Mu maso hashasha ha Mailyn
NK’UKO VYAVUZWE NA NYINA WA MAILYN
Ni kubera iki Mailyn, agakobwa kanje nkunda cane k’imyaka 11 gakeneye mu maso hashasha? Reka ndabibasigurire.
Mailyn ni we buheta mu bakobwa banje babiri. Yavukiye i Holguín mu gihugu ca Kiba, ku wa 5 Myandagaro 1992. Twe na se wiwe hamwe na mukuruwe twaranezerewe cane igihe yavuka. Ariko uwo munezero wacu ntiwamaze na kabiri. Haciye imisi mikeyi avutse, naciye mfatwa n’indwara y’ibihara, hanyuma haheze nk’ukwezi, Mailyn na we ica iramufata.
Mu ntango, wamengo ntibikomeye cane; ariko rero vyahavuye vyunyuka, maze bisaba ko yinjira ibitaro. Mailyn yaravuwe neza, yamara abasoda b’umubiri wiwe ntibari bagishoboye kwirwanira ku buryo yaciye aziranirwa. Narabonye yuko ku ruhande rumwe rw’akazuru kiwe hari hatukuye bimwe bidasanzwe. Abaganga basanze vyari vyatewe n’ubwoko bw’umukorobi w’imbonekarimwe kandi ukaze cane.
Naho baciye bamuha imiti yica imikorobi, nticabujije ko mu misi mikeyi uwo mukorobi utangura kumurandagura mu maso. Abaganga bagiye gushobora kuwuhagarika Mailyn amaze gutakaza hafi izuru ryose, iminwa yose, be n’ibihimba vy’ibinyigishi n’urusakanwa. Yari yatobaguritse kandi ku ruhande rw’ijisho rimwe.
Igihe twe n’umugabo wanje twamubona, twaraturikishije turarira. Bishoboka gute ngo ikintu nk’ico gishikire agakobwa kacu? Mailyn yamaze imisi myinshi ari aho bavurira indembe (réanimation), kandi abaganga biyumvira yuko atazokira. Umugabo wanje yaguma ambwira ati: “Itegure kagira gace”. Mugabo rero, iyo ninjije ukuboko kwanje mu kintu kibundikiriye Mailyn kugira ndamufate akaboko, yaca angumya ukuboko cane ku buryo naca menya yuko azokira. Naciye mbwira umugabo wanje nti: “Umukobwa wacu ntazopfa. Ariko n’ubundi, uravye ukuntu Mailyn ameze, azogira ubuzima bumeze gute?”. Igihe cose twikanguye mu gitondo, twiyumvira yuko ivyariko biradushikira wamengo ni indoto mbi nsa.
Igihe twari mu bitaro, umukobwa wacu mukuru yitwa Maydelis, ico gihe akaba yari afise imyaka itandatu, yagumanye n’abavyeyi banje. Yari arindiranye umushasharo ko murumunawe agaruka i muhira. Yaheruka Mailyn ava i muhira asa n’ “agapupe” keza gafise amaso nk’ay’inyana. Mugabo igihe Maydelis yongera kumubona, Mailyn yari asigaye asa n’igihume.
‘Ni kubera iki ikibondo canje gitegerezwa gucumukura ukuraho?’
Haciye ukwezi n’igice turi mu bitaro, Mailyn yarasohotse ibitaro. Ntitwasubiye i muhira mu gisagara kubera yuko tutashaka ko hagira umuntu n’umwe amubona. Twaciye tuja ahantu ha twenyene mu karuri hagati mu gihugu, hafi y’aho abavyeyi banje bagirira uburimyi n’ubworozi.
Mu ntango, narashobora guha Mailyn atuberebere dukeduke ncishije mu kenge kari ahahora umunwa. Ntiyashobora kwonka. Ariko rero, igihe ibikomere vyatangura gukira, ako kenge karahatswe kuziba. Nta kindi nashobora kumuha atari ibifungurwa bimeze nk’umusururu nkoresheje icupa. Igihe yari afise umwaka umwe, twarasubiye i Holguín, ari na ho abaganga bamubagiye incuro zine kugira bagure ka kenge.
