Nugire Umunezero Uva ku Gutanga!
“Gutanga kuzana u[buhirwe], kuruta guhabga.”—IVYAKOZWE 20:35.
1. Yehova agaragaza gute umunezero uva ku gutanga?
UMUNEZERO uva ku kumenya ukuri be n’imihezagiro bizana ni ingabirano z’agaciro ziva ku Mana. Abashitse ku kumenya Yehova barafise impamvu nyinshi zo kunezerwa. Mugabo naho hari umunezero uva ku kuronka ingabirano, hariho kandi n’umunezero uva ku kuyitanga. Yehova ni we Mutanzi w’‘ingabirano nziza yose itunganye,’ akaba n’“Imana ihimbawe.” (Yakobo 1:17; 1 Timoteyo 1:11, UB) Aratanga inyigisho ngirakimazi ku bantu bose bumviriza kandi arahimbarwa n’ukugamburuka kw’abo yigisha, nka kurya nyene abavyeyi banezerwa igihe abana babo bakiriye neza inyigisho iranga urukundo.—Imigani 27:11.
2. (a) Yezu yavuze iki ku vyerekeye ugutanga? (b) Ni ubuhirwe ubuhe turonka igihe twigisha abandi ukuri kwa Bibiliya?
2 Muri ubwo buryo nyene, igihe Yezu yari kw’isi yaranezerewe no kubona abantu bakira neza inyigisho yiwe. Intumwa Paulo yarasubiyemwo ivyo Yezu yavuze agira ati: “Gutanga kuzana [ubuhirwe], kuruta guhabga.” (Ivyakozwe 20:35) Ubuhirwe turonka igihe twigisha abandi ukuri kwa Bibiliya si ugushira akanyota gusa kubera hari umuntu yemera ivyo twemera mw’idini yacu. Ikiruta ivyo ni uko dufise umunezero wo kumenya yuko turiko turatanga ikintu c’agaciro nyakuri kandi kiramba. Bivuye ku gutanga mu buryo bw’impwemu, turashobora gufasha abantu kuhungukira ubwabo, ubu no mu bihe bidahera.—1 Timoteyo 4:8.
Gutanga Kuzana Umunezero
3. (a) Intumwa Paulo na Yohani baseruye gute umunezero bafise wo gufasha abandi mu buryo bw’impwemu? (b) Ni kuki kumenyesha ukuri kwa Bibiliya abana bacu ari uguserura urukundo?
3 Egome, nka kurya nyene Yehova na Yezu banezerezwa no gutanga ingabirano zo mu buryo bw’impwemu, n’Abakirisu birabanezereza. Intumwa Paulo yararonkeye umunezero mu kumenya yuko yari yarafashije abandi kwiga ukuri kw’Ijambo ry’Imana. Yandikiye ishengero ry’i Tesalonika ati: “Ivyizigiro vyacu n’iki, cank’umunezero, cank’igitsibo co mu mutwe twirata? Mbega si mwebge, imbere y’Umwami wacu Yesu ah’azozira? Kukw ari mwebge cubahiro cacu n’umunezero wacu.” (1 Ab’i Tesalonike 2:19, 20) Muri ubwo buryo nyene, intumwa Yohani mu kwerekeza ku bana biwe bo mu buryo bw’impwemu, yanditse ati: “Nta wundi munezero mfise uruta uyu, kwumva kw abana banje bagendera mu kuri.” (3 Yohana 4) Iyumvire kandi umunezero uhaba mu gufasha abana bacu bwite kugira ngo bacike abana bacu bo mu vy’impwemu! Abavyeyi bareze abana ‘babahana babahanura, uk’Umwami wacu agomba,’ baba baseruye urukundo. (Abanyefeso 6:4) Gutyo rero abavyeyi barerekana yuko bitwararitse ineza y’ibihe bidahera y’abana babo bakiri bato babo. Igihe abana bavyakiriye neza, abavyeyi baragira umunezero mwinshi kandi bagashira akanyota.
4. Ni igiki cabaye cerekana umunezero uva ku gutanga ibintu vyo mu buryo bw’impwemu?
4 Umukenyezi yitwa Dell ni umusuku w’umutsimvyi w’igihe cose akaba na nyina w’abana batanu. Avuga ati: “Ndashobora gutahura neza amajambo y’intumwa Yohani kubera mfise umunezero wo kubona bane mu bana banje bariko ‘bagendera mu kuri.’ Ndazi yuko bitera iteka Yehova kandi bikamuninahaza igihe ingo zifatanye mu nda mu gusenga kw’ukuri, ari co gituma numva nshize akanyota mu kubona ukuntu ahezagira utwigoro twanje two kwinjiza mu kuri abana banje. Ukwitega ubuzima budahera bwiza bwo mw’iparadizo turi kumwe n’umuryango wanje biranyuzuzamwo icizigiro kandi bikamvyurira umutima wo kwihangana naho mpura n’ingorane be n’intambamyi.” Ikibabaje ni uko umwe mu bakobwa ba Dell yaciwe mw’ishengero, kubera yakurikiranye ingendo itari iya gikirisu. Naho ivyo vyashitse, Dell arihata kugira ngo agume abona ibintu mu buryo bwiza. Avuga ati: “Ndizigiye yuko umusi uri izina umukobwa wanje azogaruka kuri Yehova yicishije bugufi kandi bivuye ku mutima. Ariko ndakurira ubwatsi Imana kubona benshi mu bana banje babandanya kuyisukurira ari abizerwa. Umunezero numva mfise wambereye isoko nyakuri ry’inkomezi.”—Nehemiya 8:10.
Nuhindure Abantu Abagenzi b’Ibihe Bidahera
5. Mu gihe twitanga mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa, ni ukumenya iki gutuma ushira akanyota?
5 Yezu yabwirije abayoboke biwe guhindura abigishwa b’Abakirisu no kubigisha ivyerekeye Yehova hamwe n’ivyo asaba. (Matayo 28:19, 20) Yehova na Yezu, bompi barafashije abantu ata bwikunzi kwiga inzira y’ukuri. Uko rero twitanga mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa, turashira akanyota ko kumenya yuko turiko turigana akarorero ka Yehova na Yezu, nk’uko Abakirisu bo mu ntango babigize. (1 Ab’i Korinto 11:1) Gutyo igihe dusenyera ku mugozi umwe n’Imana Mushoboravyose be n’Umwana wiwe mukundwa, ubuzima bwacu buragira ico buvuze koko. Ese ukuntu ari umuhezagiro guharurwa mu ‘bakozi bakorana’ n’Imana! (1 Ab’i Korinto 3:9) Vyongeye none, ntibikora ku mutima kubona n’abamarayika bafise uruhara muri ico gikorwa co kwamamaza inkuru nziza?—Ivyahishuriwe 14:6, 7.
6. Igihe tugira uruhara mu gutanga ibintu vyo mu buryo bw’impwemu, ni bande bacika abagenzi bacu?
6 Kukaba nkako, mu kugira uruhara muri ico gikorwa co gutanga ibintu vyo mu buryo bw’impwemu, ntidushobora kuba abakorana n’Imana gusa, turashobora no kugiranira na yo ubugenzi bw’ibihe bidahera. Kubera ukwizera kwiwe, Aburahamu yiswe umukunzi wa Yehova. (Yakobo 2:23) Igihe twihatira gukora ivyo Imana igomba, na twebwe turashobora gucika abakunzi b’Imana. Igihe tugize ivyo, turacika n’abakunzi ba Yezu. Yabwiye abigishwa biwe ati: “Nabise abakunzi, kukw ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje.” (Yohana 15:15) Benshi baranezerezwa no guharurwa ko ari abagenzi b’abantu bakomakomeye canke b’abantu bakora ubuzi bukomakomeye, ariko turashobora guharurwa ko turi abagenzi b’abantu babiri bahambaye kuruta abandi bose bo mw’ijuru no kw’isi!
