Urwaruka ruribaza . . .
Nkwiye kubona gute ibibanza vyo gutambiramwo bigenewe abakiri bato?
“Igihe najayo, nari mfise umugambi wo kuryimara koko”.—Shawn.
“Mvugishije ukuri, vyari biryoshe, kwari ukwidagadura utoraba! Twaratamba tukiyamamura, tugatamba ijoro ryose”.—Ernest.
I BIBANZA vyo gutambiramwo bigenewe abakiri bato bisigaye bikundwa na benshi muri iyi myaka ya vuba. Abakiri bato benshi barondera kwiryohera, ntibasiba muri ivyo bibanza.
Ni ivy’ukuri ko twese twipfuza kunezerwa. Kandi Bibiliya iravuga yuko hariho “igihe co kunezerwa”, eka mbere n’ “igihe co gutamba” (Umusiguzi 3:4, Today’s English Version). Ariko none, ubwo ikibanza co gutambiramwo kigenewe abakiri bato coba gituma umuntu yisamaza mu buryo bubereye? Canke hoba hariho imvo yumvikana yotuma umuntu abanza kuzirikana yitonze imbere yo kujayo?
“Kudandahirwa”
Naho Bibiliya itabuza imitororokano irangwa urupfasoni, iragabisha ku bijanye n’ “[u]kudandahirwa” (Ab’i Galatiya 5:19-21). Mu bihe vya Bibiliya, ukudandahirwa kenshi kwaratuma abantu baba batagishoboye gucungera inyifato zabo. Umumenyeshakazoza Yesaya yanditse ati: “Bazobona ibara, abazindurwa mu gatondo no kwirukira ibiboreza, bakarāra kw ijoro gushitsa vino ibaboreje! Mw inywa ryabo bagira inanga n’ikembe n’agashako k’ingoma n’umwironge na vino; yamara ntibītegereza igikorwa c’Uhoraho”.—Yesaya 5:11, 12.
Iyo mitororokano wasanga irimwo ukunywa “ibiboreza” n’imiziki y’agahomerabunwa. Yatangura mu gatondo ikarangira bugorovye. Raba kandi inyifato y’abo bene kudandahirwa. Bifata nk’aho wamengo Imana ntibaho! Ntibitangaje rero kubona Imana yariyamirije iyo mitororokano. None Imana ibona gute ibikorerwa mu bibanza bitari bike vyo gutambiramwo bigenewe abakiri bato muri iki gihe?
Zirikana kuri ibi bintu. Ico twomenya coco, ni uko ibibanza bimwebimwe bibandanya gutambirwamwo ubwoko bw’intambo wogira ngo n’iz’abasazi zirimwo ukuza baragigana. Ikinyamakuru kimwe kivuga yuko iyo ntambo “yatsimbataye hagati mu myaka ya 80, inyuma y’aho haviriye imihari y’abapanki yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Iyo ntambo yavuye . . . ku gutamba bagigana ihinduka iyo gutamba basekana”. Kenshi usanga bayitamba bigera hejuru, bazunza imitwe bimwe bikaze, basekanya imitwe bakongera bakaza barabomana. Hama habaye abavunika amaguru n’amaboko be n’ugukomereka, hakaba n’abavunika uruti rw’umugongo be n’ugukomereka mu mutwe. Mbere n’ugupfa barapfa. Vyongeye, mu bibanza bimwebimwe vyo gutambiramwo mw’ijoro, ishengero riraterurira abantu mu kirere hanyuma bagatambukira ku biganza vyaryo bitaritse, nk’aho boba bariko baraserereka. Abantu benshi bagira ivyo bintu, usanga bakororerwa hasi bigatuma bakomereka. Birakunda gushika ko abakobwa bakorakorwa mu buryo butabereye.
Nta wokekeranya ko Imana idashima iyo nyifato. Nakare, Ijambo ryayo ritegeka abakirisu “kwikunkumura ukutubaha Imana n’ukwifuza ivy’isi no kwama [ba]dahugumba”.—Tito 2:12.
Umuziki be n’ibiyayuramutwe
Rimbura kandi ubwoko bw’imiziki ivugirizwa mu bibanza vyo gutambiramwo. Ibibanza bimwebimwe usanga bivugirizwamwo gusa umuziki bita hard rock canke heavy metal, ukaba ari umuziki urangwa n’umudundo ukaze be n’amajambo y’ubushirasoni. Ariko mu bibanza vyinshi vyo gutambiramwo, usanga umuziki bita rap canke hip-hop ari wo ukundwa cane. Uwo muziki na wo nyene urangwamwo ivy’ibitsina, ubukazi be n’ubugarariji. Wumva none kwumviriza imiziki nk’iyo uri ahantu hatabereye ata co vyokugira? Uwitwa David Hollingworth, umuhanuzwajambo mu bijanye n’ibibanza vyo gutambiramwo mw’ijoro, yavuze ati: “Umuziki uragira ingaruka zikomeye ku bwenge bw’abantu. Iyo bari hamwe ari benshi, umuziki urashobora gutuma bagira inyifato iranga ubukazi”. Ntibitangaje kubona hama hadutse ubukazi mu bibanza vyo gutambiramwo bitari bike vyo mu bisagara vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Abantu benshi biyumvira yuko iyo ari ingaruka yibonekeje iva kuri iyo miziki ikorereza ubushegabo n’ubukazia.
Muri iyi myaka ya vuba, ugufata ibiyayuramutwe bisigaye biri mu bikorerwa mu bibanza vyo gutambiramwo. Umushakashatsi umwe yavuze yuko “kuba muri ivyo bibanza haboneka ibiyayuramutwe bitemewe n’amategeko vy’ubwoko bwinshi kandi bakaba bavyihereza . . . vyatumye abantu benshi bahirukira”. Kukaba nkako, hariho ibiyayuramutwe benshi bakunda kwita ngo ni ibiyayuramutwe bikoreshwa mu gutamba. Abantu bamwebamwe baja muri ivyo bibanza baranafata ibiyayuramutwe bivanze. Mu biyayuramutwe bakunda kuvanga hariho icitwa ketamine (canke bakayita ketamine idasanzwe), kikaba gishobora gutuma inyiyumvo z’umuntu zitaba zigikorana n’ubwenge, kigatuma umuntu adedemba, agira ingorane z’uguhema, kikongera kikonona ubwonko. Ikiyayuramutwe citwa metamfetamine (méthamphétamine) kirashobora gutuma umuntu ata ubwenge, ashangashirwa, aba inkazi, kikanashobora kwonona umutima n’ubwonko. Ikiyayuramutwe benshi bakunda bimwe bidasanzwe, ni icitwa egisitazi (ecstasy) gikozwe muri amfetamine (amphétamine). Kirashobora gutuma umuntu avurungana mu bwenge, agahagarika umutima, umutima ukadidagizwa cane, kigatuma haba ivumbuka ry’umurindi w’amaraso, be n’umucanwa urenze. Bamwebamwe mu bakoresha ico kiyayuramutwe baranapfuye.
Ikoreshwa ry’ibiyayuramutwe bitemewe n’amategeko rirateye kubiri n’itegeko rya Bibiliya risaba ‘kwiyuhagira ubuhumane bwose bw’umubiri n’ubw’umutima’ (2 Ab’i Korinto 7:1). Wumva vyoba biranga ubukerebutsi kuja ahantu ibiyayuramutwe vyiraye?
Abagenzi babi
Ibuka ya ngabisho yama yasubiwemwo igira iti: “Kubana n’ababi kwonona ingeso nziza” (1 Ab’i Korinto 15:33). Cokimwe na za mborerwa zo mu bihe vya Bibiliya, urwaruka rwinshi rugenda mu bibanza vyo gutambiramwo usanga rutanezwe ivyo guhimbara Imana. Kukaba nkako, benshi muri bo vyovugwa ko “bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana” (2 Timoteyo 3:4). None abantu mwen’abo ni bo vy’ukuri ushaka kugira abagenzi somambike?
Hari abokwiyumvira yuko kuja mu kibanza co gutambiramwo bajanye n’abandi bakirisu bakiri bato, bigabanya ingeramizi zohaba. Yamara rero, abakirisu bakiri bato vy’ukuri ‘babera abizera icitegererezo . . . mu ngeso zabo’ ntibokwipfuza kujayo (1 Timoteyo 4:12). Naho umugwi w’abakirisu bakiri bato bogenda muri ico kibanza, maze bakagerageza kuguma bari hamwe, uwo muziki mubi n’akayaga kabi nta ho vyoba vyagiye. Bashobora kwumva ubuyega igihe abandi babasavye ngo batambane. Hari mbere n’abakiri bato bamwebamwe basanze bagiye mu vyo kurwana! Aya majambo ya Bibiliya rero aca yibonekeza ko ari ay’ukuri: “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, arik’ūcudika n’ibipfu azokomereka”.—Imigani 13:20.
Intambo zikabura inambu y’umubiri
Rimbura kandi ibijanye n’intambo ubwazo. Hari ubwoko bw’intambo buboneka ko budasanzwe busigaye bukundwa cane, na canecane mu miyabaga yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Iyo ntambo itambwa hisunzwe umudiho w’umuziki witwa hip-hop urimwo amajambo ashira aheru ivy’ubushegabo. Si ivyo gusa, iyo ntambo ubwayo yigana uguhuza ibitsina. Ni co gituma uburyo itambwa bwadondowe ko ari ‘uguhuza ibitsina bagira bambaye’.
Hari umukirisu akiri muto none yoshima gutamba mwen’iyo ntambo? Uwoyitamba ntiyoba agomba guhimbara Imana yoyo idutegeka ‘guhunga ubushakanyi’ (1 Ab’i Korinto 6:18). Hari abovuga ngo: ‘Ko n’abandi bose babigira, nta kibi kirimwo rero’. Ariko rero, ibishigikiwe na benshi ntivyama ari vyo vyiza (Kuvayo 23:2). Nugire umutima rugabo wo kunanira akosho k’urunganwe maze ugumane ijwi ryo mu mutima ritakwagiriza ikibi imbere y’Imana!—1 Petero 4:3, 4.
Gufata ingingo
Ivyo ntibisigura yuko intambo zose ari mbi. Bibiliya itubwira yuko Umwami Dawidi yishwe n’umunezero inyuma y’aho agarukaniye i Yeruzalemu azanye isandugu ryeranda ry’isezerano ku buryo ‘yiyeretse . . . akiginagura’ (2 Samweli 6:14). Muri wa mugani wa Yezu werekeye umwana w’icangazi, umunezero bagize inyuma y’aho uwo mwana agarukiye warimwo ukuvuza “inanga n’imihamirizo”.—Luka 15:25.
Intambo zimwezimwe ushobora gusanga zemewe ku bakirisu aho iwanyu. No muri ico gihe nyene, birahambaye ko umuntu agira uburimbane n’ubukerebutsi. Birarushiriza kubamwo uburinzi kwumviriza umuziki be no gutamba mu gihe c’imitororokano y’abakirisu aho biba bicungurewe mu buryo bubereye, kuruta kuja mu bibanza vyo gutambiramwo bigenewe imiyabaga. Ku mitororokano y’abakirisu icungerewe neza, abakiri bato ntibaja ukwa bonyene, ahubwo barahimbarwa no kwifatanya n’abandi bakirisu bafise imyaka itandukanye.
Ego ni ko, mu kibano iwanyu hashobora kuba hariho amaresitora agirirwamwo imiziki be n’intambo ata co bitwaye. Imbere y’uko wemera ubutumire bwo kuja ahantu nk’aho, vyoba vyiza ubanje kwibaza utu tubazo: Aho hantu hazwi gute? Hoba hagenewe abakiri bato gusa? Nimba ari ukwo biri, vyoshoboka gute ko haba akayaga keza? Hazovuzwa umuziki bwoko ki? Bahatambira intambo nyabaki? Abavyeyi banje bwokwiyumva gute ngiyeyo? Kwibaza utubazo nk’utwo vyogukingira kumererwa nabi.
Umwe Shawn twavuga mu ntango asozera mu buryo bwiza. Imbere y’uko aba umukirisu, yarakunda kuja mu bibanza vyo gutambiramwo. Yibuka ibi: “Mu bibanza vyo gutambiramwo mw’ijoro hagirirwa ibiterasoni vyinshi. Umuziki waho kenshi usanga wononekaye, intambo ugasanga ziranga ubushegabo bw’agahomerabunwa, kandi abantu benshi bajayo baba bari n’ikibajanye; baba bagiye kurondera uwo bahuza ibitsina”. Shawn amaze kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova yaciye aheba kuja muri ivyo bibanza. Arashikiriza iciyumviro ciwe yishimikije ibintu bibabaje yiboneye ati: “Muri ivyo bibanza vyo gutambiramwo si ahantu habereye kuja abakirisu”.
[Akajambo k’epfo]
a Raba ikiganiro kivuga ngo “Igituma umuziki utugirako akosho” (Pourquoi la musique agit sur nous), muri Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 8 Gitugutu 1999.
[Ifoto ku rup. 16]
Abakiri bato bamwebamwe basanze bari mu bintu biteye ubuyega igihe bari mu bibanza vyo gutambiramwo