Kujiginyika ifarasi no kujiginyika ururimi
“Ifarasi itegurirwa umusi w’intambara”. Ukwo ni ko Salomo wa Mwami w’inkerebutsi wa Isirayeli ya kera yavuze (Imigani 21:31). Abarwanira ku mafarasi baramaze igihe kirekire bagira uruhara rukomeye mu gutsinda intambara. Kuva kera na rindi, ingabo zamye zikoresha umujiginya kugira zibuze amafarasi gusaragurika no kugira bacungere ukuntu akoresha inkomezi zayo.
Inkoranyabumenyi imwe (Encyclopædia Britannica) isigura yuko umujiginya “ari imigozi igumya akuma bashira mu kanwa k’ico gikoko, maze kagatuma umuntu ashobora kukiyobora akoresheje imigozi yo mu mbavu”. Imijiginya yakoreshwa kera ntitandukanye cane n’iyikoreshwa mu bihe vya none, kandi yari ntangere mu kugunda no mu gutwara amafarasi.
Se wa Salomo, akaba ari Umwami Dawidi, yarakikirije ku kamaro k’umujiginya igiye yandika ati: “Ntimube nk’ifarasi cank’inyumbu, bitagira ubgenge, bikwiye kugira imijiginya y’ivyuma n’ibitsibo vyo kubifata” (Zaburi 32:9). Iyo ifarasi imaze kugundwa, yarashobora gucika umugenzi w’umwizerwa. Alegizandere Mukuru yaraha agaciro ifarasi yiwe yitwa Bucéphale ku buryo hari igisagara co mu Buhindi yitiriye iryo zina ryayo.
Naho abantu bamaze imyaka ibihumbi n’ibihumbi bagunda amafarasi, kujiginyika canke kuganza agasembwa dufise vyovyo si ikintu coroshe. Umwigishwa mukirisu Yakobo yavuze ati: “Twese dutsitara muri vyinshi. Umuntu wese adatsitara mu vy’avuga, aba ar’umuntu atunganye rwose, ashobora no kuganza umubiri wiwe wose” (Yakobo 3:2). Kukaba nkako, ni nde muri twebwe yovuga yuko atarigera acisha mu kanwa ijambo risunitswe n’impwemu, ribabaza canke rishavuza?
Ni kubera iki none twokwirirwa turigora turondera kujiginyika canke kugumya ururimi rwacu rugoye, ‘ata muntu n’umwe yoshobora kurugunda’ (Yakobo 3:8)? Emwe, abantu baremera gufata umwanya no kugira utwigoro kugira bagunde ifarasi, kubera bazi yuko ico gikoko kizoba ngirakamaro nicamara kumenyerezwa. Muri ubwo buryo nyene, uko turushiriza kumenyereza canke kugumya ururimi rwacu, ni ko ruzorushiriza kuba ngirakamaro.
Amajambo aranga ukwubahiriza abandi arashobora guhumuriza no kuremesha abagenzi bacu, abo dukorana, be n’incuti (Imigani 12:18). Amajambo nk’ayo arashobora gutuma abadukikije burushiriza kuryoherwa n’ubuzima. Mugabo rero, ururimi rutagumijwe rurakwega ingorane. Bibiliya igabisha iti: “Ūrinda akanwa kiwe n’ururimi rwiwe, umutima wiwe aba awurinze amagorwa” (Imigani 21:23). Iyo dushoboye kugumya ururimi rwacu, ubwacu tuba twigiriye neza kandi tuba tugiriye neza n’abatwumvirizaa.
[Akajambo k’epfo]
a Birashimishije kubona Bibiliya yibutsa abakirisu yuko imvugo yabo ifitaniye isano rya hafi n’ugusenga kwabo. Ivuga iti: “Umuntu ni yigira ngo n’umunyedini, ntafate [canke ntagumye] ururimi [rwiwe], arikw agahenda umutima wiwe, idini y’uyo izoba ar’iy’ubusa”.—Yakobo 1:26.
[Ifoto ku rup. 26]
Alegizandere Mukuru
[Abo dukesha ifoto]
Alinari/Art Resource, NY