ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/07 rup. 4
  • Dukurikize akarorero Yezu yasize

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dukurikize akarorero Yezu yasize
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki dukwiye gukoranira hamwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Nitwigishe abicisha bugufi kugendera mu nzira ishimwa n’Imana
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Woba ugira uruhara mu vyo gutuma amakoraniro ya gikirisu aba ayubaka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Amakoraniro Ari n’Ico Yungura Abakiri Bato
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2007
km 9/07 rup. 4

Dukurikize akarorero Yezu yasize

1. Ni akarorero akahe Yezu yasize?

1 Igihe tugira uruhara mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa, dukwiye kugumiza mu muzirikanyi yuko akarorero dutanga kagira ikintu kinini gakoze ku batwihweza. Yezu yigisha biciye ku vyo yavuga no ku vyo yakora. Abamwitegereza barashobora kubona umwete yakorana, urukundo yakunda abantu, icipfuzo yari afise co gushira imbere ukweza izina rya Se be n’umwiyemezo yari afise wo kurangura ivyo Se agomba.—1 Pet. 2:21.

2. Ni mu buryo butandukanye ubuhe akarorero dutanga gashobora kugira ico gakoze ku bo dukorana mu busuku?

2 Igihe turi mu busuku bw’inzu ku nzu: Nk’uko vyari biri kuri Yezu, akarorero dutanga karagira ico gakoze ku bo dukorana mu busuku. Abamamaji bakiri bashasha n’abataraca uruma babona umwete tugira mu busuku bazozirikana ku bijanye n uruhara bo ubwabo bagira mu gikorwa co kwamamaza. Igihe bihweza umunezero tugira be n’ukuntu twitwararika abandi vy’ukuri, bizotuma bibuka akamaro ko kugaragaza kamere nk’izo mu busuku bwabo. Igihe babona ukuntu dukoresha cane Ivyanditswe, ukuntu dusubira kuraba abo twaganiriye be n’ukuntu turongora inyigisho za Bibiliya, bizobavyurira umutima wo kutwigana.

3. Akarorero dutanga koshobora gute kwigisha abo twigana Bibiliya, kandi ni ibiki boshobora kuhigira?

3 Igihe turongora inyigisho za Bibiliya: Abo twigana Bibiliya ahanini barihweza ukuntu twigenza. Nk’akarorero, naho twobasigurira akamaro ko gutegura inyigisho, ko kurondera ivyanditswe n’ako guca umurongo ku vyiyumviro bikurubikuru, bazobibona nimba natwe twateguye canke tutateguye (Rom. 2:21). Mu gihe twubahiriza isango twahanye ryo kwigana na bo, ntibazohuta barareka ngo ibindi bikorwa bibuze iyo nyigisho ya Bibiliya. Bazobona kandi ko twitanga mu busuku be n’uko dufise ukwizera kutanyiganyiga. Ntibitangaje kubona abatohoji barongorerwa inyigisho n’abamamaji bakurikiza akarorero ka Yezu badaca ku ruhande, usanga akenshi baba abanyamwete bakongera bakaba abamamazanjili bimbuka.

4. Igihe twitaba amakoraniro, akarorero dutanga kigisha iki?

4 Igihe twitaba amakoraniro y’ishengero: Abantu bose bari mw’ishengero rya gikirisu baragira uruhara mu kwigisha biciye ku karorero batanga bari ku makoraniro y’ishengero. Abashimishijwe batanguye kwitaba amakoraniro barungukira ku karorero keza babona mw’ishengero. Bazobona umuryango w’abavukanyi n’abavukanyikazi urangwa igishika, babone kandi ubumwe bwa gikirisu be n’ukuntu bambara bakongera bakitunganya rupfasoni (Zab. 133:1). Akarorero dutanga mu kwitaba amakoraniro y’ishengero tudahorereza be no mu kuntu twatura ukwizera kwacu igihe turi ku makoraniro na vyo nyene bazobibona. Umuntu umwe yaje ku makoraniro yarihweje ukuntu akigeme kamwe kashoboye gutora ningoga na ningoga icanditswe muri Bibiliya yako yongera arihweza ukuntu kagikurikirana neza kiriko kirasomwa. Akarorero k’ako kigeme katumye uwo muntu asaba ko bamugirira inyigisho ya Bibiliya.

5. Ni kubera iki tudakwiye kwigera dufatira mu rwara agaciro k’akarorero dutanga?

5 Ivyanditswe biremesha umwe wese muri twebwe kwigana akarorero keza ka mugenziwe (Flp. 3:17; Heb. 13:7). Ku bw’ivyo, turakwiye kwibuka yuko mu gihe twiganye akarorero ka Yezu tudaca ku ruhande, abandi bazobibona kandi bikagira ico bikoze kuri bo mu buryo bwiza. Ko ivyo tubizi, nimuze tugumize ku mutima amajambo dusanga muri 1 Timoteyo 4:16 agira ati: “Wirinde ubgawe no ku vyo wigisha”.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika