 22:24, 28-32, 60-62) Biri n’ico bivuze kuba mw’isengesho Yezu yatuye Se wo mw’ijuru yaravuze muri make ingendo nziza abigishwa biwe bari bafashe gushika ico gihe. Yavuze ati: “Bitondeye ijambo ryawe.”—Yohana 17:6.
8. Nuvuge uburyo bumwebumwe dushobora kwigana Yehova na Yezu ku biraba kuzigama umunezero wacu.
8 Nta gukeka ko twese twokwungukira ku kurimbura twitonze akarorero twashiriweho na Yehova Imana be na Kirisitu Yezu muri ivyo. Twoba dushobora kurushiriza kwigana Yehova bimwe vyuzuye, kumbure mu kudahagarika umutima birenze urugero igihe ibintu bitagenda nk’uko twari tuvyiteze? Twoba dushobora kurushiriza kugera ikirenge mu ca Yezu, mu kuguma tubona mu buryo bwiza uko ivyacu vyifashe ubu, no mu kutarenza urugero mu vyo twitega gushitsa be no mu vyo twitega ku bandi? Nimuze turabe ukuntu zimwezimwe muri izo ngingo zoshobora gukurikizwa mu buryo ngirakimazi mu busuku bwo mu ndimiro, ubwo Abakirisu b’abanyamwete b’ahantu aho ari ho hose bakunda cane bivuye ku mutima.
Tugume Tubona Neza Ubusuku
9. Umunezero wa Yeremiya wasubiye kuvyurwa gute, kandi akarorero kiwe gashobora kudufasha gute?
9 Yehova ashaka ko tunezerwa mu murimo wiwe. Umunezero wacu ukwiye kutaba ushingiye ku ngaruka nziza turonka. (Luka 10:17, 20) Wa muhanuzi Yeremiya yaramamaje mu myaka n’iyindi mu cibare kitimbuka. Igihe yashira imbere ukuntu abantu bavyakira nabi, yaratakaje umunezero wiwe. (Yeremiya 20:8) Ariko rero igihe yazirikana ku bwiza bw’ubwo butumwa ubwabwo, umunezero wiwe warasubiye kugaruka. Yeremiya yabwiye Yehova ati: “Amajambo yawe yarabonetse, ndayarya; kand’amajambo yawe yambereye akanyamuneza n’ibihimbaro vy’umutima wanje: kuko nitiriwe izina ryawe, Uhoraho.” (Yeremiya 15:16) Egome, Yeremiya yaranezererewe agateka kiwe ko kwamamaza ijambo ry’Imana. Na twebwe turashobora kunezerererwa akacu.
10. Dushobora gute kuzigama umunezero wacu mu busuku naho icibare cacu ubu coba kitimbuka?
10 Naho benshi banka kwakira inkuru nziza, turi n’imvo ihambaye kuruta yo kunezerwa igihe tugira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro. Niwibuke yuko Yehova yari afise umwizero utomoye w’uko abantu bamwebamwe bovyuriwe umutima wo kumusukurira. Cokimwe na Yehova, dukwiye kutigera duta ukwizigira yuko n’imiburiburi bamwebamwe amaherezo bazobona ivy’ico kibazo maze bakemera ubutumwa bw’Ubwami. Dutegerezwa kutibagira yuko ivy’abantu bigenda bihinduka. Igihe umuntu yashikiwe n’uruhombo canke ingorane yinaka atari yiteze, n’uwurushirije kubona ko yikwiye arashobora gutangura kwiyumvira yitonze ivyerekeye insobanuro y’ubuzima. None woba ari ho uzoba uri kugira ngo umufashe igihe uwo muntu azoba ‘amenye ko akeneye ivy’impwemu’? (Matayo 5:3, NW) Emwe umuntu kanaka mu cibare cawe yoshobora kuba yiteguriye kwumviriza inkuru nziza niwamugendera ubutaha!
11, 12. Ni ibiki vyashitse mu gisagara kimwe, kandi ni ibiki dushobora kuhigira?
11 Abagize icibare cacu barashobora na bonyene guhinduka. Rimbura akarorero kamwe. Mu gasagara kamwe gatoyi, habaho umugwi umwe ufatanye mu nda w’ingo z’abubakanye bakiri bato bafise abana. Igihe Ivyabona vya Yehova baza barabagendera, baronka inyishu imwe ku rugi rwose ngo: “Ntibidushimisha!” Iyo umuntu agaragaje ugushimishwa n’ubutumwa bw’Ubwami, ababanyi ntibatangwa no kumuvuna intege kugira ngo ntasubire kuganira n’Ivyabona. Biribonekeza ko rwari urugamba kwamamaza aho hantu. Naho vyari ukwo, Ivyabona ntibarambiwe; babandanije kwamamaza. Vyavuyemwo iki?
12 Mu nyuma, abana benshi bo muri ico gisagara barakuze, bararongora, maze bashingaho ingo zabo. Kubera bamwebamwe muri abo bageze mu bigero batahuye yuko uburyo bwabo bwo kubaho butavuyemwo ubuhirwe nyakuri, baratanguye kurondera ukuri. Bakuronse igihe bakira neza inkuru nziza yamamazwa n’Ivyabona. Nuko rero, inyuma y’imyaka myinshi ni ho ishengero ritoyi ryatangura gukura. Niwibaze umunezero abamamaji b’Ubwami batarambiwe bahakuye! Ese natwe kubandanya kubwira abandi ubutumwa bw’akaroruhore bw’Ubwami vyotuzanira umunezero!
Abo Musangiye Ukwizera Bazogushigikira
13. Ni bande dushobora guhindukirira igihe ducitse intege?
13 Igihe imikazo yongerekanye canke igihe ivyago biguteye, ni hehe ushobora kuronderera indemesho? Abasavyi ba Yehova biyeguye amamiliyoni bahindukirira ubwa mbere na mbere Yehova mw’isengesho, hanyuma bagahindukirira abavukanyi n’abavukanyikazi babo b’Abakirisu. Igihe yari kw’isi, Yezu ubwiwe yarashima ukuntu abigishwa biwe bamushigikira. Mw’ijoro rya buca apfa, yaravuze ko ari ‘bo bagumanye nawe mu vyo yageragejwe.’ (Luka 22:28) Birumvikana, abo bigishwa bari abanyagasembwa, ariko ukutadohoka kwabo kwari indemesho ku Mwana w’Imana. Na twebwe turashobora gukura inkomezi ku bo dusenga hamwe.
14, 15. Ni ibiki vyafashije abubakanye babiri kwihangana igihe umuhungu wabo yapfa, kandi ni igiki wigira ku vyabashikiye?
14 Umugabo n’umugore umwe bubakanye b’Abakirisu, Michel na Diane, bariboneye ukuntu ugushigikirwa n’abavukanyi be n’abavukanyikazi babo bishobora kuba ivy’agaciro. Umuhungu wabo w’imyaka 20, Jonathan, akaba yari Umukirisu w’inguvu kandi afise ivyizigiro vyiza vya kazoza, yaratowe indwara y’ikivyimba co mu bwonko. Abaganga baragerageje uko bashoboye kugira bamukize, ariko Jonathan yarushirije gusinzikara gushika aho ku mugoroba umwe atwarwa n’itiro ry’urupfu. Michel na Diane barakubiswe n’inkuba. Baramenye yuko Ikoraniro ry’Umurimo, iryariko rigirwa kuri uwo mugoroba, ryari hafi guhera. Naho ari ukwo, kubera bari bakeneye inyiruro cane, barasavye umukurambere yari kumwe na bo ngo abaherekeze ku Ngoro y’Ubwami. Bashitse igihe nyene ishengero ryariko riramenyeshwa ivyerekeye urupfu rwa Jonathan. Ikoraniro riheze, abo bavyeyi bariko biyuha iryosozi barakikujwe n’abavukanyi be n’abavukanyikazi babo babagwa mu nda bongera bababwira amajambo yo kubirura. Diane yibuka ibi: “Twumva twacitse imitsi igihe twashika ku ngoro, ariko rero ese ukuntu inyiruro twakuye ku bavukanyi yatumye twumva turemye! Naho batari gushobora kudukuramwo umubabaro dufise, baradufashije kwihangana mu gihe c’iyo ntuntu!”—Abaroma 1:11, 12; 1 Ab’i Korinto 12:21-26.
15 Amagorwa yatumye Michel na Diane barushiriza kwiyegereza abavukanyi babo. Yatumye kandi uwo mugabo n’umugore barushiriza kunywana. Michel avuga ati: “Narize kurushiriza gukunda umugore wanje. Mu bihe twumva ducitse intege, turaganira ivyerekeye ukuri kwa Bibiliya n’ukuntu Yehova ariko aradushigikira.” Diane yongerako ati: “Icizigiro c’Ubwami ubu gifise insobanuro ihambaye kuruta kuri twebwe.”
16. Ni kuki ari ngirakamaro kwibwiriza kumenyesha abavukanyi bacu ivyo dukeneye?
16 Egome, abavukanyi n’abavukanyikazi bacu b’Abakirisu barashobora kuba nk’“imfashanyo ikomeza” (NW) kuri twebwe mu bihe bigoye vyo mu buzima kandi gutyo bakadufasha kuzigama umunezero wacu. (Ab’i Kolosayi 4:11) Birumvikana, ntibashobora gusoma imizirikanyi yacu. Igihe rero dukeneye imfashanyo, vyoba vyiza tubibamenyesheje. Maze turashobora guserura ugukenguruka kuvuye ku mutima ku nyiruro iyo ari yo yose abavukanyi bacu bashobora gutanga, tukayibona nk’iyivuye kuri Yehova.—Imigani 12:25; 17:17.
Ihweze Ishengero Ryanyu
17. Ni ingorane izihe inabibondo umwe yirerana abana ahangana na zo, kandi tubona gute abantu bameze nka we?
17 Uko urushiriza kwihweza abo musangiye ukwizera, ni ko uzorushiriza kwiga kubashima no gukura umunezero ku kwifatanya na bo. Ihweze ishengero ryanyu. Ubona iki? Hoba hariho umuvyeyi yirerana abana ariko arwana urugamba rwo kubarerera mu nzira y’ukuri? Woba urimbura cane akarorero keza atanga? Nugerageze kwibaza ingorane zimwezimwe ahangana na zo. Inabibondo umwe yirerana abana yitwa Jeanine aravuga ingorane zimwezimwe muri izo: nk’ubunyakamwe, kuryosharyoshwa n’abagabo bakorana ku kazi ngo bisuke mu busambanyi, kuronka uduhera tw’intica ntikize. Ariko rero, avuga yuko intambamyi ikomeye kuruta izindi zose ari iy’ukwitwararika ivyo abana biwe bakeneye mu vy’akanyengetera, kubera yuko umwana wese ameze ukwiwe. Jeanine araserura iyindi ngorane ati: “Birashobora kuba urugamba nya rugamba kwikuramwo iciyumviro co kubona umuhungu wawe nka we mutwe w’urugo kubera serugo atakiriho. Ndafise umukobwa, kandi birangora kwibuka kureka kumuremereza mu kumuserurira ingorane zanje.” Nka kumwe kw’abavyeyi ibihumbi n’ibihumbi birerana abana, batinya Imana, Jeanine arakora atavanyako kandi akabungabunga urugo rwiwe. Kandi arigana Bibiliya n’abana biwe, akabamenyereza mu busuku, akongera akabazana ku makoraniro y’ishengero. (Abanyefeso 6:4) Ese ukuntu Yehova ategerezwa kuba ahimbarwa igihe yihweza ku musi ku musi utwigoro tw’uwo muryango two kuzigama ukutadohoka! None ivyo ntibitera umunezero imitima yacu kuba mwene abo bantu bari muri twebwe? Ego cane.
18, 19. Tanga akarorero k’ukuntu dushobora gutsimbataza ugushima abagize ishengero.
18 Niwongere wihweze ishengero ryanyu. Ushobora kubona abapfakazi n’abapfakare b’abizerwa ‘batigera basiba’ amakoraniro. (Luka 2:37, NW) Boba rimwe na rimwe bumva irungu? Ego cane. Barakumbura cane abo bari bubakanye! Ariko baguma bafise twinshi bakora mu murimo wa Yehova kandi bakitwararika ivy’abandi. Ukutanyiganyiga kwabo, inyifato nziza bagira birongereza umunezero w’ishengero! Umukirisukazi umwe amaze imyaka irenga 30 akora ubusuku bw’igihe cose yavuze ati: “Kimwe mu binezereza kuruta ni ukubona ukuntu abavukanyi n’abavukanyikazi bageze mu zabukuru bashikiwe n’ibigeragezo vyinshi bagisukurira Yehova ari abizerwa!” Egome, Abakirisu bageze mu zabukuru bari muri twebwe ni indemesho nini ku bakiri bato.
19 Tuvuge iki ho ku bashasha batanguye vuba kwifatanya n’ishengero? Ntituremeshwa igihe baserura ukwizera kwabo ku makoraniro? Iyumvire iterambere bagize kuva batanguye kwiga Bibiliya. Yehova ategerezwa kuba abahimbarirwa cane. Ubwo tweho turabahimbarirwa? Twoba duserura ko tubashima, tukabakeza kubera utwigoro bagira?
20. Ni kuki bishobora kuvugwa yuko umuntu wese mu bagize ishengero afise uruhara ruhambaye muri ryo?
20 Woba wubatse, woba uri umwirebange, canke woba uri umuvyeyi yirerana abana? Woba uri umuhungu canke umukobwa atagira se (canke nyina), umupfakazi canke umupfakare? Woba uri umuntu amaze imyaka myinshi yifatanya n’ishengero canke uri umuntu atanguye kwifatanya na ryo vuba? Numenye neza yuko akarorero utanga karanga ubwizerwe ari indemesho kuri twese. Vyongeye igihe wifatanya n’abandi mu kuririmba ururirimbo rw’Ubwami, igihe utanga insasanuro canke ushikiriza ikigabu c’umunyeshure mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, intererano yawe iratwongerereza umunezero. Igihambaye kuruta, bituma umutima wa Yehova unezerwa.
21. Turi n’imvo nyinshi zo gukora iki, ariko ni ibibazo ibihe bivyuka?
21 Egome, no muri ibi bihe bigoye, turashobora kunezerwa mu gusenga Imana yacu ihimbawe. Turi n’imvo nyinshi zo kwakira neza indemesho ya Paulo igira iti: “[“Nimubandanye kunezerwa,” NW] . . . ni ho Imana Nyen’urukundo n’amahoro izobana namwe.” (2 Ab’i Korinto 13:11) Bite ho igihe duhanganye n’icago c’icaduka, uruhamo canke amagume akaze yo mu vy’ubutunzi? Vyoba bishoboka ko tuzigama umunezero wacu no mu bihe nk’ivyo? Nugire ivyiyumviro vyawe bwite ushitseko uko urimbura ikiganiro gikurikira.
[Akajambo k’epfo]
a Raba igitabu Étude perspicace des Écritures, imbumbe ya 2, urupapuro rwa 45, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Woshobora Kuvyishura?
• Umunezero udondorwa gute?
• Tugumanye inyifato nziza bishobora gute kudufasha kuguma tunezerewe?
• Ni igiki gishobora kudufasha kugira tubone neza ivyerekeye icibare c’ishengero ryacu?
• Ni mu buryo ki ushima abavukanyi n’abavukanyikazi bo mw’ishengero ryanyu?
[Ifoto ku rup. 21]
Abantu bo mu cibare cacu barashobora guhinduka
[Ifoto ku rup. 23]
Ni ingorane izihe abo mw’ishengero ryanyu bahangana na zo?