Abantu baritwararika cane ivyerekeye umuhero w’isi
KAZOZA koba kaguhagarika umutima? Nimba ari ukwo biri, uri mu bandi. Kuva kera na rindi, abantu bamye batanga ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye na kazoza, benshi muri bo bakaba barashitse ku ciyumviro c’uko ibintu bizogenda nabi. Abantu baramaze imyaka ibihumbi barondera kumenya ibijanye n’umuhero w’isi bongera bavyitwararika cane.
Nk’akarorero, rimbura inkuru y’ibitito igezweho. Ibitabu birimwo udukuru dutwenza, ibiganiro vyo kuri televiziyo, amasinema amajana be n’ibindi bitabu ibihumbi, usanga birimwo inkuru z’ibitito zivuga ibijanye n’umuhero w’isi. Izo nkuru ziravuga ibijanye n’ibintu bibi vy’ubwoko bwose vyiteguriye gutera abantu bikabaherengeteza, ivyo na vyo bikaba ari ibimashini bimeze nk’abantu vyateguriwe kwica, ibikoko amahero vy’ubwoko bwose, ibinyabuzima bitari ivyo kw’isi, ibihume, imizimu, ibiyoka amahero bicira umuriro, imamfu, ibinyoni, ibibeba bidasanzwe be n’ibivubi amahero. Nta muntu n’umwe yokwemera izo nkuru!
Ariko ntiwumve, hariho izindi nkuru n’izindi nyigisho zituma abantu bamwebamwe barushiriza guhagarika umutima. Bivugwa yuko zimwezimwe muri zo zishingiye kuri siyansi. Imwe muri izo nkuru ivuga yuko isi yose izonyiganyiga bimwe bikomeye bigatuma haba ibisebuzi na vya nyamugigima bikomeye kandi hagaturika n’ibirunga bikomeye. Hari iyindi ivuga yuko igihe kimwe imibumbe yose izotumberana ikagira umurongo ugororotse mu kirere ivyo bikazotuma mwene vya bintu biturira birukwa n’izuba vyongerekana maze ibintu bikayogera kw’isi. Hari n’iyindi ivuga yuko amasonga y’isi (pôles magnétiques) azohindukira bukwi na bukwi, isonga ryayo ryo mu buraruko rikaja mu bumanuko, iryo mu bumanuko na ryo rikaja mu buraruko, ivyo bigatuma imishwarara y’izuba itwica twese. Ntuhagarike umutima. Ivyo bintu ntibizoshika. Naho ari ukwo, ivyo bintu abantu biyumvira birabandanya gukwegēra abantu benshi.
Tuvuge iki ku bijanye n’ibitabu be n’imihora yo kuri Internet bidaharurika bivuga yuko umuhero w’isi uzoshika ku wa 21 Kigarama muri uwu mwaka? Kimwe mu bintu bivugwa ni uko ngo umubumbe witwa Nibiru (canke Umubumbe X) uriko uraza guseka isi ukaba uzoyishikira muri Kigarama 2012. Ico ciyumviro hamwe n’ibindi bidashigikiwe n’ibimenyamenya, bishingiye ku kuntu abantu basobanura ikirangamisi ca kera c’Abamaya, bamwebamwe bakaba bavuga ko ico kirangamisi kizorangira urushana rwo mu 2012 ruri mu gutangura.
Abantu bamwebamwe, kubera yuko bajijuwe n’ivyiyumviro nk’ivyo vyerekana ko himirije kuba ivyago, barubatse mu bigo vy’inzu zabo amazu bazohungiramwo canke barabikisha ivyumba muri bene ya mazu yo mu kuzimu ku mahera menshi cane. Abandi barahungiye ku misozi maze baba abantu bibako, badakoresha ibintu vya nkenerwa Leta ironsa abanyagihugu, nk’amazi canke umuyagankuba.
Ariko ntiwumve, hari abantu ata na kimwe bemera muri ivyo. Bariyamiriza iciyumviro c’uko iyi si igiye kuvaho. Nk’akarorero, abahinga mu vya siyansi bo muri rwa rwego rw’Abanyamerika ruraba ibijanye n’ivyo mu kirere (NASA), bavuga bati: “Nta kintu na kimwe kibi kizoshikira isi mu 2012. Umubumbe wacu uramaze imyaka irenga imiliyaridi 4 umeze neza, kandi abahinga mu vya siyansi bo kwizigirwa bo hirya no hino kw’isi nta ngeramizi n’imwe babona ku bijanye n’umwaka wa 2012.”
Ariko rero, umuntu yoba yihenze yiyumviriye yuko ata kaga karaririye gushikira abantu canke ko imburabwenge ari zo gusa zemera yuko umuhero w’isi ari ibitito gusa. Umuhero w’isi, woba vy’ukuri uzoshika? Nimba uzoshika, uzoshika gute kandi ryari?