Naribaza nti: ‘Ni kubera iki ikibondo canje gitegerezwa gucumukura ukuraho?’. Nararondereye inyishu ahagirirwa ivy’amareba nongera ndasenga ibishushanyo vyanje vyo mw’idini. Ariko nta na kimwe campumurije. Amajambo ababaza yavugwa n’incuti be n’abagenzi bamwebamwe, yatuma ndushiriza kubura ico mfata n’ico ndeka. Bamwe bavuga ngo “Imana irazi igituma ireka ivyo bigashika”. Abandi na bo bakambarira ngo “Emwe, ico ni igihano Imana iguhaye”. Vyongeye, nari mpagaritswe umutima cane n’ico nzobarira Mailyn amaze gukura. Igihe kimwe, naho Mailyn yari akiri muto cane, yarabajije se wiwe ati: “Ni kubera iki ntafise izuru nk’abandi bose?”. Se wiwe yarabuze ico amwishura aca agenda hanze kurira. Naragerageje gusigurira [Mailyn] ivyari vyashitse. Aracibuka yuko nakunda kuvuga ko hari agakoko kamuriye izuru n’umunwa.
Icatumye ngira icizigiro
Igihe nyene numva ko ndembejwe n’ukudendebukirwa, naributse yuko umubanyi wanje ari Icabona ca Yehova. Naramusavye ngo anyereke muri Bibiliya igituma Imana yaretse agakobwa kanje kagacumukura cane ukuraho. Naramubajije kandi nti: “Nimba vy’ukuri iyi ndwara ari igihano Imana impaye kubera ivyo nakoze, ni kubera iki Mailyn ari we ategerezwa kuvyishura?”
Uwo mubanyi yaciye atangura kwigana nanje Bibiliya, dukoresheje igitabu Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isia. Buhorobuhoro, naratanguye gutahura yuko Imana atari yo yobazwa ivyashikiye Mailyn be n’uko itubabaye vy’ukuri (Yakobo 1:13; 1 Petero 5:7). Naratanguye guha agaciro icizigiro ntangere c’uko mu gihe c’ingoma y’Ubwami [bw’Imana] bwo mw’ijuru burongowe na Yezu Kirisitu, ata gucumura kuzoba kukiriho (Matayo 6:9, 10; Ivyahishuriwe 21:3, 4). Ubwo bumenyi bwarankomeje bwongera buramvyurira umutima wo kwitaba amakoraniro ya gikirisu y’Ivyabona vya Yehova. Mu ntango, umugabo wanje ntiyashimye ukuntu nari nsigaye nitwararika ivy’Imana. Ariko rero, ntiyambujije kwiga Bibiliya kubera yuko vyamfasha kwihanganira ivyago twarimwo.
Imfashanyo ivuye hanze
Igihe Mailyn yari afise imyaka ibiri, umuganga azwi cane mu vy’ugutunganya ibihimba vy’umubiri vyononekaye wo muri Megizike yaramenye ukuntu Mailyn amerewe, maze aremera kumuvura kuri gusa. Batanguye kumubaga mu 1994. Twe na Mailyn twamaze nk’umwaka muri Megizike. Mu ntango ntitwashoboye kubonana n’Ivyabona vya Yehova, ku bw’ivyo ntitwashobora kwitaba amakoraniro ya gikirisu. Ivyo vyatumye ngoyagoya mu vy’impwemu. Mu nyuma twarabonanye n’Icabona ca Yehova wo ngaho, kandi twaciye dutangura kwongera kwifatanya n’abo dusangiye ukwizera, kenshi bishoboka. Tukigaruka muri Kiba, naciye nsubira kwiga Bibiliya, ndaheza ndagarukana agatege mu vy’impwemu.
Ico gihe umugabo wanje ntiyari bwashimishwe na Bibiliya. Mu kugerageza gukabura ugushimishwa kwiwe, natanguye kumusaba ngo ansomere ibihimba bimwebimwe vy’ibitabu bishingiye kuri Bibiliya kugira nshobore kubitahura neza kuruta. Amaherezo yaremeye kwiga Bibiliya, kubera yari ahagaritswe umutima n’uko ingendo ndende naguma ngira nja muri Megizike zari guhava zonona ubucuti bwacu bwo mu muryango. Yiyumvira yuko kwunga ubumwe mu vy’impwemu vyorushirije kudufasha kwihanganira ivyo biringo twamara tutari kumwe. Kandi ni ko vyagenze. Twe n’umugabo wanje hamwe n’umukobwa wacu mukuru twabatijwe mu 1997, ducika Ivyabona vya Yehova.
