Nutsimbataze akamenyero ko kudacerwa
1. Ni akarorero akahe Yehova atanga ku bijanye no kudacerwa?
1 Yehova ntiyigera acerwa. Nk’akarorero, ‘aratabara ku gihe nyaco’ abasavyi biwe. (Heb. 4:16) Aratanga kandi ‘ibifungurwa [vyo mu buryo bw’impwemu] ku gihe kibereye.’ (Mat. 24:45) Turashobora kandi kwizigira ko umusi w’uburake bwiwe wimirije ‘utazocererwa.’ (Hab. 2:3) Ese ukuntu twungukira ku kuba Yehova adacerwa! (Zab. 70:5) Yamara, kubera ko turi abantu badatunganye kandi tukaba ducurumba muri vyinshi, kudacerwa birashobora kutubera urugamba rukomeye. Kubera iki none dukwiye gutsimbataza akamenyero ko kudacerwa?
2. Kubera iki kudacerwa bitera iteka Yehova?
2 Kudacerwa bisigaye ari imbonekarimwe muri ino misi ya nyuma aho abantu benshi usanga bikunda kandi batagira ukwigumya. (2 Tim. 3:1-3) Ku bw’ivyo, igihe abakirisu badacerwa ku kazi, ku masango bafitaniye n’abandi no ku makoraniro, abandi barabibona kandi ivyo biratera iteka Yehova. (1 Pet. 2:12) Twoba akenshi dutangura akazi k’umubiri ku gihe, ariko ugasanga akenshi turacerwa mu maporogarama ya gitewokarasi? Kudacerwa ku makoraniro ya gikirisu, aho hakaba harimwo ururirimbo rw’intango be n’isengesho, birerekana ko dufise icipfuzo co kwigana wa munyarutonde Data wa twese wo mw’ijuru.—1 Kor. 14:33, 40.
3. Ni kubera iki kudacerwa vyerekana ko twitwararika abandi?
3 Kudacerwa birerekana kandi ko twitwararika abandi. (Flp. 2:3, 4) Nk’akarorero, igihe dushika ku gihe ku makoraniro ya gikirisu, harimwo n’amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro, abo dusangiye ukwemera ntibasamara bidakenewe. Ku rundi ruhande, igihe dufise akamenyero ko gucerwa, bituma abandi biyumvira ko tubona yuko umwanya wacu ari wo uhambaye kuruta rwabo. Kudacerwa birerekana ko turi abizigirwa kandi ko turi abanyamwete, izo zikaba ari kamere zishimwa n’abatubona.
4. Nimba dukunda gucerwa, twoshobora gute kugira ivyo turyohoye?
4 Nimba ukunda gucerwa, niwiyumvire ico bivako. Nutunganye ivyawe mu kwishingira urutonde rushoboka rwogufasha gukora ibikorwa kanaka ku gihe vyashingiwe. (Umus. 3:1; Flp. 1:10) Nusenge Yehova agufashe. (1 Yoh. 5:14) Kudacerwa ni uburyo bumwe bwo kwerekana ko duha agaciro ya mabwirizwa abiri asumba ayandi mw’Itegeko, ari yo gukunda Imana no gukunda bagenzi bacu.—Mat. 22:37-39.