7. (a) Ni gute umugore umwe yashoboye guhindura umuntu umugenzi nyakuri? (b) Woba warashikiwe n’ikintu nk’ico?
7 Ikigeretseko, igihe dufasha abantu gushika ku kumenya Imana, baracika kandi abagenzi bacu, bikatuzanira ubuhirwe budasanzwe. Joan, umukenyezi umwe aba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yaratanguye kwigana Bibiliya n’umugore umwe yitwa Thelma. Naho Thelma yahuye n’ukurwanywa n’abo mu muryango bamubuza kwiga, yarakomeye ku muheto maze arabatizwa haciye umwaka. Joan yanditse ati: “Ubucuti bwacu ntibwahereye aho; ahubwo, bwaratsimbataye bucika ubugenzi gushika ubu bumaze imyaka nka 35. Kenshi twarajanye mu busuku no ku mahwaniro. Nahavuye nimukira mu nzu nshasha nko ku birometero 800. Mugabo Thelma abandanya kundungikira amakete yuzuye urukundo kandi yeza umutima, ambwira yuko anyiyumvirana igishika be n’uko anshimira kubona namubereye umugenzi nkongera nkamubera akarorero, no kuba naramwigishije ukuri kwo muri Bibiliya. Kuba mfise umugenzi nk’uyo somambike kandi nkunda, ni impera y’igitangaza y’akigoro nagize kugira ngo ndamufashe kwiga ivyerekeye Yehova.”
8. Ni ukubona ibintu mu buryo bwiza ukuhe kuzodufasha mu busuku?
8 Icizigiro c’uko dushobora kuronka umuntu ashaka kwiga ukuri kirashobora kudufasha kwihangana naho benshi mu bantu duhura berekana ko bashimishwa buhoro canke batanashimishwa na gato n’Ijambo rya Yehova. Ukutanegwa ibintu nk’ukwo kurashobora kuba ingorane mu vy’ukwizera kwacu n’ukwihangana kwacu. Yamara, ukubona ibintu mu buryo bwiza kuzodufasha. Umugabo yitwa Fausto w’i Guatemala, yavuze ati: “Igihe nshinga intahe ku bandi, ndiyumvira ukuntu vyoba ari vyiza igitangaza umuntu ndiko ndaganiriza acitse umuvukanyi canke umuvukanyikazi wo mu buryo bw’impwemu. Ndazirikana yuko n’imiburiburi tuzohura n’umuntu umwe yohava akakira ukuri kw’Ijambo ry’Imana. Ico ciyumviro gituma mbandanya, kandi kiranzanira umunezero nyakuri.”
Niwirundanirize Ubutunzi mw’Ijuru
9. Ni ibiki Yezu yavuze ku vyerekeye ubutunzi bwo mw’ijuru, kandi ni ibiki dushobora kwigira kuri ivyo?
9 Guhindura abantu abigishwa, baba abana bacu canke abandi bantu, ntivyama nantaryo vyoroshe. Bishobora gusaba igihe, ukwihangana n’ugukomera ku muheto. Naho ari ukwo, niwibuke yuko benshi bafise ishaka ryo gukora bagatama kugira ngo birundanirize ibintu vy’umubiri, kenshi na kenshi bikaba ari ibintu bitabazanira umunezero kandi bitamaho ibihe bidahera. Yezu yabwiye abamwumviriza yuko vyoba vyiza kuruta bakoze ku bw’ibintu vyo mu buryo bw’impwemu. Yavuze ati: “Ntimukīrundanirize ubutunzi mw isi, ah’inyenzi n’ingese bibumara, n’ibisuma bikīmba bikabgiba. Ariko mwirundanirize ubutunzi mw ijuru, ah’inyenzi n’ingese bitabumara, hatariyo n’ibisuma vyimba ngo vyibe.” (Matayo 6:19, 20) Mu gukurikirana imigambi yo mu buryo bw’impwemu, iyirimwo ukugira uruhara mu gikorwa gihambaye co guhindura abantu abigishwa, turashobora gushira akanyota mu kumenya yuko turiko turakora ivyo Imana igomba be n’uko izoturonsa impera. Intumwa Paulo yanditse iti: “Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo.”—Abaheburayo 6:10.
10. (a) Ni kuki Yezu yari afise ubutunzi bwo buryo bw’impwemu? (b) Ni gute Yezu yitanze ubwiwe, kandi ni inyungu ihambaye iyihe abandi babikuyemwo?
10 Mu gihe dukoze n’umwete kugira ngo duhindure abantu abigishwa, tuba turiko turibikira “ubutunzi mw ijuru,” mu buryo buhuje n’ivyo Yezu yavuze. Ivyo biratuzanira umunezero uva ku guhabwa. Mu gihe dutanze tutitangiriye itama, dusanga amaherezo ubwacu turiko turatunga. Yezu ubwiwe yarakoreye Yehova adahemuka mu myaka amamiliyaridi n’amamiliyaridi. Niwiyumvire ubutunzi yirundanirije mw’ijuru! Naho ari ukwo, Yezu ntiyitwararitse ivyiwe gusa. Intumwa Paulo yanditse iti: “[Yezu] yitangiye ivyaha vyacu, ngw aturokore mur’iki gihe kibi ca none, nk’ukw Imana yacu yagomvye, ni yo Data wa twese.” (Ab’i Galatiya 1:4, ni twe tubihiritse) Yezu ntiyitanze gusa atiziganya mu busuku bwiwe, ahubwo yaranatanze ubuzima bwiwe bwa ncungu kugira ngo abandi bashobore kuronka akaryo ko kwirundaniriza ubutunzi mw’ijuru.
11. Ni kuki ingabirano zo mu buryo bw’impwemu ari nziza kuruta izo mu buryo bw’umubiri?
11 Mu kwigisha abantu ivyerekeye Imana, turabafasha kubona ukuntu na bo nyene boshobora kwirundaniriza ubutunzi budahona bwo mu buryo bw’impwemu. Ni ingabirano iyihe ihambaye kuruta woshobora gutanga? Mu gihe uhaye umugenzi isaha izimvye cane, umuduga canke mbere inzu, uwo mugenzi nta nkeka azokura ubwatsi yongere ahimbarwe, kandi uzogira umunezero uvuye ku gutanga. Ariko iyo ngabirano izoba imeze gute mu myaka 20? Mu myaka 200? Mu myaka 2.000? Ku rundi ruhande, mu gihe witanze kugira ngo ufashe umuntu gukorera Yehova, arashobora kwungukira kuri iyo ngabirano ibihe bidahera.
Nurondere Abashaka Ukuri
12. Benshi bitanze gute kugira ngo bafashe abandi mu buryo bw’impwemu?
12 Kugira ngo bagire umunezero uva ku gutanga ibintu vyo mu buryo bw’impwemu, abasavyi ba Yehova barashitse ku mpera z’isi. Abantu ibihumbi n’ibihumbi barasize inzu zabo n’imiryango yabo kugira ngo baje mu murimo w’ubumisiyonari mu bihugu aho babwirizwa kwiga indimi nshasha n’imico kama mishasha. Abandi barimukiye mu turere two mu bihugu bavukamwo hakenewe abamamaji b’Ubwami kuruta ahandi. Hari n’abandi bize ururimi runyamahanga, baba baronse uturyo dushasha two kwamamaza mu turere iwabo ku bahagerereye bavuye mu bindi bihugu. Nk’akarorero, bamaze kurera abana babiri, na bo ubu bakaba bakorera ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova, hari umugabo n’umugore bubakanye bo muri New Jersey, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, batanguye gukora ubutsimvyi maze biga Igishinwa. Mu kiringo c’imyaka itatu, bararongoreye inyigisho za Bibiliya abantu 74 bavuga Igishinwa, biga kw’ishure rikuru rihegereye. Woba ushobora kwagura ubusuku bwawe mu buryo bunaka kugira ngo urushirize kuronka umunezero mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa?
13. Woshobora gukora iki mu gihe woba wipfuza kugira ubusuku bwimbuka kuruta?
13 Kumbure urashashaye kurongora inyigisho ya Bibiliya ariko ukaba atavyo urashobora kugira. Mu bihugu bimwebimwe biragoye kuronka abantu bashimishwa. Hari aho abantu muhura batogaragaza ugushimishwa na Bibiliya. Nimba ari ukwo biri, kumbure urashobora kuvuga icipfuzo cawe kenshi cane mw’isengesho, uzi yuko Yehova na Yezu Kirisitu bompi bitwararika cane ico gikorwa n’uko boshobora kukurongora ku muntu ameze nk’intama. Nurondere impanuro ku bo mw’ishengero ukukira bazi utuntu n’utundi canke ku bo ubusuku bwabo bwimbuka cane. Niwungukire ku kumenyerezwa no ku nama zitangwa mu makoraniro y’Abakirisu. Niwungukire ku mpanuro z’abacungezi b’ingenzi n’abagore babo. Ikiruta vyose, ntiwigere uheba. Wa mugabo w’inkerebutsi yanditse ati: “Biba imbuto zawe mu gitondo, kandi ku mugoroba ntupfunye amaboko: kuk’utazi ibizokunda.” (Umusiguzi 11:6) Muri ico gihe, niwibuke abantu b’abizerwa nka Nowa na Yeremiya. Naho ari bake cane bakiriye neza ivyo bigisha, ubusuku bwabo bwarerewe. Ikiruta vyose, bwarahimbaye Yehova.
Nukore Uko Ushoboye Kwose
14. Yehova abona gute abasaziye mu murimo wiwe?
14 Ukuntu ivyawe vyifashe bishobora kuba bitagukundira gukora uko wavyipfuza mu busuku. Nk’akarorero, ubusaza burashobora gutuma udashobora gukora vyinshi mu murimo wa Yehova. Naho vyoba ari ukwo bimeze, niwibuke ivyo wa muntu w’inkerebutsi yanditse ati: “Imvi ku mutwe n’igitsibo c’icubahiro, kiboneka mu nzira y’ubugororotsi.” (Imigani 16:31) Kuri Yehova, ubuzima umuntu amara ari mu murimo wiwe burahimbaye. Vyongeye, Ivyanditswe bivuga biti: “Nzobageza no mu zabukuru ndi [Yehova], muzorinda musēsa imvi nkibaheka: ni jewe naremye, ni jewe nzoheka; mbere nzobaterura, mbarokore.” (Yesaya 46:4) Data wa twese munyarukundo wo mw’ijuru, asezerana kubungabunga intahemuka ziwe no kuzishigikira.
15. Woba wemera yuko Yehova atahura uko ivyawe vyifashe? Kubera iki?
15 Kumbure uriko urahangana n’indwara, ukurwanywa kuvuye ku wo mwubakanye atizera, amabanga aremereye yo mu muryango canke izindi ngorane zimwezimwe zikomeye. Yehova arazi aho tugeza n’ukuntu ivyacu vyifashe, kandi aradukunda kubera utwigoro dukomeye tugira kugira ngo tumukorere. Ivyo ni ko biri n’igihe mbere ivyo dukora vyoba ari bike ugereranije n’ivyo abandi bakora. (Ab’i Galatiya 6:4) Yehova arazi yuko turi abanyagasembwa, kandi ntatwitegako ibidashoboka. (Zaburi 147:11) Mu gihe dukora uko dushobora kwose, turashobora gukurwa amazinda yuko dufise agaciro mu nyonga z’Imana, be n’uko atazokwibagira ibikorwa vyacu vy’ukwizera.—Luka 21:1-4.
16. Ni mu buryo ki ishengero ryose rigira uruhara mu guhindura umuntu umwigishwa?
16 Niwibuke kandi yuko igikorwa co guhindura abantu abigishwa ari umurimo w’abantu bakorera hamwe. Nta muntu n’umwe ahindura umuntu umwigishwa ata bandi babigizemwo uruhara, nka kurya nyene ata ma rimwe ry’imvura ryokuza igiterwa. Ego ni ko, Icabona umwe arashobora gutora umuntu ashimishwa maze akamurongorera inyigisho ya Bibiliya. Mugabo igihe uwo muntu mushasha aje ku Ngoro y’Ubwami, ishengero ryose riramufasha gutahura ukuri. Ubushwashwanutsi buri mu kivukano buramwereka akosho keza k’impwemu y’Imana. (1 Ab’i Korinto 14:24, 25) Abana n’imiyabaga baratanga insasanuro zishwangamura, bikereka uwo muntu mushasha yuko abakiri bato bacu batandukanye n’urwaruka rwo mw’isi. Abarwaye, ibimuga n’abageze mu zabukuru bo mw’ishengero barigisha abashasha ico ukwihangana bisaba. Twaba dufise imyaka ingana iki canke dushoboye ibingana iki, twese turafise uruhara ruhambaye mu gufasha abashasha uko urukundo bakunda ukuri kwa Bibiliya rukomera be n’uko batera imbere bagana ku kubatizwa. Isaha yose tumara mu busuku, igihe cose dusubiye kugendera umuntu, igihe cose tuyaze n’umuntu yashimishijwe ku Ngoro y’Ubwami, bishobora gusa n’uko ata kintu kinini ubwavyo bivuze, ariko ni umuce w’igikorwa gikomeye Yehova ariko ararangura.
17, 18. (a) Turetse kuja mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa, ni gute twoshobora kugira umunezero uva ku gutanga? (b) Tugize umunezero uva ku gutanga, ni nde tuba twiganye?
17 Birumvikana, turetse ivyo kugira uruhara mu gikorwa gihambaye co guhindura abantu abigishwa, na twebwe Abakirisu turagira umunezero uva ku gutanga mu bundi buryo. Turashobora gushira ku ruhande amahera yo gushigikira ugusenga gutyoroye no gufasha abari mu mukeno. (Luka 16:9; 1 Ab’i Korinto 16:1, 2) Turashobora kurondera uturyo two kugaragariza abandi ubwakiranyi. (Abaroma 12:13) Turashobora kwihatira “[k]ugirir[a] bose neza, cane-cane ab’inzu y’abizera.” (Ab’i Galatiya 6:10) Vyongeye, mu buryo busanzwe yamara buhambaye, turashobora kwandikira abandi agakete, tukabatera akamo kuri telefone, tukabaha ingabirano, tukabafasha, tukababwira akajambo k’indemesho.
18 Dutanze, tuba twerekanye yuko twigana Data wa twese wo mw’ijuru. Tuba kandi tugaragaje urukundo rwacu rwa kivukanyi, na rwo rukaba ari ikimenyetso kiranga Abakirisu b’ukuri. (Yohana 13:35) Kwibuka ivyo bintu birashobora kudufasha kugira umunezero uva ku gutanga.
Woshobora Kubisigura?
• Yehova na Yezu berekana gute akarorero mu gutanga mu buryo bw’impwemu?
• Ni gute dushobora guhindura abantu abagenzi b’ibihe bidahera?
• Ni intambwe izihe twotera kugira ngo ubusuku bwacu burushirize kwererwa?
• Ni gute bose mw’ishengero bashobora kugira umunezero uva ku gutanga?
[Amafoto ku rup. 27]
Igihe abana bakira neza ukumenyerezwa, abavyeyi baragira umunezero mwinshi kandi bakumva bashize akanyota
[Ifoto ku rup. 29]
Mu guhindura abantu abigishwa, turashobora kubahindura abagenzi nyakuri
[Ifoto ku rup. 30]
Yehova aradufata mu mugongo tugeze mu zabukuru
[Amafoto ku rup. 31]
Mu gutanga mu buryo busanzwe yamara buhambaye turaronka umunezero