Igihe twatangura kuza turaguma muri Megizike, Mailyn yaravuga yuko iyo ka gakoko katamurya mu maso, tutari kwirirwa turatandukana na se wiwe hamwe na mwenewabo. Vyaravuna umutima kubona abagize umuryango bategerezwa kuza baramara ibiringo birebire nk’ivyo batari kumwe. Ariko rero, ndibuka yuko hari urugendo rudasanzwe twagize ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova muri Megizike, ari ho bita kuri Beteli, rwaturemesheje cane. Mailyn yari yamye avuga yuko adashaka kwongera kubagwa ubugira gatanu kuri urwo rugendo twari tugize muri Megizike, kubera yuko yababara cane mu gukira. Mugabo hari Ivyabona bakorera ku biro vy’ishami bamubariye yuko niyaramuka arindutse akemera ko abaganga bamubaga, bari kumugirira umusi mukuru asohotse ibitaro. Yaciye rero yemera ko bamubaga.
Reka Mailyn yivugire ukuntu yiyumvise: “Naranezerejwe cane no kwumva ko nzogirirwa umusi mukuru kuri Beteli. Ni co catumye ndinda mu gihe co kubagwa. Umusi mukuru wari uryoshe ntiwokwumva, tukaba twari kumwe n’abavukanyi n’abavukanyikazi benshi dusangiye ukwizera. Barampaye udukarata twinshi, n’ubu ndacadufise. Indemesho naronse zarampaye inkomezi zo kwihanganira ukubagwa kwabaye mu nyuma”.
Gutora mitende be n’icamufashije kwihangana
Ubu Mailyn afise imyaka 11, akaba amaze kubagwa incuro 20 kugira basubire gutunganya mu maso hiwe. Naho yafashijwe cane, n’ubu ntashobora guteranura akanwa kose. Naho ari ukwo, yamye afise umutima rugabo kandi akabona ko ibintu bizogenda neza. Yamye kandi akenguruka ibintu vy’impwemu. Kuva afise imyaka itandatu, aragira uruhara mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mw’ishengero dukukira, kandi yabatijwe ku wa 27 Ndamukiza 2003. Yararongoye inyigisho za Bibiliya zitatu icarimwe. Igihe twari muri Megizike, yaraganiriye n’umushingantahe umwe aca aremera ko bigana Bibiliya. Mailyn yaramutumiye ku Cibutso c’urupfu rwa Kirisitu no ku yandi makoraniro y’ishengero, kandi yarayitavye n’igishika cinshi.
Iyo Mailyn ariko aramamaza inzu ku nzu, abantu bamwebamwe baramwitegereza mu maso maze bakamubaza nimba yarahiye. Mailyn aca aboneraho akaryo ko gusangira na bo icizigiro afise gishingiye kuri Bibiliya, c’uko Yehova azomuha mu maso hashasha muri Paradizo igiye kuza.—Luka 23:43.
Umubabaro Mailyn yagize uvuye ku kuza arabagwa no ku gatwengo k’abandi bana, ntugira uko ungana. Ni igiki camufashije kwihangana? Mailyn arishura ata gukekeranya ati: “Yehova si umugani na gato kuri jewe. Arampa inkomezi be n’umutima rugabo kugira nihangane. Sinshaka gusubira kubagwa kubera yuko abaganga ata kintu kinini bashobora kumfasha ubu. Ntibazokwigera bashobora kunsubiza nk’uko nari meze igihe navuka. Mugabo ndazi ko Yehova azompa mu maso hashasha mw’isi nshasha be n’uko nzosubira gusa n’irirenga”.
[Akajambo k’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Iciyumviro ku rup. 28]
“Yehova azompa mu maso hashasha mw’isi nshasha”
[Iciyumviro ku rup. 29]
Buhorobuhoro, naratanguye gutahura yuko Imana atari yo yari ikwiye kubibazwa