ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/8 rup. 25-28
  • Kubera iki wokwubahiriza umwanya?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki wokwubahiriza umwanya?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yehova ni Imana yubahiriza umwanya
  • Kwubahiriza umwanya birahambaye mu bijanye no gusenga
  • Ingene twotsinda ingorane zotuma tutubahiriza umwanya
  • Niwungukire ku kwubahiriza umwanya mu bijanye no gusenga
  • Nutsimbataze akamenyero ko kudacerwa
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Kwubahiriza umwanya
    Be maso!—2016
  • Nitwerekane ko twubaha imitororokano yacu myeranda
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Dushime Imitororokano ya Gikirisu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/8 rup. 25-28

Kubera iki wokwubahiriza umwanya?

KWUBAHIRIZA umwanya ntivyama vyoroshe. Mu ngorane twoshobora kuba tubwirizwa gutsinda harimwo kugira ingendo ndende, kuba mw’ibarabara hari imiduga myinshi cane, no kuba dufise ibintu vyinshi dukora. Yamara, kwubahiriza umwanya birahambaye. Nk’akarorero ku kazi, umuntu yubahiriza umwanya muri rusangi babona ko ari umwizigirwa n’umunyamwete. Ariko rero, igihe umuntu ashika yacerewe birashobora kugira ico bikoze ku gikorwa abandi bakora be no ku kuntu ivyo bakora bimera. Gucererwa birashobora gutuma umunyeshure ahomba ivyigwa bimwebimwe, bigatuma adatera imbere kw’ishure. Gucerwa kw’isango umuntu yahawe n’umuganga vyoshobora kugira ico bikoze ku kuntu avurwa.

Ariko rero mu mihingo imwimwe, kwubahiriza umwanya ntibibonwa ko bihambaye gutyo. Igihe turi ahantu nk’aho, turashobora bitagoranye kugira akamenyero ko gucererwa. Nimba ari ukwo ibintu vyifashe, birahambaye ko dutsimbataza icipfuzo co kwubahiriza umwanya. Gutahura ko bihambaye kwubahiriza umwanya nta gukeka ko bizodufasha kuba abantu bubahiriza umwanya. Ni imvo zimwezimwe izihe zotuma twubahiriza umwanya? Dushobora gute gutsinda ingorane zotuma tutubahiriza umwanya? Kandi ni ivyiza ibihe twokwitega kuronka kubera yuko twubahirije umwanya?

Yehova ni Imana yubahiriza umwanya

Imvo ihambaye kuruta izindi ituma twipfuza kwubahiriza umwanya ni iy’uko dushaka kwigana Imana dusenga. (Ef. 5:1) Yehova aratanga akarorero keza cane mu bijanye no kwubahiriza umwanya. Ntiyigera acererwa. Arumira cane ku rutonde yashinze rwo kurangura imigambi yiwe. Nk’akarorero, igihe Yehova yafata ingingo yo gutikiza isi itibanga Imana akoresheje umwuzure, yabwiye Nowa ati: “Wibāzire ubgato mu biti vyitwa goferu.” Uko igihe c’iherezo cagenda kiregereza, Yehova yabwiye Nowa ngo yinjire mu bwato maze amumenyesha ati: “Imisi ndwi ishize, nzorekurira imvura kw isi imare imisi mirongwine igwa umurango n’ijoro, ibifise ubugingo vyose naremye ndabimare mw isi.” Maze ico gihe nyene kigeze, “iyo misi ndwi ishize, amazi y’umwuzure asendanisha kw isi.” (Ita. 6:14; 7:4, 10) Niwihe ishusho y’ivyari gushobora gushikira Nowa n’umuryango wiwe iyo bataza kuba bari muri ubwo bwato ku gihe. Babwirizwa kwubahiriza umwanya nk’uko Imana basenga iwubahiriza.

Haciye nk’imyaka 450 uwo Mwuzure uteye, Yehova yarabwiye umwe sekuruza w’imiryango Aburahamu yuko yoronse umuhungu yokomotseko rwa Ruvyaro rwari rwarasezeranywe. (Ita. 17:15-17) Imana yavuze yuko Izahaki yovutse “mu gihe nk’iki c’umwaka utaha.” None ivyo vyarabaye? Ivyanditswe bitubwira biti: “Sara asama inda, avyarana na Aburahamu umuhungu mu butāma bgiwe, mu gihe cāshinzwe, kimwe Imana yari yaramubariye nyene.”​—Ita. 17:21; 21:2.

Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bwerekana ko Imana yubahiriza umwanya. (Yer. 25:11-13; Dan. 4:20-25; 9:25) Bibiliya itubwira kuguma twiteze umusi wa Yehova wo guca urubanza wo muri kazoza. Naho wosa n’‘uwutebaganye’ dufatiye ku kuntu abantu babona ibintu, turakurwa amazinda yuko ‘utazoteba.’​—Hab. 2:3.

Kwubahiriza umwanya birahambaye mu bijanye no gusenga

Abagabo bose b’Abisirayeli babwirizwa kuba ari ho bari kandi bagashika ku gihe mu kibanza cari caragenywe ngo kiberemwo ‘imisi mikuru y’Uhoraho yari yarashinzwe.’ (Lew. 23:2, 4) Imana kandi yari yarashinze ibihe ibimazi bimwebimwe vyotangiweko. (Kuv. 29:38, 39; Lew. 23:37, 38) Ivyo none ntivyerekana yuko Imana yipfuza ko abasavyi bayo bubahiriza umwanya mu bijanye no gusenga?

Mu kinjana ca mbere, igihe intumwa Paulo yabwira Abakorinto ibijanye n’ingene amakoraniro ya gikirisu yari akwiye kuyoborwa, yabahimirije ati: “Ibintu vyose bibe mu buryo bubereye no mu rutonde.” (1 Kor. 14:40) Twisunze ivyo, imitororokano ya gikirisu ijanye no gusenga yategerezwa gutangura ku gihe cashinzwe. Ukuntu Yehova abona ivyo kwubahiriza umwanya ntikwahindutse. (Mal. 3:6) None ni ibiki twokora kugira ngo twubahirize umwanya kuri mwene iyo mitororokano ya gikirisu?

Ingene twotsinda ingorane zotuma tutubahiriza umwanya

Hari abasanze gutegekanya ibintu imbere y’igihe bifasha cane. (Imig. 21:5) Nk’akarorero, nimba tubwirizwa kugira urugendo runaka kugira ngo dushike kw’isaha yashinzwe, vyoba none biranga ubukerebutsi duhagurutse ku gihe gituma dushika kuri iyo saha nyene? Ubwo ntivyoba biranga ubukerebutsi twongeyeko iyindi minuta mikeya kugira ngo ntituze gucererwa, naho mbere mu nzira hoshika ibintu ‘bipfa kuza’? (Umus. 9:11) Umusore umwe yubahiriza umwanya yitwa Joséa avuga ati: “Icofasha uwo ari we wese kwubahiriza umwanya ni ukugira iciyumviro gitomoye ku bijanye n’umwanya urugendo agira afate ruza kumara.”

Kuri bamwebamwe, vyoshobora gukenerwa ko bagira ivyo batunganije kugira ngo bave ku kazi hakiri kare bihagije ku buryo bashika ku makoraniro ya gikirisu ku gihe kibereye. Ivyo ni vyo Icabona umwe wo muri Etiyopiya yagize igihe yabona yuko yogiye aracerwa iminuta 45 ku makoraniro y’ishengero bivuye ku rutonde rwo kugomborana ku kazi. Yaratunganije ivy’uko umukozi mugenziwe yoza araza kumugombora hakiri kare ku migoroba yaba afiseko amakoraniro. Ico Cabona na we yaciye yemera kuza arakorera uwo mugenziwe amasaha indwi igihe yaba aramukiwe.

Nimba dufise abana bakiri bato, gushika ku gihe ku makoraniro birashobora kuba urugamba rudasanzwe. Ibanga ryo gutegura abana muri rusangi usanga riheberwa inabibondo, mugabo abandi bo mu bagize umuryango barashobora gufasha kandi bakwiye kubigira. Inabibondo umwe wo muri Megizike yitwa Esperanza amaze igihe yireranye abana umunani. Abo bana ubu bafise imyaka iri hagati ya 5 na 23. Esperanza arasigura ukuntu umuryango wiwe uvyifatamwo kugira ngo wubahirize umwanya, ati: “Abakobwa banje bakuru barafasha mu vyo gutegura batoya babo. Ivyo bituma ndangiza udukorwa two mu nzu maze nkitegura kugira ngo tugende ku makoraniro ku gihe twishingiye.” Uwo muryango urafise igihe wishingiye co kuva i muhira, kandi umwe wese arasenyera ku mugozi umwe n’abandi kugira ngo bubahirize ico gihe.

Niwungukire ku kwubahiriza umwanya mu bijanye no gusenga

Kuzirikana ku mihezagiro turonka igihe dushitse ku makoraniro ya gikirisu ku gihe, birashobora gukomeza icipfuzo n’umwiyemezo dufise vyo gukora ikintu cose gishoboka kugira ngo twubahirize umwanya. Umwigeme umwe yitwa Sandra, uno akaba yaratsimbataje akamenyero ko gushika ku makoraniro ku gihe kibereye, avuga ati: “Ico nshima ku bijanye no gushika hakiri kare ni uko ndonka akaryo ko kuramutsa abavukanyi n’abavukanyikazi, kuyaga na bo, no kurushiriza kubamenya.” Igihe dushitse ku Ngoro y’Ubwami hakiri kare, turashobora kwungukira ku kwumva ibijanye n’ukwihangana kw’abandi baba bahari be n’ibijanye n’umurimo wabo urangwa ukwizigirwa. Biciye ku kuba tuhari no ku biyago vyubaka, turashobora kandi kugira ikintu ciza dukoze ku bavukanyi n’abavukanyikazi bacu, ‘tukabavyurira ugukundana n’ibikorwa vyiza.’​—Heb. 10:24, 25.

Ururirimbo n’isengesho bitangura ikoraniro rya gikirisu rimwerimwe ryose ni umuce uhambaye w’ugusenga kwacu. (Zab. 149:1) Indirimbo zacu zirashemeza Yehova, zikatwibutsa kamere dukwiye gutsimbataza, zikongera zikaturemesha kugira uruhara mu busuku tunezerewe. Vyongeye, tuvuge iki ku bijanye n’isengesho ritangura? Mu bihe vya kera, Yehova yavuze ko urusengero ari ‘inzu yo gusengeramwo’ yiwe. (Yes. 56:7) Muri kino gihe, turakoranira hamwe kugira ngo duture amasengesho Imana ku makoraniro yacu. Mw’isengesho ritangura ntidusaba gusa Yehova ngo atuyobore yongere aturonse impwemu nyeranda, ariko kandi turamusaba ngo adufashe gutegura imizirikanyi yacu n’imitima yacu kugira ngo vyakire amakuru aza kurimburwa. Turakwiye kwiyemeza gushika ku makoraniro yacu ku gihe kugira ngo dukurikirane ururirimbo be n’isengesho bitangura.

Uwitwa Helen, uno akaba afise imyaka 23, aravuga ibijanye n’igituma ashika ku makoraniro hakiri kare ati: “Nibaza yuko ari uburyo bwo kwerekana urwo nkunda Yehova, kubera yuko ari we atanga amakuru yose ashikirizwa, harimwo n’indirimbo hamwe n’isengesho ritangura.” None ntidukwiye kubona ibintu muri ubwo buryo nyene? Cane nyene. Ku bw’ivyo, nimuze twihatire gutsimbataza akamenyero ko kwubahiriza umwanya mu bikorwa vyacu vyose, na canecane ibijanye no gusega Imana y’ukuri.

[Akajambo k’epfo]

a Si ko bitwa.

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 26]

Niwitegure imbere y’igihe

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 26]

Nusigaze umwanya w’ibintu ‘bipfa kuza’

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 26]

Nuronke ivyiza biva ku gushika kare ku makoraniro

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika