Niwubahirize Isaha!
“UGUCERWA ni ingorane yama iri mu bategetsi bakurubakuru”, ni ko ikinyamakuru kimwe (USA Today) kivuga. “Mu nama 10 bagirisha, zitandatu muri zo bashika bacerewe”. Ukwo ni ko congerako gisubiyemwo ivyavuye mw’itohoza ryagizwe ku bategetsi bakurubakuru 2.700.
Mu budandaji, ugucererwa ntigufatwa gusa ko ari ukubura urupfasoni. Hari itohoza ryagizwe ku bantu 81.000 basaba akazi, ryashitse kuri iki ciyumviro: “Amasaha atakara bivuye ku gucerwa no ku gusiba umuntu atabifitiye uruhusha, ni imvo nyamukuru ituma haba uguhomba”. Mugabo ntiwumve, si mu bacuruza gusa ugucerwa gutuma haba ingorane. Hari itohoza ryagizwe ku bayobozi b’amashure yisumbuye ryerekanye yuko “ugucerwa kw’abanyeshure yari yo ngorane nyamukuru yama yagarutse kenshi mu bijanye no gutoza abana indero”.
Umuremyi wacu ashaka ko tuba abantu bitwararika umwanya. Yadushiriyeho “[“vya bitangamuco”, NW] bibiri bininibinini”, ni ukuvuga izuba n’ukwezi kugira ngo bidufashe guharura umwanya (Itanguriro 1:14-16). Muri iki gihe, ibikoresho vya none biratuma duharura umwanya wacu mu minuta no mu masegunda. Naho habaye ubuhinga, abatari bake muri twebwe baracafise ingorane yo kwubahiriza isaha, ni ukuvuga ku kazi, kw’ishure canke ku yandi masango ahambaye.
Ingorane yoba ari ngombwa ngo ibe iva ku kubura umwanya? Ego ni ko, ivyo umuntu asabwa ku kazi no mu muryango bishobora kuba ari vyinshi. Mugabo, inabibondo umwe akora akazi yitwa Wanda Rosseland avuga ati: “Narahevye kwidodomba ko ata mwanya uhagije mfise igihe natahura yuko twese dufise amasaha 24 ku musi. Narabizirikanye maze nca mbona yuko mw’isi ya none, ikibitera atari uko dufise umwanya mutoyi cane, ahubwo ari uko dufise ibintu vyinshi cane biduciramwo be n’ibidusamaza”.
Rimbura kandi ivya Reneea, inabibondo w’abana batanu w’Icabona ca Yehova. Yibuka ibi: “Igihe abana banje bari batoyi, kubategura ngo baje kw’ishure no ku makoraniro ya gikirisu yari ingorane. Mugabo, nta ngorane nagira yo kwubahiriza isaha. Ariko ubu bose bamaze gukura, naragize akamenyero kabi ko gucerwa”. Woba nawe ufise ako kamenyero kabi? Nimba ugafise, birashoboka ko uhindura! Ng’ibi ibintu bimwebimwe ushobora gukora.
● ZIRIKANA KU NKURIKIZI BIGIRA. Kugira akamenyero ko gucerwa bishobora gusa n’uko ari akantu ata co kavuze. Mugabo rimbura aya majambo yo muri Bibiliya: “Isāzi zipfuye zituma amavuta yinjijwe n’abahinga babimogoreye anuka umuduhu: ni ko n’ubupfu naho bgoba buke bgonona ubgenge n’icubahiro” (Umusiguzi 10:1). Vyemere, “ubupfu buke” gusa bubonekera mu kutubahiriza abandi, burashobora kwonona izina ryiza wari ufise ku mwigisha canke ku mukoresha.
Hari umwigeme yitwa Marie igihe yiga muri kaminuza y’aho aba, yabonye yuko bamwebamwe mu bo bigana “batitaho na gato ivy’umwanya”, kenshi bagashika bacerewe ivyigwa. Yibuka ibi: “Mugabo ntibatevye guhindura. Babiri mu batwigisha baritwararika ukwubahiriza umwanya. Ni co gituma hagize umunyeshure n’umwe acerwa iminuta mikeyi, baca bandika ko yasivye. Kandi gusiba incuro nyinshi vyatuma umuntu ananirwa”.
Ukumogorera gucerwa birashobora kandi kwonona izina ryiza wari ufise mu bagenzi no mu runganwe rwawe. Hari umugabo ahumuye yitwa Joseph yibuka umuntu basenga hamwe yari azi, ubu hakaba haciye imyaka mirongo. Naho uwo mugabo yubahwa kubera ubushobozi bwiwe bwo kwigisha, yari afise akanenge gateye isoni. Joseph yibuka ibi: “Yama acerwa. Ni ukuvuga ko yacerwa mu bintu vyose! Kandi ntiyigeze asa n’uwuvyitwararika. Abantu bama babiterako inkuru”. Abantu boba baratanguye kugucako akagani ko uri umuntu yama acerwa? Nimba ari ukwo biri, vyoshobora gutuma batabona kamere nziza ufise.
● NUZIRIKANE ABANDI. Ugucerwa ni ukubura urupfasoni kandi birasamaza abandi. Vyongeye, birashobora gutanga iciyumviro c’uko wishira hejuru. Mu gusigura igituma abakuru benshi cane mu vy’ubucuruzi bafise impengamiro yo gucerwa ku manama, umucuruza umwe yiyemereye icese ati: “Benshi muri twebwe turi abanyabwibone gusa”. Abakirisu bobo babona ko abandi babaruta (Ab’i Filipi 2:3). Barakurikiza kandi rya tegeko ry’agakura maze bagafata abandi nk’uko boshima ko babafata (Matayo 7:12). Ntibikubabaza none igihe utegerezwa kurindira abandi? Ntutume rero abandi bakurindira.
● NIWIGE UBUHANGA BWO GUKORESHA NEZA UMWANYA. Woba uhora uza urarindiriza ibintu maze ukabikora wihutagiza ku munuta wa nyuma? Woba wigirira urutonde rw’ibintu vyinshi birenze, ukagerageza gukora ibintu vyinshi bikurengeye mu mwanya mutoyi udashoboka? Ingingo ngenderwako yo mu Musiguzi 3:1 irashobora kuba ngirakamaro: “Ikintu cose cashingiwe igihe caco”. Iyo ibintu ‘wabishingiye umwanya’, bituma ubikora mu buryo buri ku rutonde.
Ubwa mbere, niwandike ibintu vyose ukeneye gukora. Ubukurikira, nukurikize impanuro iri mu B’i Filipi 1:10: “Murobanure [“ibintu bihambaye kuruta ibindi”, NW]”. Emwe, nushinge ibija imbere y’ibindi. Ni igiki kibwirizwa gukorwa ata gisivya? Ni ibintu bimwebimwe ibihe bishobora kurindirizwa? Amaherezo, nuharure umwanya ukeneye kugira ngo ubikore be n’igihe ushobora kuzobikorerako. Ntiwihe ivyo utari bushobore kandi wirinde gutegekanya gukora ibirenze mu mwanya mutoyi udashoboka.
Hari umukobwa yitwa Dorothy avuga yuko abavyeyi biwe ari bo bamwigishije gushika ku gihe. Yigana ati: “Nimba twategerezwa kuba turi ku makoraniro ya gikirisu 1:30 zo mw’ijoro, mawe yatangura kudutegura hagisigaye isaha n’iminuta 45. Twategerezwa gutegekanya umwanya wo gufungura ivyo ku mugoroba, kwoza amasahani, kwambara n’umwanya umuduga umara uriko uragenda kugira dushike ahabera amakoraniro. Gushika ku gihe vyacitse ikintu gisanzwe mu buzima bwacu”. Rimwe na rimwe gutegekanya umwanya w’ibintu vyoshobora gushika birafasha. Dorothy yibuka ibi: “Ejobundi nabwirizwa guhitana abantu bakeyi tujana kw’ikoraniro. Ndi mu nzira ipine ry’umuduga ryaratobotse. Nararikoresheje kandi nari ngifise umwanya wo kuja kubahitana. Mu bisanzwe nama ntegekanya umwanya nokoresha hamwe umuduga wogira ingorane canke igihe hoba uruja n’uruza rwinshi”.
● NUSABE ABANDI BAKUGIRE INAMA. Bibiliya ibivuga mu Migani 27:17 iti: “Ukw icuma gikarisha ikindi, ni k’umuntu akarisha mugenzi we”. Mu buryo buhuje n’iyo ngingo ngenderwako, nuganire n’abandi, abo ivyabo vyifashe kimwe n’ivyawe, mugabo bagerageza gukora ibintu ku gihe. Akenshi uzosanga bafise inama nyinshi ngirakimazi bokugira.
Renee, umwe twavuga mu ntango, yiyemeje guhindura ingeso yiwe yo gucerwa. Avuga ati: “Mperutse kwiyemeza guhindura. Naho bitanyoroheye, biriko biraza”. Na wewe wobishobora. Uvyishizemwo kandi ukagira akigoro, urashobora kwiga kwubahiriza isaha!
[Akajambo k’epfo]
a Amwamwe muri ayo mazina yarahinduwe.
[Amafoto ku rup. 24]
Umukoresha yama ashika yacerewe birashobora gutuma abo akoresha bamubona nabi kandi bikerekana ko atubahiriza abandi
[Ifoto ku rup. 25]
Kuringaniza ibintu neza birashobora kugufasha kwirinda gutakaza umwanya