ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g16 no. 6 rup. 14-15
  • Kwubahiriza umwanya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwubahiriza umwanya
  • Be maso!—2016
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki kwubahiriza umwanya bihambaye?
  • Wokora iki kugira uze urubahiriza umwanya?
  • Nutsimbataze akamenyero ko kudacerwa
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Kubera iki wokwubahiriza umwanya?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ibirimwo
    Be maso!—2016
  • Niwubahirize Isaha!
    Be maso!—2004
Ibindi
Be maso!—2016
g16 no. 6 rup. 14-15
Umugabo aravye kw’isaha uwundi na we yinjiye

TWISUNZE BIBILIYA

Kwubahiriza umwanya

Abantu benshi, mbere n’abakunda gucerwa, bavuga ko ari vyiza kwubahiriza umwanya. Bibiliya iratanga impanuro ngirakamaro zijanye no kwubahiriza umwanya.

Kubera iki kwubahiriza umwanya bihambaye?

IGITUMA BIHAMBAYE:

Hari abasanze gushika kw’isango gatoyi imbere y’igihe bituma umuntu adahagarika umutima. Kwubahiriza umwanya kandi biratuma avugwa neza. Uti gute?

Kwubahiriza umwanya vyerekana ko uri umuntu ashoboye ibintu. Igihe wubahiriza umwanya vyerekana ko ufise urutonde ugenderako, ko utareka ngo hagire ibikubuza gukora ivyo washaka gukora.

Kwubahiriza umwanya vyerekana ko uri umwizigirwa. Narirya abantu bakunda kurenga ku masezerano, usanga umuntu atayaga abiri akundwa cane. Abantu b’abizigirwa usanga bubahwa n’incuti n’abagenzi. Abakoresha barakunda abakozi bashika ku gihe kandi barangiza igikorwa bahawe ku gihe. Abakozi b’abizigirwa nk’abo barashobora mbere kwongerwa umushahara kandi bakizigirwa cane.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Hari imirongo yo muri Bibiliya ivuga ibijanye no kwubahiriza umwanya. Hari nk’uwuvuga uti: “Vyose bibe mu buryo bubereye kandi ku rutonde.” (1 Abakorinto 14:40) Igihe abantu babiri bemeranije guhurira ahantu ku mwanya munaka, birabereye ko bompi bavyubahiriza. Bibiliya ivuga kandi iti: “Ikintu cose kirafise igihe cashingiwe, mbere ikintu cose munsi y’amajuru kirafise igihe caco.” (Umusiguzi 3:1) Umurongo ukurikira uvuga ko hari “igihe co gutera n’igihe co kurandura.” (Umusiguzi 3:2) Abarimyi batera imbuto mu gihe kibereye kugira ngo bazoronke umwimbu mwiza. Mu yandi majambo, kuba bubahiriza umwanya biravamwo ivyiza.

Bibiliya iravuga imvo nziza yotuma twubahiriza umwanya: Birerekana ko twubaha abandi tukubaha n’umwanya wabo w’agaciro. (Abafilipi 2:3, 4) Ariko abakunda gucereza abandi, ni nkaho baba bariko bariba umwanya wabo.

“Umwe wese ubwiwe ntagume araba ivyiwe bwite gusa, ariko arabe n’ivy’abandi.”​—Abafilipi 2:4.

Wokora iki kugira uze urubahiriza umwanya?

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya ituremesha gutegekanya ibintu imbere y’igihe. (Imigani 21:5) Nimba ukunda gucerwa, hari aho vyoba biva ku kuba ufise vyinshi ukora. Ubona gute ukuyemwo ibirya umwanya bidakenewe? Niwihe umwanya ukwiye hagati y’isango n’irindi, kandi wiyemeze gushika kare. Ivyo bizogufasha bishitse hakaba ibintu utari witeze, nk’uruja n’uruza rwinshi canke ikirere kitameze neza.

Bibiliya kandi ituremesha kwifata ruto. (Imigani 11:2) Ivyo bisobanura ko umenya aho ugeza. Imbere y’uko wemera isango kanaka canke igikorwa kanaka, banza urabe ko urutonde rwawe ruzokworohereza kwubahiriza umwanya. Wemeye gukora ibintu vyinshi kandi utabishoboye, uba uriko uritera ingorane ukazitera n’abandi.

Bibiliya irongera kandi ikatubwira ko dukwiye gukoresha neza umwanya wacu. (Abanyefeso 5:15, 16) Nk’akarorero, igihe uri muri bisi canke urindiriye abandi, nukoreshe ako kanya mu gusoma ivyo utari bwasome canke mu gutegekanya ivyo uza gukora kuri uwo musi. Nushire imbere ibihambaye kuruta ibindi.​—Abafilipi 1:10.

“Imigambi y’umunyamwete ntibura kuvamwo akarusho.”​—Imigani 21:5.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika